Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 25

“Jewe ubwanje nzorondera intama zanje”

“Jewe ubwanje nzorondera intama zanje”

“Jewe ubwanje . . . nzorondera intama zanje, ndaziteho.”​—EZK. 34:11.

URURIRIMBO RWA 105 “Imana ni urukundo”

INCAMAKE *

1. Kubera iki Yehova yigereranije na inabibondo yonsa?

“MBEGA umugore yokwibagira umwana wiwe yonka?” Ico ni ikibazo Yehova yabajije mu gihe c’umuhanuzi Yesaya. Imana yabwiye abasavyi bayo iti: “Mbere abo bagore boshobora kwibagira, yamara jewe sinzokwibagira.” (Yes. 49:15) Naho atari kenshi Yehova yigereranya na inabibondo, muri uwo murongo yarabigize. Yakoresheje ubucuti buri hagati ya inabibondo n’umwana wiwe kugira yerekane ingene akunda abasavyi biwe bimwe bigera kure. Ba inabibondo benshi boshobora kuba biyumva cokimwe na mushiki wacu yitwa Jasmin. Agira ati: “Igihe wonsa umwana, muragiranira ubucuti budasanzwe kandi bwamaho.”

2. Yehova amererwa gute iyo umwe mu bana biwe ahororokewe?

2 Yehova arababara n’igihe umwe gusa mu bana biwe aretse kwifatanya n’ishengero canke kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Ibaze rero ukuntu ategerezwa kuba ababara iyo abonye abasavyi biwe ibihumbi bahororokerwa * buri mwaka.

3. Yehova yipfuza iki?

3 Benshi muri abo bavukanyi na bashiki bacu twikundira bahororokewe, usanga bagaruka mw’ishengero kandi turabakira n’igishika cinshi. Yehova yipfuza ko bagaruka, kandi na twebwe ni ukwo. (1 Pet. 2:25) None twobafasha gute? Imbere y’uko twishura ico kibazo, vyoba vyiza tumenye igituma bamwebamwe baheba kwifatanya n’ishengero no kugira uruhara mu ndimiro.

KUBERA IKI BAMWEBAMWE BAHEBA GUKORERA YEHOVA?

4. Ni ibiki bishikira bamwebamwe kubera akazi?

4 Hari abatwarwa n’akazi k’umubiri. Umuvukanyi yitwa Hung * aba mu muri Aziya, avuga ati: “Narirekeranye maze akazi karantwara. Nibwiye nihenda yuko ndonse amahera menshi ari ho noca nkorera Yehova neza. Naciye rero nza ndakora amasaha yiyongereye. Naratanguye kuza ndasiba amakoraniro kenshi gushika n’aho mpeba kwifatanya n’ishengero. Womengo isi yagenewe gukura abantu kuri Yehova buhorobuhoro.”

5. Ingorane zagiye zirashikira mushiki wacu umwe zamugizeko ingaruka izihe?

5 Abavukanyi na bashiki bacu bamwebamwe na bo usanga barengerwa n’ingorane. Uwitwa Anne wo mu Bwongereza ni nyina w’abana batanu. Avuga ati: “Agahungu kanje k’agahererezi kavukanye ubumuga bukomeye. Mu nyuma, umwe mu bakobwa banje yaraciwe, uwundi muhungu na we afatwa n’indwara yo mu mutwe. Nararengewe cane ku buryo naciye mpeba kwifatanya n’ishengero be no kwamamaza. Amaherezo narahororokewe.” Emwe, turumvira impuhwe nyinshi Anne n’umuryango wiwe hamwe n’abandi bari mu ngorane nk’izo.

6. Kudashira mu ngiro Abakolosayi 3:13 bishobora gute gutuma umuntu aheba kwifatanya n’abasavyi ba Yehova?

6 Soma Abakolosayi 3:13. Hari abasavyi ba Yehova usanga bababazwa n’uwo basangiye ukwemera. Intumwa Paulo yari azi ko vyoshika tukagira imvo yumvikana yo ‘kwidogera’ umuvukanyi canke mushiki wacu. Vyoshika mbere tukaba twarenganijwe. Tutabaye maso, twoshobora gusanga twabitse inzika. Amaherezo, ishavu ryoshobora gutuma umuntu areka kwifatanya n’abasavyi ba Yehova. Rimbura ivyashikiye umuvukanyi umwe wo muri Amerika y’Epfo yitwa Pablo. Baramubesheye ko yakoze ikintu kibi, bica bituma atakaza agateka yari afise mw’ishengero. None yavyifashemwo gute? Pablo avuga ati: “Narashavuye cane maze buhorobuhoro ndaheba kwifatanya n’ishengero.”

