Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

“Ku bajejwe igikorwa”

“Ku bajejwe igikorwa”

INYUMA y’imisi y’imvura n’umuyaga, ku wa mbere itariki 1 Nyakanga 1919, wabaye umusi w’akazuba. Ku muhingamo w’uwo musi, abantu badashika 1.000 barakoraniye mu nyubakwa ifise ibibanza 2.500, kugira bakurikirane ikiringo cugurura ihwaniro ryabereye i Cedar Point muri Ohio, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ku mugoroba, harashitse abandi 2.000 baje n’ubwato, imiduga be n’amagariyamoshi. Ku musi wa kabiri, abantu barabaye benshi cane ku buryo ibindi biringo vya porogarama vyabereye hanze munsi y’ibiti.

Umuco w’izuba wararasira mu mashami y’ibiti, ugaca wicapa ku mpuzu z’abagabo. Akayaga kava mu kiyaga Érié katuma amoya yo ku nkofero z’abakenyezi ahungabana. Umuvukanyi umwe yavuze ati: “Kuba twari twibereye muri ivyo biti biteye igomwe, kure y’urwamo rwo mw’isi yononekaye, emwe wamengo turi mw’iparadizo.”

Ariko rero ubwiza bw’aho hantu nta ho bwari buhuriye n’umunezero abari ng’aho bari bafise. Ikinyamakuru kimwe cavuze giti: “Bose basa n’abakunda cane Imana, ariko kandi urweze n’umunezero bafise ni ntangere.” Abatohoji ba Bibiliya barahimbawe no gusubira guhurira hamwe n’abavukanyi babo, na canecane inyuma y’ibigeragezo bikomeye bari baciyemwo mu myaka mikeyi yari iheze: Bari bararwanijwe mu gihe c’intambara, mu mashengero haraba ukutumvikana gukomeye, Beteli y’i Brooklyn irugarwa, benshi barapfungwa bahorwa Ubwami, ushizemwo n’abavukanyi umunani baja imbere abandi, bakaba bari baciriwe umunyororo w’imyaka 20. *

Hari Abatohoji ba Bibiliya bari bahagaritse kwamamaza kubera ko muri iyo myaka y’ingorane bacitse intege bongera barata umutwe. Ariko rero, hari benshi bakoze uko bashoboye kugira bihanganire agatotezo k’abategetsi. Igihe kimwe, uwahawe gukora itohoza yavuze ko naho Abatohoji ba Bibiliya bari barahawe gasopo, abo yasambishije bavuze bashimitse yuko “bobandanije kuvuga ijambo ry’Imana gushika kw’iherezo.”

Muri ico kiringo c’ibigeragezo, Abatohoji ba Bibiliya b’abizigirwa “bariboneye ukuntu Umukama abaja imbere, . . . bakaguma basaba ko Data wa twese yobayobora.” Vyaza rero vyakunda ko bahurira hamwe banezerewe kw’ihwaniro ry’i Cedar Point. Mushiki wacu umwe yariganye ivyo benshi bavuze, bakaba baribaza ingene “bosubiye gutangura igikorwa n’umwete kandi mu buryo butunganijwe neza.” Emwe, bari bashashaye cane gusubira ku gikorwa!

IGIKORESHO GISHASHA “GA”!

Muri iyo ndwi yose, abari ng’aho baguma bibaza ico indome “GA” zari ku gapapuro ka porogarama, ku dukarata two gutanga ikaze no ku vyapa vyari hirya no hino mu kibanza c’ihwaniro, zasobanura. Ku musi wa gatanu, uwiswe “Umusi w’abasangirakivi,” Joseph Rutherford yahavuye ahishurira abantu 6.000 bari ng’aho ico izo ndome zasobanura: “GA” yari impfunyapfunyo y’izina ry’ikinyamakuru gishasha Golden Age (Ikiringo c’agakura), kikaba cokoreshejwe mu ndimiro. *

Mu kuvuga ivyerekeye abakirisu bagenziwe barobanuwe, umuvukanyi Rutherford yagize ati: “Bakoresheje amaso y’ukwizera, babona ko inyuma y’ikiringo kidurumbanye hari ikiringo c’agakura c’ingoma ininahaye ya Mesiya. . . . Ibanga be n’agateka nyamukuru bafise, babona ko ari ukumenyesha isi ibijanye n’Ikiringo c’agakura cimirije. Ni kimwe mu vyo Imana ibasaba gukora.”

