Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene twitaba akamo k’inzumbete muri iki gihe

Ingene twitaba akamo k’inzumbete muri iki gihe

TWESE turemera yuko Yehova ari we ayobora akongera agashigikira abasavyi biwe muri iyi “misi ya nyuma.” (2 Tim. 3:1) Ariko rero, umwe wese ni we yihitiramwo kumugamburukira. Ivyacu twobigereranya n’uko ivy’Abisirayeli vyari vyifashe igihe bari mu bugaragwa. Bategerezwa kuza baritaba akamo k’urumbete.

Yehova yari yabwiye Musa ngo ahingure inzumbete zibiri z’ifeza zokoreshejwe mu “guhamagaza ikoraniro no mu guhagurutsa amakambi.” (Guh. 10:2) Abaherezi bategerezwa kuvuza inzumbete mu buryo butandukanye kugira bamenyeshe abantu ico bakwiye gukora. (Guh. 10:3-8) No muri iki gihe, abasavyi b’Imana bararonka ubuyobozi mu buryo butari buke. Nimuze turimbure butatu muri bwo butwibutsa ibijanye n’akamo k’inzumbete muri Isirayeli ya kera: (1) turaterwa akamo ko kwitaba amakoraniro maninimanini, (2) abakurambere bararonswa ukumenyerezwa, (3) ubuyobozi buhabwa amashengero yose buza burahuzwa n’igihe.

AKAMO KO KWITABA AMAKORANIRO MANINIMANINI

Igihe Yehova yaba ashaka ko “ikoraniro ryose” rihurira ku bwinjiriro bwo ku ruhande rwo mu buseruko bw’itaberenakulo, abaherezi baca bavuza za nzumbete zompi. (Guh. 10:3) Imiryango yose, iyaba ikambitse ku mpande zine z’iyo taberenakulo, yarumva ako kamo k’urumbete kaba kisangije ijwi. Birashoboka ko abakambitse hafi y’ubwinjiriro baba bashitse mu minota mikeyi. Ababa kure bishobora kuba vyarabatwara umwanya wiyongereye be n’utwigoro twinshi kugira bashike. Baba hafi canke kure, Yehova yashaka ko bose bakoranira hamwe kugira bahungukire.

Naho muri iki gihe tudahurira kw’itaberenakulo, twese abasavyi b’Imana turasabwa kuza turahurira hamwe. Aho twovuga nko kwitaba amahwaniro y’akarere be n’ibindi biringo bidasanzwe aho turonkera amakuru n’ubuyobozi bihambaye. Mu mihingo yose yo kw’isi, abasavyi ba Yehova bungukira kuri porogarama imwe. Abitaba ako kamo rero, bararyoherwa no kuba bakoraniye hamwe bari mu mugwi munini w’abantu bahimbawe. Naho hari ababwirizwa kugira ingendo nini kuruta abandi, abitaba ubwo butumire baremera ko akigoro bagira atari impfagusa.

Tuvuge iki ku baba kure cane y’ahabera ayo makoraniro maninimanini? Kubera ubuhinga bwa none, benshi muri bo barungukira kuri porogarama imwe n’abandi bose, mbere bakumva ko bari kumwe n’abitavye ayo makoraniro maninimanini. Nk’akarorero, igihe kimwe uwaserukiye icicaro gikuru yaragendeye ishami rya Bénin, maze biciye ku buhinga bwa none porogarama irerekanwa ahitwa Arlit muri Niger, agasagara bacukuramwo ubutare kari mu bugaragwa bwa Sahara. Hari hakoraniye abavukanyi na bashiki bacu be n’abashimishijwe bashika 21. Naho bari kure y’aho porogarama yariko irabera, bumva ko bari kumwe n’abandi 44.131 bari bitavye iryo teraniro. Umuvukanyi umwe yanditse ati: “Turakenguruka bimwe bivuye ku mutima kuba mwaradufashije gukurikirana iyo porogarama. Yararushirije kutwereka ukuntu mutwitwararika cane.”

AKAMO GATERWA ABAKURAMBERE

Igihe umuherezi w’Umwisirayeli yaba avugije urumbete rumwe gusa, “abakuru, ni ukuvuga abakuru b’ibihumbi” bonyene ni bo barenguka kw’ihema ry’ibonaniro. (Guh. 10:4) Musa yaraheza akagira ivyo abamenyesheje akongera akabamenyereza. Ivyo vyarabafasha kwitwararika amabanga bajejwe mu miryango yabo. None iyo uza kuba muri abo bakuru, ntiwari gukora uko ushoboye kwose ngo abe ari ho uri maze uhungukire?

