Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wokwisunga iki mu gufata ingingo?

Wokwisunga iki mu gufata ingingo?

“Mubandanye gutahura ukugomba kwa Yehova ukwo ari kwo.”​—EF. 5:17.

INDIRIMBO: 69, 57

1. Amwamwe mu mategeko dusanga muri Bibiliya ni ayahe, kandi kuyakurikiza bitumarira iki?

YEHOVA abicishije kw’Ijambo ryiwe ryanditse, yaraduhaye amategeko atari make adomako. Nk’akarorero, aratubuza ubuhumbu, ugusenga ibigirwamana, ukwiba n’ukuborerwa. (1 Kor. 6:9, 10) Vyongeye, Umwana w’Imana Yezu Kristu yarahaye abayoboke biwe itegeko ritoroshe mugabo riteye umunezero, rigira riti: “Nimugende . . . muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda, mubigisha kwubahiriza ibintu vyose nabategetse. Kandi ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.” (Mat. 28:19, 20) Ese ukuntu amabwirizwa y’Imana adukingira! Kuyakurikiza biraduhesha iteka, bigatuma tugira amagara meza kandi tukarushiriza kugira agahimbare mu muryango. N’igihambaye kuruta, gukurikiza amabwirizwa ya Yehova tudahemuka, harimwo n’iryo kubwira abandi inkuru nziza, biratuma adushima kandi akaduhezagira.

2, 3. (a) Kubera iki Bibiliya itadushingira amategeko mu bintu vyose? (b) Ni ibibazo ibihe turimbura muri iki kiganiro? (Raba ishusho itangura.)

2 Ariko rero, hariho ibintu vyinshi Bibiliya idatangako amabwirizwa adomako. Nk’akarorero, Ivyanditswe ntibirimwo amategeko y’ido n’ido ku bijanye n’impuzu abakirisu bakwiye kwambara. None ivyo vyerekana gute ubukerebutsi bwa Yehova? Imideri be n’imigenzo bigenda biratandukana bivanye n’akarere be n’igihe umuntu aba arimwo. Iyo Bibiliya iza gushinga urutonde rw’imideri y’impuzu be n’uburyo bwo kwitunganya, ubu biba vyarataye igihe. Ico nyene ni co gituma Ijambo ry’Imana ridatanga amategeko indiri yereka umukirisu akazi yohitamwo, ivyo yokora ngo agire amagara meza canke ingene yokwiruhura. Ku bw’ivyo, umuntu ku giti ciwe canke ba serugo ni bo bifatira ingingo ku bijanye n’ivyo bintu.

3 None vyoba bisobanura ko Yehova abona yuko ata co bitwaye dupfuye ingingo dufashe, naho zimwezimwe zoshobora guhindura ubuzima bwacu bimwe bikomeye? Yoba ashima ingingo iyo ari yo yose dufata ngo ni uko idateye kubiri n’itegeko kanaka ryo muri Bibiliya? Igihe ata tegeko ridomako rihari, twomenya gute ingingo zihimbara Yehova?

KUBERA IKI WOKWITONDERA INGINGO UFATA?

4, 5. Ingingo dufata zishobora gute kugira ingaruka kuri twebwe no ku bandi?

4 Hari abobona yuko ata co bitwaye dupfuye ingingo dufashe. Ariko rero kugira dufate ingingo zihimbara Yehova, tubwirizwa kurimbura amategeko be n’ingingo ngenderwako dusanga mw’Ijambo ryiwe maze tukavyisunga. Nk’akarorero, kugira ngo dushimwe n’Imana, dutegerezwa kwisunga itegeko ryayo ridusaba kwirinda amaraso. (Ita. 9:4; Ivyak. 15:28, 29) Twoshobora no gusenga Yehova kugira adufashe gufata ingingo zihuje n’Ivyanditswe.

5 Ingingo zihambaye dufata zirashobora kutugirako ingaruka mu vy’impwemu: zirashobora gukomeza ubucuti dufitaniye na Yehova canke kubwonona. Ingingo nziza zirabukomeza, ingingo mbi na zo zikabwonona. Vyongeye, ingingo mbi irashobora kugeramira ukwizera kw’abandi mu kubabuza amahoro, mbere no kubatsitaza ikabatsitaza, canke na ho igacanishamwo abagize ishengero. Ku bw’ivyo, turakwiye kwitondera ingingo dufata.​—Soma Abaroma 14:19; Abagalatiya 6:7.

