Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Amahoro​—Woyaronka gute?

Amahoro​—Woyaronka gute?

KUBERA ko tubaye mw’isi idurumbanye, dutegerezwa gukora uko dushoboye kwose kugira turonke amahoro. Ariko rero, n’igihe dufise amahoro ku rugero kanaka, birashika agahungabana. None Ijambo ry’Imana ridufasha gute kuronka amahoro nyakuri kandi arama? Vyongeye, twofasha gute abandi kuyaronka?

NI IBIKI BIDUFASHA KURONKA AMAHORO NYAKURI?

Umuntu avuga ko afise amahoro nyakuri iyo yumva ko atekanye kandi amerewe neza mu mutima. Turakeneye kandi kugiranira n’abandi ubugenzi bukomeye. Igihambaye kuruta, kugira turonke amahoro arama, dutegerezwa kugiranira ubugenzi somambike n’Imana. None twobishikako gute?

Amaganya y’ubuzima aratuma benshi babura amahoro

Iyo tugamburutse amategeko n’ingingo ngenderwako zigororotse za Yehova, tuba twerekanye ko tumwizigira kandi ko twipfuza kugiranira na we ubucuti burangwa amahoro. (Yer. 17:7, 8; Yak. 2:22, 23) Araheza akatwiyegereza kandi akaduha amahoro yo mu mutima. Muri Yesaya 32:17 havuga hati: “Igikorwa c’ubugororotsi nyakuri kizotegerezwa gucika amahoro; umurimo w’ubugororotsi nyakuri na wo ucike impore n’umutekano gushika igihe kitagira urugero.” Iyo tugamburukiye Yehova tubikuye ku mutima, ni ho turonka amahoro yo mu mutima.​—Yes. 48:18, 19.

Vyongeye, hari ingabire ihambaye Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru yaduhaye idufasha kuronka amahoro arama, iyo na yo ikaba ari impwemu yayo nyeranda.​—Ivyak. 9:31.

IMPWEMU Y’IMANA IRADUFASHA KUGIRA AMAHORO

Igihe intumwa Paulo avuga “icamwa c’impwemu,” amahoro ayavuga ubugira gatatu. (Gal. 5:22, 23) Kubera ko amahoro nyakuri ava ku mpwemu y’Imana, kugira tuyaronke dutegerezwa kwemera ko ituyobora. Nimuze turimbure uburyo bubiri impwemu y’Imana ishobora kudufasha kuronka amahoro.

Ubwa mbere, turaronka amahoro biciye ku kwama dusoma Ijambo ry’Imana ryahumetswe. (Zab. 1:2, 3) Igihe tuzirikana ku butumwa bwo muri Bibiliya, impwemu y’Imana iradufasha gutahura ingene Yehova abona ibintu. Nk’akarorero, turabona ingene aguma afise amahoro, tugaca dutahura igituma amahoro ari ikintu gihambaye cane kuri we. Igihe dushize mu ngiro ivyo vyigwa dukura mw’Ijambo ry’Imana, turironkera amahoro menshi.​—Imig. 3:1, 2.

Ubwa kabiri, dutegerezwa gusaba impwemu nyeranda y’Imana. (Luka 11:13) Yehova asezerana ko nitwamusaba ngo adufashe, “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima ya[cu] n’ububasha bwa[cu] bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.” (Flp. 4:6, 7) Iyo dusenze dusaba impwemu ya Yehova, araturonsa amahoro yo mu mutima aha gusa abafitaniye na we ubugenzi somambike.​—Rom. 15:13.

None bamwebamwe bashize mu ngiro gute izo mpanuro zishingiye ku Vyanditswe maze barahindura ibikenewe kugira bagiranire amahoro arama na Yehova be na bagenzi babo bongere bironkere amahoro yo mu mutima?

INGENE BARONSE AMAHORO ARAMA

Ishengero rya gikirisu ririmwo abahoze ‘bakaza ishavu’ mugabo ubu bakaba basigaye bigengesera, ari abanyabuntu, biyumanganya kandi b’abanyamahoro. * (Imig. 29:22) Ukwo ni ko vyagendeye abamamaji b’Ubwami babiri. Barafashijwe kurengera ishavu no kuba abanyamahoro.

Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya be no gusenga dusaba impwemu y’Imana biradufasha kuronka amahoro

Uwitwa David yahoze ari umuntu avuga nabi. Imbere y’uko amenya ukuri, yarakunda kunegura abandi no kuryagagura abo mu muryango yakuriyemwo. Mu nyuma, David yarahindutse maze araba umunyamahoro. None ni igiki cabimufashijemwo? Avuga ati: “Naratanguye gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, gutyo biratuma twubahana n’umuryango wanje.”