Ico “kinyamakuru kivuga ibintu bibaho, kigatanga icizigiro kandi kikajijura,” cokoreshejwe mu gutanguza uburyo bushasha bwo kwamamaza, ni ukuvuga isekeza ryo kurondera ku nzu n’inzu aboshima kuza barakirungikirwa. Igihe babaza abipfuza kuja muri ico gikorwa, abari aho bose baciye bahagurukira icarimwe. Umuvukanyi Norris yigana ati: “Baciye baririmba n’igishika cinshi kiranga abakurikira intambuko za Yezu, bati: ‘Ewe Mukama, rungika umuco wawe n’ukuri kwawe.’ Sinzokwigera nibagira ingene n’ibiti wamengo biciye binyiganyiga.”

Inyuma ya porogarama, abari ng’aho baciye bamara amasaha n’ayandi batonze kugira babe aba mbere mu kwiyandikisha ngo bazoze bararungikirwa ico kinyamakuru. Benshi bumvise bamerewe nka Mabel Philbrick, uwavuze ati: “Ese ukuntu vyari bihimbaye kumenya ko twari dusubiye kuronka ico dukora!”

“KU BAJEJWE IGIKORWA”

Abatohoji ba Bibiliya nka 7.000 baciye bitegurira igikorwa. Agapapuro k’inkuru nziza kitwa ngo Ingene ibintu bitunganijwe hamwe n’agatabu kitwa ngo Ku bajejwe igikorwa (mu congereza), vyaratanze amakuru yiyongereye. Ku cicaro gikuru hoshinzwe Urwego rushasha rujejwe umurimo rwohagarikiye ico gikorwa. Mw’ishengero hoshinzwe Komite y’umurimo, hakagenwa n’umuhagarikizi kugira atange ubuyobozi. Ivyibare vyogabuwe, kimwekimwe kikagirwa n’ingo 150 gushika ku 200. Ikoraniro ry’umurimo ryogiye riragirwa ku wa kane ku mugoroba kugira abavukanyi bayage ivyabonywe bongere batange raporo y’umurimo.

Umuvukanyi Herman Philbrick yavuze ati: “Aho dusubiriye i muhira, twese twaciye dutangura iryo sekeza ryo kurondera abokwiyandikisha ngo bazoronke ico kinyamakuru.” Aho baca hose, babakiriza yompi. Uwitwa Beulah Covey yavuze ati: “Amabi abantu babonye mu ntambara, bisa n’uko yatumye bose bahimbarwa no kwumviriza ivy’ikiringo c’agakura.” Uwitwa Arthur Claus na we yanditse ati: “Ishengero ryose ryaratangaye cane ribonye ingene hiyandikishije abantu benshi rwose.” Inyuma y’amezi abiri inomero ya mbere y’ico kinyamakuru isohotse, hari hamaze gutangwa amakopi hafi ibihumbi amajana atanu, abiyandikishije na bo bari 50.000.

Ikiganiro cavuga ngo “Injili y’Ubwami” co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 1920, Macmillan yavuze ko “ari co kiganiro ca mbere cahimirije icese abavukanyi kwamamaza Ubwami kw’isi yose, nk’uko bigirwa muri kino gihe.” Ico kiganiro casavye abarobanuwe bose “kubwira abo kw’isi yuko ubwami bwo mw’ijuru buri hafi.” Muri iki gihe, bene wabo na Kristu ni bo “bajejwe igikorwa.” Abandi amamiliyoni barifatanya na bo mu kwamamaza rya jambo babigiranye umwete, mu gihe bakirindiriye ca kiringo c’agakura ca Mesiya.

^ ing. 5 Raba igitabu Ubwami bw’Imana buraganza, rup. 22-23 ing. 31-34, munsi y’agatwe kavuga ngo “Igihe c’ukugezwa.”

^ ing. 9 Ikinyamakuru Golden Age, mu 1937 cahavuye citwa Consolation (Uruhoza), mu 1946 gica citwa Awake! (Be Maso!)