7. Kwiyagiriza bishobora kugira ingaruka izihe ku muntu?

7 Kwiyagiriza na vyo nyene birashobora gutuma umuntu yigeze gukora igicumuro gikomeye avunika umutima, agaca yumva umengo Imana ntigishobora kumukunda. Naho yoba yarigaye akagirirwa imbabazi, yoshobora kwumva ko atakibereye kuba mu basavyi b’Imana. Ivyo vyarashikiye umuvukanyi yitwa Francisco. Avuga ati: “Narakangiriwe kubera nari naguye mu busambanyi. Naho mu ntango nagumye nitaba amakoraniro, nahavuye ngira intuntu nyinshi, nkumva ko ntakibereye kuba mu basavyi ba Yehova. Naguma niyagiriza cane, kandi nabona neza ko Yehova atambabariye. Mu nyuma, nararetse kwifatanya n’ishengero.” Ubona gute none abavukanyi na bashiki bacu bari mu ngorane nk’izo duhejeje kurimbura? Woba ubumvira impuhwe? N’igihambaye kuruta, Yehova ababona gute?

YEHOVA ARAKUNDA INTAMA ZIWE

Umwungere w’Umwisirayeli yaritwararika cane intama yazimiye (Raba ingingo ya 8-9) *

8. Yehova yoba yibagira abigeze kumukorera? Sigura.

8 Yehova ntiyibagira abigeze kumukorera mugabo kagacamwo bagahagarika kwifatanya n’abasavyi biwe, eka kandi ntiyibagira igikorwa bamuranguriye. (Heb. 6:10) Umuhanuzi Yesaya yarakoresheje ikigereranyo gikora ku mutima mu kwerekana ingene Yehova yitwararika abasavyi biwe. Yanditse ati: “Kurya kw’umwungere, azoragira ubusho bwiwe. Azokwegeranya imyagazi y’intama n’ukuboko kwiwe; azoyitwara mu gikiriza ciwe.” (Yesaya 40:11) None uwo Mwungere mukuru avyakira gute igihe imwe mu ntama ziwe igiye kure y’umukuku? Yezu yarerekanye ingene Yehova avyakira igihe yabaza abigishwa biwe ati: “Muvyiyumvirako iki? Hamwe umuntu yoba afise intama ijana hanyuma imwe muri zo ikazimira, ntazosiga none zimwe mirongo icenda n’icenda ku misozi, akaja kurondera imwe yazimira? Kandi aramutse ayitoye, ndababwiye ukuri yuko anezerwa kubera yo kuruta uko anezererwa zimwe mirongo icenda n’icenda zitazimiye.”​—Matayo 18:12, 13.

9. Umwungere mwiza wo mu bihe vya Bibiliya yafata gute intama ziwe? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

9 Kubera iki bibereye ko Yehova agereranywa n’umwungere? Ni kubera ko umwungere mwiza wo mu bihe vya Bibiliya yitwararika cane intama ziwe. Nk’akarorero, Dawidi yararwanije intare n’idubu kugira akingire umukuku wiwe. (1 Sam. 17:34, 35) Hagize n’intama n’imwe itakara, umwungere mwiza ntiyabura kubimenya. (Yoh. 10:3, 14) Umwungere nk’uwo yarasiga intama ziwe 99 mu ruhongore canke akazisigira abungere bagenziwe, akaja kurondera iyatakaye. Yezu yakoresheje ico kigereranyo kugira atwigishe iki cigwa gihambaye: “Na Dawe ari mw’ijuru ntibimuhimbara ko hagira n’umwe muri abo batoyi apfa.”​—Mat. 18:14.

