Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nitumenye umwansi wacu

Nitumenye umwansi wacu

‘Ntituyobewe imigabo ya Shetani.’​—2 KOR. 2:11.

INDIRIMBO: 150, 32

1. Ni ibiki Yehova yahishuye ku bijanye n’umwansi wacu muri Edeni?

ADAMU yari azi ko inzoka idashobora kuvuga. Ashobora rero kuba yariketse yuko hari ikiremwa c’impwemu cavuganye na Eva giciye ku nzoka. (Ita. 3:1-6) Ni nk’aho Adamu na Eva ata co bari bazi ku bijanye n’ico kiremwa. Naho ari ukwo, Adamu yarubahutse kugarariza Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru yamukunda, maze yifatanya n’ico kiremwa c’icaduka. (1 Tim. 2:14) Ubwo nyene Yehova yaciye ahishura ibijanye n’uwo mwansi yari yahenze Adamu na Eva, asezerana yuko amaherezo uwo mubisha azokurwaho. Mugabo kandi, Yehova yaravuze ko ico kiremwa c’impwemu comaze igihe kanaka gifise ububasha bwo kurwanya abakunda Imana.​—Ita. 3:15.

2, 3. Kubera iki ata vyinshi vyavuzwe ku bijanye na Shetani imbere y’uko Mesiya ashika?

2 Yehova ntiyigeze atubwira izina ry’uwo mumarayika yamugararije. * Vyongeye, yahisemwo kudahishura ibiranga uwo mwansi gushika haciye imyaka nka 2.500 inyuma y’ubwo bugarariji bwo mu ntango. (Yobu 1:6) Nkako, bitatu gusa mu bitabu bigize Ivyanditswe vy’igiheburayo ari vyo 1 Ngoma, Yobu na Zekariya, ni vyo vyonyene bivugwamwo izina Shetani, rikaba risobanura “Umurwanizi.” Kubera iki none imbere y’ukuza kwa Mesiya, ata vyinshi vyavuzwe ku bijanye n’uwo mwansi wacu?

3 Kuba ata bitabu vyinshi vy’igiheburayo bivuga ivyerekeye Shetani be n’ibikorwa vyiwe, ni icerekana ko Yehova atashatse kumuha icubahiro atabereye. Igihe Imana yahumekera abantu kwandika ico gice c’Ivyanditswe, yari ifise intumbero nyamukuru yo kumenyekanisha Mesiya no gushikana abantu bayo kuri we. (Luka 24:44; Gal. 3:24) Ivyo bimaze kuranguka Mesiya na we agashika, Yehova yaciye akoresha uwo Mesiya ari we Kristu be n’abigishwa biwe kugira bahishure vyinshi mu vyo tuzi ku bijanye na Shetani be n’abamarayika bamukurikiye. * Ivyo birabereye kubera ko Yezu hamwe n’abarobanuwe bazofatanya na we kuganza, ari bo Yehova azokoresha mu gufyonyora Shetani n’abamushigikiye.​—Rom. 16:20; Ivyah. 17:14; 20:10.

4. Kubera iki Shetani adakwiye kuduhagarika umutima birenze urugero?

4 Intumwa Petero avuga ko Shetani ari “intambwe iroha,” Yohani na we amwita “inzoka,” akongera akamwita “igisato.” (1 Pet. 5:8; Ivyah. 12:9) Mugabo si ngombwa ngo Shetani aduhagarike umutima birenze urugero, kuko ububasha bwiwe buri n’aho bugarukira. (Soma Yakobo 4:7.) Yehova, Yezu be n’abamarayika b’abizigirwa, baradushigikiye. Dufashijwe na bo, turashobora kunanira uwo mwansi wacu. Ariko rero, turakeneye inyishu z’ibi bibazo bitatu bihambaye: Shetani yosha abantu ku rugero rungana iki? Agerageza gute kwosha abantu? Vyongeye, ni ibiki adashoboye? Uko turimbura ivyo bibazo, turaza kubona n’ivyigwa tuhakura.

SHETANI YOSHA ABANTU KU RUGERO RUNGANA IKI?

5, 6. Kubera iki intwaro z’abantu zidashobora kuronsa abantu ibintu nyamukuru bakeneye?

5 Abamarayika batari bake barifatanije na Shetani mu kugarariza. Imbere ya rya Segenya, yaroheje bamwe muri bo barasambana n’abakobwa b’abantu. Bibiliya irahishura ibijanye n’ico kintu cabaye mu kuvuga mu buryo bw’ikigereranyo ko Shetani yaburuse ica gatatu c’inyenyeri zo mw’ijuru ziramukurikira. (Ita. 6:1-4; Yuda 6; Ivyah. 12:3, 4) Igihe abo bamarayika bikura mu muryango w’Imana, bari bemeye gutegekwa na Shetani. Mugabo abo bagarariji si akagwi gusa ko gutera umudurumbanyo. Shetani yariganye Imana mu gushiraho ubwami, akaba ari we aburongoye. Yaratunganije mu karere k’impwemu intwaro zigizwe n’amadayimoni, arayaha ububasha yongera ayagira abatware b’isi.​—Ef. 6:12.

