Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 19

“Umwami wo mu buraruko” mu gihe c’iherezo

“Umwami wo mu buraruko” mu gihe c’iherezo

“Mu gihe c’iherezo, umwami wo mu bumanuko azoja mu rugamba rwo gusunikana [n’umwami wo mu buraruko].”​—DAN. 11:40.

URURIRIMBO RWA 150 Rondera Imana urokorwe

INCAMAKE *

1. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya budufasha gutahura iki?

NI IBIKI vyimirije gushikira abasavyi ba Yehova? Biroroshe kumenya. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buradufasha gutahura ibintu bihambaye vyimirije gushika. Hari ubuhanuzi canecane budufasha kubona ibintu intwaro zimwezimwe zikomakomeye zo kw’isi zizokora. Ubwo buhanuzi tubusanga muri Daniyeli ikigabane ca 11. Buravuga ivyerekeye abami babiri batana mu mitwe, na bo akaba ari umwami wo mu buraruko n’umwami wo mu bumanuko. Kubera ko vyinshi mu bivugwa muri ubwo buhanuzi bimaze kuranguka, turizigira ko n’ibisigaye bizoranguka.

2. Twisunze Itanguriro 3:15 n’ Ivyahishuwe 11:7 be na 12:17, ni ibiki dukwiye kuguma twibuka igihe twiga ubuhanuzi bwa Daniyeli?

2 Kugira ngo dutahure ubwo buhanuzi bwo muri Daniyeli ikigabane ca 11, dukwiye kuguma twibuka ko bwerekeza gusa ku ntwaro zagize ikintu kinini zikoze ku basavyi b’Imana. Naho abasavyi b’Imana usanga ari bake cane ubagereranije n’abantu baba kw’isi, akenshi intwaro z’abantu ntiziberekwa. Uti kubera iki? Kubera ko intumbero nyamukuru ya Shetani be n’abagize isi yiwe, ari iyo kuzimanganya abakorera Yehova be na Yezu. (Soma Itanguriro 3:15 be n’ Ivyahishuwe 11:7; 12:17.) Vyongeye, ubwo buhanuzi bwavuzwe na Daniyeli burahuza n’ubundi buhanuzi buvugwa mw’Ijambo ry’Imana. Nkako, ntidushobora gutahura neza ubuhanuzi bwa Daniyeli tutifashishije ibindi bice vyo muri Bibiliya.

3. Iki kiganiro be n’igikurikira bica irya n’ino ibiki?

3 Dufise ivyo ku muzirikanyi, tugiye guca irya n’ino ibivugwa muri Daniyeli 11:25-39. Turaza kubona ababaye umwami wo mu buraruko n’umwami wo mu bumanuko kuva mu 1870 gushika mu 1991. Turaza no kubona igituma bibereye ko turyohora ukuntu dutahura igice kimwe c’ubwo buhanuzi. Mu kiganiro gikurikira, tuzoca irya n’ino ibivugwa muri Daniyeli 11:40–12:1. Bizotuma turyohora ingene dutahura ivyo ico gice c’ubuhanuzi kivuga ku bijanye n’ikiringo co kuva mu myaka ya 1990 gushika kuri Harumagedoni. Mu kwiga ibi biganiro bibiri, bizoba vyiza ugiye urifashisha igicapo kivuga ngo “Abami badacana uwaka mu gihe c’iherezo.” Ariko rero, turakeneye kubanza kumenya abo bami babiri bavugwa muri ubwo buhanuzi.