Umwungere wo muri Isirayeli ariko aritwararika intama yari yazimiye (Raba ingingo ya 9)

YEHOVA ARARONDERA INTAMA ZIWE

10. Twisunze Ezekiyeli 34:11-16, Yehova yasezeranye gukorera iki intama ziwe zatakaye?

10 Yehova arakunda umwe wese muri twebwe, ushizemwo abokwitwa “batoyi” vyashitse bakaja kure y’umukuku wiwe. Yehova abicishije ku muhanuzi Ezekiyeli, yasezeranye ko yokwirondereye intama ziwe zatakaye, akazifasha gusubira kugiranira ubucuti bwiza na we. Vyongeye, yaravuze intambwe yoteye kugira azirokore, ari na zo umwungere w’Umwisirayeli yatera igihe yaba yatakaje intama. (Soma Ezekiyeli 34:11-16.) Ubwa mbere, umwungere yararondera iyo ntama, bikaba vyamusaba umwanya munini n’akigoro. Amaze kuyitora na ho, yaca ayigarukana mu ruhongore. Mu nyuma, bishitse iyo ntama ikaba yakomeretse canke ishonje, uwo mwungere yarayisahiriza abigiranye urukundo, agatubika aho yakomeretse, akayiterura akongera akayigaburira. Abakurambere ari bo bungere b’“ubusho bw’Imana,” barakwiye gutera intambwe nk’izo nyene kugira ngo bafashe abagiye kure y’ishengero. (1 Pet. 5:2, 3) Barabarondera, bakabafasha kugaruka mu ruhongore, bakongera bakabagaragariza urukundo mu kubasahiriza mu vyo bakeneye mu vy’impwemu. *

11. Ni igiki umwungere mwiza yatahura?

11 Umwungere mwiza yaratahura ko vyoshika intama igatakara. Bishitse intama ikaja kure y’umukuku, uwo mwungere ntiyaca ayikubagura. Raba akarorero Imana yatanze igihe yafasha bamwebamwe mu basavyi bayo kaciyemwo bakaja kure yayo.

12. Yehova yafashe gute Yona?

12 Umuhanuzi Yona yarahunze igikorwa Yehova yari yamushinze. Naho ari ukwo, Yehova ntiyaciye amuheba. Cokimwe n’umwungere mwiza, Yehova yaramurokoye yongera aramufasha kugarura agatege yari akeneye kugira ngo arangure ico gikorwa. (Yona 2:7; 3:1, 2) Mu nyuma, Imana yarakoresheje umutangatanga kugira ifashe Yona kubona agaciro k’ubuzima bw’umuntu umwumwe wese. (Yona 4:10, 11) None icigwa ni ikihe? Abakurambere ntibakwiye kwihutira guheba uwahororokewe. Ahubwo riho baragerageza gutahura icatumye iyo ntama ija kure y’umukuku. Igihe na ho intama igarutse kuri Yehova, abakurambere babandanya kuyitwararikana urukundo.

13. Twigira iki ku kuntu Yehova yafashe umwanditsi wa Zaburi ya 73?

13 Umwanditsi wa Zaburi ya 73 yarigeze kwihebura igihe yabona ingene abanyakibi basa n’abamerewe neza. Yaribajije nimba gukorera Imana hari ico vyari bimaze. (Zab. 73:12, 13, 16) None Yehova yakoze iki? Ntiyaciye amuhana. Kanatsinda, Imana yarandikishije muri Bibiliya ivyo uwo mwanditsi yavuze. Mu nyuma, uwo mwanditsi wa Zaburi yaratahuye yuko kugiranira ubucuti bwiza na Yehova ari co kintu ciza kuruta ibindi vyose. (Zab. 73:23, 24, 26, 28) None icigwa ni ikihe? Abakurambere ntibakwiye kwihutira kubona nabi umuntu atanguye gukekeranya ku bijanye n’akamaro ko gukorera Yehova. Aho kumuhambarira, abakurambere bakwiye kugerageza gutahura igituma yavuze canke yakoze ibi canke biriya. Aho ni ho gusa baheza bakarondera indemesho zishingiye kuri Bibiliya yoba akeneye.