6 Shetani abicishije kuri iryo shirahamwe ryiwe ritaboneka, aragira akosho ku ntwaro zose z’abantu. Ivyo vyarigaragaje igihe Shetani yereka Yezu “ubwami bwose bw’isi,” akamubwira ati: “Ndaguha ubwo bubasha bwose n’ubuninahazwa bwabwo, kubera ko nabuhawe, kandi uwo nshaka wese ndabumuha.” (Luka 4:5, 6) Naho Shetani afise akosho kabi, intwaro nyinshi zirafasha abatwarwa bazo ku rugero runaka. Vyongeye, hariho abategetsi usanga bafise umutima mwiza. Ariko rero nta ntwaro canke umutegetsi kanaka ashobora kuronsa abantu ibintu nyamukuru bakeneye.​—Zab. 146:3, 4; Ivyah. 12:12.

7. Uretse ko Shetani akoresha intwaro, ni gute kandi akoresha idini ry’ikinyoma be n’ivy’ubudandaji? (Raba ishusho itangura.)

7 Uretse ko Shetani n’amadayimoni bakoresha intwaro, barakoresha n’idini ry’ikinyoma hamwe n’ivy’ubudandaji kugira bazimize “isi yose.” (Ivyah. 12:9) Shetani abicishije kw’idini ry’ikinyoma, arigisha ibinyoma ku bijanye na Yehova. Vyongeye Shetani asa n’uwiyemeje gutuma abantu benshi bashoboka batamenya izina ry’Imana. (Yer. 23:26, 27) Ku bw’ivyo, hari abahendwa bagasenga amadayimoni, bibaza yuko bariko basenga Imana. (1 Kor. 10:20; 2 Kor. 11:13-15) N’ikindi kandi, Shetani arahenda abantu abicishije ku vy’ubudandaji. Nk’akarorero, akenshi abantu bigishwa ko uburyo bwiza bwo kubaho neza ari ukwiruka inyuma y’amaronko ukirundaniriza ubutunzi. (Imig. 18:11) Abemera ico kinyoma usanga babaho bashumbiye “Ubutunzi” aho gushumbira Imana. (Mat. 6:24) Amaherezo, urwo bakunda ibintu vy’umubiri ruranyoha urwo bashobora kuba bahoze bakunda Imana.​—Mat. 13:22; 1 Yoh. 2:15, 16.

8, 9. (a) Ivyashikiye Adamu, Eva n’abamarayika b’abagarariji bitwigisha iki? (b) Kumenya urugero Shetani ashikanako mu kwosha abantu bitumarira iki?

8 Ivyashikiye Adamu, Eva, be n’abamarayika bagararije biratwigisha n’imiburiburi ibintu bibiri bihambaye. Ubwa mbere, hari impande zibiri, kandi tubwirizwa guhitamwo rumwe. Turahitamwo kuguma turi intahemuka kuri Yehova canke kuja ku ruhande rwa Shetani. (Mat. 7:13) Ubwa kabiri, abaja ku ruhande rwa Shetani baruhira ubusa. Ego ni ko Adamu na Eva bararonse akaryo ko kwishingira ikibereye n’ikitabereye, amadayimoni na yo arashobora kugira akosho ku ntwaro z’abantu ku rugero kanaka. (Ita. 3:22) Ariko rero, ivyo vyama bikwega ingaruka zibabaje, aho kuvamwo ivyiza.​—Yobu 21:7-17; Gal. 6:7, 8.

9 None bitumarira iki kumenya urugero Shetani ashikanako mu kwosha abantu? Biradufasha kutarenza urugero mu kuntu tubona abategetsi, kandi biraturemesha mu gikorwa cacu co kwamamaza. Turazi ko Yehova yipfuza ko twubaha abategetsi. (1 Pet. 2:17) Vyongeye, yiteze ko twubahiriza amategeko intwaro z’abantu zishinga igihe adateye kubiri n’ingingo ngenderwako ziwe. (Rom. 13:1-4) Mugabo turazi ko dutegerezwa kuguma ata ho duhengamiye. Ntitwigera tubona ko hari umugambwe uruta iyindi canke ko indongozi kanaka iruta izindi. (Yoh. 17:15, 16; 18:36) Kubera ko tubona ingene Shetani agerageza gucafuza izina rya Yehova, turumva tugoberewe kwigisha abandi ukuri ku vyerekeye Imana yacu. Turahimbarwa no gukoresha izina ryayo be no kuryitirirwa, kubera tuzi yuko kuyikunda birimwo impera nyinshi cane kuruta gukunda amahera canke ivy’isi.​—Yes. 43:10; 1 Tim. 6:6-10.

