Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 21

Ntuhendwe n’“ubukerebutsi bw’iyi si”

Ntuhendwe n’“ubukerebutsi bw’iyi si”

“Ubukerebutsi bw’iyi si [ni] ubupfu ku Mana.”​—1 KOR. 3:19.

URURIRIMBO RWA 98 Ivyanditswe vyahumetswe n’Imana

INCAMAKE *

1. Ijambo ry’Imana rituronsa iki?

TURASHOBORA kwihanganira ingorane iyo ari yo yose kubera ko Yehova ari Umwigisha wacu Ahambaye. (Yes. 30:20, 21) Ijambo ryiwe riraturonsa ivyo dukeneye vyose kugira tube ‘ababishoboye’ kandi “[ba]fise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose.” (2 Tim. 3:17) Igihe tubaho twisunga ivyo Bibiliya yigisha, turaba inkerebutsi kuruta abaremesha “ubukerebutsi bw’iyi si.”​—1 Kor. 3:19; Zab. 119:97-100.

2. Turimbura iki muri iki kiganiro?

2 Nk’uko tuza kubibona, ubukerebutsi bw’isi akenshi burakorereza ivyipfuzo vyacu vy’umubiri. Ku bw’ivyo, birashobora kutubera urugamba kwirinda ivyiyumviro n’ibikorwa vy’abantu bo mw’isi. Birumvikana rero kuba Bibiliya itugabisha iti: “Mwiyubare: hari aho hogira uwubigarurira nk’isahu ryiwe biciye kuri filozofiya no ku ruhendo rugaragara bishingiye ku migenzo y’abantu.” (Kol. 2:8) Muri iki kiganiro, turarimbura ingene abantu batanguye kwemera ibinyoma bibiri Shetani yigisha. Kuri buri kinyoma, turabona igituma ubukerebutsi bw’isi ari ubupfu be n’ingene ubukerebutsi bwo mw’Ijambo ry’Imana buruta kure n’iyo ikintu cose isi itanga.

INGENE ABANTU BASIGAYE BABONA IBIJANYE N’IGITSINA

3-4. Ni amahinduka akomeye ayahe yabaye muri Amerika mu ntango z’imyaka ya 1900 ku bijanye n’ukuntu abantu babona ivy’igitsina?

3 Muri Amerika, mu ntango z’imyaka ya 1900 harabaye ihinduka rikomeye mu bijanye n’ukuntu abantu babona ivy’igitsina. Imbere yaho, abenshi babona ko guhuza ibitsina ari ivy’abubakanye gusa kandi ko bitari bikwiye kuvugirwa ku mugaragaro. Ariko izo ngingo ngenderwako zarakamanganye, haca haduka agatima ko kurekerana ibintu.

4 Imyaka yo hagati ya 1920 na 1929 yiswe imyaka y’ubusazi kandi yaranzwe n’amahinduka akomeye mu kuntu abantu babona ivy’igitsina. Umushakashatsi umwe avuga ati: “Yaba amafoto, ibikino, indirimbo, ibitabu canke amahayanishwa, vyose vyarangwamwo ibijanye n’igitsina.” Muri iyo myaka, intambo zaratumye abantu barushiriza kwiyumvira ivy’igitsina, inyambaro na zo zitangura kuburamwo urupfasoni. Nk’uko Bibiliya yari yarabivuze ku bijanye n’imisi y’iherezo, abantu barimonogoje mu kuba “abakunda ibinezereza.”​—2 Tim. 3:4.

Abasavyi ba Yehova ntiboshwa n’ukuntu isi ihonyanga ingingo ngenderwako zigenga inyifato runtu (Raba ingingo ya 5) *

5. Kuva mu myaka ya 1960, ni ibiki vyahindutse mu kuntu isi ibona ingingo zigenga inyifato runtu?

5 Mu myaka ya 1960, ababana batanditswe, abahuza ibitsina babisangiye be n’abahukana ata mvo baragwiriye. Uburyo bwinshi bwo kwinezereza bwari busigaye bwerekana mu buryo bweruye ivyo guhuza ibitsina. None ivyo vyose vyakweze iki? Umwanditsi umwe yavuze ko hari ingaruka nyinshi zibabaje ziva ku kuba abantu batagikurikiza ingingo zigenga inyifato runtu. Nk’akarorero, hari abo usanga baravyaranye kandi batabana, abo usanga umuvyeyi umwe yarataye umuryango, hakaba n’abishwe n’akabonge be n’abiziziwe n’amasanamu y’ibiterasoni. Iyongerekana ry’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka nka SIDA ni kimwe gusa mu vyerekana ko ubukerebutsi bw’isi ari ubupfu.​—2 Pet. 2:19.

