Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 7

Turakunda cane Umuvyeyi wacu Yehova

Turakunda cane Umuvyeyi wacu Yehova

“Turakunda, kuko ari yo yabanje kudukunda.”​—1 YOH. 4:19.

URURIRIMBO RWA 3 Inkomezi zacu, icizigiro cacu n’umwizero wacu

INCAMAKE *

1-2. Ni igiki catumye Yehova atunganya ivy’uko twoba mu bagize umuryango wiwe, kandi yatumye bishoboka gute?

YEHOVA yaraduteye iteka ryo kuba mu bagize umuryango w’abamusenga. Ese ukuntu ari agateka ntangere! Umuryango wacu ugizwe n’abantu biyeguriye Imana kandi bizera incungu yatanzwe n’Umwana wayo. Tugize umuryango uhimbawe. Tubayeho tunezerewe, kandi turafise n’icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera, haba mw’ijuru canke mw’Iparadizo ng’aha kw’isi.

2 Urukundo Yehova adukunda ni rwo rwatumye atunganya ivy’uko twoba mu bagize umuryango wiwe. Ariko rero ivyo vyamusavye ikintu c’agaciro kanini. (Yoh. 3:16) ‘Twaguzwe ikiguzi.’ (1 Kor. 6:20) Yehova abicishije ku ncungu, yaratumye tugiranira na we ubucuti somambike. Birakora ku mutima kubona Segaba w’isi n’ijuru adutera iteka ryo kumwita Data. Nk’uko twabibonye mu kiganiro giheze, Yehova ni we Muvyeyi mwiza ntangere.

3. Ni ibibazo ibihe twoshobora kwibaza? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Yehova yoba anzi?”)

3 Cokimwe n’umwanditsi umwe wa Bibiliya, twoshobora kwibaza duti: “Nzokwishura iki Yehova ku vyiza vyose angirira?” (Zab. 116:12) Inyishu ni uko ata na kimwe tworonka twokwishura uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru. Naho ari ukwo, urwo adukunda rutuma natwe tumukunda. Intumwa Yohani yanditse ati: “Turakunda, kuko ari yo yabanje kudukunda.” (1 Yoh. 4:19) None ni mu buryo ubuhe twokwereka uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru ko tumukunda?

NUGUME WIYEGEREJE YEHOVA

Twerekana ko dukunda cane Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova, mu kuguma tumwiyegereje mw’isengesho, mu kumugamburukira be no mu gufasha abandi kumukunda (Raba ingingo ya 4-14)

4. Twisunze Yakobo 4:8, ni kubera iki dukwiye kugira akigoro ko kwiyegereza Yehova?

4 Yehova yipfuza ko tumwiyegereza kandi tukamuyagira. (Soma Yakobo 4:8.) Aduhimiriza ngo ‘dushishikare gusenga,’ kandi igihe cose yama yiteguriye kutwumviriza. (Rom. 12:12) Ntiyigera afatirwa canke ngo aruhe. Natwe tumwumviriza biciye ku gusoma Ijambo ryiwe Bibiliya be n’ibitabu bidufasha kuyitahura. Turamwumviriza kandi mu gutega yompi ibivugwa ku makoraniro. Nka kurya nyene ikiyago gituma abana n’abavyeyi biyegerezanya, ni ko no kuganira na Yehova tudahorereza bituma tuguma tumwiyegereje.

Raba ingingo ya 5

5. Tworyohora gute amasengesho yacu?

5 Nuzirikane ku kuntu amasengesho utura Yehova ameze. Yehova yipfuza ko umubwira ibiri ku mutima vyose. (Zab. 62:8) Vyoba vyiza rero twibajije duti: ‘Noba nguma nsubiramwo vya bindi nyene nk’uwuvuga ibisabisho vyanditse? Canke mvuga ibivuye ku mutima nka kurya nyene uwandika ikete yandika ibivuye ku mutima?’ Nta gukeka ko ukunda cane Yehova kandi ko wipfuza kuguma ufitaniye na we ubucuti bukomeye. Kugira ngo ubishikeko, ukwiye kwama umuyagira kandi ukamwumviriza. Numuyagire utamuhisha. Numubwire ibikunezereza be n’ibikuraje ishinga. Ntiwitinye kumusaba ngo agufashe.