IBITUMENYESHA UMWAMI WO MU BURARUKO N’UMWAMI WO MU BUMANUKO

4. Ni ibintu bitatu ibihe bidufasha gutahura umwami wo mu buraruko n’umwami wo mu bumanuko?

4 Mu ntango, izina “umwami wo mu buraruko” ryerekeza ku ntwaro ikomeye yari mu buraruko bw’igihugu ca Isirayeli, izina “umwami wo mu bumanuko” na ryo rikerekeza ku ntwaro yari mu bumanuko bwa Isirayeli. Uti kubera iki? Umumarayika yahaye ubwo butumwa Daniyeli yavuze ati: “Nzanywe no kugutahuza ibizoshikira igisata cawe mu kiringo ca nyuma c’imisi.” (Dan. 10:14) Gushika kuri Pentekoti yo mu 33, ihanga rya Isirayeli ni ryo ryari rigizwe n’abasavyi b’Imana. Ariko rero kuva ico gihe, Yehova yarerekanye neza ko abigishwa ba Yezu b’intahemuka ari bo bari basigaye ari abasavyi biwe. Ku bw’ivyo, vyinshi mu bivugwa mu buhanuzi bwo muri Daniyeli ikigabane ca 11, vyerekeye abayoboke ba Kristu aho kwerekeza kw’ihanga rya Isirayeli yo ku mubiri. (Ivyak. 2:1-4; Rom. 9:6-8; Gal. 6:15, 16) Umwami wo mu buraruko n’umwami wo mu bumanuko bagiye barahindagurika. Naho ari ukwo, hariho ibintu bahuriyeko bitahindutse. Ica mbere, abo bami baragize ikintu kinini bakoze ku basavyi b’Imana. Ica kabiri, barerekanye ko banka ya Mana y’ukuri Yehova biciye ku kuntu bafashe abasavyi bayo. Ica gatatu na co, abo bami babiri bagiye baranyinyurana.

5. Vyoba bishoboka ko tumenya umwami wo mu buraruko n’umwami wo mu bumanuko, hagati y’umwaka wa 100 n’umwaka wa 1870? Sigura.

5 Mu kinjana ca kabiri inyuma ya Kristu, harageze igihe abakirisu b’ikinyoma barengera abakirisu b’ukuri. Bari basigaye bigisha inyigisho za gipagani, bagahisha ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. Kuva ico gihe gushika mu mpera z’ikinjana ca 19, nta murwi w’abasavyi b’Imana utunganijwe wariho kw’isi. Abakirisu b’ikinyoma, abagereranywa n’icatsi kibi, baragwiriye gushika aho barengera abakirisu b’ukuri. (Mat. 13:36-43) Kubera iki bihambaye ko tumenya ico kintu? Ni kubera ko cerekana yuko ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’umwami wo mu buraruko be n’umwami wo mu bumanuko, bidashobora kwerekeza ku batware canke ku ntwaro vyaganje mu kiringo kiri hagati y’umwaka wa 100 n’umwaka wa 1870. Nta murwi w’abasavyi b’Imana utunganijwe wariho izo ntwaro zari gutera. * Ariko rero, hariho ivyerekena ko umwami wo mu buraruko n’umwami wo mu bumanuko bosubiye kuboneka inyuma y’umwaka wa 1870. Tuvyemezwa n’iki?

6. Abasavyi b’Imana basubiye kuba umurwi utunganijwe ryari? Sigura.

6 Kuva mu 1870, abasavyi b’Imana baratanguye gutunganywa baba umurwi. Muri uwo mwaka nyene ni ho Charles Taze Russell n’abo bakorana, bashinga umurwi wo kwiga Bibiliya. Umuvukanyi Russell n’abo bakorana, ico gihe barangura uruhara rwa ya ntumwa yari yaravuzwe ko yotunganije inzira imbere y’uko Ubwami bwa Mesiya bushingwa. (Mal. 3:1) Abasavyi b’Imana baza basubira kuba umurwi utunganijwe! None ico gihe hoba hariho intwaro nganzasi zari kugira ikintu kinini zikoze ku basavyi b’Imana? Reka tubirabe.

UMWAMI WO MU BUMANUKO NI NDE?

7. Umwami wo mu bumanuko yari nde gushika mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose?

7 Mu 1870, Ubwongereza bwari busigaye ari inganji nini kuruta izindi nganji zose kw’isi, kandi bwari bufise igisirikare gikomeye cane. Iyo nganji yagereranya agahembe gatoyi kakuyeho amahembe atatu, na yo akaba agereranya Ubufaransa, Espanye be n’Ubuholande. (Dan. 7:7, 8) Ubwongereza rero ni bwo bwari umwami wo mu bumanuko gushika mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose. Muri ico gihe nyene, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zaracitse rutura mu vy’ubutunzi, zitangura no kuba somambike n’Ubwongereza.

