Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abami badacana uwaka mu gihe c’iherezo

Abami badacana uwaka mu gihe c’iherezo

Ubuhanuzi bwerekanywe kuri iki gicapo burinjiranamwo. Buremeza mu buryo butandukanye ko turi “mu gihe c’iherezo.”​—Dan. 12:4.

  • Ivyanditswe: Ivyah. 11:7; 12:13, 17; 13:1-8, 12

    Ubuhanuzi: “Ca gikoko” kiramara ibinjana vyinshi kiganza abantu. Mu gihe c’iherezo, umutwe waco ugira indwi urakomeretswa. Mu nyuma, uwo mutwe urakira maze “isi yose” igakurikira ico gikoko. Shetani arakoresha ico gikoko mu ‘kurwana n’abasigaye’ mu barobanuwe.

    Iranguka: Inyuma y’Umwuzure, haradutse intwaro z’abantu zirwanya Yehova. Haciye ibinjana vyinshi, ni ukuvuga mu Ntambara ya mbere y’isi yose, inganji y’Ubwongereza yaratakaje ububasha bimwe bikomeye. Yarasubiriye gukomera igihe yiyunga na Amerika. Canecane mu gihe c’iherezo, Shetani arakoresha intwaro zose z’iyi si yiwe kugira ahame abasavyi b’Imana.

  • Icanditswe: Dan. 11:25-45

    Ubuhanuzi: Ukudacana uwaka hagati y’umwami wo mu buraruko be n’umwami wo mu bumanuko mu gihe c’iherezo.

    Iranguka: Ubudagi bwaranyinyuranye n’intwaro y’Abongereza n’Abanyamerika. Mu 1945, Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti n’abazishigikiye baracitse umwami wo mu buraruko. Mu 1991, Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti zarasambutse, mu nyuma Uburusiya n’ababushigikiye baca bacika umwami wo mu buraruko.

  • Ivyanditswe: Yes. 61:1; Mal. 3:1; Luka 4:18

    Ubuhanuzi: Yehova ararungika “intumwa” yiwe ‘gutunganya inzira’ imbere y’uko Ubwami bwa Mesiya bushingwa. Iyo ntumwa ica itangura “[kumenyesha] inkuru nziza aboro.”

    Iranguka: Kuva mu myaka ya 1870, Charles Taze Russell n’abo bari kumwe barakoranye umwete kugira basigure ukuri kwo muri Bibiliya. Mu myaka ya 1880, baciye batangura kuremesha abasavyi b’Imana kwamamaza. Barasohoye ikiganiro cavuga ngo “Harakenewe abamamaji 1.000” n’icavuga ngo “Barobanuwe kugira ngo bamamaze.”

  • Icanditswe: Mat. 13:24-30, 36-43

    Ubuhanuzi: Umwansi arabiba icatsi kibi mu murima w’ingano, kigakura kikarengera ingano gushika mu gihe c’iyimbura. Mu nyuma nya catsi kibi kiratandukanywa n’ingano.

    Iranguka: Kuva mu mpera z’imyaka ya 1800, haratanguye kwibonekeza itandukaniro hagati y’abakirisu b’ukuri be n’ab’ikinyoma. Mu gihe c’iherezo, abakirisu b’ukuri baregeranywa maze bagatandukanywa n’abakirisu b’ikinyoma.

  • Icanditswe: Dan. 2:31-33, 41-43

    Ubuhanuzi: Ibirenge vy’icuma n’ibumba vy’igishusho kigizwe n’ubutare butandukanye.

    Iranguka: Ibumba rigereranya abantu bo mu ntwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika batavuga rumwe n’iyo ntwaro. Abo bantu batuma iyo ntwaro nganzasi itakaza ubukomezi bwo gukora nk’icuma.

  • Ivyanditswe: Mat. 13:30; 24:14, 45; 28:19, 20

    Ubuhanuzi: “Ingano” ziregeranirizwa “mu kigega,” “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” na we akazezwa ‘abakozi bo mu nzu.’ “Inkuru nziza y’Ubwami” iratangura kwamamazwa “mw’isi yose.”

    Iranguka: Mu 1919, umushumba w’umwizigirwa yaragenywe kugira ngo ayobore abasavyi b’Imana. Kuva ico gihe, Abatohoji ba Bibiliya bararushirije kwamamaza. Ubu, Ivyabona vya Yehova bamamaza mu bihugu birenga 200, bagasohora n’ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi zirenga 1.000.

