Nurushirize kwizera ivyo wizigiye
“Ukwizera ni ukwitega ata mazinda ibintu vyizigiwe.”—HEB. 11:1.
1, 2. (a) Ivyo abakirisu b’ukuri biteze be n’ivyo abo mw’isi ya Shetani biteze, bitandukaniye he? (b) Ni ibibazo bihambaye ibihe tugiye kurimbura?
ABAKIRISU b’ukuri bariteze ibintu vyiza igitangaza! Baba abarobanuwe canke abo mu “zindi ntama,” twese turiteze kubona ingene umugambi Yehova yari afise mu ntango uzoranguka be n’ingene izina ryiwe rizokwezwa. (Yoh. 10:16; Mat. 6:9, 10) Nta bindi bintu vyiza abantu bokwitega vyoza biruta ivyo. Vyongeye turashashaye kuronka impera Imana yadusezeraniye yo kubaho ibihe bidahera, haba mu “majuru mashasha” canke mw’“isi nshasha.” (2 Pet. 3:13) Mu kurindira, turizigiye ko abasavyi b’Imana bazobandanya gusagamba mu vy’impwemu.
2 Abo mw’isi ya Shetani na bo nyene barafise ivyo biteze, ariko rero barakekeranya ko bizoranguka. Nk’akarorero, abantu amamiliyoni boshobora kuja muri tombora biteze ko bazotsinda, ariko nta cemeza baba bafise ko bazotsinda. Ukwizera nyakuri kwokwo ni “ukwitega ata mazinda” ivyo tuba twizigiye. (Heb. 11:1) Ariko rero wokwibaza uti: ‘Nemezwa n’iki ko ivyo niteze bizoranguka? Mbega hoho, kwizera cane ko ivyo niteze bizoranguka bimfasha iki?’
3. Ukwizera kw’abakirisu b’ukuri gushingiye ku ki?
Gal. 5:22) Bibiliya ntivuga ko Yehova afise ukwizera canke ko agukeneye. Kubera ko Yehova ari Mushoboravyose akagira n’ubukerebutsi bwose, nta kintu na kimwe comubuza kurangura umugambi wiwe. Uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru nta makenga namba afise ku bijanye n’ivyo yasezeranye, ku buryo abibona nk’aho vyamaze kuranguka. Ni co gituma avuga ati: “Birakozwe!” (Soma Ivyahishuwe 21:3-6.) Ukwizera kw’abakirisu gushingiye ku kuba Yehova ari “Imana y’inyizigirwa,” yama ishitsa ivyo isezerana.—Gus. 7:9.
3 Ukwizera si ikintu mvukanwa canke gipfa kwizana. Kugira ngo turonke ukwizera bisaba ko tureka impwemu nyeranda igakorera mu mitima yacu. (IVYO TWIGIRA KU BANTU BA KERA BAGARAGAJE UKWIZERA
4. Abagabo n’abagore b’abizigirwa b’imbere ya Kristu bari biteze iki?
4 Mu Baheburayo ikigabane ca 11 haravuga amazina y’abagabo n’abagore 16 bagaragaje ukwizera. Haravuga ibiberekeye be n’ivyerekeye abandi benshi “bashingiwe intahe bivuye ku kwizera kwabo.” (Heb. 11:39) Abo bose bari ‘biteze ata mazinda’ ko Imana yoshizeho “uruvyaro” rwohinduye ubusa ubugarariji bwa Shetani, maze umugambi Yehova yari afise mu ntango ukaranguka. (Ita. 3:15) Abo bizigirwa bapfuye imbere y’uko nya “ruvyaro” rwasezeranywe ari rwo Yezu Kristu, rwugurura inzira ija mw’ijuru. (Gal. 3:16) Ariko rero kubera ko imihango Yehova atanga ari iyo kwizigirwa, bazozuka bibere mw’isi y’iparadizo batagira agasembwa.—Zab. 37:11; Yes. 26:19; Hos. 13:14.
5, 6. Ni igiki Aburahamu n’umuryango wiwe bagumye bizigiye, kandi ni ibiki vyabafashije kuguma bafise ukwizera gukomeye? (Raba ishusho itangura.)
