Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 21

Woba ukenguruka ingabire Imana yaguhaye?

Woba ukenguruka ingabire Imana yaguhaye?

“Wewe ubwawe wakoze ibintu vyinshi, ewe Yehova Mana yanje, mbere n’ibikorwa vy’agatangaza vyawe n’ivyiyumviro udufiseko.”​—ZAB. 40:5.

URURIRIMBO RWA 5 Ibikorwa vy’agatangaza vy’Imana

INCAMAKE *

1-2. Twisunze Zaburi 40:5, ni ingabire izihe Yehova yaduhaye, kandi ni kubera iki tuza kuzirimbura?

YEHOVA ni Imana itanga cane. Zirikana ingabire zimwezimwe yaduhaye: isi tubako y’akaroruhore kandi idasanzwe, ubwonko bwacu butangaje, be n’Ijambo ryiwe ry’agaciro ari ryo Bibiliya. Biciye kuri izo ngabire zitatu, Yehova yaraturonkeje aho kuba, araduha n’ubushobozi bwo kwiyumvira no kuvuga, yongera aturonsa inyishu z’ibibazo vy’inkoramutima twoshobora kwibaza.​—Soma Zaburi 40:5.

2 Muri iki kiganiro, turaza kurimbura muri make izo ngabire zitatu. Kuzizirikanako biraza gutuma turushiriza kuzikenguruka, no gukomeza icipfuzo dufise co gushemeza Umuremyi wacu adukunda, Yehova. (Ivyah. 4:11) Biraza no gutuma tuba abashoboye gufasha abazimijwe na ya nyigisho y’ikinyoma ivuga ivy’ihindagurika.

UMUBUMBE WACU UDASANZWE

3. Kubera iki isi yacu idasanzwe?

3 Ubukerebutsi bw’Imana burabonekera mu kuntu yaremye isi tubako. (Rom. 1:20; Heb. 3:4) Naho isi atari wo mubumbe wonyene uzunguruka izuba, ni iyidasanzwe kuko ari yo yonyene ikwije ibisabwa vyose kugira ngo ubuzima bushoboke.

4. Kubera iki twovuga ko isi ata ho ihuriye n’ubwato bwakozwe n’abantu?

4 Isi mu kirere amahanga, twoyigereranya n’ubwato buri mw’ibahari. Ariko hariho ibintu bihambaye isi itandukaniyeko n’ubwato butwaye abantu. Nk’akarorero, mbega abantu bari mu bwato bomara igihe kingana iki mu gihe boba ari bo bategerezwa kwihingurira umwuka wa ogisijeni bahumeka, ibifugurwa be n’amazi, kandi n’imyanda yose bakaza barayita aho nyene mu bwato? Abo bantu ntiboteba gupfa. Igitandukanye n’ivyo, isi itunze ibinyabuzima amamiliyaridi. Isi iraturonsa umwuka duhumeka wa ogisijeni, ibifungurwa be n’amazi dukenera, kandi ivyo bintu vyose vya nkenerwa ntivyigera bihera. Vyongeye, imyanda yo kw’isi ntitabwa mu kirere. Naho ari ukwo, isi iguma ari ikibanza ciza kandi kibereye kubamwo. None ivyo bishoboka gute? Yehova yaremanye isi ubushobozi bwo kugira inzinguzingu zituma ibintu vy’imicafu bisubira gukoreshwa. Reka turabe muri make zibiri muri izo nzinguzingu zitangaje, ari zo inzinguzingu y’umwuka wa ogisijeni be n’iy’amazi.