6. Dukwiye kwisunga iki mu gufata ingingo?

6 None twokora iki mu bihe usanga Bibiliya idatanga itegeko ridomako? Mu bihe nk’ivyo, turakwiye kurimbura ibintu twitonze maze tugafata ingingo ishimisha Yehova kandi ituma aduhezagira, aho kuraba gusa ivyo twikundira.​—Soma Zaburi 37:5.

NUTAHURE IVYO YEHOVA AGOMBA

7. Igihe Bibiliya idatanga itegeko ridomako, twomenya gute ico Yehova yoshima ko dukora?

7 Woshobora kwibaza uti: ‘Twomenya gute ibishimisha Yehova igihe Ijambo ryiwe ridatanga itegeko ridomako?’ Mu Banyefeso 5:17 hagira hati: “Mubandanye gutahura ukugomba kwa Yehova ukwo ari kwo.” None wumva twotahura gute ivyo Imana igomba, igihe Bibiliya idatanga itegeko ridomako? Twokwitura Imana mw’isengesho kandi tukemera ubuyobozi iduha biciye ku mpwemu nyeranda.

8. Kubera iki Yezu yatahura ivyo Yehova yashaka ko akora? Tanga akarorero.

8 Rimbura ingene Yezu yatahura ivyo Se yashaka ko akora. Incuro zibiri, Yezu yarabanje gusenga hanyuma aragaburira amasinzi y’abantu ku gitangaro. (Mat. 14:17-20; 15:34-37) Yamara igihe yageragezwa na Shetani mu gahinga, yaranse guhindura amabuye imikate naho yari ashonje. (Soma Matayo 4:2-4.) Kubera ko Yezu yari asanzwe azi ingene Se wiwe abona ibintu, yaramenye ko atari akwiye guhindura amabuye imikate. Yaratahuye yuko Imana itashaka ko akoresha ubwo bubasha ku bw’inyungu ziwe bwite. Gutyo, Yezu yari yerekanye ko yashaka yuko Yehova aba ari we amuyobora akongera akamuronsa ibifungurwa.

9, 10. Ni igiki kizodufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi? Tanga akarorero.

9 Kugira dufate ingingo ziranga ubukerebutsi nk’ukwo kwa Yezu, dutegerezwa kwemera kuyoborwa na Yehova. Dukwiye kwisunga iyi mpanuro nziza igira iti: “Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite. Mu nzira zawe zose umwibuke, na we azogorora iminyuro yawe. Ntube inkerebutsi mu maso yawe bwite. Tinya Yehova, uce kure ikibi.” (Imig. 3:5-7) Iyo twize Bibiliya tukamenya ingene Yehova abona ibintu, birashobora kudufasha gutahura ico Imana yoshima ko dukora mu gihe kanaka. Uko turushiriza kumenya ivyiyumviro vya Yehova ni ko umutima wacu urushiriza kworoha, tukemera kuyoborwa na we.​—Ezk. 11:19.

10 Tubitangire akarorero: Umugore umwe agiye kugura ibirato. Arabonye ivyo yipfuza mugabo bikaba bizimvye cane. Aciye yibaza ati: ‘Umugabo wanje yovyakira gute hamwe notanga aya mahera yose?’ Naho atari kumwe n’umugabo wiwe, bisa n’uko azi inyishu y’ico kibazo. Uti kubera iki? Kubera ko igihe bamaranye catumye amenya ingene umugabo wiwe yipfuza ko bakoresha uburyo buke bafise. Aciye rero atahura ingene umugabo wiwe yovyakira aramutse aguze ivyo birato. Na twebwe rero, uko turushiriza kumenya ivyiyumviro vya Yehova be n’inzira ziwe, ni ko turushiriza gutahura ivyo uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru yoshima ko dukora mu bihe bitandukanye.

WOMENYA GUTE INGENE YEHOVA ABONA IBINTU?

11. Igihe dusoma Bibiliya canke twiyigisha, ni ibibazo ibihe twokwibaza? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Igihe wiga Ijambo ry’Imana, niwibaze uti.”)

