Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukwigumya​—Ni ntahara kugira twemerwe na Yehova

Ukwigumya​—Ni ntahara kugira twemerwe na Yehova

“Igihe muvyaranje yansomborotsa, naramucakiye mw’izosi nca ntangura kumuniga. Nagira ndamwice.”​—Vyavuzwe na Paul.

“I muhira hagize uwuntsitarako na gato, naca ntwarwa n’ishavu. Naca menagura intebe n’ububati, ibikinisho, be n’ico nashobora gushikira cose.”​—Vyavuzwe na Marco.

Dushobora kuba tudakaza ishavu kuri urwo rugero. Naho ari ukwo, birashika twese tukananirwa no kwigumya. Ahanini ivyo biva ku kuba twarazwe agasembwa n’umuntu wa mbere, Adamu. (Rom. 5:12) Nk’ukwo kwa Paul na Marco, hari abo bigora gucungera ishavu. Abandi na bo usanga bitaborohera gucungera ivyiyumviro vyabo. Usanga bagumiza ivyiyumviro ku bintu bibahagarika umutima canke na ho akenshi bakabura amahoro kubera kwiyumvira ibintu bibi. Hari n’abandi bishobora kutorohera kunanira icipfuzo co gukora ubuhumbu, kunywa inzoga zirenze canke gukoresha ibiyayuramutwe mu buryo butari bwo.

Abirekerana ntibacungere ivyiyumviro vyabo, ivyipfuzo vyabo be n’ivyo bakora, barashobora kwonona ubuzima bwabo. Ariko turashobora kwirinda ako kaga. Uti gute? Mu gutsimbataza ukwigumya. Kugira ivyo tubishikeko, nimuze turimbure ibibazo bitatu: (1) Ukwigumya ni iki? (2) Kubera iki ari ntahara? (3) Twotsimbataza gute iyo kamere iri mu bigize “icamwa c’impwemu”? (Gal. 5:22, 23) Turaza no kurimbura ico umwumwe wese yokora igihe bishitse akabura ukwigumya.

UKWIGUMYA NI IKI?

Umuntu yigumya ntapfa gukora ikimujemwo cose. Ahubwo riho, aririnda kuvuga no gukora ibintu bidahimbara Imana.

Yezu yarerekanye neza ukwigumya ico ari co

Yezu yaratweretse ico kwigumya bisaba. Bibiliya ivuga iti: “Igihe yatukwa, ntiyasubizayo igitutsi. Igihe yababazwa, ntiyahiga, mugabo yaguma yiha umwe aca imanza mu bugororotsi.” (1 Pet. 2:23) Yezu yaragaragaje ukwo kwigumya igihe abamurwanya bamutuka ari ku giti co kubabarizwako. (Mat. 27:39-44) Imbere y’aho, yarerekanye ukwigumya kudasanzwe igihe indongozi z’idini zamurwanya zagerageza kumutegera mu vyo avuga. (Mat. 22:15-22) Yaradusigiye kandi akarorero keza igihe Abayuda bamwebamwe bari bashavuye batora amabuye ngo bayamutere. Aho guhangana na bo, “Yezu [yarinyegeje] hanyuma arasohoka, ava mu rusengero.”​—Yoh. 8:57-59.

Twoba twoshobora kwigana Yezu? Ego cane, turabishobora ku rugero kanaka. Intumwa Petero yanditse ati: “Kristu yababajwe ku bwanyu, aba abasigiye akarorero kugira ngo mukurikire neza intambuko ziwe.” (1 Pet. 2:21) Naho tudatunganye, turashobora gukurikiza neza akarorero k’ukwigumya Yezu yadusigiye. Kubera iki bihambaye ko tubigenza gutyo?

KUBERA IKI UKWIGUMYA ARI NTAHARA?

Kugira duhimbare Yehova turakeneye ukwigumya. Naho twoba tumaze igihe kirekire dukorera Yehova turi abizigirwa, twoshobora gutakaza ubucuti dufitaniye na we hamwe tutokwigumya mu vyo tuvuga no mu vyo dukora.

Rimbura ivyashikiye Musa, “uw[a]tekereza kuruta kure n’iyo abantu bose bari ku buringanire bw’ubutaka” ico gihe. (Guh. 12:3) Inyuma y’imyaka itari mike Musa yamaze yihanganira imyidodombo y’Abisirayeli, vyarashitse aratakaza ukwigumya. Yaratwawe n’ishavu igihe basubira kwidodomba kubera ko bari babuze amazi. Yababwiye akankama ati: “Umve rero, mwa bagarariji mwe! Mbega muri uru rutare ni ho tubakurira amazi?”​—Guh. 20:2-11.

Musa yarabuze ukwigumya. Ntiyahaye ubuninahazwa Yehova, we yari yatanze ayo mazi ku gitangaro. (Zab. 106:32, 33) Ivyo vyatumye Yehova atamwemerera kwinjira mu Gihugu c’isezerano. (Guh. 20:12) Birashoboka ko Musa yarinze apfa acicuza kubona yarabuze ukwigumya.​—Gus. 3:23-27.

