Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubwitonzi: Butugirira akamaro gute?

Ubwitonzi: Butugirira akamaro gute?

Uwitwa Sara * avuga ati: “Nsanzwe ndi umuntu w’amasoni, kandi hari ukuntu nikengera. Ni co gituma iyo ndi kumwe n’abantu biyemera kandi bakaze numva ntatekanye. Ariko iyo ndi kumwe n’umuntu yitonda kandi yicisha bugufi nca numva nisanze. Umuntu nk’uyo ndamwugurukira, nkamubwira uko niyumva, nkamuyagira n’ingorane zanje. Abantu nk’abo ni bo ngira abagenzi.”

Ivyo Sara yavuze birerekana ko kuba abantu bitonda bituma abandi bipfuza kutugira abagenzi. Ubwitonzi kandi burahimbara Yehova. Ijambo ryiwe riduhimiriza riti: “Nimwambare . . . ubwitonzi.” (Kol. 3:12) None ubwitonzi ni iki? Yezu yabugaragaje gute? Vyongeye, ni gute kwitonda bishobora gutuma turushiriza kubaho duhimbawe?

UBWITONZI NI IKI?

Ubwitonzi ni ukuba umunyamahoro mu mutima. Umuntu yitonda arengenga abandi kandi akabagaragariza ubuntu. Iyo ashikiwe n’ibintu bimubabaza aguma atekanye kandi akigumya.

Ubwitonzi si ubugoyagoye, ahubwo ni ubukomezi bw’imbere mu muntu. Ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo “ubwitonzi,” ryakoreshwa mu kwerekeza kw’ifarasi y’inyeshamba yamenyerejwe igasigara ari intungano. Iyo farasi igumana inguvu zayo, ariko kuba barayimenyereje bitonze bituma itekereza. Muri ubwo buryo nyene, kuba abantu bitonda biradufasha guhindura kamere zatuma tuba abantu bagoye, maze tukabana amahoro n’abandi.

Twoshobora kwibwira duti: ‘Jewe sinsanzwe ndi umuntu yitonda.’ Tuba mw’isi irangwamwo abantu bakaze kandi batihangana, akaba ari co gituma vyoshobora kutugora kugaragaza ubwitonzi. (Rom. 7:19) Biragaragara rero ko kugaragaza ubwitonzi bisaba akigoro. Yamara impwemu nyeranda ya Yehova iradufasha gukomeza umwiyemezo dufise wo gutsimbataza iyo kamere. (Gal. 5:22, 23) Kubera iki none dukwiye kugira akigoro kugira tube abantu bitonda?

Ubwitonzi buratuma abandi bumva botwiyegereza. Cokimwe na Sara, umwe twavuga mu ntango, iyo turi kumwe n’umuntu yitonda turumva twisanze. Yezu ni we Karorero ntangere k’umuntu yagaragaje ubwitonzi be n’ubuntu. (2 Kor. 10:1) Mbere n’abana batari bamuzi baripfuza kumwiyegereza.​—Mrk. 10:13-16.

Ubwitonzi buradukingira, bugakingira n’abandi. Umuntu yitonda ntanyaruka gushavura canke ngo akore ibintu abitumwe n’ishavu. (Imig. 16:32) Ivyo bica bituma atababaza abandi, na canecane abo akunda, gutyo akirinda kwiyagiriza. Ubwitonzi butuma tudatera ingorane abandi bitewe n’uko tutigumya.

AKARORERO NTANGERE K’UMUNTU YAGARAGAJE UBWITONZI

Naho Yezu yari afise amabanga menshi n’ibikorwa vyinshi, yaragaragariza abantu bose ubwitonzi. Mu gihe ciwe, abantu benshi bari bafise ingorane nyinshi kandi barushe, bakaba rero bari bakeneye kuruhurirwa. Ese ukuntu bategerezwa kuba bumvise baruhuriwe igihe Yezu yababwira ati: “Nimuze kuri jewe, . . . kuko nitonda kandi niyoroheje mu mutima.”​—Mat. 11:28, 29.

