Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Muterere amaganya yanyu yose kuri Yehova

Muterere amaganya yanyu yose kuri Yehova

‘Muterere amaganya yanyu yose kuri Yehova, kuko abababara.’—1 PET. 5:7.

INDIRIMBO: 60, 23

1, 2. (a) Kubera iki tutotangara bishitse tukagira amaganya? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni ibiki twihweza muri iki kiganiro?

TUBAYEHO mu bihe bitesha umutwe. Shetani ishavu riraniga kandi aguma “agendagenda nk’intambwe iroha, arondera uwo arotsa.” (1 Pet. 5:8; Ivyah. 12:17) Ku bw’ivyo, ntibitangaje kuba na twebwe abasavyi b’Imana bishika tukagira amaganya. N’abasavyi b’Imana ba kera vyarabashikiye. Aho twovuga nk’Umwami Dawidi. (Zab. 13:2) Niwibuke kandi ko intumwa Paulo yagize “amaganya ku bw’amashengero yose.” (2 Kor. 11:28) None twokora iki igihe turengewe n’amaganya?

2 Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru yarafashije abasavyi biwe ba kera, kandi na twebwe aradufasha kwumva turuhuriwe igihe dufise amaganya. Bibiliya iduhimiriza iti: “Muterere amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.” (1 Pet. 5:7) None ivyo twobigira gute? Reka turabe uburyo bune twobigira: gutura isengesho rivuye ku mutima, gusoma Ijambo ry’Imana no kurizirikana, gusaba Yehova impwemu yiwe nyeranda hamwe no kwitura umugenzi twizigiye. Uko twihweza ubwo buryo bune, nurabe ivyiyumviro vyogufasha.

“TERERA UMUZIGO WAWE KURI YEHOVA”

3. Woterera gute “umuzigo wawe kuri Yehova”?

3 Ikintu ca mbere twokora kugira turonke amahoro yo mu mutima, ni ugutura isengesho Yehova tubigiranye ubwira. Igihe ushikiwe n’ibintu biguhagarika umutima, bigutera ubwoba canke amaganya, nusukire Yehova ibiri ku mutima wawe. Umwanditsi wa zaburi Dawidi yatakambiye Yehova ati: “Ewe Mana, tega ugutwi isengesho ryanje.” Muri iyo zaburi nyene, yaciye avuga ati: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira.” (Zab. 55:1, 22) Umaze gukora ivyo ushoboye vyose ngo utunganye iyo ngorane, isengesho rivuye ku mutima rizogufasha cane. None isengesho ryogufasha gute kutarengerwa n’ivyiyumviro bidurumbanya?—Zab. 94:18, 19.

4. Kubera iki isengesho rihambaye igihe turi mu maganya?

4 Soma Abafilipi 4:6, 7Yehova arishura amasengesho tumutura tubikuye ku mutima, tubigiranye ubwira kandi tudatezura. Uti gute? Araduha amahoro yo mutima atuma twikuramwo ivyiyumviro bibi. Benshi ivyo baravyiboneye. Amaganya n’ubwoba bari bafise Imana yabisubirije amahoro n’ugutekanirwa birengeye ukwiyumvira kwose. Na wewe ivyo woshobora kuvyibonera. Emwe, “amahoro y’Imana” arashobora kugufasha gutsinda ingorane yose woba ufise. Urashobora kwizigira udakeka uwu muhango wa Yehova ugira uti: “Ntiweraguze [canke, “ntiwiganyire”], kuko ndi Imana yawe. Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri.”—Yes. 41:10.

BIBILIYA IRAKURONSA AMAHORO YO MU MUTIMA

5. Ijambo ry’Imana rishobora gute gutuma tugira amahoro yo mu mutima?

5 Ikintu kigira kabiri twokora kugira turonke amahoro yo mu mutima, ni ugusoma Bibiliya no kuyizirikana. Kubera iki ivyo bihambaye? Bibiliya irimwo impanuro nziza zogufasha kwirinda amaganya, kuyagabanya canke kuyihanganira. Ijambo ry’Imana rirashobora kugufasha kuko ririmwo ivyiyumviro biranga ubukerebutsi vy’Umuremyi wacu. Kuzirikana ku vyiyumviro vy’Imana, haba ku murango canke mw’ijoro, no kuraba ukuntu woshira mu ngiro impanuro nziza Bibiliya itanga, bizokuremesha cane. Yehova aratomora ko gusoma Ijambo ryiwe bituma umuntu ‘agira umutima rugabo kandi agakomera’ aho ‘kuranduka umutima canke gucika ivutu.’—Yos. 1:7-9.

