IKIGANIRO C’UKWIGA 19
Urukundo n’ubutungane mu kurwanya ububisha
“Kuko utari Imana ihimbarwa n’ububisha; nta mubi yobana nawe akanya na gatoyi.”—ZAB. 5:4.
URURIRIMBO RWA 142 Tugumye icizigiro cacu
INCAMAKE *
1-3. (a) Twisunze Zaburi 5:4-6, Yehova abona gute ububisha? (b) Kubera iki twovuga ko kwonona abana ari ukurenga kuri “rya tegeko rya Kristu”?
YEHOVA IMANA aranka ububisha bwose. (Soma Zaburi 5:4-6.) Ategerezwa rero kuba yanka urunuka ivyo kwonona abana kuko ari ububisha butagira izina. Kubera ko twebwe Ivyabona twigana Yehova, turanka urunuka ivyo kwonona abana kandi ntituvyihanganira namba mw’ishengero.—Rom. 12:9; Heb. 12:15, 16.
2 Kwonona abana ni ukurenga bimwe vyeruye kuri “rya tegeko rya Kristu.” (Gal. 6:2) Uti kubera iki? Nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka, itegeko rya Kristu, ni ukuvuga ibintu vyose Yezu yigishije mu mvugo canke biciye ku karorero yatanze, rishingiye ku rukundo kandi riraremesha ubutungane. Kubera ko abakirisu b’ukuri bayoborwa n’iryo tegeko, bafata abana mu buryo butuma bumva ko bakingiwe kandi bakundwa vy’ukuri. Kwonona abana vyovyo biranga ubwikunzi kandi ntibituma na gato abana bumva ko batekaniwe canke ko bakundwa.
3 Ikibabaje, kwonona abana vyabaye akaranda kandi biramaze gushika no mu bakirisu b’ukuri. None biva ku ki? “Abantu b’ababisha” baragwiriye kandi bamwebamwe baragerageza gucengetera mw’ishengero. (2 Tim. 3:13) Vyongeye, hari abitwa ko bari mu bagize ishengero batwawe n’ivyipfuzo bibi vy’umubiri maze baronona abana. Reka turabe igituma kwonona abana ari igicumuro gikomeye cane. Mu nyuma turarimbura ingene abakurambere bicarira ibicumuro bikomeye harimwo n’ukwonona abana, be n’ingene abavyeyi bokingira abana babo. *
NI IGICUMURO GIKOMEYE CANE
4-5. Ni gute kwonona umwana ari ukumucumurako?
4 Kwonona abana biragira ingaruka zikomeye. Biragirira nabi ababikorewe be n’ababitwararika, ni ukuvuga imiryango yabo be n’abo basangiye ukwizera. Kwonona abana ni igicumuro gikomeye cane.
5 Ni ugucumura ku wabikorewe. Kubabaza abandi ata co ubahoye ni igicumuro. Nk’uko tuzobibona mu kiganiro gikurikira, ivyo nyene ni vyo uwononye umwana aba akoze: aba ababaje uwo mwana bimwe bitovugwa. Aba atumye uwo mwana ata we asubira kwizigira, bigatuma yumva adatekaniwe. Abana barakwiye gukingirwa ubwo buyobe kandi abo vyashikiye barakeneye guhumurizwa no gufashwa.—1 Tes. 5:14.
6-7. Kubera iki kwonona abana ari ugucumura kw’ishengero no ku bategetsi?
6 Ni ugucumura kw’ishengero. Igihe uwo mu bagize ishengero yononye umwana, biratukisha ishengero. (Mat. 5:16; 1 Pet. 2:12) Emwe, aba ahemukiye abakirisu b’abizigirwa amamiliyoni bariko barwana “intambara ikomeye yo kurwanira ukwizera.” (Yuda 3) Ntitwihanganira abantu bakora ibibi ntibigaye, bigatuma basiga iceyi ishengero.
7 Ni ugucumura ku bategetsi. Abakirisu bategerezwa ‘kuyobokera abakuru bari hejuru.’ (Rom. 13:1) Twerekana ko tuyoboka mu kwubahiriza amategeko y’igihugu. Igihe umwe mu bagize ishengero arenze kuri ayo mategeko, nko mu kwonona umwana, aba acumuye ku bategetsi. (Gereranya n’Ivyakozwe 25:8.) Naho abakurambere batajejwe guhana uwarenze amategeko y’igihugu, ntibakingira ikibaba uwononye abana ngo ntahanwe n’amategeko. (Rom. 13:4) Uwacumuye yimbura ico yabivye.—Gal. 6:7.
