UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Gitugutu 2016

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 28 Munyonyo gushika ku wa 25 Kigarama 2016.

INKURU Y’UBUZIMA

Naragerageje kwigana uburorero bwiza

Abakirisu bahumuye barashobora kuremesha abandi kwishingira imigambi itomoye no kuyishikako. Thomas McLain aratwiganira ukuntu abandi bamubereye akarorero keza, n’ukuntu na we yagerageje gufasha abandi.

Ntiwibagire kugaragariza umutima mwiza ba kavantara

Imana ibona gute ba kavantara? Wokora iki kugira ngo utume kavamahanga yumva ko yisanze mw’ishengero iwanyu?

Nubungabunge ukwizera kwawe igihe ukorera mu mahanga

Abakirisu bose barakwiye kwitaho cane kubungabunga ukwizera kwabo n’ukw’umuryango wabo. Ariko rero iyo uriko ukorera mu mahanga, urahura n’izindi ngorane.

Woba ‘uzigama ubukerebutsi ngirakamaro’?

Ubukerebutsi ngirakamaro butandukaniye he n’ubumenyi be n’ugutahura? Kumenya ico bitandukaniyeko birashobora kuba ngirakamaro.

Nurushirize kwizera ivyo wizigiye

Turashobora kwungukira ku kuzirikana ku burorero bw’abagaragaje ukwizera muri kahise be no muri kino gihe. None wokomeza gute ukwizera kwawe?

Nugaragaze ko wizera ivyo Yehova yasezeranye

Ukwizera ni iki vy’ukuri? N’igihambaye kuruta, wokugaragaza gute?

Wari ubizi?

Mu kinjana ca mbere, Abaroma baha umwidegemvyo ungana gute Abayuda bategeka mu ntara ya Yudaya? Vyongeye, vyoba ari ivy’ukuri yuko mu bihe vya kera umuntu yubahuka kubiba ivyatsi bibi mu murima w’abandi?