5. Inzinguzingu ya ogisijeni ikora gute, kandi yemeza iki?

5 Ogisijeni ni umwuka ibinyabuzima bimwebimwe bikenera kugira ngo bibeho, ushizemwo n’abantu. Bivugwa ko buri mwaka ibinyabuzima mu guhema vyinjiza amatoni arenga imiliyaridi ijana y’umwuka wa ogisijeni. Ivyo binyabuzima nyene, birasohora umwuka mubi witwa gaze karubonike. Ariko ivyo binyabuzima ntivyigera bimara umwuka wa ogisijeni wose, kandi ikirere nticigera cuzura wa mwuka mubi wa gaze karubonike. Kubera iki? Kubera ko Yehova yaremye n’ibimera, kuva ku biti bininibinini gushika ku tumera tunzwinya two mu mazi. Ivyo bimera birakwega umwuka wa gaze karubonike maze bigasohora umwuka wa ogisijeni. Iyo nzinguzingu y’umwuka wa ogisijeni iremeza ibivugwa mu Vyakozwe 17:24, 25, ahagira hati: “Imana . . . iha abantu bose ubuzima n’impemu n’ibintu vyose.”

6. Inzinguzingu y’amazi ikora gute, kandi yerekana iki? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Inzinguzingu y’amazi ni ingabire iva kuri Yehova.”)

6 Kuba amazi yo kw’isi ashobora gutemba, biva ku kuntu isi iri mu kibanza kibereye ugereranije n’aho izuba riri. Hamwe isi yokwegera gato izuba, amazi yose yoca atumuka, igasigara imeze nk’igitandara gishushe kidashobora kubako ubuzima. Hamwe na ho yoja kure gato y’izuba, amazi yose yoca acika ikibuye, isi igasigara ari ikibarafu. Kubera ko Yehova yashize isi mu kibaza kibereye, inzinguzingu y’amazi iratuma ibinyabuzima bibandanya kuyibako. Izuba riratuma amazi yo mu mabahari n’ayandi yo ku buringanire bw’isi ashuha maze akaduza umwuka, mu nyuma na wo ukiremamwo ibicu. Buri mwaka, amazi izuba ritumura araruta kure n’iyo amazi y’ibiyaga vyose vyo kw’isi. Ayo mazi amara nk’imisi cumi mu kirere imbere y’uko agwa ari imvura canke shelegi. Nya mazi arahava agasubira mu mabahari no mu biyaga, maze agasubira gutangura inzinguzingu. Iyo nzinguzingu ngirakamaro kandi idahinduka irerekana ko Yehova ari Imana y’ubukerebutsi n’ububasha.​—Yobu 36:27, 28; Umus. 1:7.

7. Ni mu buryo butandukanye ubuhe twokwerekana ko duha agaciro ingabire ivugwa muri Zaburi 115:16?

7 None twokwerekana gute ko duha agaciro umubumbe wacu utangaje be n’ivyiza vyose uturonsa? (Soma Zaburi 115:16.) Uburyo bumwe twobigira ni mu kuzirikana ku vyo Yehova yakoze. Ivyo bizotuma buri musi dukengurukira Yehova ku vyiza aturonsa. Ubundi buryo twerekana ko duha agaciro isi ni mu kuguma tugirira isuku aho tubaye uko bishoboka kwose.

UBWONKO BWACU BUTANGAJE

8. Kubera iki twovuga ko ubwonko bwacu buremwe mu buryo butangaje?

8 Ubwonko bw’umuntu buremwe mu buryo butangaje. Ukiri mu nda, ubwonko bwawe bwiremarema bwisunze urutonde bwashingiwe, kandi buri munota haza haravuka udutsi ibihumbi. Abashakashatsi bagereranya ko ubwonko bw’umuntu akuze bugizwe n’udutsi nsozabwenge hafi imiliyaridi 100. Utwo dutsi ni two twibumbabumbiye hamwe tukaba ubwonko bwawe, ubupima nk’ikilo n’inusu. Rimbura ibintu bikeya gusa ku bijanye n’ubushobozi butangaje ubwonko bufise.

