Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 22

Nuryohore ukuntu wiyigisha

Nuryohore ukuntu wiyigisha

“Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”​—FLP. 1:10.

URURIRIMBO RWA 35 ‘Turabe neza ibihambaye kuruta’

INCAMAKE *

1. Kubera iki bamwebamwe bitaborohera kwiyigisha?

MURI iki gihe, kuronka ikitubeshaho ni urugamba. Benshi mu bavukanyi bacu babwirizwa gukora amasaha menshi kugira baronke ikibeshaho imiryango yabo. Abandi batari bake babwirizwa gufata urugendo rurerure buri musi kugira bashike aho bakorera. Benshi bategerezwa gukora ibikorwa vy’inguvu kugira babeho. Umusi urangira rero abo bavukanyi bacu basanzaye, ku buryo ata tuguvu two kwiyigisha baba bagifise.

2. Wewe uhora wiyigisha ryari?

2 Yamara rero, dutegerezwa kurondera umwanya wo kwiyigisha ata gufyina, tukiga Ijambo ry’Imana n’ibindi bisohokayandikiro. Ivyo ni ntahara kugira dukomeze ubucuti dufitaniye na Yehova no kugira tuzoronke ubuzima budahera. (1 Tim. 4:15, 16) Hari abavyuka kare buri musi bakiyigisha igihe haba hatekanye, baruhutse no mu mutwe. Abandi barafata akanya ku mugoroba igihe ata bisamaza biba bihari, bakiga kandi bakazirikana kw’Ijambo ry’Imana.

3-4. Ni ibiki vyahinduwe ku rugero rw’ibisohorwa, kandi kubera iki?

3 Ivyo ari vyo vyose, uremera yuko bihambaye ko turondera umwanya wo kwiyigisha. Ariko none twokwiyigisha ibiki? Woshobora kuvuga uti: ‘Ibintu vyo gusoma ni vyinshi cane. Birangora kubisoma vyose.’ Bamwebamwe barashobora gusoma canke kuraba ibisohorwa vyose, ariko ku bandi benshi ni urugamba kuronka umwanya wo kubigira. Ivyo Inama Nyobozi irabizi. Ni co gituma iheruka gufata ingingo yo kugabanya ibitabu be n’ibisohorwa kuri internet.

4 Nk’akarorero, Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova ntikigisohorwa kuko vyinshi mu vyabonywe biremesha tubisanga kuri jw.org® no muri vya biganiro vya buri kwezi bisohoka kuri televiziyo ya JW. Ubu integuro ya bose y’Umunara w’Inderetsi isohoka gatatu gusa mu mwaka. Na Be maso! ni ukwo nyene. Ayo mahinduka ntiyagizwe kugira turonke umwanya wo kwigira mu bindi bikorwa vyacu. Yagizwe kugira dushobore kwitwararika “ibihambaye kuruta ibindi.” (Flp. 1:10) Reka turabe ukuntu wohitamwo ivyo wokwiga imbere y’ibindi be n’ukuntu wokwungukira bimwe bishitse ku kwiyigisha Bibiliya.

IVYO WOKWIGA IMBERE Y’IBINDI

5-6. Ni ibintu ibihe dukwiye kwiga twitonze?

5 Ni ibiki dukwiye kwiga imbere y’ibindi? Dutegerezwa gusoma Ijambo ry’Imana buri musi. Ubu igisomwa ca Bibiliya ishengero rihabwa gusoma buri ndwi caragabanijwe kugira turonke umwanya wiyongereye wo kuzirikana no kugira ubushakashatsi. Intumbero yacu ntikwiye kuba iyo guhetura gusa ico gisomwa. Dukwiye nyabuna kureka ubutumwa bwo muri Bibiliya bukadukora ku mutima maze tukarushiriza kwiyegereza Yehova.​—Zab. 19:14.