8. Ni nde yabaye umwami wo mu bumanuko mu kiringo cose c’imisi ya nyuma?

8 Mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose, Leta Zunze Ubumwe za Amerika be n’Ubwongereza baragize urunani rukomeye mu vya gisirikare. Ico gihe, Ubwongereza be n’ico gihugu bwahoze butwara vyaracitse intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika. Nk’uko Daniyeli yari yarabivuze, uwo mwami yararundanije “inteko za gisirikare nyinshi kandi zikomeye bimwe bihebuje.” (Dan. 11:25) Mu kiringo cose c’imisi ya nyuma, urunani rw’Abongereza n’Abanyamerika ni rwo mwami wo mu bumanuko. * None umwami wo mu buraruko yabaye nde muri ico kiringo?

UMWAMI WO MU BURARUKO ASUBIRA KWIGARAGAZA

9. Umwami wo mu buraruko yasubiye kwigaragaza ryari, kandi ubuhanuzi bwo muri Daniyeli 11:25 bwarangutse gute?

9 Mu 1871, hakaba hari haciye umwaka Russell n’abo bakorana bashinze umurwi wo kwiga Bibiliya, umwami wo mu buraruko yarasubiye kwigaragaza. Muri uwo mwaka, uwitwa Otto von Bismarck yaragize uruhara rukomeye mu gushinga Inganji y’Ubudagi. Uwitwa Wilhelm wa mbere ni we yatanguye kuba umwami w’abami w’iyo nganji, aca agena Bismarck ngo abe umushikiranganji wa mbere. * Haciye igihe, Ubudagi bwahavuye bwiganzira utundi turere, nk’ibihugu vyo muri Afrika be n’ivyo mw’ibahari Pasifike, bwongera burarondera gukomera kuruta Ubwongereza. (Soma Daniyeli 11:25.) Inganji y’Ubudagi yaragize igisoda gikomeye yongera iba igihugu kigira kabiri gifise abasoda benshi barwanira mu mazi. Ico gisoda ni co Ubudagi bwagomoreye ku bansi babwo mu ntambara ya mbere y’isi yose.

10. Ibivugwa muri Daniyeli 11:25b, 26 vyarangutse gute?

10 Daniyeli aca avuga ivyoshikiye Inganji y’Ubudagi n’igisoda cayo. Avuga ko umwami wo mu buraruko ‘atohagaze.’ Kubera iki? Agira ati: “Kuko bazotegura imigambi yo kumurwanya. Kandi abarya ibinovereye vyiwe ni bo bazotuma asenyuka.” (Dan. 11:25b, 26a) Mu gihe ca Daniyeli, mu barya ku “binovereye vy’umwami” harimwo abategetsi bo ku kirimba ‘bahagarara imbere y’umwami.’ (Dan. 1:5) None ubwo buhanuzi bwerekeza kuri bande? Bwerekeza ku bategetsi bakurubakuru bo mu Nganji y’Ubudagi bahavuye bagira uruhara mw’isenyuka ry’ubwo butegetsi, muri bo hakaba harimwo abajenerali be n’abahanuzi mu vya gisirikare bakorana n’umwami. * Ubwo buhanuzi ntibwamenyesheje gusa ibijanye n’itemba ry’iyo nganji, ariko kandi bwaravuze icovuye mu ntambara borwanye n’umwami wo mu bumanuko. Ku bijanye n’umwami wo mu buraruko, bugira buti: “Nayo inteko ziwe za gisirikare, zizokukumurwa n’isegenya, kandi benshi bazogwa koko bagandaguwe.” (Dan. 11:26b) Nk’uko ubwo buhanuzi bwabivuze, mu ntambara ya mbere y’isi yose, abasirikare b’Ubudagi ‘barakukumuwe’ kandi benshi ‘baragandaguwe.’ Iyo ntambara ni yo yatikije inganda kuruta izindi zose zabaye imbere yayo.

11. Umwami wo mu buraruko be n’umwami wo mu bumanuko bakoze iki?

11 Mu kwerekeza ku kiringo coshikanye ku Ntambara ya mbere y’isi yose, muri Daniyeli 11:27, 28 havuga ko umwami wo mu buraruko n’umwami wo mu bumanuko bokwicaye “[bakavugana] ikinyoma bari ku meza imwe.” Havuga kandi ko umwami wo mu buraruko yorundanije “umukimba w’ibintu.” N’ivyo nyene ni ko vyagenze. Ubudagi n’Ubwongereza baravuganye ko bipfuza kugiranira amahoro, mugabo ivyo vyaragaragaye ko cari ikinyoma igihe intambara yaduka mu 1914. Vyongeye, mu myaka mirongo imbere ya 1914, Ubudagi bwaratunze ku buryo bucika igihugu ca kabiri gitunze kw’isi. Nk’uko vyari vyaravuzwe muri Daniyeli 11:29 be n’igice ca mbere c’umurongo wa 30, Ubudagi bwararwanye n’umwami wo mu bumanuko mugabo buratsindwa.