6. Ukuntu isi ibona ivy’igitsina bihuye gute n’ivyo Shetani ashaka?

6 Ukuntu isi ibona ivy’igitsina birahuye n’ivyo Shetani ashaka. Araryoherwa no kubona abantu bahuza ibitsina mu buryo Imana itari yarategekanije, gutyo bakaba basuzuguye ingabire Imana yatanze y’umubano. (Ef. 2:2) Abakora ubuhumbu baratesha agaciro ingabire yo kurondoka Yehova yatanze kandi barashobora kubura ubuzima budahera.​—1 Kor. 6:9, 10.

ICO BIBILIYA IVUGA KU BIJANYE N’IGITSINA

7-8. Ni mu buryo ki ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’igitsina bitandukanye n’ubukerebutsi bw’isi?

7 Abisunga ubukerebutsi bw’isi barasuzugura ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga inyifato runtu, bakavuga ko zikavya. Boshobora kubaza ngo ‘Kubera iki Imana yaturemanye inambu y’umubiri mugabo igaca itubuza kuyihaza?’ Babaza ico kibazo kubera biyumvira ko umuntu akwiye gukora ico ashatse cose. Ariko ivyo si vyo Bibiliya yigisha. Ivuga ko Yehova yaduhaye ubushobozi bwo kwihitiramwo gucungera ivyipfuzo bibi. (Kol. 3:5) Vyongeye, Yehova yaraduhaye ingabire y’umubano, aho inambu y’umubiri ishobora guhazwa mu buryo buteye iteka. (1 Kor. 7:8, 9) Mu mubano w’ababiranye, umugabo n’umugore barashobora kurangura amabanga y’abubatse ata kwicuza canke guhagarika umutima, nk’uko kenshi bishikira abasambanye.

8 Mu buryo butandukanye n’ubukerebutsi bw’isi, Bibiliya iratwigisha ingene dushobora kubona ivy’igitsina mu buryo bubereye. Iravuga ko guhuza ibitsina bishobora kuzana agahimbare. (Imig. 5:18, 19) Yamara, ivuga kandi iti: “Umwe wese muri mwebwe [akwiye ku]menya kuganza umubiri wiwe bwite mu kwezwa no mw’iteka, atari mu nambu y’umubiri y’intahomwa nk’iyo ayo mahanga atazi Imana afise.”​—1 Tes. 4:4, 5.

9. (a) Abasavyi ba Yehova bo mu myaka ya 1900 baremeshejwe gute kwisunga ubukerebutsi bwo mw’Ijambo ry’Imana? (b) Ni impanuro iyihe dusanga muri 1 Yohani 2:15, 16? (c) Nk’uko bivugwa mu Baroma 1:24-27, ni ingeso z’ubuhumbu izihe dukwiye kwirinda?

9 Mu ntango z’imyaka ya 1900, abasavyi ba Yehova ntibohejwe n’ibinyoma vy’abari “babaye ibiti.” (Ef. 4:19) Baragerageje kwumira ku ngingo ngenderwako za Yehova. Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 1926 (mu congereza) wavuze ko “umugabo canke umugore akwiye kuba uwutyoroye n’uwudahumanye mu vyiyumviro no mu bikorwa, na canecane mu bijanye n’uwo badasangiye igitsina.” Abasavyi ba Yehova bagumye bisunga ubukerebutsi ntangere buva mw’Ijambo ry’Imana, bataravye ivyariko biraba mw’isi. (Soma 1 Yohani 2:15, 16.) Ese ukuntu dukenguruka kubona dufise Ijambo ry’Imana! Turakenguruka kandi kuba Yehova aturonsa ku gihe ibifungurwa vy’impwemu bidufasha kutoshwa n’ubukerebutsi bw’isi mu bijanye n’inyifato runtu. *—Soma Abaroma 1:24-27.