9. Ni igiki cerekana ko ubushobozi dufise bwo kuvuga ari ingabire iva ku Mana?

9 Ubushobozi bwacu bwo kuvuga ni igitangaza. Zirikana gato ingene bigenda kugira uvuge. Kuri buri jambo uvuga, ubwonko bwawe butegerezwa kuyobora imitsi nka 100 y’ururimi, imihogo, iminwa, imisaya be n’igikiriza. Iyo mitsi yose itegerezwa kwisunga urutonde rutomoye kugira ngo ijambo ryose uvuze ryumvikane. Ku bijanye n’ubushobozi bwo kuvuga ururimi, icigwa kimwe casohotse mu 2019 cerekanye ko inzoya zishobora kwumva amajambo umuntu avuze. Ico kintu bubuye kiremeza ivyo abahinga bavuga, yuko tuvukana ubushobozi bwo kwumva ururimi no kurwiga. Emwe, ubushobozi dufise bwo kuvuga ni ingabire iva ku Mana koko!​—Kuv. 4:11.

10. Twokwerekana gute ko dukenguruka ingabire yo kuvuga Imana yaduhaye?

10 Uburyo bumwe twerekana ko dukenguruka ingabire dufise yo kuvuga, ni mu gusigurira abemera inyigisho y’ihindagurika igituma twemera Imana. (Zab. 9:1; 1 Pet. 3:15) Abemera iyo nyigisho bipfuza ko twemera ko isi n’ibinyabuzima biyiriko vyiyadukije. Dukoresheje Bibiliya be n’ivyiyumviro bimwebimwe twabonye muri iki kiganiro, twoshobora kuburanira Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, tukongera tugasigurira abavyipfuza igituma twajijutse ko Yehova ari we yaremye ijuru n’isi.​—Zab. 102:25; Yes. 40:25, 26.

11. Imvo imwe ituma ubwonko bwacu buba ubudasanzwe ni iyihe?

11 Ubushobozi bwacu bwo kwibuka ni igitangaza. Muri kahise, hari umwanditsi umwe yagereranije ko ubwonko bw’umuntu bushobora kwibuka amakuru yoja mu bitabu imiliyoni 20. Ariko ubu, vyiyumvirwa ko dushobora kwibuka ibiruta ivyo kure n’iyo. None ivyo bituma tugira ubushobozi budasanzwe ubuhe?

12. Ubushobozi dufise bwo gukura icigwa mu vyo ducamwo budutandukanya gute n’ibikoko?

12 Mu vyaremwe vyose, abantu ni bo bonyene bafise ubushobozi bwo kwibuka ivyo baciyemwo no kubikuramwo icigwa. Ivyo bica bituma twiga kwisunga ingingo ngenderwako nziza kuruta, maze tugahindura ingene twiyumvira n’ingene tubayeho. (1 Kor. 6:9-11; Kol. 3:9, 10) Nkako, turashobora kumenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima gutandukanya ikibi n’iciza. (Heb. 5:14) Turashobora kwiga gukunda abandi, kubagirira impuhwe be n’imbabazi. Vyongeye, turashobora kwiga kugaragaza ubutungane nyakuri.

13. Twisunze Zaburi 77:11, 12, dukwiye gukoresha gute ingabire dufise yo kwibuka?

13 Uburyo bumwe twogaragaza ko dukenguruka iyo ngabire yo kwibuka, ni mu kugerageza kwibuka ibihe vyose Yehova yagiye aradufasha akongera akatwirura. Ivyo bituma turushiriza kwizigira ko no muri kazoza azodufasha. (Soma Zaburi 77:11, 12; 78:4, 7) Twoshobora kandi kwerekana ko dukenguruka iyo ngabire mu kwibuka ibintu vyiza abandi badukorera tukongera tukabashimira. Mu cigwa abashakashatsi bagize, basanze abantu bakenguruka bishoboka cane ko bahimbarwa. Vyoba vyiza kandi twiganye Yehova mu guhitamwo kuza turibagira ibintu bimwebimwe. Nk’akarorero, naho Yehova afise ubushobozi bwo kwibuka ibintu vyose, iyo twigaye aca ahitamwo kutubabarira amakosa yacu, kandi akayibagira burundu. (Zab. 25:7; 130:3, 4) Yipfuza ko natwe tubigenza gutyo nyene igihe abandi batubabaje maze bakadusaba imbabazi.​—Mat. 6:14; Luka 17:3, 4.