None tumwigirako iki? Naho twoba tumaze igihe kirekire mu kuri, ntidukwiye kwigera tuvugisha mu buryo butaranga icubahiro ababa batubabaje canke ababa bakeneye gukosorwa. (Ef. 4:32; Kol. 3:12) Ego ni ko, uko twiterera mu myaka amagara na yo akadukika, vyoshobora gushika bikatugora kwihangana. Ariko rero, turakwiye kwibuka Musa. Ntitwokwipfuza gutakaza izina ryiza tumaranye igihe mu murimo wa Yehova kubera gusa kaciyemwo tukabura ukwigumya. None twokora iki kugira dutsimbataze iyo kamere ihambaye cane?

INGENE TWOTSIMBATAZA UKWIGUMYA

Nusenge usaba impwemu nyeranda. Kubera iki? Kubera ko ukwigumya kuri mu bigize icamwa c’impwemu y’Imana, kandi Yehova akaba aha iyo mpwemu abayimusaba bose. (Luka 11:13) Yehova arashobora kuduha ububasha dukeneye abicishije ku mpwemu yiwe. (Flp. 4:13) Arashobora kandi kudufasha gutsimbataza n’iyindi mice y’icamwa c’impwemu, nk’urukundo, runo rukaba rutuma turushiriza kwigumya.​—1 Kor. 13:5.

Niwirinde ikintu cose cotuma utigumya

Niwirinde ikintu cose cotuma bikugora kwigumya. Nk’akarorero, niwirinde imbuga zo kuri internet be n’ukwinezereza birangwamwo inyifato mbi. (Ef. 5:3, 4) Mu vy’ukuri, dutegerezwa kwirinda ikintu cose cotwosha gukora ibintu bibi. (Imig. 22:3; 1 Kor. 6:12) Nk’akarorero, umuntu bigora kwigumya mu vy’igitsina, vyoba vyiza yirinze rwose ibitabu n’amasinema bivuga ivy’urukundo.

Twoshobora kubona ko bitoroshe gukurikiza iyo mpanuro. Ariko tugize akigoro, Yehova azoduha inguvu dukeneye kugira ngo twicungere. (2 Pet. 1:5-8) Azodufasha gucungera ivyo twiyumvira, ivyo tuvuga be n’ivyo dukora. Ikivyerekana, ni akarorero ka Paul na Marco, bamwe twavuga mu ntango. Umwe wese muri bo yarashoboye gucungera ishavu ryiwe. Rimbura kandi umuvukanyi umwe yakunda kugira ishavu ariko aratwara umuduga, mbere agashwana n’abandi bashoferi. None yakoze iki? Avuga ati: “Buri musi narasenga cane. Narize ibiganiro bijanye n’ukwigumya, ndafata ku mutwe n’imirongo yo muri Bibiliya yomfasha. Naho maze imyaka myinshi nkora ivyo bintu, ndacabona ko ari ngirakamaro ko buri musi nzinduka niyemeje kuguma ntekanye. Kandi ngenda hakiri kare kugira nirinde kwihutagiza ndiko ndatwara umuduga.”

BISHITSE TUKANANIRWA KWIGUMYA

Bizoshika bitunanire kwigumya. Bidushikiye, twoshobora kwumva isoni zo kwitura Yehova mw’isengesho. Yamara rero, ico ni co gihe co kurushiriza gusenga Yehova. Nuce rero umusenga udatebaganye, umusabe imbabazi, urondere ko agufasha, hanyuma uce wiyemeza kutazosubira gukora iryo kosa. (Zab. 51:9-11) Yehova ntazobura kwumviriza amasengesho umutura umusaba imbabazi. (Zab. 102:17) Intumwa Yohani atwibutsa ko amaraso y’Umwana w’Imana “[a]twoza igicumuro cose.” (1 Yoh. 1:7; 2:1; Zab. 86:5) Niwibuke ko Yehova asaba abasavyi biwe kuguma bababarira abandi. Turashobora rero kwizigira ko na we azotugirira gutyo nyene.​—Mat. 18:21, 22; Kol. 3:13.

Yehova yarababaye igihe vyashika Musa akananirwa kwigumya bari mu bugaragwa. Ariko rero, Yehova yaramubabariye. Ikigeretseko, Ijambo ry’Imana rivuga ko Musa yari afise ukwizera kudasanzwe. (Gus. 34:10; Heb. 11:24-28) Yehova ntiyemereye Musa kwinjira mu Gihugu c’isezerano, mugabo azomutera iteka ryo kuba mw’Iparadizo ng’aha kw’isi, aho azobaho ibihe bidahera. Igihe na twebwe twoguma tugira akigoro ko gutsimbataza iyo kamere ntahara y’ukwigumya, turashobora kuzokwironkera ivyiza nk’ivyo nyene.​—1 Kor. 9:25.