8. Yehova abibona gute igihe ducumuye kuri bagenzi bacu?
8 N’ikiruta vyose, ni ugucumura ku Mana. (Zab. 51:4) Igihe umuntu acumuye kuri mugenziwe, aba acumuye no kuri Yehova. Rimbura akarorero ko muri rya Tegeko Imana yaha Isirayeli. Iryo Tegeko ryavuga ko umuntu yivye canke akagunga mugenziwe kwaba ari “uguhemuka kuri Yehova.” (Lew. 6:2-4) Mu vy’ukuri rero, uwo mu bagize ishengero aba ahemutse ku Mana igihe yononye umwana, narirya bisiga nya mwana yumva ko ari mu kaga. Uwo mubisha aba asize iceyi izina rya Yehova. Ku bw’ivyo, kwonona abana dutegerezwa kubona ko ari ukumenja ku Mana.
9. Ni amakuru ashingiye ku Vyanditswe ayahe ishirahamwe rya Yehova rimaze imyaka risohora, kandi kubera iki?
9 Ishirahamwe rya Yehova riramaze imyaka risohora amakuru menshi ashingiye ku Vyanditswe ajanye n’ikibazo co kwonona abana. Nk’akarorero, ibiganiro vyo mu Munara w’Inderetsi na Be maso! vyarerekanye
ingene abo vyashikiye bokwihanganira inkovu bafise ku mutima, ingene abandi bobafasha bakongera bakabaremesha be n’ingene abavyeyi bokingira abana babo. Abakurambere bararonse ubuyobozi budomako bushingiye ku Vyanditswe bujanye n’ingene bokwicarira icaha co kwonona abana. Ishirahamwe rirabandanya gukurikiranira hafi ingene amashengero yicarira ico caha. Kubera iki? Kugira ryiyemeze ko abakurambere batorera umuti iyo ngorane mu buryo buhuye na rya tegeko rya Kristu.IVYO ABAKURAMBERE BAKORA IGIHE HARI UWAKOZE IGICUMURO GIKOMEYE
10-12. (a) Igihe abakurambere bicarira igicumuro gikomeye, ni ibiki baguma bibuka, kandi ni ibiki bitwararika? (b) Twisunze Yakobo 5:14, 15, ni ibiki abakurambere bihatira gukora?
10 Igihe abakurambere bicarira igicumuro gikomeye, baguma bibuka ko rya tegeko rya Kristu ribasaba kwitwararika intama babigiranye urukundo no gukora ivyo Imana ibona ko bigororotse. Ku bw’ivyo, hari vyinshi bategerezwa kwitwararika igihe bamenye ko hakozwe icaha gikomeye. Ahanini abakurambere bitwararika ko izina ry’Imana ridasigwa iceyi. (Lew. 22:31, 32; Mat. 6:9) Vyongeye, baritwararika cane ineza yo mu vy’impwemu y’abagize ishengero kandi baripfuza gufasha uwo wese icaha cagizeko ingaruka.
11 N’ikindi kandi, igihe uwo mucumuzi ari uwo mw’ishengero, abakurambere baritwararika kumufasha gusubiza hamwe na Yehova. (Soma Yakobo 5:14, 15.) Umukirisu atwawe n’ivyipfuzo bibi agaca akora icaha gikomeye aba arwaye mu vy’impwemu. Ntaba agifitaniye na Yehova ubucuti bukomeye. * Abakurambere rero ni abaganga bo mu vy’impwemu. Barihatira gutuma “uyo amerewe nabi [ni ukuvuga uwo mucumuzi] akira.” Impanuro bamuha zishingiye kuri Bibiliya zoshobora gutuma asubiza hamwe n’Imana, ariko ivyo bishoboka igihe gusa yigaya vy’ukuri.—Ivyak. 3:19; 2 Kor. 2:5-10.
12 Biratomoye rero ko abakurambere bafise ibanga riremereye. Baritwararika cane ubusho Imana yabajeje. (1 Pet. 5:1-3) Bipfuza ko abavukanyi na bashiki bacu bumva batekaniwe mw’ishengero. Ni co gituma baca bagira ico bakoze badatebaganye igihe bamenye ko hakozwe igicumuro gikomeye, harimwo no kwonona abana. Rimbura ibibazo biri mu ntango y’ ingingo ya 13, 15 na 17.
13-14. Abakurambere boba bagamburuka amategeko y’igihugu asaba kumenyesha ibijanye n’uwoba yononye umwana? Sigura.