6. Amajambo ya Yezu yogufasha gute?

6 Bibiliya irimwo amajambo ahumuriza Yezu yavuze. Amajambo yiwe n’inyigisho ziwe vyararuhurira abamwumviriza. Abantu benshi baraza kuri we kubera yuko yaremesha abarushe mu mutima, agakomeza abagoyagoya akongera akirura abatuntuye. (Soma Matayo 11:28-30.) Yaritwararika ivyo abandi bakeneye mu vy’impwemu, mu vy’inyiyumvo no ku mubiri. (Mrk. 6:30-32) Nk’uko nyene intumwa za Yezu ziboneye ko uwo muhango yatanze muri Matayo 11:28-30 ari uw’ukuri, nawe urashobora kuvyibonera. Kugira wungukire kuri uwo muhango wa Yezu, si ngombwa ngo murinde kuba muri kumwe amaso mu yandi. Kubera ko Yezu ari Umwami wacu, arabandanya kutugaragariza impuhwe. Ku bw’ivyo, igihe uri mu maganya, arashobora kuhaseruka ‘akagutabara ku gihe nyaco.’ Ego cane, amajambo ya Yezu arashobora kuguha icizigiro n’umutima rugabo kandi arashobora gutuma wihanganira amaganya.—Heb. 2:17, 18; 4:16.

ICAMWA C’IMPWEMU NYERANDA

7. Wokwungukira gute ku gutsimbataza icamwa c’impwemu?

7 Yezu yasezeranye ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru atazokwima impwemu nyeranda abayimusaba. (Luka 11:10-13) Icamwa c’impwemu nyeranda ni co kintu kigira gatatu cogufasha kugabanya amaganya. Kamere nziza iyo mpwemu yama zirahuye neza n’uko Yehova ameze. (Soma Abagalatiya 5:22, 23; Kol. 3:10) Utsimbataje icamwa c’impwemu urarushiriza kugiranira imigenderanire myiza n’abandi. Ivyo biratuma wirinda ibintu vyinshi vyari kugutera amaganya. Raba ukuntu icamwa c’impwemu gishobora kugufasha.

8-12. Icamwa c’impwemu cogufasha gute kwihanganira ibintu bitera amaganya canke kuvyirinda?

8 “Urukundo, akanyamuneza, amahoro.” Igihe wihatiye gufatana abandi icubahiro, birakworohera gutsinda inyiyumvo mbi. Uti gute? Igihe ugaragaje urukundo rwa kivukanyi, ikibabarwe n’icubahiro, biratuma wirinda ibintu vyari kugutera amaganya.—Rom. 12:10.

9 “Ukwiyumanganya, ubuntu, ukumera neza.” Uragiranira amahoro n’abandi igihe ukurikije iyi mpanuro igira iti: “Mube abanyabuntu kuri bagenzi banyu, mugire impuhwe z’ikibabarwe, mubabariranir[e] ata gahigihigi.” (Ef. 4:32) Ivyo biragufasha kwirinda ibintu vyari kugutera amaganya. Vyongeye, biratuma ushobora kuvyifatamwo neza iyo hadutse utugorane dutewe n’uko tudatunganye.

10 “Ukwizera.” Muri iki gihe, amaganya menshi aterwa n’ibibazo vy’amahera. (Imig. 18:11) Ariko igihe wizigiye ko Yehova azokuronsa ivyo ukeneye, biragufasha kwihanganira ayo maganya canke kuyirinda. Uti gute? Urashobora kwirinda amaganya mu gushira mu ngiro impanuro ya Paulo idusaba “[ku]bumbwa n’ibintu vy’iki gihe.” Paulo yongeyeko ati: “Kuko [Imana] yavuze iti: ‘Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.’ Ku buryo dushobora kugira umutima rugabo tukavuga duti: ‘Yehova ni umutabazi wanje; sinzotinya. Umuntu yongira iki?’”—Heb. 13:5, 6.

