Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 26

“Nimungarukeko”

“Nimungarukeko”

“Nimungarukeko, nanje nzobagarukako.”​—MAL. 3:7.

URURIRIMBO RWA 102 ‘Dufashe abagoyagoya’

INCAMAKE *

1. Yehova yiyumva gute igihe imwe mu ntama ziwe imugarutseko?

NK’UKO twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Yehova yigereranya n’umwungere mwiza yitwararikana ikibabarwe imwimwe mu ntama ziwe. Vyongeye, ararondera iyiba yazimiye yose. Yehova yabwiye Abisirayeli bari bamuteye akagere ati: “Nimungarukeko, nanje nzobagarukako.” Turazi ko n’ubu ari kwo abibona, kubera avuga ati: “Sinahindutse.” (Mal. 3:6, 7) Yezu yavuze ko Yehova n’abamarayika bagira akanyamuneza kenshi mbere n’igihe umwe mu basavyi biwe yari yarazimiye amugarutseko.​—Luka 15:10, 32.

2. Turimbura iki muri iki kiganiro?

2 Nimuze turimbure bitatu mu bigereranyo Yezu yatanze. Turabikuramwo ivyigwa bihambaye ku bijanye n’ingene twofasha abahevye gukorera Yehova. Turaza kubona kamere zimwezimwe dukeneye kugira dufashe intama zazimiye kumugarukako. Turaza kandi kubona igituma bibereye ko twihatira kuremesha abagoyagoya.

KURONDERA IGICERI CATAKAYE

3-4. Ni kubera iki umugore avugwa muri Luka 15:8-10, yarondeye idarakima yatakaye avyitondeye?

3 Tubwirizwa kwita ku rutare kugira turondere abipfuza kugaruka kuri Yehova. Mu kigereranyo dusanga mu Njili ya Luka, Yezu aravuga ingene umugore umwe arondera ikintu c’agaciro catakaye, ni ukuvuga igiceri c’idarakima. Ico kigereranyo kitwereka ahanini akigoro yagize mu kurondera ico giceri.​—Soma Luka 15:8-10.

4 Yezu aravuga ukuntu nya mugore yiyumva amaze gutora ico giceri catakaye. Mu gihe ca Yezu, biboneka ko rimwe na rimwe ku musi w’ubugeni bw’umukobwa w’Umuyudakazi, nyina wiwe yamugabira ibiceri cumi vy’idarakima biri hamwe. Birashoboka ko ico giceri catakaye ari kimwe muri ivyo. Uwo mugore yibaza ko cakorokeye hasi. Aca rero adomeka itara akarondera hose mugabo akabura. Itara akoresha rishobora kuba ridatanga umuco ukwiye kugira akibone, narirya ari gitoyi. Amaherezo arakubura inzu yose. Erega amaze kwegeranya umwavu, aza abona nya giceri c’agaciro ari ho cibereye, gica ibibatsi kubera umuco wa rya tara. Ese ingene yiruhutsa! Aca ahamagara abagenzi n’ababanyi kugira ababwire ako gakuru keza.

5. Kubera iki vyoshobora kutatworohera gutora abahevye kwifatanya n’ishengero?

5 Nk’uko ico kigereranyo ca Yezu kivyerekana, bisaba akigoro kugira dutore ikintu catakaye. Muri ubwo buryo nyene, vyoshobora kuba ngombwa ko twihata kugira dutore abatacifatanya n’ishengero. Boshobora kuba bamaze imyaka n’iyindi barahevye kwifatanya natwe. Boshobora mbere kuba barimukiye mu karere abavukanyi baho batabazi. Ariko ata gukeka, bamwe muri abo bahororokewe barashashaye cane kugaruka kuri Yehova. Baripfuza gukorera Yehova bari kumwe n’abasavyi biwe b’ukuri, mugabo bagakenera ko tubafasha.