None twogaragaza gute ubwitonzi nk’ubwa Yezu? Turakwiye kwiga Ijambo ry’Imana kugira ngo tumenye ingene Yezu yafata abandi n’ingene yavyifatamwo mu bihe bigoye. Gutyo nitwashikirwa n’ibintu bitugerageza, tuzoca twihatira kugaragaza ubwitonzi nka Yezu. (1 Pet. 2:21) Rimbura ibintu bitatu vyafashije Yezu kuba umuntu yitonda.

Yezu yaricisha bugufi mu mutima. Yezu yavuze yuko ‘yitonda be n’uko yiyoroheje mu mutima.’ (Mat. 11:29) Bibiliya ivuga izo kamere ziri hamwe kubera ko ubwitonzi bufitaniye isano cane n’ukwicisha bugufi. (Ef. 4:1-3) Uti kubera iki?

Kwicisha bugufi biraturinda kwiyumvira ko duhambaye canke kuba inkomwahato. Yezu yafashe gute abantu bamwambitse ibara ko ari “umukunzi w’inda” be n’uko “yatwawe n’umuvinyu”? Yarirengagije ukwo kwambikwa ibara, maze abigiranye ubwitonzi aravuga ko “ubukerebutsi bwerekanwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabwo.”​—Mat. 11:19.

Bishitse umuntu akavuga nabi ubwoko bwawe, igitsina cawe canke aho wakuriye, ubona gute ugize akigoro ukamwishurana ubwitonzi? Umukurambere umwe wo muri Afrika y’Epfo yitwa Peter, avuga ati: “Igihe mbabajwe n’ivyo umuntu avuze, nca nibaza nti: ‘Iyaba yari Yezu yari kuvyifatamwo gute?’” Yongerako ati: “Narize kutabona ko ndi agakomeye.”

Yezu yaratahura ko abantu badatunganye. Naho abigishwa ba Yezu bari bafise umutima ukunze, ukuba badatunganye vyaratuma rimwe na rimwe bakora ibintu batashaka. Nk’akarorero, buca Yezu apfa, Petero, Yakobo na Yohani vyarabananiye gushigikira Yezu mu kuguma bari maso. Yezu yaratahura ko ‘umutima ushashaye, mugabo ko umubiri ari goyigoyi.’ (Mat. 26:40, 41) Kuba yari abizi, vyaratumye adashavurira intumwa ziwe.

Mushiki wacu yitwa Mandy yahoze ari umuntu yitega ko abandi bakora ibintu ata gahaze. Ariko ubu aragerageza kwigana ubwitonzi bwa Yezu. Avuga ati: “Ndagerageza kwibuka ko abantu ari abanyagasembwa mu mice yose kandi nkababonamwo iciza, nk’uko na Yehova abigira.” Kuba Yezu yaratahura ko abantu ari abanyagasembwa, vyoba nawe vyogufasha kuba umuntu yengenga abandi?

Yezu yararekera ibintu mu maboko y’Imana. Igihe Yezu yari kw’isi yaremeye gufatwa nabi. Abantu baramufashe nabi, baramusuzugura bongera baramukubagura. Naho ari ukwo, yagumye agaragaza ubwitonzi kuko “yaguma yiha umwe aca imanza mu bugororotsi.” (1 Pet. 2:23) Yezu yari azi ko Se wiwe wo mw’ijuru yomubaye hafi, akongera agakosora ibintu ku gihe kibereye.

Igihe dufashwe nabi maze tugaca turondera kwirwanira, twoshobora kubigirana ishavu maze tugatuma ibintu vyunyuka. Ni co gituma Bibiliya itwibutsa iti: “Uburake bw’umuntu [ntibushitsa] ubugororotsi bw’Imana.” (Yak. 1:20) Naho ishavu ryacu ryoba ryumvikana, agasembwa koshobora gutuma tuvyifatamwo nabi.

