Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 24

“Egeranya umutima wanje kugira ntinye izina ryawe”

“Egeranya umutima wanje kugira ntinye izina ryawe”

“Egeranya umutima wanje kugira ntinye izina ryawe. Ndaguhaya, ewe Yehova Mana yanje, n’umutima wanje wose.”​—ZAB. 86:11, 12.

URURIRIMBO RWA 7 Yehova we, uri inkomezi zacu!

INCAMAKE *

1. Gutinya Imana bisobanura iki, kandi kubera iki abakunda Yehova bose bakwiye kumutinya?

ABAKIRISU barakunda Imana, kandi baranayitinya. Hari abobona ko Ivyo bintu bibiri bihushanye. Yamara rero, ukwo gutinya tuvuga si ukujugumira. Tugiye kurimbura ugutinya kw’ubundi bwoko. Abantu bafise ugutinya nk’ukwo, barubaha Imana cane kandi babikuye ku mutima. Ntibipfuza gushavuza Umuvyeyi wabo wo mw’ijuru kubera ko badashaka kwonona ubucuti bafitaniye na we.​—Zab. 111:10; Imig. 8:13.

2. Twisunze ivyo Umwami Dawidi yavuze muri Zaburi 86:11, ni ibintu bibiri ibihe tuza kurimbura?

2 Soma Zaburi 86:11. Uzirikanye kuri ayo majambo, urabona ko umwami w’intahemuka Dawidi yatahura ko gutinya Imana bihambaye. Nimuze turimbure ingene twoshira mu ngiro ayo majambo Dawidi yavuze mw’isengesho. Ubwa mbere, turaza kurimbura imvo zimwezimwe zikwiye gutuma dutinya izina ry’Imana. Ubwa kabiri, turarimbura ingene twokwerekena ko dutinya izina ry’Imana mu buzima bwacu bwa misi yose.

KUBERA IKI IZINA RYA YEHOVA RITEYE UBWOBA?

3. Ni igiki Musa yabonye gishobora kuba catumye aguma atinya izina ry’Imana?

3 Iyumvire ingene Musa yumvise amerewe igihe yari yinyegeje mu gitandara, maze akerekwa ubuninahazwa bwa Yehova buriko burarengana. Igitabu Étude perspicace des Écritures kivuga ko “ico kintu gishobora kuba ari co cari giteye ubwoba kuruta ibindi vyose abantu beretswe imbere y’uko Yezu Kristu aza kw’isi.” Musa yaciye yumva aya majambo, ayashobora kuba yavuzwe n’umumarayika, akaba agira ati: “Yehova, Yehova, Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri, izigama ubuntu bwuzuye urukundo ku bw’ibihumbi, ikababarira ikosa n’ikigabitanyo n’igicumuro.” (Kuv. 33:17-23; 34:5-7) Musa ashobora kuba yaza aribuka ico kintu igihe yaba akoresheje izina Yehova. Ntibitangaje rero kuba Musa yahavuye ahimiriza Abisirayeli ‘gutinya iryo zina rininahaye kandi riteye ubwoba.’​—Gus. 28:58.

4. Ni kamere izihe za Yehova twozirikanako bigatuma tumwubaha bimwe bigera kure?

4 Igihe dukoresha izina Yehova, vyoba vyiza tuzirikanye na nyene ryo. Turakwiye kwibuka kamere ziwe, nk’ububasha bwiwe, ubukerebutsi bwiwe, ubutungane bwiwe n’urukundo rwiwe. Kuzirikana kuri izo kamere no ku zindi afise birashobora gutuma tumwubaha bimwe bigera kure.​—Zab. 77:11-15.

5-6. (a) Izina ry’Imana risobanura iki? (b) Twisunze Kuvayo 3:13, 14 na Yesaya 64:8, ni mu buryo ubuhe Yehova atuma ibintu biba nk’uko yipfuza?