6. Dukwiye gukora iki kugira tugume twiyegereje Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru?

6 Kugira tugume twiyegereje Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, dukwiye kwama tumushimira. Tubona ibintu nk’umwanditsi wa zaburi, uwavuze ati: “Wewe ubwawe wakoze ibintu vyinshi, ewe Yehova Mana yanje, mbere n’ibikorwa vy’agatangaza vyawe n’ivyiyumviro udufiseko; nta n’umwe ariho yogereranywa nawe. Hamwe norondera kubivuga no kubiyaga, ni vyinshi kuruta ivyo nodonda.” (Zab. 40:5) Gushimira Yehova si ikintu twiyumvamwo gusa, ahubwo turavyerekana mu vyo tuvuga no mu vyo dukora. Ivyo biratuma tutamera nk’abantu benshi bo muri iki gihe. Muri iyi si, abantu benshi ntibakenguruka ivyo Imana ibakorera. Kanatsinda, ukuba abantu ari intashima ni kimwe mu vyerekana ko turi mu “misi ya nyuma.” (2 Tim. 3:1, 2) Ese tutokwigera tumera nka bo!

7. Yehova yipfuza ko dukora iki, kandi kubera iki?

7 Nta muvyeyi yokwipfuza ko abana biwe baryana, ahubwo yipfuza ko bakundana. Na Yehova yipfuza ko abana biwe bakundana. Nakare, urukundo dufitaniye ni rwo rwerekana ko turi abakirisu b’ukuri. (Yoh. 13:35) Tubona ibintu nk’umwanditsi wa zaburi, uwavuze ati: “Ese ukuntu ari vyiza kandi bihimbaye ko abavukana babana mu bumwe!” (Zab. 133:1) Iyo dukunze abavukanyi bacu, tuba tweretse Yehova ko tumukunda. (1 Yoh. 4:20) Ese ukuntu bihimbaye kuba turi mu muryango w’abavukanyi b’‘abanyabuntu kuri bagenzi babo kandi bafise impuhwe z’ikibabarwe.’​—Ef. 4:32.

NIWEREKANE KO UMUKUNDA MU KUMUGAMBURUKIRA

Raba ingingo ya 8

8. Twisunze 1 Yohani 5:3, ni imvo nyamukuru iyihe ituma tugamburukira Yehova?

8 Yehova yiteze ko abana bagamburukira abavyeyi babo, akaba rero yiteze ko natwe tumugamburukira. (Ef. 6:1) Arabereye ko tumugamburukira kubera ko ari we Muremyi wacu, akaba na we atuzigamira ubuzima kandi akaba afise ubukerebutsi kuruta umuvyeyi uwo ari we wese. Ariko rero, imvo nyamukuru ituma tumugamburukira ni uko tumukunda. (Soma 1 Yohani 5:3.) Naho hari imvo nyinshi zikwiye gutuma tumugamburukira, ntaduhatira kubigira. Kubera ko Yehova yaduhaye ubushobozi bwo kwihitiramwo, igihe duhisemwo kumugamburukira tubitumwe n’urukundo tumufitiye biramuhimbara.

9-10. Kubera iki bihambaye ko tumenya ingingo ngenderwako z’Imana kandi tukabaho tuzisunga?

9 Abavyeyi baripfuza ko abana babo babaho batekanye. Ni co gituma babashingira amategeko y’ukuntu bokwigenza kugira babakingire. Iyo abana bagamburutse ayo mategeko, baba berekanye ko bizigira abavyeyi babo kandi ko babubaha. Birahambaye cane rero ko tumenya ingingo ngenderwako Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adushingira kandi tukabaho tuzisunga. Tubigenjeje gutyo, tuba tweretse Yehova ko tumukunda be n’uko tumwubaha, kandi na twebwe biratugirira akamaro. (Yes. 48:17, 18) Ariko rero abatera akagere Yehova n’ingingo ngenderwako ziwe, amaherezo baribonerako.​—Gal. 6:7, 8.

10 Iyo tubayeho mu buryo buhimbara Yehova, turakingirwa ivyotugirira nabi ku mubiri, ku mutima no mu vy’impwemu. Yehova arazi icotubera ciza kuruta. Uwitwa Aurora wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ati: “Ndazi ko kugamburukira Yehova vyama bituma umuntu agira ubuzima bwiza kuruta.” Ukwo ni ko biri kuri twese. None wewe wungukiye gute ku kugamburuka ubuyobozi Yehova atanga?

11. Isengesho ridufasha gute?

11 Isengesho riradufasha kuba abantu bagamburuka, n’igihe mbere biba bitoroshe kubigira. Naho rimwe na rimwe bitugora kugamburukira Yehova, turakwiye kwama twihata kugira twirinde igicumuro. Umwanditsi umwe wa zaburi yasavye Imana ati: “[N]unshigikize umutima ukunze.” (Zab. 51:12) Umutsimvyi umwe yitwa Denise avuga ati: “Igihe hari itegeko rya Yehova ringoye gukurikiza, nca ndamusenga kugira ngo ampe inkomezi zo gukora ikibereye.” Turizigira tudakeka ko Yehova azokwama yishura amasengesho nk’ayo.​—Luka 11:9-13.