11 Ikintu nyamukuru codufasha kumenya ingene Yehova abona ibintu ni ukwiyigisha Bibiliya. Igihe usoma canke wiga Ijambo ry’Imana, wokwibaza uti: ‘Ibi nsomye bihishura iki ku vyerekeye Yehova, inzira ziwe zigororotse be n’ivyiyumviro vyiwe?’ Dukwiye kumera nk’umwanditsi wa Zaburi, uwaririmvye ati: “Numenyeshe inzira zawe, ewe Yehova; Nyigisha iminyuro yawe. Nutume ngendera mu kuri kwawe kandi unyigishe, kuko uri Imana y’ubukiriro bwanje. Ni wewe nizigiye burinda bwira.” (Zab. 25:4, 5) Igihe uzirikana ku canditswe kanaka, wokwibaza ibibazo nk’iki: ‘Ibi nsomye nobishira mu ngiro gute mu buzima bwanje? Ni hehe nobikoresha? I muhira? Ku kazi? Kw’ishure? Mu ndimiro?’ Umaze kubona aho wobikoresha, vyoshobora kukworohera gutahura ingene wobishira mu ngiro.

12. Ibitabu vyacu n’amakoraniro yacu bishobora gute kudufasha kumenya ingene Yehova abona ibintu mu mice itandukanye?

12 Ikindi cotuma turushiriza kumenya ivyiyumviro vya Yehova ni ugusuzuma neza ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe ryiwe bushingiye kuri Bibiliya. Nk’akarorero, ca gitabu c’ironderero (Index des Publications Watch Tower) hamwe na ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova biradufasha kumenya ingene Yehova abona ibintu mu bihe bitandukanye bisaba ko dufata ingingo. Ikindi kintu kidufasha cane ni ugutega yompi ku makoraniro no kuyagiramwo uruhara. Kuzirikana ku nyigisho zihatangirwa biradufasha kurushiriza gutahura ukuntu Yehova abona ibintu maze natwe tukagerageza kumwigana. Nitwagira ishaka ryo kwungukira kuri izo ntunganyo Yehova adushiriraho, tuzogenda turarushiriza gutahura inzira ziwe. Ivyo bizotuma dushobora gufata ingingo Imana yacu y’urukundo izohezagira.

NUFATE INGINGO WISUNZE IVYIYUMVIRO VYA YEHOVA

13. Tanga akarorero kerekana ingene dushobora gufata ingingo zibereye igihe turimbuye ivyiyumviro vya Yehova.

13 Rimbura akarorero katwereka ingene kumenya ivyiyumviro vya Yehova bishobora gutuma dufata ingingo zibereye. Twebwe abamamaji b’Ubwami twoshobora kwipfuza gukora ubutsimvyi busanzwe. Kugira ivyo bishoboke, duhera ku kworosha ubuzima. Mugabo rero, twoshobora guhagarika umutima twibaza nimba gusigarana uburyo buke bitazotuma tugira ingorane. Ego ni ko nta na hamwe Bibiliya idutegeka gukora ubutsimvyi. Twoshobora kubandanya gukorera Yehova turi abamamaji b’intahemuka. Ariko rero, Yezu araduhumuriza ko abagira ivyo bahevye kubera Ubwami bironkera imihezagiro myinshi. (Soma Luka 18:29, 30.) Vyongeye, Ivyanditswe vyerekana ko Yehova ahimbarwa igihe tumuhaye ‘amashikanwa atangwa ku bushake y’akanwa kacu,’ kandi tugakora ivyo dushoboye tubikunze kugira duteze imbere ugusenga kw’ukuri. (Zab. 119:108; 2 Kor. 9:7) None twisunze ivyo vyiyumviro tukongera tugasenga dusaba ubuyobozi, ubwo ntidushobora gutahura ingene Yehova abona ibintu? Kuzirikana kuri ivyo vyiyumviro, vyoshobora gutuma dufata ingingo zibereye kandi zituma Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru aduhezagira.

14. Twomenya gute ko umuderi kanaka w’impuzu uhimbara Yehova?

14 Rimbura akandi karorero: Dufate ko ukunda umuderi w’impuzu ushobora gutsitaza bamwebamwe mw’ishengero. Mugabo rero, Bibiliya ishobora kuba idatanga itegeko ridomako ribuza uwo muderi. None Yehova abibona gute? Intumwa Paulo ahumekewe n’Imana, yatanze impanuro igira iti: “Ndashaka ko abagore bishariza mu nyambaro itunganije neza, mu rupfasoni no mu kurorana kw’umuzirikanyi, atari mu gushazisha imideri yo gutsiba imishatsi, n’inzahabu canke imaragarita canke impuzu zizimvye cane, ahubwo bibe mu buryo buberanye n’abagore bavuga ko batinya Imana, ni ukuvuga mu bikorwa vyiza.” (1 Tim. 2:9, 10) Mu bisanzwe, iyo mpanuro irerekeye n’abagabo. Twebwe abasavyi ba Yehova bamwiyeguriye, aho kurazwa ishinga gusa n’ivyo twikundira, turitwararika n’ukuntu impuzu twambara hamwe n’ingene twitunganya bishobora kugira ingaruka ku bandi. Kugira urupfasoni be n’urukundo biratuma twitwararika ingene abo dusangiye ukwemera babona ibintu, kugira twirinde kubasamaza canke mbere kubatsitaza. (1 Kor. 10:23, 24; Flp. 3:17) Kwama twibuka ico Ivyanditswe bivuga birashobora kudufasha gutahura ingene Yehova abona ibijanye n’inyambaro, bigatuma dufata ingingo zimuhimbara.

