Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Mu vyo abakirisu bakorana n’abakozi ba leta, bakwiye kwisunga ijwi ryabo ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ni ibiki vyofasha umukirisu kumenya nimba bibereye ko yoha umukozi wa leta agashimwe canke agashirukabute?

Hari ibintu nka bingahe dukwiye kuguma twibuka: Abakirisu bategerezwa kuba inzirabugunge. Barakwiye kandi kwubaha amategeko y’igihugu mu gihe adateye kubiri n’amategeko ya Yehova. (Mat. 22:21; Rom. 13:1, 2; Heb. 13:18) Barihatira kwubaha imico y’aho babaye, kandi ‘bagakunda bagenzi babo nk’uko bikunda.’ (Mat. 22:39; Rom. 12:17, 18; 1 Tes. 4:11, 12) Ivyo vyiyumviro birashobora gufasha abakirisu bo hirya no hino kw’isi kubona ico bokora mu bijanye no gutanga agashimwe canke agashirukabute.

Mu mihingo myinshi, si ngombwa ngo umuntu agire ico ahaye umukozi wa leta kugira ngo amukorere ivyo afitiye uburenganzira. Abakozi ba leta usanga bahembwa na leta, bakaba rero ata co basaba umuntu canke ngo bitege ko agira ico abahaye ciyongera ku mushahara basanzwe baronka. Mu bihugu vyinshi, birabujijwe ko umukozi wa leta agira ico asavye canke yakiriye kubera igikorwa aba yakoreye umuntu, mbere n’igihe yoba yagikoze yisunze amategeko. Aramutse yakiriye ico kintu, vyofatwa nk’igiturire naho yoba yabikoze ata manyanga agiyemwo. Aho ibintu vyifashe gutyo, nta mukirisu yokwirirwa arabaza nimba yoha umukozi wa leta agashimwe canke agashirukabute. Ivyo ntibibereye namba.

Ariko rero, mu bice vy’isi bitarimwo amategeko nk’ayo canke aho usanga adakaze, abakozi ba leta babona ibintu mu bundi buryo. Mu bihugu bimwebimwe, hari abakozi ba leta bitwaza ibibanza barimwo kugira basabe amahera canke ibindi bintu abo bitwa ngo baratunganiriza, kandi utabahaye nta co bagukorera. Ivyo biragirwa n’abandika imibano, abatoza amakori, canke abatanga impusha zo kwubaka amazu, n’abandi benshi. Utabahaye, boshobora kukugirira akantu gatuma bikugora canke mbere bidashoboka ko uronka ivyo ufitiye uburenganzira. Mu gihugu kimwe mbere, bivugwa yuko igihe utabaje abazimya umuriro, badashobora kugira ico bakoze utabanje kubakora mu nimwe.

Rimwe na rimwe, umuntu yotanga akantu kugira ngo ashime ivyo yakorewe vyemewe n’amategeko

Aho ivyo bintu tuvuze vyiraye, hari ababona ko kugira ico utanze ari ngombwa. Igihe vyifashe gutyo, umukirisu yoshobora gufata ko amahera atanze ari ayiyongera ku yo yasabwa kugira bamukorere ikintu kanaka cemewe n’amategeko. Ariko rero aho igiturire catsimbataye, umukirisu arakwiye kuba maso kugira ngo ntiyitiranye ivyemewe n’ibitemewe imbere y’Imana. Gutanga agashirukabute kugira uronke ivyo ufitiye uburenganzira, biratandukanye cane no kurondera ko bagukorera ikintu babanje guhonyanga amategeko. Aho igiturire catse indaro, hari abaha amahera umutegetsi kugira abakorere ivyo badafitiye uburenganzira, canke bagaha umupolisi canke umugenduzi wa leta ico bita ngo ni agashimwe kugira ntibatange amande mu vy’ukuri bategerezwa gutanga. Mu bisanzwe, kurondera gupfumbatisha umuntu ni cokimwe no kwemera gupfumbatishwa. Vyompi ni uguhonyanga amategeko.​—Kuv. 23:8; Gus. 16:19; Imig. 17:23.

Bivuye kw’ijwi ryabo ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya, abakirisu bahumuye benshi ntibashima guha agashirukabute abategetsi bagasaba. Babona ko ata ho vyoba bitandukaniye no gutanga igiturire. Ku bw’ivyo, baririnda gutanga ikintu na kimwe baba basabwe bacita ngo ni agashimwe.

Abakirisu bahumuye barazi ko gutanga agashimwe kugira bakorerwe ibinyuranye n’amategeko vyoshobora gufatwa nko gutanga igiturire. Ariko rero bisunze ukuntu iwabo vyifashe, hari abobona ko ata kibazo batanze akantu kugira babakorere ikintu gihuye n’amategeko canke kugira birinde ko ico kintu coteba atari ngombwa. Mu bindi bihe, abakirisu bamwebamwe iyo basohotse ibitaro vya leta barasigira abaganga canke abaforoma agashirukabute ko kubashimira ku kuntu babitwararitse. Ivyo babigira inyuma yo kuvurwa aho kubigira imbere, kugira ngo ntibitange ishusho y’uko bashatse gutanga igiturire canke kuvurwa ku kimenyane.