NUFASHE ABANDI GUKUNDA UMUVYEYI WACU

12. Twisunze Abanyefeso 5:1, dukwiye gukora iki?

12 Soma Abanyefeso 5:1. Kubera ko turi ‘abana Yehova akunda,’ turihatira kumwigana. Turigana kamere ziwe mu gukunda abandi, mu kubagirira ubuntu be n’imbabazi. Igihe abatazi Yehova babonye inyifato yacu nziza, birashobora gutuma bipfuza kwiga ibimwerekeye. (1 Pet. 2:12) Abavyeyi bakirisu barakwiye kwigana Yehova mu kuntu bafata abana babo. Babigenjeje gutyo, vyoshobora gutuma n’abana babo bipfuza kugiranira ubucuti n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda.

Raba ingingo ya 13

13. Ni igiki codufasha kugira ubutinyutsi?

13 Umwana mutoyi usanga akunda se wiwe kandi akamuyaga mu bandi. Na twebwe turakunda Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova, kandi turipfuza no kumuyagira abandi. Mu mutima wacu twiyumva nk’Umwami Dawidi, uwanditse ati: “Umutima wanje uzokwirata muri Yehova.” (Zab. 34:2) Bite ho nimba turi abanyamasoni? Ni igiki codufasha kugira ubutinyutsi? Ni ukuzirikana ku kuntu Yehova anezerwa igihe tuvuga ibimwerekeye be n’ingene ivyo bifasha abandi mu buzima. Yehova azoduha ubutinyutsi dukeneye. Kurya nyene yafashije abavukanyi bacu bo mu kinjana ca mbere kugira ubutinyutsi, ni ko na twebwe azodufasha.​—1 Tes. 2:2.

14. Ni imvo zimwezimwe izihe zerekana ko bihambaye kugira uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa?

14 Yehova ntagira nkunzi, akaba ari co gituma anezerwa iyo abonye ko tugaragariza urukundo abandi tutaravye ico bari. (Ivyak. 10:34, 35) Kubwira abandi inkuru nziza ni kimwe mu bintu bihambaye vyerekana ko tubakunda. (Mat. 28:19, 20) None ivyo vyobamarira iki? Abatwumviriza barashobora guhindura ubuzima bwabo kandi bakagira icizigiro co kuzoronka ubuzima budahera.​—1 Tim. 4:16.

NUKUNDE UMUVYEYI WACU MAZE UNEZERWE

15-16. Ni imvo izihe zituma tunezerwa?

15 Yehova ni Umuvyeyi adukunda, akaba ari co gituma yipfuza ko umuryango wiwe unezerwa. (Yes. 65:14) Mbere naho twoba turi mu ngorane, turafise imvo zitari nke zotuma tunezerwa. Nk’akarorero, turazi neza ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda cane. Turatahura neza ibiri mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya. (Yer. 15:16) Vyongeye, turi mu muryango udasanzwe ugizwe n’abantu bakunda Yehova, bakunda ingingo ngenderwako ziwe zigororotse kandi bakundana.​—Zab. 106:4, 5.

16 Kuba dufise icizigiro c’uko muri kazoza ubuzima buzorushiriza kumera neza, biratuma tugumana umunezero. Turazi yuko vuba Yehova azokuraho ububisha bwose be n’uko Ubwami bwiwe buzotuma isi isubira kuba Iparadizo. Turafise kandi icizigiro ciza igitangaza c’uko abapfuye bazozuka bagasubira kubonana n’ababo. (Yoh. 5:28, 29) Iyumvire nawe ingene bizoba biteye umunezero! N’igihambaye kuruta, turazi neza yuko vuba abantu bose mw’ijuru no kw’isi bazotera iteka Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, bakamushemeza kandi bakamusenga wenyene gusa.

URURIRIMBO RWA 12 Mana ihambaye Yehova

^ ing. 5 Turazi ko Umuvyeyi wacu Yehova adukunda cane, akaba ari co gituma yadushize mu muryango w’abasavyi biwe. Ivyo bituma natwe tumukunda. None twokwereka gute uwo Muvyeyi wacu ko tumukunda? Iki kiganiro kiraca irya n’ino ibintu bimwebimwe twokora.