Muri iki gihe, abakurambere si “abakuru” kandi ntibakandamiza ubusho bw’Imana bajejwe. (1 Pet. 5:1-3) Ariko rero, barakora ukwo bashoboye kwose mu kuragira ubusho. Ku bw’ivyo, baritaba babikunze igihe batumiwe kugira bahabwe ukumenyerezwa kwiyongereye, nk’akarorero kuri rya Shure ry’ubusuku bw’Ubwami. Muri ivyo vyigwa, abakurambere bariga ingene borushiriza kwitwararika ivyo mw’ishengero. Ivyo biraheza bigatuma twese tumererwa neza mu vy’impwemu. Naho nyene utoba uritaba na rimwe muri ayo mashure, hari aho woba uriko urungukira ku bayitavye.

AKAMO KO KWISUNGA AMAHINDUKA

Vyarashika abaherezi b’Abisirayeli bakavuza urumbete ruhindagurika. Ivyo vyerekana ko Yehova yaba yipfuza yuko ikambi yose yimuka. (Guh. 10:5, 6) Kwimuka vyarasaba intunganyo idasanzwe, ariko kandi vyaratuma uwo ari we wese agira ibikorwa vyinshi. Hari n’abashobora kuba baragonanwa kwimuka. Uti kubera ki?

Bamwebamwe bashobora kuba babona ko baguma bimuka kenshikenshi kandi batavyiteguriye. Dusoma duti: “Rimwe na rimwe [igicu] caragumaho kuva ku mugoroba gushika mu gitondo.” Ikindi gihe na ho caragumaho “imisi ibiri canke ukwezi canke imisi irenze iyo” imbere yuko basubira kwimuka. (Guh. 9:21, 22) None neza na neza bimutse incuro zingahe? Mu Guharūra ikigabane ca 33, havuga ibibanza bishika 40 Abisirayeli bagiye barakambikamwo.

Vyarashika bagakambika ahantu hapfutse. Ico gishobora kuba cari ikintu kiryoshe, narirya bariko baca “muri ako gahinga kose kanini kandi gateye ubwoba.” (Gus. 1:19) Ni co gituma hari abashobora kuba bariyumvira ko kwimuka vyotumye baja kuba ahantu hatameze neza.

Igihe imiryango imwe yaba itanguye kugenda, hari iyindi bishobora kuba vyayisaba kurindira ko ishikirwa. Bose barumva ijwi ry’inzamba rihindagurika, mugabo ntibaca bahagurukira rimwe. Iryo jwi rihindagurika ryamenyesha ko imiryango y’abakambitse mu buseruko ari yo itangura kugenda, ni ukuvuga umuryango wa Yuda, uwa Isakari n’uwa Zebuloni. (Guh. 2:3-7; 10:5, 6) Bamaze guhaguruka, abaherezi baca bavuza ijwi rihindagurika ubugira kabiri kugira batere akamo umugabane ugizwe n’imiryango itatu ikambitse mu bumanuko. Abo baherezi babandanya kubigenza gutyo gushika ikambi yose igiye.

Hari aho woba umaze kugonanwa ku bijanye n’amahinduka amwamwe aba mw’ishirahamwe. Nk’akarorero, ushobora kuba wumvise urengewe igihe haba amahinduka atari make utari witeze. Canke na ho ushobora kuba warikundira intunganyo kanaka, ukaba utipfuza ko zihinduka. Icatuma ugonanwa caba ikihe, ushobora kuba utorohewe no kuvyihanganira, bikaba kandi vyagusavye igihe kugira umenyere. Yamara rero, iyo twihase tukitabira akamo nk’uko bitegerezwa, turashobora kwibonera ko Imana iduhezagira.

Mu gihe ca Musa, Yehova yarayoboye abagabo, abagore n’abana amamiliyoni mu gahinga. Iyo atabitwararika ngo yongere abayobore, ntibari kuhakura agatwe. No muri iki gihe, duhagaze mu vy’impwemu kubera ko Yehova atuyobora. Nkako, turasagamvye! Ese rero twese twokwiyemeza kwitaba utwamo dutandukanye tw’inzumbete, nk’uko Abisirayeli b’abizigirwa babigira!