INGENE ABANTU BASIGAYE BABONA IVYO KWIKUNDA

10-11. Bibiliya yari yavuze ko mu misi ya nyuma vyogenze gute?

10 Bibiliya yari yaravuze ko mu misi ya nyuma abantu bobaye ari “abikunda.” (2 Tim. 3:1, 2) Ntibitangaje rero kubona isi iremesha ako gatima k’ubwikunzi. Igitabu kimwe kivuga ko mu myaka ya 1970, “ibitabu bivuga ukuntu umuntu yokwitunganiriza ibintu mu buzima vyongerekanye.” Ibitabu bimwebimwe “vyaremesha abasomyi kwiyemera no kwishima bakishimagiza.” Nk’akarorero, kimwe muri ivyo bitabu cavuze giti: “Nukunde umuntu mwiza, w’igikundiro kandi yiyubashe kuruta abandi bose, ni ukuvuga wewe.” Ico gitabu kivuga ko umuntu akwiye kwihitiramwo ingene yigenza, agakora ikintu cose abona ko ari ciza kandi ko kibereye.

11 Woba umaze kwumva ibintu bisa n’ivyo? Shetani yaremesheje Eva gukora ikintu nk’ico nyene. Yavuze ko Eva yari guca ‘amera nk’Imana, akamenya iciza n’ikibi.’ (Ita. 3:5) Muri iki gihe, abantu benshi bariyemera cane, bakabona ko ata muntu n’umwe, naho yoba Imana, akwiye kubashingira iciza n’ikibi. Nk’akarorero, ako gatima karigaragaza canecane mu kuntu babona umubano w’ababiranye.

Abakirisu bashira imbere ivyo abandi bakeneye, na canecane abo bubakanye (Raba ingingo ya 12) *

12. Isi ibona gute umubano w’ababiranye?

12 Bibiliya isaba umugabo n’umugore kwubahana no kwubaha indagano bagiraniye. Iremesha abubakanye kubana akaramata, ikavuga ko “umugabo azosiga se na nyina akifatanya n’umugore wiwe maze bakaba umubiri umwe.” (Ita. 2:24) Abisunga ubukerebutsi bw’isi bobo baremesha ibitandukanye n’ivyo. Bavuga ko umwe wese mu bubakanye akwiye gushira imbere inyungu ziwe. Igitabu kimwe c’ivy’ukwahukana kivuga ko mu bihugu bimwebimwe, ababirana basezerana imbere y’abantu yuko bazogumana igihe cose bazoba bakiriho. Ariko benshi barahinduye, bakavuga ko bazogumana igihe cose bazoba bagikundana. Gusuzugura umubano w’ababiranye muri ubwo buryo vyatumye ingo nyinshi zisambuka vyongera bikwega intuntu nyinshi. Biragaragara ko kuba isi idaha agaciro umubano w’ababiranye ari ubupfu.

13. Kubera iki Yehova yanka abibona?

13 Bibiliya ivuga iti: “Uwishima mu mutima wese ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova.” (Imig. 16:5) Kubera iki Yehova yanka abibona? Imvo imwe ni uko abaremesha agatima k’ubwikunzi baba biganye ubwibone bwa Shetani. Ibaze nawe: Shetani yari yiteze ko Yezu, uwo Imana yakoresheje mu kurema ibintu vyose, yikubita hasi akamusenga! (Mat. 4:8, 9; Kol. 1:15, 16) Naho rero abibona bibaza ko ari agahambaye, Imana ibona ko ari ibipfu.