SHETANI AGERAGEZA GUTE KWOSHA ABANTU?

10-12. (a) Shetani ashobora kuba yakoresheje gute uruyeri mu guhenda abamarayika bagenziwe? (b) Ni ibiki twigira ku kuba abamarayika benshi barahenzwe?

10 Shetani arakoresha amayeri adasanzwe mu kwosha abantu. Nk’akarorero, arabaryosharyosha kugira bakore ibintu nk’uko agomba. Vyongeye, arashobora kubagirira nabi kugira bamubere abaja.

11 Rimbura ukuntu Shetani yashoboye kuryosharyosha abamarayika bagenziwe batari bake. Ategerezwa kuba yaramaze igihe kitari gito abiga imbere yo kubosha ngo bamwiyungeko. Igihe bamwe muri abo bamarayika bemera inyosha ziwe bagasambana n’abagore, baciye bavyara abana b’imvange bahavuye bigarurira abantu. (Ita. 6:1-4) Birashoboka ko Shetani atahenze abo bamarayika b’ibihemu kugira gusa basambane, ariko kandi ashobora kuba yabasezeraniye ko bociye baganza abantu. Intumbero yiwe yoshobora kuba yari iyo kuburizamwo ‘uruvyaro rwa wa mugore’ rwari rwarasezeranywe. (Ita. 3:15) Intumbero yari afise yaba iyihe, Yehova yarahagaritse imigabo yose y’uwo mwansi mu kuzana rya Segenya. Utwigoro twa Shetani na ba bamarayika b’abagarariji twaciye ducika ubusa.

Shetani aragerageza kuducakira akoresheje ubuhumbu, ubwibone be n’ibintazi (Raba ingingo ya 12, 13)

12 None ni ivyigwa ibihe tuhakura? Ntidukwiye kwigera dufatira mu rwara umutego w’ubuhumbu canke w’ubwikunzi. Abamarayika bagiye ku ruhande rwa Shetani bari baramaze imyaka idaharurika bari kumwe n’Imana mw’ijuru. Naho ari ukwo, bararetse ivyipfuzo bibi birashinga imizi vyongera birakura. Na twebwe twoshobora kuba tumaze imyaka mirongo turi mw’ishirahamwe ry’Imana riri kw’isi. Ariko rero, ivyipfuzo bibi birashobora gushinga imizi naho nyene twoba turi ahantu hatyoroye mu vy’impwemu. (1 Kor. 10:12) Ese ukuntu bihambaye ko twama dusuzuma imitima yacu maze tukamirira kure ivyiyumviro vy’ubuhumbu be n’ubwibone!​—Gal. 5:26; soma Abakolosayi 3:5.

13. Uwundi mutego Shetani akoresha ni uwuhe, kandi twowirinda gute?

13 Uwundi mutego Shetani akoresha ni ugutuma abantu bashimishwa n’ibintazi. Muri iki gihe, aratuma bashimishwa n’ivy’amadayimoni, abicishije kw’idini ry’ikinyoma be n’ivyo kwisamaza. Amasinema, udukino two mu buhinga bwa none, be n’ibindi bimenyeshamakuru biratuma ubupfumu bubonwa nk’ikintu gishimishije. Twokwirinda gute uwo mutego? Ntitwokwitega ko ishirahamwe ry’Imana riduha urutonde rw’ivyo twokoresha be n’ivyo tutokoresha mu kwisamaza. Umwe wese ategerezwa kumenyereza ijwi ryiwe ryo mu mutima kugira ryisunge ingingo ngenderwako z’Imana. (Heb. 5:14) Yamara turashobora guhitamwo neza, dushize mu ngiro impanuro Paulo aduha, ivuga ko urwo dukunda Imana rudakwiye ‘kubamwo ubwiyorobetsi.’ (Rom. 12:9) Twokwibaza duti: ‘Uburyo mpitamwo mu kwisamaza bwoba butuma mba umwiyorobetsi? Abo nigisha Bibiliya babonye ivyo nisamazamwo, boba bovuga ko nisunga ivyo nigisha?’ Uko imvugo yacu irushiriza kujana n’ingiro, ni ko tuzofatwa gake n’imitego ya Shetani.​—1 Yoh. 3:18.