6 Ni ibiki kandi dukwiye kwiga twitonze? Nta gukeka ko dutegerezwa gutegura Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi be n’Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero, tutibagiye ibindi biganiro vyo mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. Vyongeye, turakwiye kwama dusoma buri nomero y’Umunara w’Inderetsi na Be maso!

7. Nimba tudashobora gusoma canke kuraba ibintu vyose biri ku rubuga rwacu no kuri ya televiziyo yacu, twoba dukwiye gucika intege?

7 Woshobora kuvuga uti: ‘Ego ivyo ndavyumva. Ariko bite ho ku bintu vyose bisohoka kuri jw.org no kuri ya televiziyo yacu? Ni vyinshi cane!’ Rimbura aka karorero: Dufate ko ugiye ku rubanza rw’umuntu yifise maze ugasanga baserevye ibifungurwa bitandukanye kandi biryoshe cane. Nimba udashobora gufungura ku biri ng’aho vyose, uca uhitamwo bikeya gusa ushoboye. Muri ubwo buryo nyene nimba udashoboye gusoma canke kuraba ibintu vyose biri ku rubuga rwacu no kuri ya televiziyo yacu, ntucike intege. Nusome canke urabe ivyo ushoboye. Reka ubu na ho turabe ico bisobanura kwiyigisha be n’ico twokora kugira twungukire ku vyo twiga.

KWIYIGISHA SI UKUJANDAJANDA

8. Ni ibiki wokora igihe utegura Umunara w’Inderetsi, kandi ivyo bizokugirira akamaro akahe?

8 Kwiyigisha ni ugushira umutima ku vyo usoma kugira ngo ugire ico uhungukiye. Si ugupfa gusoma wihutagiza wongera uca imirongo ku nyishu. Nk’akarorero igihe utegura Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi, nubanze usome incamake iri mu ntango y’ikiganiro. Ubukurikira, nusome wongere uzirikane ku mutwe w’ikiganiro, ku dutwe dutoyi no ku bibazo vy’isubiramwo. Nuce usoma ico kiganiro witonze. Nuzirikane ku ryungane rikwereka ico buri ngingo yibandako, akenshi rikaba ari iryungane ritangura iyo ngingo. Igihe usoma ico kiganiro, nuzirikane ukuntu buri ngingo ifitaniye isano n’agatwe gatoyi hamwe n’umutwe mukuru. Niwandike amajambo canke ivyiyumviro vyakubereye bishasha woshima kugirira ubushakashatsi bwiyongereye.

9. (a) Kubera iki twokwitwararika cane ivyanditswe igihe dutegura Umunara w’Inderetsi, kandi twobigira gute? (b) Nk’uko bivugwa muri Yosuwa 1:8, twokora iki hambavu yo gusoma ivyanditswe?

9 Igihe twiga Umunara w’Inderetsi, tuba turiko turiga Bibiliya. Ku bw’ivyo, niwitwararike rwose ivyanditswe, na canecane ibizosomwa ku makoraniro. Nurabe neza ukuntu ivyiyumviro nyamukuru vyo muri ivyo vyanditswe bishigikira iciyumviro kiri mu ngingo. Vyongeye, nufate umwanya wo kuzirikana ku vyanditswe usomye, no ku kuntu wobishira mu ngiro mu buzima bwawe.​—Soma Yosuwa 1:8.

Bavyeyi, nimwigishe abana banyu ingene bokwiyigisha (Raba ingingo ya 10) *

10. Twisunze Abaheburayo 5:14, kubera iki mu gusenga kwo mu muryango abavyeyi bakwiye kwigisha abana babo ingene bokwiyigisha n’ingene bogira ubushakashatsi?

