UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ruheshi 2020

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 3-30 Myandagaro 2020.

“Izina ryawe niryezwe”

Ikiganiro c’ukwiga ca 23: Ku wa 3-9 Myandagaro 2020. Ni ikibazo gihambaye ikihe kiraba abantu bose be n’abamarayika? Ni ibiki bituma ico kibazo kiba igihambaye cane, kandi kituraba gute? Kumenya inyishu z’ivyo bibazo be n’ibindi bifitaniye isano, biraza gukomeza ubucuti dufitaniye na Yehova.

“Egeranya umutima wanje kugira ntinye izina ryawe”

Ikiganiro c’ukwiga ca 24: Ku wa 10-16 Myandagaro 2020. Muri iki kiganiro, tuza kurimbura igice c’isengesho ry’Umwami Dawidi dusanga muri Zaburi 86:11, 12. Gutinya izina rya Yehova bisobanura iki? Kubera iki dukwiye gutinya iryo zina rihambaye? Vyongeye, gutinya Imana bishobora gute kudukingira kugwa mu nyosha mbi?

Ibibazo vy’abasomyi

“Icamwa c’impwemu” coba kigizwe gusa na kamere zivugwa mu Bagalatiya 5:22, 23?

“Jewe ubwanje nzorondera intama zanje”

Ikiganiro c’ukwiga ca 25: Ku wa 17-23 Myandagaro 2020. Ni kubera iki abantu bamwebamwe bamaze igihe kinini bakorera Yehova badahemuka usanga bishika bakareka kwifatanya n’ishengero? Imana ibabona gute? Iki kiganiro kirishura ivyo bibazo. Kiratwereka n’ivyigwa dukura ku kuntu Yehova yafashije abasavyi biwe bo mu bihe vya Bibiliya vyashitse bakamara igihe bacitse intege.

“Nimungarukeko”

Ikiganiro c’ukwiga ca 26: Ku wa 24-30 Myandagaro 2020. Yehova yipfuza ko abatacifatanya n’ishengero bamugarukako. Hari vyinshi dushobora gukora kugira dufashe abipfuza kwitaba akamo Yehova abatera ati: “Nimungarukeko.” Muri iki kiganiro, tugiye kuraba ingene twobafasha kubigira.