BA BAMI BARARWANIJE ABASAVYI B’IMANA

12. Mu ntambara ya mbere y’isi yose, umwami wo mu buraruko n’umwami wo mu bumanuko bakoze iki?

12 Kuva mu 1914, abo bami babiri bararushirije gushamirana no kurwanya abasavyi b’Imana. Nk’akarorero, mu ntambara ya mbere y’isi yose, leta y’Ubudagi be na leta y’Ubwongereza zompi zaratoteje abasavyi b’Imana banse gufata ibirwanisho. Leta Zunze Ubumwe za Amerika na zo zarataye mu mvuto abari bayoboye igikorwa co kwamamaza. Urwo ruhamo rwarashikije ubuhanuzi buri mu Vyahishuwe 11:7-10.

13. Mu myaka ya 1930 no mu gihe c’intambara ya kabiri y’isi yose, umwami wo mu buraruko yakoze iki?

13 Mu myaka ya 1930 na ho, na canecane mu gihe c’intambara ya kabiri y’isi yose, umwami wo mu buraruko yararwanije bunyamaswa abasavyi b’Imana. Igihe umugambwe w’Abanazi waja ku butegetsi mu Budagi, Hitler n’abanywanyi biwe baciye bahagarika igikorwa c’abasavyi b’Imana. Abaturwanya barishe abasavyi ba Yehova amajana, abandi ibihumbi babashira mu makambi y’itunatuniro. Ivyo vyari vyaravuzwe na Daniyeli. Umwami wo mu buraruko ‘yarahumanije aheranda’ yongera ‘arakuraho n’ikimazi c’ubudasiba.’ Ivyo yabigize mu kwaka abasavyi b’Imana umwidegemvyo wo gushemeza izina rya Yehova ku mugaragaro. (Dan. 11:30b, 31a) Indongozi y’Abanazi ari yo Hitler, yarashizeko n’indahiro ko yoherengeteje abasavyi b’Imana mu Budagi.

HABONEKA UMWAMI MUSHASHA WO MU BURARUKO

14. Inyuma y’intambara ya kabiri y’isi yose, ni nde yabaye umwami wo mu buraruko? Sigura.

14 Inyuma y’intambara ya kabiri y’isi yose, intwaro y’Abakomunisita ya Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, yarigaruriye uturere twinshi twegukira Ubudagi, ica icika umwami wo mu buraruko. Cokimwe na ya ntwaro y’agacinyizo y’Abanazi, Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti zaranse urunuka umuntu wese yashira imbere ivyo gusenga Imana y’ukuri aho kugamburukira leta aherejeko.

15. Inyuma y’Intambara ya kabiri y’isi yose, umwami wo mu buraruko yakoze iki?

15 Intambara ya kabiri y’isi yose ikimara kurangira, uwo mwami mushasha wo mu buraruko, ari we Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti na ba somambike biwe, yaragavye igitero ku basavyi b’Imana. Nk’uko vyari vyaravuzwe mu Vyahishuwe 12:15-17, uwo mwami yarahagaritse igikorwa co kwamamaza yongera yangaza abasavyi ba Yehova ibihumbi. Nkako, mu kiringo cose c’imisi ya nyuma, Shetani abicishije ku mwami wo mu buraruko, yagiye arateza abasavyi b’Imana uruhamo rumeze nk’“uruzi” arondera guhagarika igikorwa cabo, mugabo biramuta ku w’amazi. *

16. Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti zashikije gute ibivugwa muri Daniyeli 11:37-39?