5 None ni ibiki tuzi ku bijanye n’insobanuro y’izina ry’Imana? Abahinga benshi bemera ko izina Yehova rishobora kuba risobanura ngo “Atuma bicika ukuntu.” Iyo nsobanuro iratwibutsa ko ata gishobora kubuza Yehova kurangura umugambi wiwe, kandi ko ashobora gutuma ibintu bigenda nk’uko yipfuza. Uti gute?

6 Yehova aratuma ibintu biba nk’uko yipfuza mu gucika igikenewe cose kugira arangure umugambi wiwe. (Soma Kuvayo 3:13, 14.) Twama turemeshwa kuzirikana kuri uwo muce udasanzwe w’ukuntu Imana imeze. Vyongeye, Yehova arashobora gutuma abasavyi biwe badatunganye bacika ico yipfuza cose kugira bamukorere bongere barangure umugambi wiwe. (Soma Yesaya 64:8.) Muri ubwo buryo bwompi, Yehova aratuma umugambi wiwe uranguka. Nta kintu na kimwe gishobora kubuza umugambi wiwe kuranguka.​—Yes. 46:10, 11.

7. Ni igiki cotuvyurira umutima wo gukengurukira Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru?

7 Kuzirikana ku vyo Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru yakoze be n’ivyo adushoboza gukora, biratuvyurira umutima wo kumukengurukira. Nk’akarorero, iyo tuzirikanye ku bintu vyose bitangaje Yehova yaremye, biratuma twumva akoba. (Zab. 8:3, 4) Iyo na ho tuzirikanye ku vyo yatumye ducika kugira ngo dukore ivyo agomba, biratuma turushiriza kumwubaha. Mu vy’ukuri, izina Yehova rirateye ubwoba! Ririmwo ibimwerekeye vyose, ivyo yakoze vyose be n’ivyo azokora vyose.​—Zab. 89:7, 8.

‘NZOMENYESHA IZINA RYA YEHOVA’

Inyigisho Musa yatanze yararuhura, kuko yashimika kw’izina rya Yehova Imana na kamere ziwe (Raba ingingo ya 8) *

8. Gusubira mu vyagezwe 32:2, 3 herekana ko Yehova abona gute izina ryiwe?

8 Gatoyi imbere y’uko Abisirayeli binjira mu Gihugu c’isezerano, hari ururirimbo Yehova yigishije Musa. (Gus. 31:19) Musa na we yategerezwa kurwigisha Abisirayeli. (Soma Gusubira mu vyagezwe 32:2, 3.) Turavye ibivugwa ku murongo wa 2 n’uwa 3, turabona neza ko Yehova adashaka ko izina ryiwe rinyegezwa, canke ko hagira abareka kurivuga ngo ni uko ari ryeranda rwose. Yipfuza ko ibiremwa vyose bifise ubwenge birimenya. Ese ukuntu Abisirayeli batewe agateka ko kwumviriza Musa ariko arabigisha ivyerekeye Yehova n’izina ryiwe rihambaye! Ivyo yabigishije vyarabakomeje vyongera birabaruhurira, nka kurya nyene akavura gatonyangira ku biterwa bigatotahara. None twomenya gute nimba uburyo dukoresha mu kwigisha bumeze gutyo?

9. Twogira uruhara gute mu kweza izina rya Yehova?

9 Igihe turiko turamamaza inzu ku nzu canke ku mugaragaro, turashobora gukoresha Bibiliya kugira twereke abantu izina ry’Imana, ari ryo Yehova. Turashobora kubereka ibitabu vyacu vyiza, amavidewo aryoshe be n’amakuru yo ku rubuga rwacu bitera iteka Yehova. Turi ku kazi, kw’ishure, canke ku rugendo, twoshobora kuronka uturyo two kuvuga ivyerekeye Imana yacu twikundira be na kamere zayo. Iyo tubwiye abandi ibijanye n’umugambi mwiza Yehova afitiye isi n’abantu, tuba turiko turabafasha kumubona mu buryo butandukanye rwose n’uko bashobora kuba bamwiyumvira. Tubwiye abandi ukuri kwerekeye Umuvyeyi wacu adukunda, tuba tugize uruhara mu kweza izina ry’Imana. Tuba turiko turabafasha gutahura yuko bimwebimwe mu vyo bigishijwe ari ibinyoma vyambika ibara Yehova. Turaronsa abantu inyigisho nziza ibakomeza kandi ibaruhurira kuruta izindi zose.​—Yes. 65:13, 14.