Shetani aragerageza kudutoteza akoresheje intwaro zituburabuza, akosho k’abo twigana be n’ukurwanywa n’abo mu muryango (Raba ingingo ya 14)

14. Shetani agerageza gute kudutoteza, kandi twovyifatamwo gute?

14 Uretse ko Shetani aturyosharyosha, aragerageza no kudutoteza kugira duhemukire Yehova. Nk’akarorero, arashobora kuja mu matwi intwaro zigaca zibuza igikorwa cacu co kwamamaza. Canke na ho arashobora gutuma uwo dukorana canke twigana adutwenga kubera twipfuza kubaho twisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga inyifato runtu. (1 Pet. 4:4) Yoshobora no kwosha incuti zacu zikatubuza kwitaba amakoraniro zitabitumwe n’imvo mbi. (Mat. 10:36) None twovyifatamwo gute? Ubwa mbere, tubwirizwa kwitega ivyo bitero vy’imbonankubone, tukamenya ko Shetani ari we aturwanya. (Ivyah. 2:10; 12:17) Iyo ivyo bibaye, dukwiye guca tubona ca kibazo nyamukuru: Shetani avuga ko dukorera Yehova igihe gusa tworohewe. Avuga ko duhuye n’ingorane twoca duheba Imana. (Yobu 1:9-11; 2:4, 5) Ubwa nyuma tubwirizwa kwiheka kuri Yehova kugira aduhe inkomezi zo guhangana n’iyo ngorane. Niwibuke ko atigera aduheba.​—Heb. 13:5.

NI IBIKI SHETANI ADASHOBOYE?

15. Shetani yoba ashobora kuduhatira gukora ivyo tudashaka? Sigura.

15 Shetani ntashobora guhatira abantu gukora ivyo badashaka. (Yak. 1:14) Benshi bakorera Shetani batabizi. Mugabo bamaze kwiga ukuri, umwe wese arahitamwo uwo akwiye gukorera. (Ivyak. 3:17; 17:30) Nimba twiyemeje gukora ivyo Imana igomba, nta na kimwe Shetani ashobora gukora ngo atume duhemuka.​—Yobu 2:3; 27:5.

16, 17. (a) Ibindi Shetani n’amadayimoni badashoboye ni ibiki? (b) Kubera iki tudakwiye gutinya gusenga Yehova n’ijwi ryumvikana?

16 Hari n’ibindi Shetani n’amadayimoni badashoboye. Nk’akarorero, nta na hamwe Ivyanditswe bivuga ko bashobora gusoma ibiri mu mutima wacu. Yehova na Yezu ni bo gusa babishoboye. (1 Sam. 16:7; Mrk. 2:8) Bite ho iyo tuvuze canke tugasenga n’ijwi ryumvikana? Twoba dukwiye gutinya ko Shetani canke amadayimoni bokwumva amasengesho yacu bagaca bayatangira? Habe namba. Uti kubera iki? Ntidutinya gukora ivyiza mu murimo wa Yehova ngo ni uko Shetani ashobora kutubona. Muri ubwo buryo nyene, ntidukwiye gutinya gusenga n’ijwi ryumvikana ngo ni uko Shetani ashobora kutwumva. Nk’ako Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bw’abasavyi b’Imana basenze n’ijwi ryumvikana, kandi nta na kimwe cerekana ko batinya ko Shetani yari kubumva. (1 Abm. 8:22, 23; Yoh. 11:41, 42; Ivyak. 4:23, 24) Hamwe twokwihatira kuvuga no gukora twisunze ivyo Imana igomba, turashobora kwizigira ko itazoreka ngo Shetani adukorere ikintu cotubuza kuronka ubuzima budahera.​—Soma Zaburi 34:7.

17 Turakeneye kumenya umwansi wacu, ariko si ngombwa ngo tumutinye. Yehova abidufashijemwo, na twebwe abantu badatunganye turashobora kunesha Shetani. (1 Yoh. 2:14) Nitwamurwanya azoduhunga. (Yak. 4:7; 1 Pet. 5:9) Bisa n’aho abakiri bato ari bo Shetani abangamira cane. None bokora iki neza na neza kugira ngo bamunanire? Ikiganiro gikurikira kirarimbura ico kibazo.

^ ing. 2 Bibiliya irahishura amazina y’abamarayika bamwebamwe. (Abac. 13:18; Dan. 8:16; Luka 1:19; Ivyah. 12:7) Iravuga kandi ko Yehova yahaye izina buri nyenyeri. (Zab. 147:4) Birumvikana rero tuvuze ko abamarayika bose bafise amazina, ushizemwo n’umwe yacika Shetani.

^ ing. 3 Shetani avugwa incuro 18 gusa mu Vyanditswe vy’igiheburayo, ariko akavugwa incuro zirenga 30 mu Vyanditswe vy’ikigiriki.