Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Dutunganijwe hisunzwe Ijambo ry’Imana

Dutunganijwe hisunzwe Ijambo ry’Imana

“Yehova mu bukerebutsi bwiwe yarashimangiye umushinge w’isi. Yarashinze amajuru araguma, akoresheje ugutahura.”​—IMIG. 3:19.

INDIRIMBO: 105, 107

1, 2. (a) Bamwebamwe babona gute iciyumviro c’uko Imana ifise ishirahamwe? (b) Ni ibiki turimbura muri iki kiganiro?

IMANA yoba ifise ishirahamwe? Hari abokwiyumvira ngo: “Si ngombwa ngo tuyoborwe n’ishirahamwe. Igihambaye ni ukugiranira ubucuti bwiza n’Imana.” Ico ciyumviro coba ari co? Ibimenyamenya vyerekana iki?

2 Muri iki kiganiro, turarimbura ibimenyamenya vyerekana ko Yehova, ya Mana y’urutonde, ari Ruheta mu gutunganya ibintu. Turarimbura kandi ukuntu dukwiye kwakira ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova. (1 Kor. 14:33, 40) Kuva mu kinjana ca mbere gushika muri iki gihe, abagize igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova bamye bisunga Ivyanditswe mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami hirya no hino kw’isi. Kubera ko twisunga Bibiliya be n’ubuyobozi butangwa n’ishirahamwe, ishengero ryose riguma rityoroye, kandi rikarangwamwo ubumwe n’amahoro.

YEHOVA NI RUHETA MU GUTUNGANYA IBINTU

3. Wemezwa n’iki ko Yehova ari Ruheta mu gutunganya ibintu?

3 Ivyaremwe birerekana ko Imana ari Ruheta mu gutunganya ibintu. Bibiliya ivuga iti: “Yehova mu bukerebutsi bwiwe yarashimangiye umushinge w’isi. Yarashinze amajuru araguma, akoresheje ugutahura.” (Imig. 3:19) Ivyo tuzi ni ‘udusunwa gusa tw’inzira z’Imana,’ kandi “ivyo twumva ku biyerekeye [ni] utwongoshwe gusa.” (Yobu 26:14) Ariko ntiwumve, ibintu bikeyi tuzi ku vyerekeye imibumbe, ibinyenyeri be n’ibigwibigwi vy’ibinyenyeri biratuma twemera ko ivyo bisyo vyo mu kirere birimwo urutonde rw’akumiza. (Zab. 8:3, 4) Ikigwi c’ibinyenyeri kimwe gusa usanga kirimwo ibinyenyeri amamiliyoni n’amamiliyoni, vyose bikaguma bizunguruka mu kirere ku rutonde rudasanzwe. Nk’akarorero, ese ingene imibumbe izunguruka izuba iguma yisunga inzira zayo, nk’aho umengo ikurikiza amategeko y’ibarabara mu bwitonzi ntangere! Mu vy’ukuri, urutonde rusiga ubwenge twibonera mu vyaremwe ruratuma tubona ko Yehova, Umwe yahingura ijuru n’isi abigiranye ugutegera, abereye ko tumusenga kandi tukamushemeza tudahemuka.​—Zab. 136:1, 5-9.

4. Kubera iki hari ibibazo vyinshi siyansi yananiwe kwishura?

4 Ni ivy’ukuri ko siyansi yatumye abantu bamenya vyinshi ku bijanye n’ikirere be n’isi tubako, yongera iragira akamaro mu mice itandukanye y’ubuzima. Ariko rero hariho ibibazo vyinshi siyansi yananiwe kwishura. Nk’akarorero, abahinga mu vy’imibumbe ntibashobora kudusigurira ata kwihenda ingene isi n’ijuru vyabayeho, canke igituma abantu bari kw’isi be n’ibindi binyabuzima vyinshi. Vyongeye, abantu muri rusangi ntibashobora gusigura igituma dufise icipfuzo gikomeye co kubaho ibihe bidahera. (Umus. 3:11) Kubera iki none hari ibibazo vyinshi vy’inkoramutima bitararonka inyishu? Ku ruhande rumwe, ni kubera ko hari abanyasiyansi benshi be n’abandi bantu bavuga ko ata Mana iriho, bakemeza ko ibiriho vyabayeho biciye kw’ihindagurika. Ariko Yehova wewe, arishura ibibazo biraje ishinga abantu bo hirya no hino kw’isi, abicishije kw’Ijambo ryiwe.