10. Igihe tuyobora inyigisho za Bibiliya, ni kubera iki dukwiye gukora n’ibindi uretse gusa kubigisha ivyo Imana idusaba n’ingingo ngenderwako zayo?

10 Igihe tuyobora inyigisho za Bibiliya, tuba twipfuza gufasha abo twigisha kugira bamenye izina rya Yehova kandi barikoreshe. Vyongeye, tuba twipfuza kubafasha kumenya neza insobanuro y’iryo zina. None kubigisha gusa, kubabwira ingingo ngenderwako z’Imana no kubereka ingene bokwigenza, vyoba vyotuma dushika kuri iyo ntumbero? Umuntu yiga neza yoshobora gutahura amategeko y’Imana, mbere akayashima. Ariko none ivyo vyoba bizotuma agamburukira Yehova abitumwe n’uko amukunda? Niwibuke ko Eva yari azi itegeko ry’Imana, ariko ko atakunda vy’ukuri uwaritanze. Na Adamu nyene kwari ukwo. (Ita. 3:1-6) Ku bw’ivyo, dutegerezwa gukora n’ibindi uretse gusa kwigisha abandi ivyo Imana idusaba be n’ingingo ngenderwako zayo zigororotse.

11. Igihe twigisha abandi ivyereke amategeko y’Imana n’ingingo ngenderwako zayo, twobafasha gute gukunda Uwatanze ayo mategeko?

11 Ivyo Yehova adusaba n’ingingo ngenderwako ziwe vyama ari ngirakamaro kuri twebwe. (Zab. 119:97, 111, 112) Ariko abo twigisha boshobora kutabibona muri ubwo buryo, kiretse batahuye ko Yehova yashizeho ayo mategeko kubera ko adukunda. Twobaza rero uwo twigisha duti: “Wibaza ko ari kubera iki Imana isaba abasavyi bayo gukora iki kintu, ariko iki na co ikakibabuza? None ivyo bitwereka ko imeze gute?” Dufashije abo twigisha kuguma biyumvira Yehova no gukunda vy’ukuri izina ryiwe rininahaye, twoshobora kubakora ku mutima. Ntibazokunda gusa ayo mategeko, ahubwo bazokunda n’Uwayatanze. (Zab. 119:68) Bazorushiriza kugira ukwizera maze bize bibafashe kwihanganira ibigeragezo bikomeye bizobashikira.​—1 Kor. 3:12-15.

“TUZOGENDERA MW’IZINA RYA YEHOVA”

Dawidi yarigeze kureka umutima wiwe urigabura (Raba ingingo ya 12)