Mushiki wacu wo mu Budagi yitwa Cathy yahora yiyumvira ati: ‘Utihagazeko bazokugenderako.’ Ariko igihe yiga kwizigira Yehova, yarahinduye ako gatima. Avuga ati: “Singikeneye kwirwanira. Ubu biranyorohera gukora ibintu mu bwitonzi, mfise ku muzirikanyi ko Yehova ari we yifatiye ibintu mu minwe.” Nimba umaze gushikirwa n’akarenganyo, kwigana akarorero ka Yezu ko kwizigira Imana, na wewe bizogufasha kugumana agatima k’ubwitonzi.

“HAHIRIWE ABITONDA”

Ubwitonzi bwodufasha gute mu bihe bitoroshe?

Yezu yarerekanye ko dutegerezwa kugaragaza ubwitonzi nimba twipfuza kuba abantu bahimbawe. Yavuze ati: “Hahiriwe abitonda, kuko bazotorana isi.” (Mat. 5:5) Raba ingene ubwitonzi bufasha cane muri ibi bihe bikurikira.

Ubwitonzi buratuma imitwe idashuha mu mubano. Uwitwa Robert wo muri Ostraliya avuga ati: “Narabwiye umukenyezi wanje ibintu vyinshi bibabaza kandi ntabishaka. Ariko rero iyo ijambo ribabaza rirenze umunwa, ntirisubira mu nda. Vyarambabaza cane mbonye ingene ivyo naba namubwiye vyamubabaza.”

‘Twese turatsitara kenshi’ mu vyo tuvuga, kandi amajambo tuvuga tutiyumviriye arashobora guhungabanya amahoro mu mubano. (Yak. 3:2) Mu bihe nk’ivyo, ubwitonzi buratuma tuguma dutekanye kandi tugacungera n’ivyo tuvuga.​—Imig. 17:27.

Robert yaragize akigoro araba umuntu atekanye kandi yigumya. None vyavuyemwo iki? Avuga ati: “Ubu, iyo havyutse ukutumvikana, ndagira akigoro gakomeye ko kwumwumviriza nitonze, kuvugana ubugwaneza no kudatwarwa n’ishavu. Ubu jewe n’umugore wanje turumvikana cane.”

Ubwitonzi buradufasha kwumvikana n’abandi. Abantu b’inkomwahato usanga bafise abagenzi bake. Ariko rero kwitonda biratuma ‘tugumya umugozi w’amahoro wunga ubumwe.’ (Ef. 4:2, 3) Umwe Cathy twavuga kare, agira ati: “Kuba umuntu yitonda vyaratumye nza ndifatanya n’abandi ata ngorane, mbere naho bamwebamwe usanga bagoye.”

Ubwitonzi buratuma umuntu agira amahoro yo mu mutima. Bibiliya irerekana ko ubwitonzi be n’amahoro bifitaniye isano n’“ubukerebutsi buva hejuru.” (Yak. 3:13, 17) Umuntu yitonda aragira “umutima utekanye.” (Imig. 14:30) Uwitwa Martin yaragize akigoro ko kuba umuntu yitonda. Avuga ati: “Nsigaye ndi umuntu atumira ku vyiyumviro vyiwe, kandi numva nararushirije kugira amahoro yo mu mutima be n’umunezero.”

Mu vy’ukuri, vyoshobora kutugora gutsimbataza umutima w’ubwitonzi. Umuvukanyi umwe avuga ati: “Mvugishije ukuri, n’ubu birashika nkabiragira ishavu mu mutima.” Ariko rero Yehova azodufasha muri urwo rugamba, kubera ko aturemesha gukurikirana ubwitonzi. (Yes. 41:10; 1 Tim. 6:11) Arashobora ‘kurangiza ukumenyerezwa kwacu’ kandi ‘akadukomeza.’ (1 Pet. 5:10) Uko haca igihe, nka kumwe kw’intumwa Paulo, turashobora kwigana “ubwitonzi n’ubuntu bwa Kristu.”​—2 Kor. 10:1.

^ ing. 2 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.