6. Twese mw’ishengero dushobora gute kugira uruhara mu kurondera abahororokewe?

6 None ni nde akwiye kurondera abahororokewe? Twese abamamaji turashobora kugira uruhara mu kubarondera, twaba turi abakurambere, abatsimvyi canke abo mu muryango. Woba ufise umugenzi canke incuti yahororokewe? Woba umaze guhura n’uwahororokewe uriko uramamaza inzu n’inzu canke ku mugaragaro? Numusigurire yuko nimba yoshima ko hagira uwumugendera, wohimbarwa no guha aderese canke inomero ya telefone vyiwe abakurambere bo mw’ishengero.

7. Wigira iki ku vyo umukurambere yitwa Thomas yavuze?

7 Abakurambere canecane barakwiye gutera intambwe zikenewe mu kurondera abipfuza kugaruka kuri Yehova. None bobigira gute? Raba ivyo umukurambere yitwa Thomas * aba muri Espanye yavuze, akaba amaze gufasha Ivyabona barenga 40 kugaruka kuri Yehova. Agira ati: “Ubwa mbere, ndabaza abavukanyi na bashiki bacu batandukanye nimba bazi aho abahororokewe bo mw’ishengero ryacu baba. Canke na ho, ndabaza abamamaji nimba bibuka uwoba atacitaba amakoraniro. Benshi mw’ishengero barahimbarwa no guca bagira ico bafashije kubera bumva yuko bibaraba. Mu nyuma iyo ngendeye abavukanyi canke bashiki bacu bahororokewe, ndababaza ibijanye b’abana babo be n’izindi ncuti zabo. Hari ababa bahoze bazana abana babo ku makoraniro, kandi hari aho nya bana baba barigeze kuba abamamaji. Na bo nyene rero barashobora guca bafashwa kugaruka kuri Yehova.”

NUFASHE ABAHOROROKEWE BAGARUKE KURI YEHOVA

8. Mu kigereranyo c’umwana yatakaye dusanga muri Luka 15:17-24, uwo muvyeyi yafashe gute umuhungu wiwe yigaye?

8 Ni kamere izihe dukwiye kuba dufise kugira dufashe abipfuza kugaruka kuri Yehova? Raba ivyigwa bimwebimwe twigira ku kigereranyo Yezu yatanze cerekeye umwana w’icangazi. (Soma Luka 15:17-24.) Yezu arasigura ingene nya mwana yahavuye agarura akenge maze afata ingingo yo kugaruka muhira. Se yaciye yiruka gusanganira umuhungu wiwe, aramugumbira maze aramukura amazinda yuko amukunda. Uwo muhungu yariyagiriza cane kandi akumva ko atabereye kwitwa umwana wa se. Yamara se yaragiriye impuhwe umuhungu wiwe, uwari yamuseruriye ingene yiyumva. Yaciye rero agira ico akoze kugira ngo amuhumurize yuko amuhaye ikaze muhira nk’umwana mu bandi, atari nk’umucangero. Kugira abimwereke, yaramugiriye umusi mukuru yongera amuha impuzu nziza.

9. Ni kamere izihe dukwiye kugaragaza kugira dufashe abahororokewe kugaruka kuri Yehova? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ingene twofasha abipfuza kugaruka.”)

9 Yehova ameze nk’umuvyeyi avugwa muri ico kigereranyo. Arakunda abavukanyi na bashiki bacu bahororokewe kandi yipfuza ko bamugarukako. Nitwigana Yehova, tuzobafasha kugaruka. Ivyo bisaba ko tugaragaza ukwihangana, impuhwe n’urukundo. Kubera iki none dukwiye kugaragaza izo kamere, kandi twobigira gute?

10. Kubera iki dukeneye kwihangana kugira dufashe umuntu gusubirana mu vy’impwemu?

10 Turakeneye kwihangana kubera ko bisaba igihe kugira umuntu asubirane mu vy’impwemu. Benshi mu bahoze barahororokewe bariyemerera ko bikubise agashi ari uko abakurambere be n’abandi bo mw’ishengero babagendeye kenshi. Mushiki wacu yitwa Nancy wo muri Aziya, agira ati: “Hari umugenzi somambike wo mw’ishengero yamfashije cane. Yarambereye nka mukuru wanje. Yaranyibutsa ibihe vyiza twamaranye muri kahise. Yaranyumviriza yihanganye ndiko ndamubwira ingene niyumva, kandi ntiyitinya kumpanura. Yarambereye umugenzi nyawe, akama yiteguriye kumfasha.”