5 Ku bijanye n’abo basavyi b’Imana, mu Baheburayo 11:13 hagira hati: “Abo bose bapfiriye mu kwizera, naho bataronse iranguka rya nya mihango, mugabo bayiboneye kure barayiha ikaze.” Umwe muri bo ni Aburahamu. None yoba yaragumije mu bwenge icizigiro co kuzobaho igihe urwo “ruvyaro” ruzoba ruganza? Yezu yarishuye ico kibazo mu buryo butomoye igihe yabwira abamurwanya ati: “Aburahamu so yaranezererwa cane icizigiro co kubona umusi wanje, kandi yarawubonye, aranezerwa.” (Yoh. 8:56) Sara, Izahaki, Yakobo be n’abandi benshi, na bo nyene bagumije icizigiro cabo ku Bwami bwoje, ubwagereranijwe n’‘igisagara cubatswe kandi kigahingurwa n’Imana.’—Heb. 11:8-11.
6 None ni ibiki vyafashije Aburahamu n’umuryango wiwe kuguma bafise ukwizera gukomeye? Birashoboka ko bamenye ivyerekeye Imana biciye ku bantu b’abizigirwa babakurira, ku vyo Imana ubwayo yabahishurira canke ku vyandikano vya kera vyo kwizigirwa basoma. N’igihambaye kuruta, ntibibagiye ivyo bize. Ahubwo babayeho bisunga ivyo Imana yasezeranye be n’ivyo yasaba, kandi bakabizirikanako. Abo bagabo n’abagore ntibakekeranya namba ku vyo bari biteze. Ivyo vyatumye badashobora guhemukira Imana no mu ngorane zikomeye cane.
7. Ni ibiki Yehova yaturonkeje kugira bidufashe gukomeza ukwizera kwacu, kandi twovyungukirako gute?
7 Yehova yaraturonkeje Ijambo ryiwe Bibiliya kugira ngo ridufashe kuguma dukomeye mu kwizera. Nimba twipfuza kuroranirwa mu buzima, dutegerezwa kwama dusoma Ijambo ry’Imana, bishobotse tukabigira ku musi ku musi. (Zab. 1:1-3; soma Ivyakozwe 17:11.) Vyongeye, cokimwe na ba basavyi ba Yehova ba kera, turakwiye kuguma tuzirikana ivyo Imana yasezeranye kandi tukagamburuka ivyo idusaba. Yehova yaraturonkeje kandi umukimba w’ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu biciye kuri wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45) Ku bw’ivyo, nitwafata nka nkama ivyo Yehova atwigisha biciye kuri ivyo bikoresho, tuzomera nka ba bizigirwa ba kera bari ‘biteze Ubwami ata mazinda.’
8. Isengesho rishobora gute gukomeza ukwizera kwacu?
8 Ikindi cafashije cane ivyabona b’imbere ya Kristu kuguma bakomeye mu kwizera ni isengesho. Uko babona Imana yishura amasengesho yabo, ni ko ukwizera kwabo kwarushiriza gukomera. (Neh. 1:4, 11; Zab. 34:4, 15, 17; Dan. 9:19-21) Na twebwe turashobora kubwira Yehova ibituraje ishinga, twizigiye ko atwumva kandi akadukomeza kugira ngo tugume twihangana tunezerewe. Uko twibonera ingene yishura amasengesho yacu, ni ko ukwizera kwacu kurushiriza gukomera. (Soma 1 Yohani 5:14, 15.) Kubera ko ukwizera ari umuce w’icamwa c’impwemu, turakeneye rero ‘kuguma tuyisaba’ Imana, nk’uko Yezu yabiduhimirije.—Luka 11:9, 13.
9. Naho ari vyiza gusenga twisabira, ni bande kandi dukwiye gusabira?
9 Ariko igihe dusenga Imana, ntidukwiye kwisabira gusa ivyo dukeneye. “Ibikorwa vy’agatangaza” vyotuma dukengurukira Yehova kandi tukamushemeza buri musi, ‘ni vyinshi kuruta ivyo twodonda.’ (Zab. 40:5) Vyongeye, mu masengesho dutura, turakwiye ‘kuguma twibuka abari mu mvuto nk’aho tubohanywe na bo.’ Turakwiye kandi gusabira umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose, na canecane ‘abatuja imbere.’ Ese ukuntu dukorwa ku mutima iyo tubonye ingene Yehova yishura amasengesho tumutura uko tugize umugwi!—Heb. 13:3, 7.