Ntidushobora gutanga urutonde rw’ibintu vyose vyoshobora kuba mu bihugu bitandukanye. Ariko rero uko vyoba vyifashe kwose, abakirisu bakwiye gufata ingingo ituma badasigara biyagiriza. (Rom. 14:1-6) Bakwiye kwirinda ibiteye kubiri n’amategeko. (Rom. 13:1-7) Bakwiye kwirinda ikintu cose cosiga iceyi izina rya Yehova canke cotsitaza abandi. (Mat. 6:9; 1 Kor. 10:32) Ingingo bafata zikwiye kugaragaza ko bakunda bagenzi babo.​—Mrk. 12:31.

Ishengero ryokwerekana gute umunezero igihe hashikirijwe itangazo ry’uko hari uwugarukanywe?

Muri Luka ikigabane ca 15, turahasanga ikigereranyo gikomeye Yezu yatanze cerekeye umugabo yari afise umukuku w’intama 100. Igihe imwe muri zo yazimira, nya mugabo yaciye asiga mu gahinga zimwe 99, aja kurondera iyazimiye “gushika ayitoye.” Yezu abandanya ati: “Kandi ayitoye, ayishira ku bitugu vyiwe, akanezerwa. Maze ashitse i muhira, akoranya abagenzi biwe n’ababanyi biwe, akababwira ati: ‘Nimunezeranwe nanje, kuko natoye intama yanje yari yatakaye.’” Yezu asozera ati: “Ndababwiye yuko ukwo ari ko hazoba akanyamuneza kenshi mw’ijuru ku mucumuzi umwe yigaye, kuruta ku bagororotsi mirongo icenda n’icenda badakeneye ukwigaya.”​—Luka 15:4-7.

Yezu yavuze ayo majambo kugira ngo akosore Abafarizayo n’abanditsi, kuko bari bamuneguye ngo yifatanya n’abatozakori be n’abacumuzi. (Luka 15:1-3) Yezu yarerekanye ko mw’ijuru haba akanyamuneza kenshi igihe umucumuzi yigaye. Twokwibaza rero duti: ‘Ko mw’ijuru haba akanyamuneza, none kw’isi hoho ntihakwiye kuba akanyamuneza igihe umucumuzi yigaye, agahindukira, maze agatunganiriza ibirenge vyiwe inzira zigororotse?’​—Heb. 12:13.

Igihe hari uwugarukanywe mw’ishengero, tuba dufise imvo zumvikana zo kunezerwa. Naho biba ari ngombwa ko uwo muntu abandanya kwerekana ko ari intahemuka ku Mana, agarukanwa kubera aba yarerekanye ko yigaye, kandi ivyo biraduhimbara. Ku bw’ivyo, igihe abakurambere batangaje yuko hari uwugarukanywe, abari aho boshobora gukoma amashi nimba bibajemwo, ariko bakabigira mu buryo buranga urupfasoni.

Ni igiki gishobora kuba caratuma amazi y’ikidengeri c’i Yeruzalemu citwa Bezata ‘asebura’?

Mu gihe ca Yezu, hari abantu b’i Yeruzalemu biyumvira yuko ikidengeri citwa Bezata cari gifise ubushobozi bwo gukiza abantu, igihe amazi yaco yaba “asebuye.” (Yoh. 5:1-7) Ivyo vyatuma abakeneye gukira bakoranira kuri ico kidengeri.

Ico kidengeri bivugwa ko cakoreshwa n’Abayuda mu bijanye n’umugenzo wabo wo kwiyuhagira. Amazi yinjira muri ico kidengeri, yaza arava mu kigega c’amazi vyari bibangikanye. Ivyo bibiri ubiravye, vyari bimeze nk’ikidengeri kimwe kigabuyemwo kubiri. Amatohoza yagizwe aho ivyo bidengeri bibiri vyahora, yerekanye ko vyagaburwa n’igihome. Muri ico gihome hari akaryango bugurura kugira ngo amazi asohoke muri ico kigega aciye mu rutoboro rwabihuza, maze agaca yirasa mu ndiba z’ico kidengeri biyuhagiriramwo. Umurindi w’ayo mazi waca rero utuma amazi yo hejuru kuri ico kidengeri asebagirika.

Muri Yohani 5:4, Bibiliya zimwezimwe zivuga ko umumarayika ari we yanyiganza ayo mazi canke akayazikurura. Ariko biri n’ico bivuze kubona ayo majambo ata ho tuyasanga mu vyandikano vy’iminwe vy’ikigiriki vya kera vyemerwa cane, nk’icitwa Codex Sinaiticus co mu kinjana ca kane. Ico womenya co ni uko kuri ico kidengeri, Yezu yakijije umugabo yari amaze imyaka 38 arwaye. Uwo mugabo yaciye akira atarinze kwinjira muri ico kidengeri