11 “Ubwitonzi, ukwigumya.” Kugaragaza izo kamere birashobora kugufasha cane. Birashobora gutuma wirinda gukora ibintu vyohava bigutera amaganya. N’ikindi kandi, kwirinda “umururazi ubabaza wose, n’ishavu, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana” birashobora kukugirira akamaro.—Ef. 4:31.

12 Tuvugishije ukuri, bisaba ukwicisha bugufi kugira wizigire “ukuboko kw’ububasha kw’Imana” no kugira ‘uterere amaganya yawe yose kuri yo.’ (1 Pet. 5:6, 7) Ariko niwemera kwicisha bugufi bizotuma Imana igushima yongere igushigikire. (Mika 6:8) Kwama wibuka ko ubushobozi bwawe buri n’aho bugarukira bizogufasha kutarengerwa n’amaganya, kuko uzoca wiheka ku Mana.

“NTIMUKIGERE MWIGANYIRA”

13. Igihe Yezu yavuga ngo “ntimukigere mwiganyira” yashaka kuvuga iki?

13 Muri Matayo 6:34 (soma), turahasanga impanuro ihambaye Yezu yatanze igira iti: “Ntimukigere mwiganyira.” Ariko rero, kuyikurikiza vyoshobora kuba urugamba. None Yezu yashaka kuvuga iki? Biraboneka ko atashaka kuvuga ko umusavyi w’Imana atazokwigera agira amaganya mu buzima. Kanatsinda, twamaze kubona ko Dawidi na Paulo bagize amaganya. Ahubwo Yezu yariko arafasha abigishwa biwe gutahura ko kugira amaganya arenze urugero canke adakenewe bidaca bitorera umuti ingorane. Buri musi wose urafise amaganya yawo. Umukirisu rero nta co vyomumarira gufata amaganya y’ejo hahise n’ay’ejo hazoza, akayongera ku y’uno musi. Woshira mu ngiro gute iyo mpanuro ya Yezu, ivyo bigatuma ugabanya amaganya?

14. Ni igiki cogufasha kwirinda amaganya aterwa n’amakosa wakoze muri kahise?

14 Umuntu arashobora kugira amaganya bivuye ku makosa yakoze muri kahise. Yoshobora kuguma yiyagiriza kubera ikintu yakoze kera, naho hoba haciye imyaka myinshi. Vyarashika Umwami Dawidi akumva ko ‘amakosa yiwe yarenze umutwe wiwe.’ Yiyemereye ati: “Ndaroha kubera ukuniha kw’umutima wanje.” (Zab. 38:3, 4, 8, 18) None Dawidi yari akwiye gukora iki? Yarizigiye imbabazi za Yehova n’ikigongwe ciwe. Yahavuye avugana ukujijuka ati: “Hahiriwe umuntu umugararizo wiwe uhariwe.”—Soma Zaburi 32:1-3, 5.

15. (a) Kubera iki ingorane ufise ubu zidakwiye kugutera amaganya? (b) Ni ibiki wokora kugira ugabanye amaganya? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ivyogufasha kugabanya amaganya.”)

15 Umuntu arashobora kugira amaganya kubera ingorane afise ubu. Nk’akarorero, igihe Dawidi yandika Zaburi ya 55, yari afise ubwoba bw’uko bashobora kumwica. (Zab. 55:2-5) Yamara rero, ayo maganya ntiyamubujije kuguma yizigira Yehova. Ingorane yari afise yarazituye Yehova mw’isengesho, ariko kandi yaratahura ko ategerezwa kugira ico akoze. (2 Sam. 15:30-34) Nugire ico wigiye kuri Dawidi. Aho kureka ngo amaganya akurengere, nukore ivyo ushoboye kugira iyo ngorane ive mu nzira, ibisigaye ubirekere mu maboko ya Yehova.