  • Ivyanditswe: Dan. 12:11; Ivyah. 13:11, 14, 15

    Ubuhanuzi: Igikoko c’amahembe abiri kiraja imbere mu gushiraho “ishusho ya ca gikoko” c’imitwe indwi, kandi kigaha ‘impemu iyo shusho.’

    Iranguka: Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika yaragiye imbere mu gushiraho Umuhari w’Amahanga. Ibindi bihugu vyarinjiye muri uwo muhari. Mu nyuma, n’umwami wo mu buraruko yaragiye muri uwo Muhari kuva mu 1926 gushika mu 1933 gusa. Uwo Muhari, cokimwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavutse inyuma yawo, warahabwa iteka ribereye Ubwami bw’Imana.

  • Icanditswe: Dan. 8:23, 24

    Ubuhanuzi: Umwami akaze mu maso “[arateza] agatikizo mu buryo bw’agatangaza.”

    Iranguka: Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika yarateje agatikizo gakomeye. Nk’akarorero, mu Ntambara ya kabiri y’isi yose, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zaratikije inganda ku rugero rutari bwigere rubaho, igihe zarekurira ibibombe bibiri ruhonyanganda ku mwansi w’iyo nganji y’Abongereza n’Abanyamerika.

  • Ivyanditswe: Dan. 11:31; Ivyah. 17:3, 7-11

    Ubuhanuzi: Igikoko “c’ibara ry’agahama” gifise amahembe cumi kiraduga kivuye mu nyenga, kandi ni co mwami agira umunani. Igitabu ca Daniyeli cita uwo mwami “ikintu gisesemye giteza ubugesera.”

    Iranguka: Umuhari w’amahanga ntiwakora mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose. Inyuma y’iyo ntambara, ishirahamwe ONU ‘ryarashizweho.’ Iryo shirahamwe, cokimwe na wa Muhari w’amahanga, rirahabwa iteka ribereye Ubwami bw’Imana. Iryo shirahamwe ONU rizogaba igitero ku madini.

  • Ivyanditswe: 1 Tes. 5:3; Ivyah. 17:16

    Ubuhanuzi: Amahanga aratangaza “amahoro n’umutekano,” ya “mahembe cumi” be na “ca gikoko” bikagaba igitero kuri wa “mumaraya,” bigaca bimutikiza. Mu nyuma, ayo mahanga na yo aratikizwa.

    Iranguka: Amahanga yoshobora kuzomenyesha ko yashitse ku mahoro n’umutekano. Mu nyuma, ayo mahanga ashigikiye ONU azoca akuraho amadini y’ikinyoma. Ivyo bizoba ari ikimenyetso c’uko ya makuba akomeye agira atangure. Ayo makuba azoherana n’isangangurwa ry’ivy’iyi si mbi vyose, kuri Harumagedoni.

  • Ivyanditswe: Ezk. 38:11, 14-17; Mat. 24:31

    Ubuhanuzi: Gogi aratera igihugu c’abasavyi b’Imana. Mu nyuma, abamarayika barakoraniriza hamwe “abatowe.”

    Iranguka: Umwami wo mu buraruko, ari kumwe n’izindi ntwaro zose, bazotera abasavyi b’Imana. Haciye igihe gito ico gitero gitanguye, amasigarira y’abarobanuwe bazoba bakiri kw’isi bazokoranirizwa mw’ijuru.

  • Ivyanditswe: Ezk. 38:18-23; Dan. 2 :34, 35, 44, 45; Ivyah. 6:2; 16:14, 16; 17:14; 19:20

    Ubuhanuzi: ‘Uwicaye’ kw’“ifarasi yera” araheraheza “intsinzi yiwe” mu gutikiza Gogi n’ingabo ziwe. “Ca gikoko” “[kirararirizwa] mu kiyaga c’umuriro cakishwa amazuku,” ca gishusho amahero na co kikajanjagurwa.

    Iranguka: Yezu, wa Mwami w’Ubwami bw’Imana, azohaseruka arokore abasavyi b’Imana. Ari kumwe na bamwe 144.000 bazofadikanya na we kuganza, be n’ingabo ziwe z’abamarayika, azotikiza urunani rw’amahanga azoba yateye abasavyi b’Imana. Isi mbi ya Shetani yose izoba ikuweho burundu.