11. Kubera iki dukeneye impuhwe kugira twirure uwavunitse umutima?

11 Impuhwe ni nk’umuti uvura. Zirashobora gufasha mu kwirura uwavunitse umutima. Hari abahororokewe bashobora kuba bamaze imyaka myinshi bafitiye inzigo umuntu wo mw’ishengero kubera hari ico bapfuye. Ivyo vyoshobora gutuma batipfuza kugaruka kuri Yehova. Bamwebamwe boshobora kwiyumvira ko barenganijwe. Boshobora rero kuba bakeneye umuntu abatega yompi kandi atahura ingene biyumva. (Yak. 1:19) Uwitwa María, akaba yarigeze guhororokerwa, avuga ati: “Nari nkeneye uwuntega yompi, nkamuririra, akampanura kandi akamfasha.”

12. Tanga akarorero kerekana ingene urukundo rwa Yehova rugereranywa n’umugozi.

12 Urukundo Yehova afitiye abasavyi biwe, Bibiliya irugereranya n’umugozi. Uti kubera iki? Rimbura aka karorero: Dufate ko ugira usome nturi mu kiyaga gisuriranya, ugaca uronka umuntu aguterera ikintu kigufasha kutibira. Nta gukeka ko womushimira, kuko bigufasha kuguma ureremba ku mazi. Ariko ico kintu agutereye conyene ntigituma urokoka. Amazi arakanye cane, ukaba udashobora kurokoka udashitse mu bwato. Urakeneye uwuguterera umugozi maze akagukwega akujana muri nya bwato. Yehova yavuze ku bijanye n’Abisirayeli bari baramutaye, ati: “Nagumye ndabakwegesha. . . imigozi y’urukundo.” (Hos. 11:4) No muri iki gihe, Yehova abona gutyo nyene abahevye kumukorera, bakaba bariko baribira mu ngorane no mu maganya. Yipfuza ko bamenya yuko abakunda, akaba ashaka kubakwega ngo bamugarukeko. Yehova rero arashobora kugukoresha kugira ubafashe gutahura ko abakunda.

13. Ivyashikiye Pablo vyerekana gute ububasha bw’urukundo rwa kivukanyi?

13 Birahambaye ko dukura amazinda abahororokewe yuko Yehova abakunda kandi ko na twebwe tubakunda. Umwe Pablo twavuga mu kiganiro giheruka, yaramaze imyaka irenga 30 yarahororokewe. Avuga ati: “Umusi umwe mu gitondo nari mvuye muhira, nca mpura na mushiki wacu umwe ageze mu zabukuru w’umutima mwiza, maze aranyagisha abigiranye urukundo. Naciye ntangura kurira nk’umwana. Namubwiye ko wamengo ni Yehova amurungitse kunganiriza. Uwo musi nyene naciye mfata ingingo yo kugaruka kuri Yehova.”

NUBAFASHE UBIGIRANYE URUKUNDO

14. Twisunze ikigereranyo dusanga muri Luka 15:4, 5, ni igiki umwungere yakoze amaze gutora intama yari yatakaye?

14 Abahororokewe bamaze kugaruka, barakenera ko tuguma tubaremesha. Cokimwe na wa muhungu avugwa mu kigereranyo ca Yezu, boshobora kuba barakomeretse ku mutima. Vyongeye, hari aho boba bagoyagoya mu vy’impwemu kubera ivyo baciyemwo mw’isi ya Shetani. Turakwiye kubafasha kunagura ubucuti bafitaniye na Yehova. Muri ca kigereranyo c’intama yatakaye, Yezu aravuga ingene umwungere ayishira ku bitugu akayigarukana mu mukuku. Uwo mwungere aba yakoresheje umwanya n’inguvu kugira ayitore. Mugabo aratahura yuko abwirizwa kuyiterura kugira ayigarukane mu busho, kubera itagifise inguvu zo kwishikanayo.​—Soma Luka 15:4, 5.