10 Abavyeyi baripfuza yuko Ugusenga kwo mu muryango bagira buri ndwi kuba ikiringo gihimbaye ku bana babo, kandi birumvikana. Ariko rero, naho abavyeyi bakwiye kwama bafise ku muzirikanyi ikintu bazorimbura mu gusenga kwo mu muryango, si ngombwa ngo buri ndwi bagire udukino dushingiye kuri Bibiliya canke ibindi bintu nk’ivyo. Ego ni ko barashobora kuraba ikiganiro ca buri kwezi co kuri ya televiziyo ya JW, canke rimwe na rimwe bakagira udukino, nko guterateranya utuntu kugira bakore bwa bwato bwa Nowa. Yamara rero, birahambaye kandi ko bigisha abana babo ingene bokwiyigisha. Nk’akarorero, abana barakeneye kumenya gutegura amakoraniro canke kugirira ubushakashatsi ikibazo bahuye na co kw’ishure. (Soma Abaheburayo 5:14.) Hamwe boza baramara umwanya bariko bariyigisha muhira, bizoborohera kwitunira ku vyo biga ku makoraniro, ku materaniro no ku mahwaniro, narirya ivyo bitama bigizwe n’amavidewo. Ariko ntiwumve, ikiringo mwomara muriko murigisha abana banyu, kizovana n’imyaka yabo hamwe n’ukuntu bameze.

11. Kubera iki bihambaye ko twereka abo twigisha Bibiliya ingene bokwiyigisha bimwe bishitse?

11 Abo twigisha Bibiliya na bo nyene barakeneye kumenya ingene bokwiyigisha. Bagitangura kwiga, turahimbarwa no kubona baciye imirongo ku nyishu mu gitabu tubigishamwo canke mu vyo twiga ku makoraniro. Ariko turakeneye kubigisha ingene bogira ubushakashatsi n’ingene bokwiyigisha bimwe bishitse. Gutyo nibahura n’ingorane ntibazoca bihutira kubaza abandi bo mw’ishengero ico bokora, kuko bazoba bazi ingene bironderera ivyiyumviro vyobafasha mu kugira ubushakashatsi mu bitabu vyacu.

NIWIYIGISHE UFISE INTUMBERO

12. Ni intumbero izihe twoshobora kwishingira igihe twiyigisha?

12 Nimba kwiyigisha udasanzwe uvyiyumvamwo, ntiwibaze ko bitazokwigera bikuryohera. Mu ntango, nuze uramara umwanya mutomuto uriko uriyigisha maze ugende urawongereza bukebuke. Niwiyigishe ufise intumbero. Intumbero yacu nyamukuru ikwiye kuba iyo kurushiriza kwiyegereza Yehova. Ariko intumbero dushobora gushikako ubwo nyene yoshobora kuba nko kurondera inyishu y’ikibazo batubajije canke kugira ubushakashatsi ku ngorane kanaka dufise.

13. (a) Sigura ingene umunyeshure yoburanira ivyo yemera. (b) Woshira mu ngiro gute impanuro iri mu Bakolosayi 4:6?

13 Nk’akarorero, woba ukiri ku ntebe y’ishure? Abo mwigana boshobora kugutyekeza kubera utaririmbira ibendera. Ushobora kuba wipfuza kuburanira ivyo wemera, mugabo ukumva umengo ntiwobishobora. Aho rero uba uronse ico ugirako ubushakashatsi! Uba ufise intumbero zibiri: (1) gukomeza umwiyemezo ufise wo kuguma witandukanije n’isi, (2) kumenya neza ingene woburanira ukuri. (Yoh. 17:16; 1 Pet. 3:15) Woshobora kubanza kwibaza uti: ‘Ni ibiki abo twigana bavuze mu gushigikira ivyo kuririmbira ibendera?’ Nuce ugira ubushakashatsi bwitondewe mu bitabu vyacu. Kuburanira ivyo wemera woshobora gusanga bitagoye nk’uko uvyibaza. Abantu benshi biyumvira ko bakwiye kuririmbira ibendera kubera gusa hari umuntu bubaha yabibategetse. Nimba uronse iciyumviro kimwe gusa canke bibiri wobabwira, urashobora gusanga ufashije abipfuza vy’ukuri kumenya ukuri.​—Soma Abakolosayi 4:6.

