Woba uvyibuka?
Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:
Ni igicumuro ikihe Yezu yashaka kuvuga igihe yatanga impanuro iri muri Matayo 18:15-17?
Yashaka kuvuga igicumuro gishobora kwicarirwa n’abo vyega. Ariko ico gicumuro gikwiye kuba gikomeye ku buryo cotuma umuntu acibwa mw’ishengero, mu gihe ivyaco bitotunganywa. Ico gicumuro gishobora kuba ari ukwambika ibara umuntu kugira ngo umucafuze canke kumuzuruma.—w16.05, rup. 7.
Ni ibiki vyogufasha kwungukira ku gusoma Bibiliya?
Nugire ibi: Nusome wugurutse mu bwenge, urondere ivyigwa woshira mu ngiro; niwibaze ibibazo, nk’akarorero uti: ‘Nokoresha gute aya makuru mu gufasha abandi?’; nugire ubushakashatsi ku vyo uhejeje gusoma.—w16.05, rup. 24-26.
Umukirisu yabuze uwiwe yoba akwiye kugira intuntu kandi yizigira izuka?
Kwizigira izuka ntibica bituma umukirisu atagira intuntu. Aburahamu yararize igihe Sara yapfa. (Ita. 23:2) Uko igihe kirengana, intuntu igenda iragabanuka.—wp16.3, rup. 4.
Umugabo afise agahembe k’irangi k’umunyamabanga be n’abagabo batandatu bafise ibirwanisho bavugwa muri Ezekiyeli ikigabane ca 9, bagereranya bande?
Dutahura ko bagereranya ingabo zo mw’ijuru zagize uruhara mu gutikiza Yeruzalemu, zikaba kandi zizogira uruhara mu gutikiza abanyakibi kuri Harumagedoni. Mw’iranguka ryo mu gihe ca none, uwo mugabo afise agahembe k’irangi agereranya Yezu Kristu, we ashira ikimenyetso ku bazorokoka.—w16.06, rup. 16-17.
Bibiliya yasimvye imanga gute?
Yararokotse (1) naho yari yanditse ku bintu bishobora kubora, nk’impapuro z’urufunzo n’inshato; (2) naho abanyapolitike n’abakuru b’amadini barondeye kuyizimanganya; (3) naho hari abagerageje kugoreka ubutumwa buri muri yo.—wp16.4, rup. 4-7.
Ni ibiki wokora kugira woroshe ubuzima?
Numenye ivyo ukeneye koko kandi wirinde kugura ibidakenewe. Nugire urutonde rw’amahera ukoresha. Niwikureko ibintu udakoresha kandi urihe amadeni yose ufise. Nugabanye umwanya w’akazi k’umubiri wongere utegure ingene wokwagura ubusuku.—w16.07, rup. 10.
Ni igiki Bibiliya ivuga ko kirusha agaciro inzahabu canke ifeza?
Muri Yobu 28:12, 15 herekana ko ubukerebutsi buva ku Mana buruta inzahabu n’ifeza. Igihe urondera ubwo bukerebutsi, niwihatire kuguma wicishije bugufi no kuguma ukomeye mu kwizera.—w16.08, rup. 18-19.
Vyoba bibereye ko umukirisu atereka ubwanwa muri iki gihe?
Mu mihingo imwimwe, kugira ubwanwa buringanije neza vyoshobora kuba ata co bitwaye kandi ugasanga nta we vyobera intambamyi yo kwumviriza ubutumwa bw’Ubwami. Ariko rero, hari abavukanyi bahitamwo kubumwa. (1 Kor. 8:9) Mu yindi mihingo na ho, usanga bitabereye ko umukirisu atereka ubwanwa.—w16.09, rup. 21.
Ni igiki kitwemeza ko inkuru ya Dawidi na Goliyati ari iy’ukuri?
Bivugwa ko Goliyati yarusha gusa santimetero 15 umuntu wa mbere muremure yabaye kw’isi mu bihe vya none. Dawidi yarabayeho koko nk’uko vyemezwa n’ivyo Yezu yavuze hamwe n’icandikano ca kera kivuga ibijanye n’inzu ya Dawidi. Ibibanza bivugwa muri iyo nkuru birahuye n’amakuru azwi muri iki gihe.—wp16.5, rup. 13.
Ubumenyi, ugutahura n’ubukerebutsi bitandukaniye he?
Umuntu afise ubumenyi aba azi ibintu kanaka. Uwufise ugutahura na we, arabona isano riri hagati y’ikintu n’ikindi. Umuntu afise ubukerebutsi wewe ashira hamwe ubumenyi be n’ugutahura, maze akabikoresha mu buryo ngirakamaro.—w16.10, rup. 18.