15. Dushobora gute kuremesha abahororokewe bipfuza kugaruka kuri Yehova? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Igikoresho kirumara.”)

15 Na twebwe vyoshobora kudusaba umwanya n’inguvu kugira dufashe abahororokewe bamwebamwe gutsinda ubugoyagoye bwabo. Mugabo tubifashijwemwo n’impwemu ya Yehova, Ijambo ryiwe be n’ibitabu vy’ishirahamwe, turashobora kubafasha bagasubira gukomera mu vy’impwemu. (Rom. 15:1) None twobishikako gute? Umukurambere umwe azi utuntu n’utundi, avuga ati: “Igihe abahororokewe bagarutse kuri Yehova, benshi usanga bakeneye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya.” * Igihe rero usabwe kuyoborera inyigisho ya Bibiliya uwahororokewe, ntukwiye kugisha ako gateka. Wa mukurambere avuga kandi ati: “Umwamamaji ayoborera inyigisho uwahororokewe, akwiye kumubera umugenzi ashobora kuyagira atitinya.”

AKANYAMUNEZA MW’IJURU NO KW’ISI

16. Tubwirwa n’iki yuko abamarayika badushigikira?

16 Ivyabaye vyinshi birerekana ko abamarayika bakorana natwe mu kurondera no mu gufasha abahororokewe bashashaye kugaruka kuri Yehova. (Ivyah. 14:6) Nk’akarorero, uwitwa Silvio wo muri Équateur yarasenze cane asaba Yehova uwomufasha kugaruka mw’ishengero. Akiriko arasenga, yagiye yumva agakengeri ko kw’irembo kavuze, bakaba bari abakurambere babiri baje kumuraba. Uwo musi, barahimbawe no gutangura kumuronsa imfashanyo yari akeneye.

17. Twiyumva gute igihe dufashije abagoyagoya mu vy’impwemu?

17 Turagira akanyamuneza kenshi iyo dufashije abagoyagoya mu vy’impwemu bakagaruka kuri Yehova. Umuvukanyi umwe w’umutsimvyi yitwararika cane abahororokewe, avuga ati: “Rimwe na rimwe, biranka ko nigumya ngaca nkorora amosozi y’umunezero. Birampimbara cane iyo nibutse ko Yehova yarokoye imwe mu ntama ziwe ayikuye mw’isi ya Shetani, be n’uko natewe agateka ko gukorana na we muri ico gikorwa.”​—Ivyak. 20:35.

18. Nimba warahororokewe, ni igiki ukwiye kumenya neza?

18 Nimba utacifatanya n’abasavyi ba Yehova, numenye neza yuko akigukunda. Yipfuza ko umugarukako. Ego ni ko bizogusaba gutera intambwe zimwezimwe kugira umugarukeko. Ariko cokimwe na wa muvyeyi avugwa mu kigereranyo ca Yezu, Yehova aguma arindiriye ko ugaruka, kandi azokwakirana igishika mu ruhongore.

URURIRIMBO RWA 103 Abungere ni ingabire z’abagabo

^ ing. 5 Yehova yipfuza ko abatacifatanya n’ishengero bamugarukako. Hari vyinshi dushobora gukora kugira dufashe abipfuza kwitaba akamo Yehova abatera ati: “Nimungarukeko.” Muri iki kiganiro, tugiye kuraba ingene twobafasha kubigira.

^ ing. 7 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 15 Hari abahororokewe boshobora kuhungukira bize ibice bimwebimwe vy’igitabu Nugume mu rukundo rw’Imana, abandi na bo bakahungukira bize ibigabane bimwebimwe vy’igitabu Niwiyegereze Yehova. Komite y’umurimo y’ishengero ni yo igena uwukwije ibisabwa vyo kuyobora iyo nyigisho.

^ ing. 68 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Abavukanyi batatu batandukanye barafasha umuvukanyi umwe yipfuza kugaruka. Ivyo babigira mu kumuguma hafi, mu kumuhumuriza yuko akundwa no mu kumutega yompi babigiranye ugutahura.