15, 16. (a) Yehova avyakira gute igihe tuguma twiyumvira ivy’ubuhumbu? (b) Twomenya gute ibihimbara Yehova igihe duhitamwo uburyo bwo kwisamaza? (c) Twogira iki igihe tugomba gufata ingingo zihambaye?

15 Bibiliya irerekana ko Yehova ababara igihe abantu bakora ibibi be n’igihe ‘impengamiro yose y’ivyiyumviro vy’umutima wabo ari mbi gusa igihe cose.’ (Soma Itanguriro 6:5, 6.) Ivyo bituma dutahura ko kwangaza ubwenge mu vy’igitsina ari bibi, kubera ko bishobora gutuma dukora igicumuro gikomeye kandi bikaba bidahuza n’ingene Yehova abona ibintu. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Ubukerebutsi buva hejuru imbere ya vyose ni ubutanduye, maze bukaba ubw’amahoro, bugira ibitegereka, bugabirije kugamburuka, bwuzuye imbabazi n’ivyamwa vyiza, ntibusobanura abantu mu kugira nkunzi, ntibwiyorobeka.” (Yak. 3:17) Kumenya ico kintu birakwiye gutuma twirinda kwiruhura mu buryo butuma tugira ivyiyumviro be n’ivyipfuzo bihumanye. Abakirisu babona kure ntibirirwa baribaza nimba vyoba ari bibi gusoma igitabu, kuraba videwo canke gukina agakino usanga birimwo ivyo Yehova yanka. Ijambo ryiwe riratomora neza ingene abona ivyo bintu.

16 Ibintu vyinshi birashobora gukorwa mu buryo butandukanye, kandi Yehova akaguma abishima. Ariko rero ku bijanye n’ingingo zihambaye, hari igihe biba vyiza dusavye impanuro abakurambere canke abandi bakirisu bazi utuntu n’utundi. (Tito 2:3-5; Yak. 5:13-15) Ariko ntiwumve, ntivyoba ari vyiza dusavye abandi ngo badufatire ingingo. Abakirisu bategerezwa kumenyereza ububasha bwabo bwo gutegera. (Heb. 5:14) Twese turakwiye kwisunga amajambo Paulo yanditse ahumekewe, ayagira ati: “Umwe wese azokwikorera umutwaro wiwe bwite.”​—Gal. 6:5.

17. Ni ivyiza ibihe twironkera igihe dufashe ingingo zihimbara Yehova?

17 Igihe dufata ingingo twisunze ivyiyumviro vya Yehova, turarushiriza kumwiyegereza. (Yak. 4:8) Aradushima akongera akaduhezagira, natwe tugaca turushiriza kwizigira uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru. Nimuze rero tuyoborwe n’amategeko be n’ingingo ngenderwako vyo muri Bibiliya, kuko vyerekana ingene Imana ibona ibintu. Ni ivy’ukuri ko tuzokwama dufise ibintu bishasha twiga ku bijanye na Yehova. (Yobu 26:14) Ariko rero tugize akigoro gakomeye, turashobora kuronka ubukerebutsi, ubumenyi n’ugutahura dukeneye kugira dufate ingingo zibereye. (Imig. 2:1-5) Ivyiyumviro n’imigambi vy’abantu badatunganye biguma bihindagurika. Ariko ku bijanye na Yehova, umwanditsi w’amazaburi atubwira ati: “Inama ya Yehova izorama gushika igihe kitagira urugero; ivyiyumviro vy’umutima wiwe bigumaho iyaruka rimwe inyuma y’irindi.” (Zab. 33:11) Egome, turashobora gufata ingingo nziza cane hamwe twokwisunga ivyiyumviro vya Yehova Imana mu vyo twiyumvira no mu vyo dukora, kuko ari we nyene ubukerebutsi bwose.