NUTUME KWIGA BIRUSHIRIZA KUKURYOHERA

14-16. (a) Wokora iki kugira umenye vyinshi ku gitabu co muri Bibiliya utamenyereye? (b) Ukoresheje ivyanditswe vyatanzwe, nusigure ingene worushiriza gutahura igitabu ca Amosi. (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Nuse n’uwubona ibivugwa muri Bibiliya.”)

14 Dufate ko mw’ikoraniro rikurikira tuzokwiga kimwe mu bitabu bigufi vyo muri Bibiliya bivuga ivy’ubuhanuzi, kumbure ico utamenyereye cane. Intambwe ya mbere ikwiye kuba iyo kwipfuza kumenya vyinshi ku vyo uwo muhanuzi yanditse. None wobigenza gute?

15 Ubwa mbere niwibaze uti: ‘Umwanditsi w’ico gitabu ndamuziko iki? Yari nde, yaba he, yakora iki?’ Umenye ivyerekeye uwo mwanditsi, birashobora kugufasha gutahura igituma yakoresheje amajambo kanaka canke ibigereranyo kanaka. Igihe usoma ico gitabu, nurondere amungane yogufasha gutahura kamere uwo muhanuzi yari afise.

16 Ubukurikira, nurondere kumenya igihe ico gitabu candikiwe. Urashobora kumenya ico gihe uravye “Urutonde rw’ibitabu vya Bibiliya” ruri amaja inyuma muri Bibiliya y’isi nshasha. Vyongeye, urashobora kuraba igicapo c’abahanuzi n’abami kiri mu Gatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana ku rupapuro rwa 14-17. Nimba uriko urasoma igitabu c’ubuhanuzi, vyoba vyiza urondeye kumenya ukuntu abantu bari babayeho igihe candikwa. Ni ingeso canke ibikorwa bibi ibihe uwo muhanuzi yashaka kubakosora? Ni bande babayeho mu gihe kimwe na we? Kugira ubitahure neza, woshobora kwifashisha ibindi bitabu vyo muri Bibiliya. Nk’akarorero, kugira utahure ingene ibintu vyari vyifashe mu gihe c’umuhanuzi Amosi, woshobora gusoma imirongo yo mu 2 Abami no mu 2 Ngoma yerekanwa mu marabiro yo mu nkingi kuri Amosi 1:1. Woshobora no kwifashisha igitabu ca Hoseya, uwushobora kuba yabayeho mu gihe kimwe na Amosi. Ivyo vyose vyogufasha kumenya neza ingene ibintu vyari vyifashe mu gihe ca Amosi.​—2 Abm. 14:25-28; 2 Ngo. 26:1-15; Hos. 1:1-11; Am. 1:1.

NIWITWARARIKE N’UTUNTU DUTODUTO

17-18. Ukoresheje uburorero bwo mu ngingo canke ubwo wirondereye, erekana ingene kwitwararika utuntu dutoduto bishobora gutuma gusoma Bibiliya bikuryohera.

17 Igihe dusoma Bibiliya, dukwiye kuba dufise icipfuzo co kumenya vyinshi. Nk’akarorero, dufate ko uriko urasoma ubuhanuzi bwo muri Zekariya ikigabane ca 12, ubwavuze ibijanye n’urupfu rwa Mesiya. (Zek. 12:10) Ushitse ku murongo wa 12, urasoma ko “umuryango w’inzu ya Natani” worize cane Mesiya apfuye. Aho gusoma wirenganira gusa, woshobora guhagarara ukibaza uti: ‘Ni isano irihe riri hagati y’inzu ya Natani na Mesiya? Noba nshobora kuronka ayandi makuru?’ Uciye urondera kumenya n’ibindi. Mu marabiro yo mu nkingi, baraguha 2 Samweli 5:14 ahavuga ko Natani yari umuhungu w’Umwami Dawidi. Baraguha kandi Luka 3:31, aherekana ko Yezu yakomotse kuri Natani biciye kuri Mariya. (Raba Umunara w’Inderetsi wo muri Myandagaro 2017, rup. 32 ing. 4.) Uciye noneho urushiriza kugira amatsiko. Wari usanzwe uzi ko vyari vyaravuzwe yuko Yezu yokomotse kuri Dawidi. (Mat. 22:42) Mugabo Dawidi yari afise abandi bahungu barenga 20. Ntibigushimisha none kubona Zekariya yaradomyeko yuko inzu ya Natani ari yo yorize kubera urupfu rwa Yezu?

