Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yari gushobora gushimwa n’Imana

Yari gushobora gushimwa n’Imana

DUKORERA Yehova kandi turipfuza ko adushima. Ariko none, ni nde Imana ishima kandi ikamuhezagira? Abantu bamwebamwe bo mu bihe vya Bibiliya barashimwe n’Imana naho vyari vyarashitse bagakora ibicumuro bikomeye. Abandi na bo naho bari bafise kamere nziza, Imana ntiyabashima. Twokwibaza rero duti: “Ni igiki Yehova yiteze kuri umwe wese muri twebwe?” Akarorero ka Rehobowamu umwami wa Yuda, karadufasha kuronka inyishu y’ico kibazo.

INTANGO MBI

Rehobowamu yari umuhungu wa Salomo, uwaganje Isirayeli imyaka 40. (1 Abm. 11:42) Salomo yapfuye mu 997 imbere ya Kristu. Rehobowamu yaciye ava i Yeruzalemu aja i Shekemu mu buraruko kugira ngo yimikwe. (2 Ngo. 10:1) Wibaza ko yabuze kugira akoba kandi yari agiye gusubirira Salomo, uwari afise ubukerebutsi budasanzwe? Rehobowamu ntiyotevye gushikirwa n’ikintu cokwerekanye ko yoba ashoboye gutorera umuti ingorane zitesha umutwe?

Kubera ko Abisirayeli babona ko bari baracinyijwe, baciye barungika ababaserukira kubwira Rehobowamu bati: “So wawe yatumye ingǒgo yacu iba iyigumye; none rero nuturemurure igikorwa kigumye ca so wawe n’ingǒgo iremereye yadushizeko, natwe tuzogukorera.”​—2 Ngo. 10:3, 4.

Rehobowamu ashobora kuba yarabuze ico afata n’ico areka! Aramutse yemeye ivyo abo bantu bamusavye, vyari gushobora gutuma we, umuryango wiwe be n’abandi bo ku kirimba batabandanya kuronka ibihinda bimwebimwe baronka. Avyanse na ho, abo bantu bari gushobora kugarariza. None yakoze iki? Uwo mwami mushasha yaciye agisha inama abagabo b’inararibonye bahoze ari abajanama ba Salomo. Ariko rero, mu nyuma Rehobowamu yaciye ahanuza imisore bakuranye. Yisunze impanuro bamuhaye, yaciye afata ingingo yo gukandamiza abo bantu. Yabishuye ati: “Nzotuma ingǒgo yanyu iremera gusumba, kandi jewe, nzoyongerako. Dawe yabahanishije ibimoko, mugabo jewe nzokoresha ibishishaguzo.”​—2 Ngo. 10:6-14.

Woba ubona icigwa tuhakura? Biragaragara ko ari vyiza kwumvira abantu bakuze kandi bahumuye mu vy’impwemu. Kubera ko baba bazi utuntu n’utundi, boshobora kubona ingaruka z’ingingo tugira dufate maze bakaduhanura.​—Yobu 12:12.

“BAGAMBURUKA IJAMBO RYA YEHOVA”

Rehobowamu yaciye akoranya ingabo kugira arwanye abamugararije. Ariko Yehova abacishije ku muhanuzi Shemaya, yamubwiye ati: “Ntimuduge kurwanya bene wanyu, bene Isirayeli. Umwe wese nasubire ku nzu yiwe, kuko ari jewe natumye ico kintu kiba.”​—1 Abm. 12:21-24. *

Ngo ntarwane? Ibaze ukuntu ico kintu gitegerezwa kuba carababaje Rehobowamu! Abantu bobonye gute uwo mwami yari yavuze ko azokubitisha “ibishishaguzo” abatwarwa biwe ariko ntashobore kurwanya ubwo bugarariji bweruye? (Gereranya na 2 Ngoma 13:7.) Naho ari ukwo, umwami be n’ingabo ziwe “[baragamburutse] ijambo rya Yehova, basubira i muhira nk’uko Yehova yari avuze.”

Ni icigwa ikihe tuhakura? Ni vyiza kugamburukira Imana n’igihe vyoshobora gutuma abandi batugaya. Kugamburukira Imana bituma idushima kandi ikaduhezagira.​—Gus. 28:2.

None Rehobowamu yahakuye ivyiza ibihe? Amaze kugamburuka akareka kurwanya iryo hanga rishasha, yaciye yitwararika kwubaka ibisagara vy’imiryango yari agitegeka, ni ukuvuga uwa Yuda n’uwa Benyamini. Yarakomeje “cane rwose” ibisagara bitari bike. (2 Ngo. 11:5-12) N’igihambaye kuruta, yaramaze igihe yisunga amategeko ya Yehova. Bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi bwaganzwa na Yerobowamu, bwaragiye mu vyo gusenga ibigirwamana. Ivyo vyatumye abantu benshi bo muri bwo baja i Yeruzalemu “[gu]shigikira Rehobowamu” kuko ari ho hari ugusenga kw’ukuri. (2 Ngo. 11:16, 17) Ukugamburuka kwiwe rero kwarakomeje ubwami bwiwe.