12. Vyagenze gute ngo igihe kimwe Dawidi bimunanire kugumana umutima wegeranye, kandi ingaruka zabaye izihe?

12 Iryungane nyamukuru dusanga muri Zaburi 86:11 ni “egeranya umutima wanje.” Umwami Dawidi ni we yahumekewe kwandika ayo majambo. Mu buzima bwiwe, yariboneye ingene vyoroshe ko umuntu areka umutima wiwe ukigabura. Igihe kimwe, yari ku gisenge c’inzu yiwe maze abona umugore w’uwundi mugabo ariko ariyuhagira. None ico gihe, umutima wa Dawidi woba wari wegeranye canke wigabuye? Yari asanzwe azi itegeko rya Yehova rigira riti: “Ntukipfuze umugore wa mugenzawe.” (Kuv. 20:17) Naho ari ukwo, nticabujije ko aguma amuraba. Umutima wiwe wahavuye wigabura, ku ruhande rumwe yipfuza uwo mugore, ari we Batisheba, ku rundi na ho yipfuza guhimbara Yehova. Naho Dawidi yari amaze igihe kirekire akunda Yehova kandi amutinya, yaratwawe n’icipfuzo c’ubwikunzi. Ivyo vyatumye akora amarorerwa. Yarasize iceyi izina rya Yehova yongera arakwegera ivyago abantu ata co bazira, ushizemwo n’umuryango wiwe.​—2 Sam. 11:1-5, 14-17; 12:7-12.

13. Twemezwa n’iki ko umutima wa Dawidi wasubiye kwegerana?

13 Yehova yarakosoye Dawidi, na we arigarura. (2 Sam. 12:13; Zab. 51:2-4, 17) Dawidi ntiyibagiye ingorane be n’ivyago yateje igihe yareka umutima wiwe ukigabura. Ivyo yavuze muri Zaburi 86:11, vyoshobora kandi guhindurwa ngo: “Numpe umutima utigabuye.” None Yehova yoba yarafashije Dawidi gusubira kugira umutima ukwiye, canke utigabuye? Ego cane, kubera ko mu nyuma Yehova yavuze yuko Dawidi yari afise ‘umutima ukwiye ku vyerekeye Yehova Imana yiwe.’​—1 Abm. 11:4; 15:3.

14. Dukwiye kwibaza iki, kandi kubera iki?

14 Akarorero ka Dawidi karaturemesha kakongera kakatuburira. Kubona yarakoze igicumuro gikomeye ni imburi ku basavyi b’Imana muri iki gihe. Twaba tumaze igihe gito dutanguye gukorera Yehova canke tumaze imyaka myinshi, turakwiye kwibaza duti: ‘Noba ndiko ndananira utwigoro Shetani agira kugira ngo agabure umutima wanje?’

Shetani nta co atazokora ngo agabure umutima wawe. Ntubimwemerere! (Raba ingingo ya 15-16) *

15. Gutinya Imana bishobora kudukingira gute igihe dukubise ijisho amashusho akabura ivyipfuzo vy’umubiri?

15 Nk’akarorero, iyo ubonye ishusho kuri televiziyo canke kuri internet ishobora gukabura ivyipfuzo vy’umubiri, uca uvyifatamwo gute? Woshobora kwibwira yuko iyo shusho canke isinema iterekana ubushegabo mu buryo bweruye. Ariko none ntiyoba ari inzira Shetani aciyeko kugira ngo agabure umutima wawe? (2 Kor. 2:11) Iyo shusho yoshobora kumera nk’ishoka umuntu akoresha mu gusatura ikigiga kinini. Mu ntango, arakubita ubugi bw’iyo shoka kuri ico kigiga. Uko abandanya yinjiza iyo shoka muri ico kigiga, kirateba kigasaduka. None amashusho atabereye yerekanwa mu bimenyeshamakuru, ntiyoba ameze nk’ubwo bugi bw’ishoka? Ishusho womenga nta co itwaye, mu nyuma yoshobora gutuma umuntu akora ibicumuro vyotuma umutima wiwe wigabura, maze agahemuka. Ntiwemere rero ko hagira ikintu na kimwe kitabereye cinjira mu mutima wawe. Nutume umutima wawe uguma wegeranye kugira ngo utinye izina rya Yehova!