13 Abakurambere boba bagamburuka amategeko y’igihugu asaba kumenyesha abategetsi ibijanye n’uwoba yononye umwana? Cane nyene. Mu bihugu hari mwene ayo mategeko, abakurambere barihatira kuyakurikiza. (Rom. 13:1) Ayo mategeko ntateye kubiri n’itegeko ry’Imana. (Ivyak. 5:28, 29) Igihe rero abakurambere bumvise ko hari uwoba yononye umwana, ubwo nyene baca bitura ibiro vy’ishami kugira bibahe ubuyobozi bw’ingene bokwubahiriza amategeko abasaba kubimenyesha.
14 Abakurambere barasubiriza umutima mu nda uwononywe, abavyeyi biwe be n’abandi bazi ico kintu, bakababwira ko
bafise uburenganzira bwo kubimenyesha abategetsi. Bite ho nimba uwakoze ico gicumuro ari uwo mw’ishengero kandi bikaba vyamenyekanye mu kibano? Umukirisu abimenyesheje abategetsi yoba akwiye kubona ko yasize iceyi izina ry’Imana? Habe namba. Uwakoze ico gicumuro ni we aba yasize iceyi izina ry’Imana.15-16. (a) Twisunze 1 Timoteyo 5:19, kubera iki hasabwa n’imiburiburi ivyabona bibiri kugira abakurambere bashinge komite ncarubanza? (b) Abakurambere bakora iki igihe bumvise ko uwo mu bagize ishengero yagirizwa ko yononye umwana?
15 Kubera iki mw’ishengero hasabwa n’imiburiburi ivyabona bibiri kugira abakurambere bashinge komite ncarubanza? Bibiliya ivuga ko ari vyo biranga ubutungane. Igihe umucumuzi atiyaturiye icaha, bisaba ko haboneka ivyabona bibiri vyemeza ico caha kugira ngo abakurambere bashinge komite ncarubanza. (Gus. 19:15; Mat. 18:16; soma 1 Timoteyo 5:19.) None vyoba bisobanura ko hakwiye kuboneka ivyabona bibiri imbere yo kumenyesha abategetsi ko hoba hari uwononye umwana? Eka data. Ico si igisabwa kugira abakurambere canke abandi bamenyeshe abategetsi ivyerekeye icaha gihanwa n’amategeko.
16 Igihe abakurambere bamenye ko uwo mu bagize ishengero yagirizwa ko yononye umwana, barihatira gukurikiza amategeko yose y’igihugu asaba kumenyesha abategetsi ico caha. Baca bagira amatohoza bisunze Ivyanditswe. Igihe uwagirijwe atemeye icaha, abakurambere baca barimbura ibivugwa n’ivyabona. Nimba n’imiburiburi hari abantu babiri batanze ibimenyamenya vy’uko ico caha cakozwe, ni ukuvuga uwamwagirije be n’uwundi ashobora gushigikira ico kirego canke agatanga ibindi vyemezo, haca hashingwa komite ncarubanza. * Icabona ca kabiri kitabonetse, ntibica bisobanura ko uwatanze iyo nkuru yabeshe. N’igihe nyene ata vyabona bibiri bibonetse, abakurambere baratahura ko hashobora kuba hakozwe icaha gikomeye kandi kibabaza cane abandi. Abakurambere barabandanya gufasha abantu bose bashobora kuba barababajwe n’ivyabaye. Vyongeye, abakurambere baguma bakurikiranira hafi uwagirijwe ko yononye umwana kugira bakingire ishengero.—Ivyak. 20:28.
17-18. Komite ncarubanza ifise igikorwa ikihe?
17 Komite ncarubanza ifise igikorwa ikihe? Ijambo ngo “ncarubanza” ntirisobanura ko abakurambere bashinga yuko uwagirijwe yohanwa n’ubutegetsi kubera yarenze amategeko. Abakurambere ntibagira uruhara mu vyo guhana abarenze amategeko. Ivyo babirekera mu maboko y’abategetsi. (Rom. 13:2-4; Tito 3:1) Ahubwo ico bakora ni ukurimbura ko uwakoze ikibi yoba akwiye kuguma mw’ishengero.
18 Igihe abakurambere bari muri komite ncarubanza, bitwararika ivy’impwemu. Bisunze Ivyanditswe, barihweza nimba uwo mucumuzi yigaya. Igihe atigaya, aracibwa maze bikamenyeshwa ishengero. (1 Kor. 5:11-13) Igihe na ho yigaya, yoshobora kuguma mw’ishengero. Ariko rero, abakurambere baramumenyesha ko hari aho yoshobora kutazokwigera akwiza ibisabwa vyo kuba umukozi w’ishengero canke umukurambere. Kubera ko abakurambere bitwararika ineza y’abana, boshobora kumenyesha mu mwiherero abavyeyi bo mw’ishengero bafise abana bakiri bato yuko bakwiye kubagumizako ijisho igihe bari kumwe n’uwo muntu. Igihe abakurambere bafata izo ngingo, baritwararika kugumiriza ibanga abagizweko ingaruka n’ico gicumuro.