YARACUMUYE, HAMA ARIGAYA KU RUGERO KANAKA

Ariko rero ubwami bwa Rehobowamu bumaze gukomera, yarakoze ikintu kitumvikana. Yarahevye itegeko rya Yehova, atangura gusenga ibigirwamana! None yabitumwe n’iki? Yoba yohejwe na nyina wiwe narirya yari Umumonikazi? (1 Abm. 14:21) Icabitumye cose, ihanga uko ryakabaye ryaramukurikiye. Yehova yaciye areka Umwami Shishaki wa Misiri arigarurira ibisagara vyinshi vy’Ubuyuda, naho nyene Rehobowamu yari yarabikomeje!​—1 Abm. 14:22-24; 2 Ngo. 12:1-4.

Ibintu vyararushirije gukomera igihe Shishaki yashika i Yeruzalemu, aho Rehobowamu yategeka ari. Umuhanuzi Shemaya yaciye abwira Rehobowamu n’abaganwa biwe ubutumwa buvuye ku Mana, ati: “Mwebwe mwarampevye, nanje rero ndabahebeye mu kuboko kwa Shishaki.” None Rehobowamu yavyakiriye gute? Emwe, yavyakiriye neza! Bibiliya yigana iti: “Abaganwa ba Isirayeli n’umwami baca bicisha bugufi, bavuga bati: ‘Yehova aragororotse.’” Yehova rero yaciye arokora Rehobowamu na Yeruzalemu kugira ntitikizwe.​—2 Ngo. 12:5-7, 12.

Inyuma y’aho, Rehobowamu yarabandanije gutegeka ubwami bwo mu bumanuko. Imbere y’uko apfa, yarahaye abahungu biwe ingabire nyinshi, kumbure kugira ntibazogararize umuhungu wiwe Abiya yari agiye kumusubirira. (2 Ngo. 11:21-23) Gutyo, Rehobowamu yaragaragaje ubukerebutsi atari yaragaragaje akiri muto.

YABAYE UMWAMI MWIZA CANKE MUBI?

Naho hari ivyiza Rehobowamu yakoze, ntiyashimwe n’Imana. Bibiliya ivuga muri make ibijanye n’ingoma yiwe, iti: “Akora ivyari bibi.” Uti kuki? “Kuko atari yarashimangiye umutima wiwe ngo arondere Yehova.”​—2 Ngo. 12:14.

Rehobowamu ntiyatsimbataje ubucuti somambike na Yehova, nk’uko Umwami Dawidi yabigize

None ivyo bisobanura iki? Ego ni ko, rimwe na rimwe Rehobowamu yaragamburukira Imana. Vyongeye, yarakoreye ivyiza bimwebimwe ihanga rya Yehova. Ariko ntiyagiraniye ubucuti somambike na Yehova canke ngo agire icipfuzo gikomeye co kumuhimbara. Ivyo vyatumye akora ibibi yongera arasenga ibigirwamana. Woshobora rero kwibaza uti: ‘Igihe Rehobowamu yakira neza impanuro y’Imana, yoba ahanini yabitumwe n’abandi aho kubitumwa n’ukwigaya kuvuye ku mutima be n’icipfuzo co guhimbara Imana?’ (2 Ngo. 11:3, 4; 12:6) Mu nyuma, yahavuye asubira gukora ibibi. Ese ukuntu yari atandukanye na sekuru, Umwami Dawidi! Naho Dawidi yakoze amakosa, ubuzima bwiwe bwaranzwe n’ugukunda Yehova, ukwihebera ugusenga kw’ukuri be n’ukwigaya nyakuri ku vyo yari yarakoze.​—1 Abm. 14:8; Zab. 51:1, 17; 63:1.

Nta gukeka ko dukura icigwa kuri Rehobowamu. Ego ni ko biraba vyiza igihe turonsa imiryango yacu ivyo ikenera kandi tukihatira gukora iciza. Ariko kugira dushimwe n’Imana, dutegerezwa gushigikira ugusenga kw’ukuri twivuye inyuma kandi tukakwumirako.

Ivyo tuzobishikako nitwihatira kuguma dukunda cane Yehova. Nka kurya nyene twegenyeza inkwi kugira umuriro ugume waka, turakwiye gutuma urwo dukunda Yehova ruguma rururumba mu kwama twiga Ijambo ryiwe, tuzirikana ku vyo dusoma kandi tugashishikara gusenga. (Zab. 1:2; Rom. 12:12) Urukundo dukunda Yehova ruzoheza rukomeze icipfuzo dufise co kumuhimbara mu vyo dukora vyose. Igihe bikenewe, ruzotuma twigaya vy’ukuri. Aho kumera nka Rehobowamu, tuzoshikama mu gusenga kw’ukuri.​—Yuda 20, 21.

^ ing. 9 Kubera Salomo yari yahemutse, Imana yari yaravuze ko ubwami bwiwe bwokwigabuyemwo kubiri.​—1 Abm. 11:31.