BARANSE GUHEMUKA
10. Ni uburorero ubuhe bw’abasavyi b’Imana banse guhemuka, kandi ni igiki cabibashoboje?
10 Mu Baheburayo ikigabane ca 11, intumwa Paulo aravuga ibigeragezo abasavyi b’Imana batari bake bihanganiye. Nk’akarorero, aravuga abagore babuze abana babo mugabo mu nyuma bakabaronka biciye kw’izuka. Aca avuga abandi “bateme[ye] kubohorwa biciye ku ncungu kanaka, kugira ngo bashikire izuka ryiza kuruta.” (Heb. 11:35) Naho tutazi neza abo Paulo yariko aravuga, hariho abicishijwe amabuye bazira kugamburukira Imana no gukora ivyo igomba, nka Naboti na Zekariya. (1 Abm. 21:3, 15; 2 Ngo. 24:20, 21) Daniyeli na bagenziwe barasabwe guhemuka kugira ngo ‘bemere kubohorwa.’ Aho kuvyemera, barizeye ububasha bw’Imana maze mu buryo bw’ikigereranyo “baraziba iminwa y’intambwe” bongera “barahagarika inguvu z’umuriro.”—Heb. 11:33, 34; Dan. 3:16-18, 20, 28; 6:13, 16, 21-23.
11. Ni ibigeragezo ibihe vyashikiye abahanuzi bamwebamwe kubera ukwizera kwabo?
11 Abahanuzi nka Mika na Yeremiya ‘baragejejwe mu gutwengwa no mu gutabwa mu mabohero,’ bahorwa ukwizera kwabo. Abandi, nka Eliya, “barayerereye mu bugaragwa no mu misozi no mu masenga no mu myobo y’isi.” Abo bose bihanganye kubera ko bari ‘biteze ata mazinda ibintu bari bizigiye.’—Heb. 11:1, 36-38; 1 Abm. 18:13; 22:24-27; Yer. 20:1, 2; 28:10, 11; 32:2.
12. Ni nde yabaye akarorero ruheta mu bijanye no kwihanganira ibigeragezo, kandi ni igiki catumye avyihanganira?
12 Paulo ahejeje kudondagura uburorero bw’abagabo n’abagore baranzwe n’ukwizera, yaciye avuga akarorero ruheta, na ko kakaba ari ak’Umukama Yezu Kristu. Mu Baheburayo 12:2 hagira hati: “Ku bw’akanyamuneza yashizwe imbere yarihanganiye igiti co kubabarizwako, asuzugura ibimaramare, kandi yicaye iburyo bw’intebe y’ubwami y’Imana.” Egome, turakwiye ‘kurimbura twitonze’ akarorero Yezu yatanze mu bijanye n’ukwizera igihe yashikirwa n’ikigeragezo kiruta ibindi vyose. (Soma Abaheburayo 12:3.) Cokimwe na Yezu, hari abakirisu bo mu ntango nka Antipa, banse guhemuka bemera kwicwa bahorwa ukwemera kwabo. (Ivyah. 2:13) Boronse impera yo kuzukira kuba mw’ijuru, ikaba irengeye rya “zuka ryiza kuruta” abagabo b’abizigirwa ba kera bari biteze. (Heb. 11:35) Haciye igihe gitoyi Ubwami buvutse mu 1914, abo bizigirwa barobanuwe bose, barazuwe baja mw’ijuru kugira bafadikanye na Yezu kuganza.—Ivyah. 20:4.
ABAGARAGAZA UKWIZERA MU GIHE CA NONE
13, 14. Ni ibigeragezo ibihe vyashikiye Rudolf Graichen, kandi ni igiki camufashije kwihangana?
13 Abasavyi b’Imana amamiliyoni bo muri iki gihe barigana akarorero ka Yezu. Bagumiza umutima ku cizigiro cabo, bigatuma bananira ibigeragezo vyohungabanya ukwizera kwabo. Rimbura akarorero ka Rudolf Graichen, uwavukiye mu Budagi mu 1925. Aribuka amashusho y’ibivugwa muri Bibiliya yari amanitse mu nzu iwabo. Yanditse ati: “Ishusho imwe yariko ibingira n’umwagazi w’intama, umwana mutoyi n’ingwe, inyana y’inka be n’intambwe, vyose vyibereye mu mahoro, biyobowe n’agahungu gatoyi. . . . Ayo mashusho ntiyigeze amva mu bwenge.” (Yes. 11:6-9) Ivyo vyatumye Rudolf aguma yiyumvira isi y’iparadizo, maze ararushiriza kuyizera. Igihe rero yamara imyaka myinshi ahamwa cane n’igipolisi c’Abanazi citwa Gestapo, mu nyuma na ho agahamwa n’igipolisi co mu Budagi bwo mu Buseruko citwa Stasi, yagumye ari intahemuka.