16 Soma Daniyeli 11:37-39. Mw’iranguka ry’ubwo buhanuzi, umwami wo mu buraruko ‘ntiyitayeho na buhoro Imana ya ba se.’ Uti gute? Mu ntumbero yo guhagarika ivyo gusenga, Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti zaragerageje gutesha agaciro amadini. Kugira ngo iyo leta ishike kuri uwo mugambi, mu ntango za 1918 yarashizeho itegeko ryatumye mu mashure hatangura kwigishwa yuko ata Mana ibaho. None uwo mwami wo mu buraruko ‘yahaye gute ubuninahazwa imana y’amaboma?’ Iyo leta yarakoresheje amahera menshi cane mu gutunganya igisoda gikomeye no mu guhingura ibirwanisho ruhonyanganda vyinshi kugira ngo irushirize kwikomeza. Umwami wo mu buraruko n’umwami wo mu bumanuko, bompi bahavuye batunga ibirwanisho vyinshi bishobora kwica abantu amamiliyaridi!

IKINTU KIMWE BAFASHANIJE

17. “Ikintu gisesemye giteza ubugesera” ni igiki?

17 Umwami wo mu buraruko yarashigikiye umwami wo mu bumanuko gukora ikintu kimwe gihambaye. Yaramufashije ‘gushiraho ikintu gisesemye giteza ubugesera.’ (Dan. 11:31) Ico “kintu gisesemye” ni ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

18. Kubera iki ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitwa “ikintu gisesemye”?

18 Iryo shirahamwe mpuzamakungu ONU ryitwa “ikintu gisesemye” kubera ko rivuga yuko rishobora kuzana amahoro kw’isi, ico kikaba ari ikintu gishobora gukorwa n’Ubwami bw’Imana gusa. Vyongeye, ubwo buhanuzi buvuga ko ico kintu “giteza ubugesera” kubera ko iryo shirahamwe ONU rizogira uruhara rukomeye mu gusangangura amadini y’ikinyoma yose.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Abami badacana uwaka mu gihe c’iherezo.”

KUBERA IKI BIBEREYE KO TUMENYA IYO NKURU?

19-20. (a) Kubera iki bibereye ko tumenya iyo nkuru? (b) Tuzorimbura ikibazo ikihe mu kiganiro gikurikira?

19 Birabereye ko tumenya iyo nkuru, kubera yerekana ko ubuhanuzi bwa Daniyeli bwerekeye umwami wo mu buraruko n’umwami wo mu bumanuko, bwarangutse kuva mu myaka ya 1870 gushika mu 1991. Ivyo biratuma twizigira yuko n’ibindi bice vy’ubwo buhanuzi na vyo nyene bizoranguka.

20 Mu 1991, Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti zarasambutse. None umwami wo mu buraruko ni nde muri iki gihe? Ikiganiro gikurikira kizoduha inyishu y’ico kibazo.

URURIRIMBO RWA 128 Twihangane gushika kw’iherezo

^ ing. 5 Turibonera ibimenyamenya vyerekana ko ubuhanuzi bwa Daniyeli bwerekeye “umwami wo mu buraruko” be n’“umwami wo mu bumanuko” bubandanya kuranguka. None tuvyemezwa n’iki? Vyongeye, kubera iki dukeneye gutahura ido n’ido ry’ubwo buhanuzi?

^ ing. 5 Twisunze iki ciyumviro, ntivyoba bikibereye ko tuvuga yuko umwami w’Uburoma yitwa Aurélien (270-275 N.K.) yari “umwami wo mu buraruko,” canke ko umwamikazi wa Siriya yitwa Zénobie (267-272 N.K.) yari “umwami wo mu bumanuko.” Ibi bihindura ivyasohowe mu kigabane ca 13 na 14 c’igitabu Prêtons attention à la Prophétie de Daniel!

^ ing. 9 Mu 1890, Umwami Wilhelm wa kabiri yarabogoje Bismarck.

^ ing. 10 Hari ibintu bitandukanye bakoze vyatumye ubutegetsi bunyaruka gusenyuka. Nk’akarorero, bararetse gushigikira umwami, barashira ahabona amakuru y’ibanga y’ivyahitanywe n’intambara, bongera bararemera umwami ngo atange imihoho.

^ ing. 15 Nk’uko bivugwa muri Daniyeli 11:34, abakirisu bo mu karere katwarwa n’umwami wo mu buraruko bagiye bararonka agahengwe. Nk’akarorero, vyarabaye igihe Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti zatemba mu 1991.