UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Rusama 2020

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 6 Mukakaro–2 Myandagaro 2020.

“Umwami wo mu buraruko” mu gihe c’iherezo

Ikiganiro c’ukwiga ca 19: Ku wa 6-12 Mukakaro 2020. Turibonera ibimenyamenya vyerekana ko ubuhanuzi bwa Daniyeli bwerekeye “umwami wo mu buraruko” be n’“umwami wo mu bumanuko” bubandanya kuranguka. None tuvyemezwa n’iki? Vyongeye, kubera iki dukeneye gutahura ido n’ido ry’ubwo buhanuzi?

Abami badacana uwaka mu gihe c’iherezo

Ubuhanuzi bwerekeye “umwami wo mu buraruko” n’“umwami wo mu bumanuko” burinjiranamwo n’ubundi buhanuzi. None ubwo buhanuzi bwerekana gute ko umuhero w’iyi si mbi wegereje?

”Umwami wo mu buraruko” ni nde muri iki gihe?

Ikiganiro c’ukwiga ca 20: Ku wa 13-19 Mukakaro 2020. “Umwami wo mu buraruko” ni nde muri iki gihe, kandi iherezo ryiwe ni irihe? Kumenya inyishu z’ivyo bibazo birashobora gukomeza ukwizera kwacu, bikongera bikadufasha kwitegurira ibigeragezo vyimirije kudushikira.

Woba ukenguruka ingabire Imana yaguhaye?

Ikiganiro c’ukwiga ca 21: Ku wa 20-26 Mukakaro 2020. Iki kiganiro kiraza kutuvyurira umutima wo gukengurukira Yehova no gukenguruka ingabire zitatu mu zo yaduhaye. Kiraza no kutwereka ingene twofasha abakekeranya ko Imana ibaho.

Niwerekane ko uha agaciro amatunga ataboneka

Ikiganiro c’ukwiga ca 22: Ku wa 27 Mukakaro–2 Myandagaro 2020. Mu kiganiro ca mbere, twararimbuye amatunga aboneka Imana yaduhaye. Iki kiganiro kiza guca irya n’ino amatunga tudashobora kubonesha amaso be n’ingene twokwerekana ko tuyaha agaciro. Kiraza no gutuma turushiriza gukengurukira Uwo ayo matunga akomokako, ari we Yehova Imana.