Uwitwa Rachel na we yakuriye mu muryango wamugizeko akosho. Avuga ati: “N’ubu birashika ngatwarwa n’ishavu kubera ko nakuriye mu rugo rurimwo abantu bakaza ishavu.” None ni igiki kimufasha kurushiriza kuba umunyamahoro? Yishura ati: “Kwiheka kuri Yehova mw’isengesho.”

David na Rachel ni uburorero bubiri gusa bwerekana ko igihe dushize mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kandi tugasaba Imana ngo iduhe impwemu yayo nyeranda, turonka amahoro. Naho tuba mw’isi idurumbanye, turashobora kuronka amahoro yo mu mutima atuma duhuza n’imiryango yacu be n’abakirisu bagenzi bacu. Ariko rero, Yehova adusaba “[kubana] amahoro n’abantu bose.” (Rom. 12:18) None ivyo birashoboka? Vyongeye, ni ivyiza ibihe tuzokwironkera nitwihatira kuba abanyamahoro?

TUBANE AMAHORO N’ABANDI

Iyo turiko turamamaza Ubwami bw’Imana, tuba turiko turafasha abantu kuronka amahoro. (Yes. 9:6, 7; Mat. 24:14) Igishimishije, benshi baravyakira neza. Ivyo biratuma bareka kwihebura canke gushavuzwa cane n’ibintu biba hirya no hino. Ahubwo nyabuna, baragira icizigiro nyakuri ca kazoza, bigatuma ‘barondera amahoro kandi bakayakurikirana.’​—Zab. 34:14.

Ariko rero, si bose baca bemera ubutumwa tubashira. (Yoh. 3:19) Naho ari ukwo, impwemu y’Imana iradufasha kubabwira inkuru nziza mu mahoro kandi tubigiranye icubahiro. Gutyo, tuba dukurikije ubuyobozi Yezu yatanze ku bijanye n’ubusuku, ubwo dusanga muri Matayo 10:11-13. Yavuze ati: “Mwinjiye mu nzu, muramutse urwo rugo; kandi nimba nya nzu ikwiriye, amahoro muyipfurije ayizeko; mugabo nimba idakwiriye, amahoro yanyu abagarukeko.” Igihe dukurikije iyo mpanuro ya Yezu, turashobora gutandukana na bo mu mahoro kandi tukitega ko ikindi gihe bazotwumviriza.

N’ikindi kandi, turashobora kugiranira amahoro n’abategetsi igihe tuvugana na bo tubigiranye icubahiro, harimwo n’abarwanya igikorwa cacu. Nk’akarorero, leta y’igihugu kimwe co muri Afrika yaranse gutanga uruhusha rwo kwubaka Ingoro z’Ubwami kubera yari yaratwishizemwo nabi. Hari umuvukanyi yahoze ari umumisiyonari muri ico gihugu yarungitswe kubonana n’uwugiserukira i Londres mu Bwongereza, yizigiye ko ico kibazo kizotorerwa umuti mu mahoro. Yari afise intumbero yo gusigurira uwo muntu ivyerekeye igikorwa kirangwa amahoro Ivyabona vya Yehova barangurira muri ico gihugu. None havuyemwo iki?

Yigana ati: “Igihe nashika aho bakirira abashitsi, ndavye ukuntu uwuhakorera yari yambaye naciye menya ko ari uwo mu muryango uvuga ururimi nari narize. Naciye rero ndamuramutsa muri urwo rurimi. Yaratangaye, aca ambaza ati: ‘Ugenzwa n’amaki?’ Naramubwiranye urupfasoni ko nipfuza kubonana n’uwuserukira ca gihugu. Yaramuterefonye, aca araza kundaba maze arandamutsa mu rurimi rwiwe kavukire. Inyuma y’ivyo, yaranteze yompi igihe nariko ndamusigurira ibijanye n’igikorwa kirangwa amahoro Ivyabona vya Yehova barangura.”

Ukuntu uwo muvukanyi yasiguriye nya muntu abigiranye icubahiro vyaratumye atahura neza igikorwa cacu. Haciye igihe, leta ya ca gihugu co muri Afrika yaratanze uruhusha rwo kwubaka. Ese ukuntu ico kintu canezereje cane abavukanyi! Ego cane, kugaragariza abandi icubahiro biravamwo ivyiza vyinshi, harimwo n’amahoro.

NIWIRONKERE AMAHORO Y’IBIHE BIDAHERA

Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova bari mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu irangwamwo amahoro. Niwihatira gutsimbataza uwo muce w’icamwa c’impwemu mu buzima bwawe, uzoba uriko uratuma ayo mahoro asasagara. Ikiruta vyose, uzoshimwa na Yehova wongere wironkere amahoro menshi kandi arama mw’isi nshasha y’Imana.​—2 Pet. 3:13, 14.

^ ing. 13 Kamere y’ubuntu izorimburwa mu kindi kiganiro co muri uru rukurikirane rushingiye ku camwa c’impwemu nyeranda y’Imana.