18 Rimbura akandi karorero. Muri Luka ikigabane ca mbere havuga ko umumarayika yaje kwa Mariya maze amubwira ikintu gitangaje ku bijanye n’umwana yokwibarutse, ati: “Uyo azoba mukuru kandi azokwitwa Umwana wa Musumbavyose; kandi Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami ya Dawidi se wiwe, kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe vyose.” (Luka 1:32, 33) Hari aho twokwibanda ku gice ca mbere c’ubwo butumwa bwa Gaburiyeli kivuga ko Yezu yokwiswe “Umwana wa Musumbavyose.” Ariko Gaburiyeli yavuze kandi ko Yezu ‘yoganje,’ ni ukuvuga ko yobaye Umwami. Twoshobora rero kwibaza ukuntu Mariya yoba yaratahuye ayo majambo ya Gaburiyeli. Yoba yiyumviriye ko Yezu yoganje mu gishingo c’Umwami Herode canke c’umwe mu bomusubiriye? Yezu abaye umwami, Mariya yociye aba umugabekazi, maze umuryango wabo ugaca wibera ku kirimba. Ariko nta na hamwe Bibiliya ivuga ko Mariya yoba yarabajije Gaburiyeli ikintu nk’ico, eka kandi nta na hamwe Bibiliya ivuga ko yoba yarasavye ikibanza mu Bwami nk’uko babiri mu bigishwa ba Yezu babigize. (Mat. 20:20-23) Ayo makuru aratuma turushiriza gutahura ukuntu Mariya yicisha bugufi cane.

19-20. Nk’uko bivugwa muri Yakobo 1:22-25 na 4:8, igihe twiyigisha tuba dufise intumbero izihe?

19 Niwibuke ko intumbero nyamukuru tuba dufise igihe twiyigisha Ijambo ry’Imana n’ibitabu vyacu ari ukurushiriza kwiyegereza Yehova. Vyongeye, twipfuza kumenya neza uko tumeze be n’ivyo dukeneye guhindura kugira duhimbare Imana. (Soma Yakobo 1:22-25; 4:8.) Igihe cose dutanguye kwiga rero, turakwiye gusaba Yehova ngo aduhe impwemu yiwe nyeranda. Turakwiye kumutakambira ngo adufashe kwungukira bimwe bishitse ku vyo tugira twige no kubona ivyo dukeneye guhindura.

20 Ese twese twomera nka wa musavyi w’Imana avugwa muri Zaburi 1:2, 3, ahagira hati: “Ahimbarwa n’itegeko rya Yehova, kandi itegeko ryiwe arisoma n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro. . . . Ico akora cose kizokunda.”

URURIRIMBO RWA 88 Numenyeshe inzira zawe

^ ing. 5 Yehova araturonsa ku bwinshi amavidewo, ibitabu be n’ibiganiro vyo gusoma no kwiga. Iki kiganiro kiradufasha guhitamwo ivyo twokwiga, kigatanga n’ivyiyumviro vyodufasha kubona ingene twokwungukira ku vyo twiga.

^ ing. 61 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Abavyeyi bariko barereka abana babo ingene botegura Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi.

^ ing. 63 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umuvukanyi ariko aragira ubushakashatsi ku mwanditsi wa Bibiliya Amosi. Amashusho ari inyuma yerekana ivyo uwo muvukanyi abona mu bwenge igihe asoma yongera azirikana kuri iyo nkuru.