Twerekana ko dukenguruka ubwonko bwacu mu kubukoresha kugira dutere iteka Yehova (Raba ingingo ya 14) *

14. Twokwerekana gute ko dukenguruka ubwonko bwacu butangaje?

14 Turashobora kwerekana ko dukenguruka ubwonko bwacu butangaje mu kubukoresha ibitera iteka uwabuduhaye. Hari abahitamwo kubukoresha ku bw’imvo z’ubwikunzi, mu kwishingira iciza n’ikibi. Ariko rero, kubera ko Yehova ari we yaturemye, birumvikana ko ingingo ngenderwako ziwe ari zo nziza kuruta izo twebwe ubwacu twokwishingira. (Rom. 12:1, 2) Iyo tubayeho twisunga ingingo ngenderwako ziwe turagira amahoro. (Yes. 48:17, 18) Tubaho kandi dufise intumbero mu buzima, na yo akaba ari ugutera iteka Umuremyi wacu akaba n’Umuvyeyi wacu kandi tukamunezereza.​—Imig. 27:11.

BIBILIYA NI INGABIRE IDASANZWE

15. Ni gute Bibiliya ari ingabire yerekana ko Imana ikunda abantu?

15 Bibiliya ni ingabire iranga urukundo iva ku Mana. Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru yahumekeye abantu kuyandika kubera ko yitwararika cane abana biwe bo kw’si. Biciye kuri Bibiliya, Yehova araturonsa inyishu z’ibibazo vy’inkoramutima twoshobora kwibaza. Nk’akarorero: Twakomotse he? Kubera iki turiho? Kazoza katubikiye iki? Kubera ko Yehova yipfuza ko abana biwe bose baronka inyishu z’ivyo bibazo, mu binjana n’ibindi yagiye arakoresha abantu kugira bashire Bibiliya mu ndimi nyinshi. Muri iki gihe, Bibiliya yose canke igice cayo, iraboneka mu ndimi zirenga 3.000. Ni co gitabu cahinduwe mu ndimi nyinshi kuruta ibindi bitabu vyose. Abantu benshi bararonka akaryo ko kwumva ubutumwa bwo muri Bibiliya mu rurimi bonse, aho boba baba hose canke bavuga ururimi uruhe.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Guhindura Bibiliya mu ndimi zo muri Afrika.”

16. Twisunze Matayo 28:19, 20, twokwerekana gute ko dukenguruka Bibiliya?

16 Twerekana ko dukenguruka Bibiliya mu kuyisoma buri musi, mu kuzirikana ku vyo ivuga, no mu kwihatira gushira mu ngiro ivyo itwigisha. Vyongeye, turerekana ko dukengurukira Imana mu gukora uko dushoboye kwose kugira tubwire ubutumwa bwo muri Bibiliya abantu benshi bashoboka.​—Zab. 1:1-3; Mat. 24:14; soma Matayo 28:19, 20.

17. Muri iki kiganiro twarimbuye ingabire izihe, kandi tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

17 Gushika aha twarimbuye ingabire twahawe n’Imana, ari zo isi tubako, ubwonko bwacu butangaje be n’Ijambo ryayo Bibiliya. Ariko rero, hariho n’izindi ngabire Yehova yaduhaye tutabonesha amaso. Ubwo butunzi butaboneka ni bwo tuzorimbura mu kiganiro gikurikira.

URURIRIMBO RWA 12 Mana ihambaye Yehova

^ ing. 5 Iki kiganiro kiraza kutuvyurira umutima wo gukengurukira Yehova no gukenguruka ingabire zitatu mu zo yaduhaye. Kiraza no kutwereka ingene twofasha abakekeranya ko Imana ibaho.

^ ing. 64 INSOBANURO Y’ISHUSHO Urupapuro rwa 23: Mushiki wacu ariko ariga urundi rurimi kugira yigishe abimukira ukuri kwo muri Bibiliya.