Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kumenya Imana vyokumarira iki?

Kumenya Imana vyokumarira iki?

Gushika ng’aha, twagiye turabona ivyodufasha kwishura ca kibazo kivuga ngo “Woba uzi Imana?” Twabanje kubona muri Bibiliya ko izina ryayo ari Yehova be n’uko kameremere yayo nyamukuru ari urukundo. Vyongeye twabonye ivyo yakoze n’ivyo izokorera abantu yaremye. Naho hakiriho vyinshi ukwiye kumenya ku bijanye n’Imana, wokwibaza ico kumenya Imana bishobora kukumarira.

Yehova asezerana ko “niwamurondera, azoreka umuronke.” (1 Ngoma 28:9) Ibaze nawe ingabire y’agaciro uzokwironkera niwarondera Imana maze ukayimenya: Emwe, uzogiranira “ubugenzi somambike na Yehova”! (Zaburi 25:14) None ubwo bugenzi bwokumarira iki?

Agahimbare nyako. Yehova adondorwa ko ari “ya Mana ihimbawe.” (1 Timoteyo 1:11) Kumwiyegereza no kumwigana bizotuma uronka agahimbare nyako, bikaba bishobora kugufasha mu mutima, mu bwenge no ku mubiri. (Zaburi 33:12) Vyongeye, uzogira ubuzima buhimbaye mu kwirinda ingeso zokugirira nabi ugatsimbataza ingeso nziza, kandi ukabana neza n’abandi. Uzosanga aya majambo y’umwanditsi w’amazaburi ari ay’ukuri, ayagira ati: “Kwegera Imana bimbera vyiza.”​—Zaburi 73:28.

Imana izokwitwararika. Yehova asezeranira abasavyi biwe ati: “Nzokugīra inama ijisho ryanje riri kuri wewe.” (Zaburi 32:8) Ivyo bisobanura ko Yehova yitwararika umwe wese mu basavyi biwe, akabigira yisunze ivyo umwumwe akeneye. (Zaburi 139:1, 2) Niwamara kugiranira ubucuti bwiza na Yehova, uzokwibonera yuko yama ari hafi yawe.

Kazoza keza cane. Uretse ko Yehova Imana agufasha kuronka ubuzima buhimbaye ubu, araguha n’icizigiro ca kazoza keza igitangaza. (Yesaya 48:17, 18) Bibiliya ivuga iti: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” (Yohani 17:3) Muri ibi bihe bigoye, icizigiro Imana iduha ni nk’inanga y’ubwato ituma ‘tudakekeranya canke ngo tunyiganyige.’​—Abaheburayo 6:19.

Izo ni nkeya gusa mu mvo nyinshi zihambaye zotuma urushiriza kumenya Imana kandi ukayiyegereza. Urashobora kuganira n’Icabona ca Yehova uwo ari we wese canke ukaja kuri jw.org kugira uronke ayandi makuru ngirakamaro.