ICO BIBILIYA IVUGA KU BIJANYE NO KWIKUNDA

14. Mu Baroma 12:3 hadufasha gute kubona ivyacu ku burimbane?

14 Bibiliya iradufasha kubona ivyacu ku burimbane. Irerekana ko kwikunda ku rugero kanaka atari bibi. Yezu yavuze ati: “[Kunda] mugenzawe nk’uko wikunda,” bikaba vyerekana ko dukwiye kwitwararika ku rugero kanaka ivyo dukeneye. (Mat. 19:19) Yamara, Bibiliya ntiyigisha ko dukwiye kubona yuko duhambaye kuruta abandi. Ahubwo ivuga iti: “[Ntihagire] na kimwe mukora mubitumwe n’agatima k’amahane canke ukwishira imbere, ariko mwiyumvir[e] mwiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta.”​—Flp. 2:3; soma Abaroma 12:3.

15. Wemezwa n’iki ko impanuro Bibiliya itanga ku bijanye n’ingene dukwiye kubona ivyacu ari nziza?

15 Muri iki gihe, abantu benshi bitwa incabwenge barasuzugura impanuro Bibiliya itanga. Bavuga ko kubona yuko abandi bakuruta vyoca bituma baguhahaza, bakagufata nk’igikoresho cabo. Ariko none, ivyiyumviro vy’ubwikunzi Shetani aremesha vyavuyemwo iki? Ni ibiki umaze kwibonera? Abantu bikunda boba bahimbawe? Imiryango yabo yoba ihimbawe? Boba bafise abagenzi nyakuri? Boba bafitaniye ubucuti bwiza n’Imana? Wisunze ivyo wiboneye, ni igiki kivamwo ivyiza hagati yo kwisunga ubukerebutsi bw’isi no kwisunga ubukerebutsi bwo mw’Ijambo ry’Imana?

16-17. Ni ibiki dukwiye gukenguruka, kandi kubera iki?

16 Abisunga impanuro z’abo isi yita incabwenge, twobagereranya n’ingenzi isaba iyindi ngenzi ngo iyizimurure kandi zompi zazimiye. Yezu yavuze ku bijanye n’abitwa incabwenge bo mu gihe ciwe ati: “Ni indongozi zihumye. Iyo rero impumyi irongoye iyindi mpumyi, zompi zigwa mu cobo.” (Mat. 15:14) Vy’ukuri, ubukerebutsi bw’iyi si ni ubupfu ku Mana.

Abasavyi b’Imana basubije amaso inyuma, barahimbarwa kubera bisunze ubukerebutsi buva kuri Yehova (Raba ingingo ya 17) *

17 Impanuro ziranga ubukerebutsi Bibiliya itanga zama ari “ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangīra, ku kugorora ibintu, ku gutoza indero mu bugororotsi.” (2 Tim. 3:16) Ese ukuntu dukenguruka kubona Yehova aturinda ubukerebutsi bw’isi biciye kw’ishirahamwe ryiwe! (Ef. 4:14) Imfungurwa zo mu vy’impwemu aturonsa ziratuma tugira inkomezi zo kwumira ku ngingo ngenderwako dusanga mw’Ijambo ryiwe. Mbega ukuntu ari agateka kuyoborwa n’ubukerebutsi ntangere bwo muri Bibiliya!

URURIRIMBO RWA 54 ‘Ng’iyi inzira’

^ ing. 5 Iki kiganiro kiratuma turushiriza kujijuka ko Yehova ari we wenyene Soko ry’ubuyobozi bwo kwizigirwa. Vyongeye, kiratwereka ko kwisunga ubukerebutsi bw’isi bivamwo ingaruka zibabaje, mu gihe kwisunga ubukerebutsi bwo mw’Ijambo ry’Imana ari ngirakamaro.

^ ing. 50 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Turabona ibiringo bimwebimwe vyaranze ubuzima bw’umugabo umwe w’Icabona n’umugore wiwe. Bari mu ndimiro mu mpera z’imyaka ya 1960.

^ ing. 52 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Mu myaka ya 1980, wa mugabo ariko aritwararika umugore wiwe arwaye, agakobwa kabo na ko kariko karavyitegereza.

^ ing. 54 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Muri iki gihe, barasubiza amaso inyuma maze bagahimbarwa kubera bisunze ubukerebutsi buva kuri Yehova. Wa mukobwa wabo n’umuryango wiwe basangiye na bo umunezero.