16. Ni mu buryo ki insobanuro y’izina ry’Imana ikomeza ukwizera kwacu?

16 Akenshi umukirisu arashobora kugira amaganya kubera ahagaritswe umutima n’ingorane yiyumvira ko zizomushikira muri kazoza. Ariko rero, ntukwiye kurazwa ishinga n’ibintu utazi n’uko bizoba. Uti kubera iki? Kubera yuko ibintu bitama bigenda nabi nk’uko twavyiyumvira. Vyongeye, nta ngorane n’imwe yonanira ya Mana idusaba ngo tuyiterereko amaganya yose. Izina ryayo vyiyumvirwa ko risobanura ngo “Atuma bicika ukuntu.” (Kuv. 3:14) Insobanuro y’iryo zina iradukura amazinda ko ata na kimwe gishobora kubuza Imana gushitsa imigambi ifitiye abasavyi bayo. Urashobora kwizigira udakeka ko Imana ishobora guha impera abasavyi bayo b’intahemuka ikongera ikabafasha kwihanganira amaganya baterwa n’ingorane zo muri kahise, iz’ubu n’izo muri kazoza.

NIWITURE UMUNTU WIZIGIYE

17, 18. Kwitura umuntu wizigiye vyogufasha gute kwihanganira amaganya?

17 Ikintu ca kane cogufasha kwihanganira amaganya, ni ukwitura umuntu wizigiye. Uwo mwubakanye, umugenzi ashika canke umukurambere yoshobora kugufasha kubona ingorane zawe nk’uko ziri koko. Bibiliya ivuga iti: “Amaganya mu mutima w’umuntu awutera kwicurikira, mugabo ijambo ryiza rirawunezereza.” (Imig. 12:25) Kuyagira umuntu ata co umuhisha, birashobora kugufasha gutahura neza ingorane zawe no kubona ingene wozihanganira. Bibiliya itubwira iti: “Imigambi irapfa ahatagira ikiyago c’akabanga, mugabo mu bajanama indiri haragira igishitsweko.”—Imig. 15:22.

18 Yehova kandi arafasha abasavyi biwe kwihanganira amaganya biciye ku makoraniro tugira buri ndwi. Kuri ayo makoraniro uba uri kumwe n’abantu bakwitwararika kandi bipfuza ko muremeshanya. (Heb. 10:24, 25) ‘Indemesho muhanahana’ ziratuma ugarura agatege mu vy’impwemu, ugaca woroherwa no kwihanganira ikintu cose cogutera amaganya.—Rom. 1:12.

UBUCUTI UFITANIYE N’IMANA BURAGUKOMEZA

19. Kubera iki gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova bizogufasha?

19 Raba ingene umukurambere umwe wo muri Kanada yatahuye akamaro ko guterera amaganya yiwe kuri Yehova. Akora akazi gashusha umutwe k’ubwarimu kandi agwaye ingwara y’uguhahamuka. None ni igiki kimufasha kwihangana? Asigura ati: “Nasanze gukomeza ubucuti mfitaniye na Yehova ari co kintu nyamukuru kimfasha kwihanganira amaganya. Gushigikirwa n’abagenzi nyakuri hamwe n’abavukanyi birahambaye mu bihe vy’ingorane. Ndabwira umukenyezi wanje uko niyumva ata co ndamuhisha. Abandi bakurambere hamwe n’umucungezi w’umuzunguruko baramfashije cane kubona ingorane zanje mu buryo bubereye. Naragiye kwa muganga, ndahindura urutonde rwanje ku buryo ndonka umwanya wo kuruhuka no kwinonora imitsi. Buhorobuhoro, narasubiye gutekana. Igihe hari ingorane zindengeye, nca ndazirekera mu maboko ya Yehova.”

20. (a) Ni gute twoterera amaganya yacu ku Mana? (b) Tuzokwihweza iki mu kigabane gikurikira?

20 Muri make, twabonye ko bihambaye guterera amaganya yacu ku Mana biciye mw’isengesho, mu gusoma Ijambo ryayo no mu kurizirikana. Twabonye kandi akamaro ko gutsimbataza icamwa c’impwemu nyeranda, kwitura umuntu twizigiye no kwifatanya n’abandi bakirisu. Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ukuntu Yehova adufasha mu kudusezeranira ko azoduha impera.—Heb. 11:6.