14 Rudolf yarahuye n’ibindi bigeragezo bikomeye. Yarabuze nyina wiwe ahitanywe na tifusi mw’ikambi y’itunatuniro y’i Ravensbrück. Yarabonye ingene se wiwe asubira inyuma mu kwizera, gushika n’aho asinya urwandiko rwo kwihakana ko ari Icabona ca Yehova. Rudolf amaze gukurwa mw’ibohero, yaratewe agateka ko kuba umucungezi w’umuzunguruko, mu nyuma na ho atumirwa mw’Ishure rya Gileyadi. Yaciye arungikwa kuba umumisiyonari muri Shili, asubira kuba umucungezi w’umuzunguruko. Ariko rero ibigeragezo ntivyari bwahere. Inyuma y’umwaka umwe yubakanye n’umumisiyonarikazi yitwa Patsy, baribarutse akigeme gaca karahwera. Mu nyuma, uwo mukenyezi na we nyene yarahwereye afise imyaka 43 gusa. Ivyo vyose Rudolf yaravyihanganiye. Igihe inkuru yiwe y’ubuzima yandikwa, yari ashaje kandi yari magara make, mugabo yari umukurambere akaba n’umutsimvyi asanzwe. Iyo nkuru yasohowe mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Myandagaro 1997, urupapuro rwa 20-25. [1]
15. Ni uburorero ubuhe bw’Ivyabona vya Yehova bariko barihanganira uruhamo banezerewe?
15 Ivyabona vya Yehova barabandanya gukorera Imana banezerewe, naho baguma bahamwa cane. Nk’akarorero, hariho abavukanyi na bashiki bacu benshi bari mu mabohero muri Eritreya, muri Singapour no muri Koreya y’Epfo. Benshi muri bo bazira ko bagamburuka itegeko rya Yezu ryo kudafata inkota. (Mat. 26:52) Muri abo bapfungwa amajana n’amajana, twovuga nka Isaac, Negede na Paulos bamaze imyaka irenga 20 mw’ibohero ryo muri Eritreya! Naho abo bavukanyi batswe uburenganzira bwo kwubaka izabo no kwitwararika abavyeyi babo bashaje, baguma ari intahemuka muri ako gatotezo gakomeye. Ubaravye ku rubuga rwacu jw.org ingene bakeye mu maso, uca ubona ko ukwizera kwabo kwagumye gukomeye. Mbere n’abarinzi b’ibohero basigaye babubaha.
16. Kugira ukwizera gukomeye bishobora gute kugukingira?
16 Abenshi mu basavyi ba Yehova ntibarashikirwa n’uruhamo rukaze. Usanga bashikirwa n’ibigeragezo ivy’ubundi bwoko. Benshi barihanganira ubukene, intambara canke ivyago vy’ivyaduka. Abandi baraheba ubuzima bwo kudibama canke kurondera ivyubahiro vyo mw’isi, nka kumwe kwa Aburahamu, Izahaki, Yakobo na Musa. Bararwanya bivuye inyuma ivyobosha kubaho bironderera amaronko. None ni igiki kibibashoboza? Ni urukundo bakunda Yehova be n’ukwizera badakeka ko azokuraho akarenganyo kose, maze agatuma abasavyi biwe b’abizigirwa biberaho ibihe bidahera mw’isi nshasha igororotse.—Soma Zaburi 37:5, 7, 9, 29.
17. Wokora iki kugira ngo ukwizera kwawe kugume gukomeye, kandi tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?
17 Nk’uko twabibonye muri iki kiganiro, kwama dusenga kandi tukagumiza ubwenge ku vyo Imana yasezeranye, biratuma ukwizera kwacu kuguma gukomeye. Ivyo bica bituma twihanganira ibigerageza ukwizera kwacu, gutyo tukaguma ‘twiteze ata mazinda’ ivyo twasezeraniwe. Ariko rero ukwizera kurimwo n’ibindi, nk’uko tuzobibona mu kiganiro gikurikira.
^ [1] (ingingo ya 14) Raba kandi ikiganiro kivuga ngo “Naragumanye icizigiro no mu bigeragezo”, muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Ndamukiza 2002, kikaba cigana inkuru y’ubuzima ya Andrej Hanák wo muri Slovakiya.