16. Igihe duhanganye n’inyosha mbi, ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?

16 Uretse ayo mashusho atabereye, Shetani arakoresha ubundi buryo butandukanye kugira ngo atwoshe gukora ikintu kitabereye. None tuvyifatamwo gute? Biroroshe ko twiyorohereza. Nk’akarorero, twoshobora kwiyumvira duti: ‘Kubera ko gukora iki kintu bitotuma ncibwa, gitegerezwa kuba ata co gitwaye.’ Kwiyumvira gutyo ni bibi cane. Ahubwo vyoba vyiza twibajije duti: ‘Ubwo Shetani ntariko arondera gukoresha iki kintu kugira atume umutima wanje wigabura? Hamwe notwarwa n’ivyipfuzo bibi, ntivyotuma nsiga iceyi izina rya Yehova? Gukora iki kintu vyoba vyotuma ndushiriza kwiyegereza Imana, canke vyontandukanya na yo?’ Nuzirikane kuri ivyo bibazo. Nusenge usaba ubukerebutsi kugira uvyishure ata buryarya kandi utihenda. (Yak. 1:5) Kubigenza gutyo birashobora kugukingira cane. Vyotuma wamirira kure inyosha mbi ushikamye, nk’uko Yezu yabigize igihe yavuga ati: “Ja hiyo, Shetani!”​—Mat. 4:10.

17. Kubera iki atari vyiza kugira umutima wigabuye? Tanga akarorero.

17 Kugira umutima wigabuye si vyiza. Niwihe ishusho y’umugwi ugizwe n’abakinyi batumvikana: Bamwe bipfuza kuvugangwa, abandi ntibashaka gukurikiza amategeko y’urukino, abandi na bo ntibubaha umumenyereza wabo. Umugwi nk’uwo ntiwokwitega intsinzi. Umugwi ugizwe n’abakinyi bunze ubumwe wowo, urashobora gutahukana intsinzi. Umutima wawe urashobora kumera nk’uwo mugwi utahukana intsinzi, hamwe ivyiyumviro vyawe, ivyipfuzo vyawe be n’ukuntu wiyumva vyoba vyunze ubumwe mu gukorera Yehova. Niwibuke ko Shetani yohimbarwa no kugabura umutima wawe. Yipfuza ko ivyiyumviro vyawe, ivyipfuzo vyawe be n’ukuntu wiyumva bita inzira, bigaca kubiri n’ingingo ngenderwako za Yehova. Yamara rero kugira ngo ukorere Yehova, ukeneye kugira umutima ukwiye. (Mat. 22:36-38) Ntukigere ureka ngo Shetani agabure umutima wawe!

18. Wiyemeje iki wisunze ibivugwa muri Mika 4:5?

18 Cokimwe na Dawidi, nusenge Yehova umusaba uti: “Egeranya umutima wanje kugira ntinye izina ryawe.” Niwiyemeze kubaho uhuza n’iryo sengesho. Buri musi, niwiyemeze ko ingingo ufata, kuva kuri ntonto gushika ku zihambaye, zerekana ko utinya izina rya Yehova bimwe bigera kure. Niwabigenza gutyo, uzohesha iteka iryo zina, narirya witwa Icabona ca Yehova. (Imig. 27:11) Vyongeye, twese tuzoshobora kuvuga nka wa muhanuzi Mika, duti: “Tuzogendera mw’izina rya Yehova Imana yacu gushika igihe kitagira urugero.”​—Mika 4:5.

URURIRIMBO RWA 41 Ndakwinginze wumve isengesho

^ ing. 5 Muri iki kiganiro, tuza kurimbura igice c’isengesho ry’Umwami Dawidi dusanga muri Zaburi 86:11, 12. Gutinya izina rya Yehova bisobanura iki? Kubera iki dukwiye gutinya iryo zina rihambaye? Vyongeye, gutinya Imana bishobora gute kudukingira kugwa mu nyosha mbi?

^ ing. 53 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Musa yarigishije abasavyi b’Imana ururirimbo rwatera iteka Yehova.

^ ing. 57 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Eva ntiyikuyemwo ivyipfuzo bibi. Ariko twebwe, turamirira kure amashusho canke ubutumwa vyotuma tugira ivyipfuzo bibi, tugahava dusiga iceyi izina ry’Imana.