14. Kubera iki Eliya yari akeneye gufashwa, kandi Yehova yamufashije gute?

14 Umuhanuzi Eliya yarahunze Umwamikazi Yezebeli. (1 Abm. 19:1-3) Yaciye yiyumvira ko ata wundi muhanuzi wa Yehova yari asigaye, be n’uko igikorwa yaranguye cabaye impfagusa. Yarihebuye cane ku buryo yipfuza gupfa. (1 Abm. 19:4, 10) Aho guhambarira Eliya, Yehova yaramukuye amazinda ko atari wenyene, ko akwiye kwizigira ububasha bw’Imana kandi ko agifise vyinshi vyo gukora. Yehova abigiranye ubuntu bwinshi, yarumvirije ivyari biraje ishinga Eliya, aca amushinga ayandi mabanga. (1 Abm. 19:11-16, 18) None ivyo bitwigisha iki? Twese, na canecane abakurambere, turakwiye gufatana ubuntu intama za Yehova. Naho umuntu yoba ashangashiwe canke akaba yumva atabereye imbabazi za Yehova, abakurambere barakwiye kumwumviriza igihe abaserurira ibiri ku mutima. Mu nyuma, boca bagerageza gukura amazinda iyo ntama yazimiye yuko iri n’agaciro kuri Yehova.

DUKWIYE KUBONA GUTE INTAMA Z’IMANA ZAZIMIYE?

15. Twisunze Yohani 6:39, Yezu yabona gute intama za Se?

15 Yehova yipfuza ko tubona gute intama ziwe zazimiye? Yezu araduha akarorero twokwigana. Yari azi ko intama zose z’Imana ziri n’agaciro kuri yo, akaba ari co gituma yakoze uko ashoboye kwose kugira afashe “intama zazimiye z’inzu ya Isirayeli” kugaruka kuri Yehova. (Mat. 15:24; Luka 19:9, 10) Kubera Yezu ari umwungere w’agahebuza, yaranakoze ibishoboka vyose kugira yirinde gutakaza n’imwe mu ntama za Yehova.​—Soma Yohani 6:39.

16-17. Abakurambere bakwiye kubona gute ibijanye no gufasha abahevye kwifatanya n’ishengero? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ingene intama zazimiye zishobora kuba ziyumva.”)

16 Intumwa Paulo yahimirije abakurambere bo mw’ishengero ry’i Efeso kwigana Yezu. Yagize ati: “Mutegerezwa gusahiriza abagoyagoya, kandi . . . mutegerezwa kwibuka ya majambo y’Umukama Yezu, igihe we ubwiwe yavuga ati: ‘Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.’” (Ivyak. 20:17, 35) Biragaragara ko muri iki gihe abakurambere bafise ibanga ridasanzwe muri uwo muce. Umukurambere yitwa Salvador wo muri Espanye, avuga ati: “Iyo nzirikanye ukuntu Yehova yitwararika cane intama ziwe zazimiye, nca numva nokora ivyo nshoboye vyose kugira ndazifashe. Kubera ndi umwungere wo mu vy’impwemu, ndazi neza ko Yehova yipfuza yuko ndazitwararika.”

17 Abavuzwe muri iki kiganiro bose vyashitse bakaja kure ya Yehova, barafashijwe baramugarukako. Muri iki gihe, hari n’abandi benshi vyashitse baraheba kwifatanya n’ishengero usanga bipfuza kugaruka. Ikiganiro gikurikira kizotubwira ibindi twokora kugira tubafashe kugaruka kuri Yehova.

URURIRIMBO RWA 139 Niwibone mw’isi nshasha

^ ing. 5 Ni kubera iki abantu bamwebamwe bamaze igihe kinini bakorera Yehova badahemuka usanga bishika bakareka kwifatanya n’ishengero? Imana ibabona gute? Iki kiganiro kirishura ivyo bibazo. Kiratwereka n’ivyigwa dukura ku kuntu Yehova yafashije abasavyi biwe bo mu bihe vya Bibiliya vyashitse bakamara igihe bacitse intege.

^ ing. 2 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Umwamamaji yahororokewe ni uwuba yamaze amezi atandatu canke arenga adatanga raporo y’igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. Naho ari ukwo, abahororokewe baba bakiri abavukanyi na bashiki bacu kandi turabakunda.

^ ing. 4 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 10 Ikiganiro gikurikira kizoca irya n’ino uburyo butandukanye abakurambere bokurikiza izo ntambwe.

^ ing. 60 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Kubera ko umwungere w’Umwisirayeli yitwararika cane intama yazimiye, yarayirondera akayifasha kugaruka mu busho. No muri iki gihe, abungere bo mu vy’impwemu ni ko babigenza.

^ ing. 64 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mu gihe mushiki wacu yahororokewe arindiriye ko ibisi ihaguruka, aritegereza Ivyabona babiri bariko bamamaza ku mugaragaro banezerewe.