INGENE WOKINGIRA ABANA BAWE
19-22. Abavyeyi bokora iki kugira bakingire abana babo? (Raba ishusho iri ku gipfukisho.)
19 Ni bande bafise ibanga nyamukuru ryo gukingira abana? Ni abavyeyi. * Abana bawe ni ingabire y’Imana, kandi ni “intoranwa iva kuri Yehova.” (Zab. 127:3) Gukingira iyo ngabire rero ni ibanga rikwega. None wokora iki kugira ukingire abana bawe ntihagire uwubonona?
20 Ubwa mbere, numenye ivyerekeye abonona abana. Numenye ingene abonona abana bameze be n’ingene bagerageza kubahenda. Nugume uri maso ku bantu canke ku bintu vyoshobora kubata mu kaga. (Imig. 22:3; 24:3) Niwibuke ko kenshi uwonona umwana ari uwo nya mwana aba asanzwe azi kandi yizigiye.
21 Ubwa kabiri, niwame useruranira akari ku mutima n’abana bawe. (Gus. 6:6, 7) Ivyo bisaba ko ubumviriza witonze. (Yak. 1:19) Uribuka ko kenshi abana batinya kuvuga ko hari uwabononye. Barashobora gutinya ko babivuze atawovyemera, canke uwabononye akaba yarabateye ubwoba ngo babigire ibanga. Nimba rero ubonye ko hari ikitagenda neza ku mwana wawe, numwegere umubaze utubazo maze wumvirize wihanganye inyishu aguha.
22 Ubwa gatatu, numenyereze abana bawe. Bivanye n’imyaka bafise, nubabwire ivyo bakeneye kumenya ku bijanye n’igitsina. Nubigishe ivyo bakwiye kuvuga no gukora igihe hari uwushatse kubakorako mu buryo butabereye. Nukoreshe amakuru ishirahamwe rya Yehova ritanga ku bijanye n’ingene wokingira abana bawe.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Niwiyigishe wigishe n’abana bawe.”
23. Tubona gute ibijanye no kwonona abana, kandi ni ikibazo ikihe kizokwishurwa mu kiganiro gikurikira?
23 Twebwe Ivyabona vya Yehova tubona ko kwonona abana ari igicumuro gikomeye be n’uko ari ububisha butagira izina. Kubera ko twisunga rya tegeko rya Kristu, amashengero yacu ntakingira abonona abana ingaruka z’ibicumuro vyabo. Ariko none, twokora iki kugira dufashe abakorewe ayo mabi? Ikiganiro gikurikira kirishura ico kibazo.
URURIRIMBO RWA 103 Abungere ni ingabire z’abagabo
^ ing. 5 Muri iki kiganiro turarimbura ingene twokingira abana kugira ngo ntibononwe. Turaza kubona ingene abakurambere bakingira ishengero n’ingene abavyeyi bokingira abana babo.
^ ing. 3 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Kwonona umwana biba igihe umuntu akuze akoresheje umwana mu kwimara inambu y’umubiri. Aho harimwo guhuza ibitsina, guhuza igitsina n’umunwa canke kugicisha mu kibuno, gukuyakuya ibihimba vy’irondoka, amabere canke ibisusu be n’izindi ngeso z’ubushegabo. Birahambaye ko twibuka yuko igihe umwana yononywe aba yahenzwe, akaba asigaranye inkovu ku mutima kandi ko ata kosa aba afise. Naho abana b’abakobwa ari bo bakunze kwononwa, n’abana b’abahungu benshi birabashikira. Kenshi abagabo ni bo bonona abana, ariko n’abagore bamwebamwe barasambanya abana.
^ ing. 11 Kugoyagoya mu vy’impwemu si icitwazo co gukora igicumuro gikomeye. Uwacumuye ategerezwa kwemanga ivyo yakoze kandi Yehova arabimubaza.—Rom. 14:12.
^ ing. 16 Umwana ntiyigera asabwa kuza kwagiriza uwo avuga ko yamwononye. Umuvyeyi wiwe canke uwundi nya mwana yizigiye yoshobora kubwira abakurambere ivyo yavuze ko vyabaye, bakaba bamukingiye narirya aba asanzwe yibabariye.
^ ing. 19 Ibi bibwiwe abavyeyi birerekeye n’uwo wese atunze canke areze abana atari rwiwe.