5. Ni mu buryo butandukanye ubuhe amategeko agenga ibidukikije ari ntahara mu buzima bwacu?

5 Amategeko adahinduka kandi yo kwizigirwa Yehova yashingiye ibiriho, ni ntahara mu buzima bwacu. Abahinga mu vy’umuyagankuba, mu vy’amazi, mu vy’ubwubatsi, mu vy’ugutwara indege, mu vy’ukubaga abantu be n’abandi bahinga, bose bisunga ayo mategeko mu vyo bakora. Nk’akarorero, ibihimba vy’umubiri usanga biri mu bibanza bimwe ku bantu bose. Iyo rero umuganga agomba kubaga umutima, ntajuragirika arondera aho woba uri. Vyongeye, twese dutegerezwa gukurikiza ayo mategeko. Uwohirahira ngo asimbe avuye ku giti arondera kuguruka nk’inyoni, yoshobora kwibonerako!

IVYO IMANA YATUNGANIJE

6. Ni kubera iki twokwitega ko abasavyi ba Yehova baba abatunganijwe neza?

6 Ibiriho birangwa n’urutonde rutangaje koko. Ntibitangaje rero kubona Yehova yipfuza ko n’abasavyi biwe baba abatunganijwe neza. Nkako, ico ni co catumye aturonsa Bibiliya kugira ngo ituyobore. Uwobaho atisunga ishirahamwe rya Yehova be n’ubuyobozi atanga, vyomukwegera akarambaraye.

7. Ni igiki cerekana ko Bibiliya ari igitabu gitunganijwe neza?

7 Bibiliya si icegeranyo gusa c’ibitabu bivuga ivyerekeye Abayuda be n’abakirisu, ariko bidafitaniye isano. Ahubwo nyabuna ni igitabu gitunganijwe neza, cahumetswe n’Imana. Ibitabu bikigize vyose birafitaniye isano. Kuva mw’⁠Itanguriro gushika mu Vyahishuwe, iciyumviro nyamukuru kiguma cigaragaza muri Bibiliya ni iki: Yehova azokwemeza ko ari we Segaba yongere arangure umugambi afitiye isi, biciye ku Bwami bwiwe buganzwa na Kristu, we “ruvyaro” rwasezeranywe.​—Soma Itanguriro 3:15; Matayo 6:10; Ivyahishuwe 11:15.

8. Kubera iki twovuga ko Abisirayeli bari batunganijwe neza?

8 Abisirayeli ba kera bari batunganijwe neza cane. Nk’akarorero, mu gihe ca rya Tegeko rya Musa, hariho “abagore b’abasukukazi bakora igikorwa gitunganijwe, ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro.” (Kuv. 38:8) Mu gusambura ikambi no mu kwunguruza itaberenakulo, Abisirayeli bisunga urutonde rutomoye. Mu nyuma na ho, Umwami Dawidi yaratunganije neza Abalewi n’abaherezi. (1 Ngo. 23:1-6; 24:1-3) Igihe cose Abisirayeli bagamburukira Yehova, baguma barangwa n’urutonde, ubumwe n’amahoro.​—Gus. 11:26, 27; 28:1-14.

9. Ni igiki cerekana ko ishengero ryo mu kinjana ca mbere ryari ritunganijwe neza?

9 Ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere na ryo nyene ryari ritunganijwe neza, kandi ryarungukira cane ku buyobozi bwatangwa n’inama nyobozi, mu ntango ikaba yari igizwe n’intumwa. (Ivyak. 6:1-6) Mu nyuma, iyo nama nyobozi yarongewemwo abandi bavukanyi. (Ivyak. 15:6) Vyongeye, bamwe mu bari bagize inama nyobozi canke abandi bakorana na bo, ni bo bandikira amashengero amakete yahumetswe yaba arimwo impanuro n’ubuyobozi. (1 Tim. 3:1-13; Tito 1:5-9) None amashengero yungukiye gute ku gukurikiza ubuyobozi bwatangwa n’inama nyobozi?

10. Igihe amashengero yo mu kinjana ca mbere yaba yubahirije ingingo zashinzwe n’inama nyobozi, vyavamwo iki? (Raba ishusho itangura.)

10 Soma Ivyakozwe 16:4, 5Abavukanyi inama nyobozi yarungika kugendera amashengero, barayashikiriza “ingingo zashinzwe [zaba] zapfunditswe n’intumwa be n’abagabo b’inararibonye bari i Yeruzalemu.” Igihe amashengero akurikije izo ngingo, “[yara]bandanya gukomezwa mu kwizera no kwongerekana mu gitigiri ku musi ku musi.” Hoba hari icigwa dukura muri iyo nkuru, twoshira mu ngiro mw’ishirahamwe ry’Imana muri iki gihe?

WOBA UKURIKIZA UBUYOBOZI?

11. Abagabo bagenywe bakwiye kwakira gute ubuyobozi bahabwa n’ishirahamwe ry’Imana?

11 None abagize Komite y’ishami, abacungezi b’imizunguruko be n’abakurambere b’amashengero, bakwiye gukora iki igihe baronse ubuyobozi buvuye kw’ishirahamwe rya Yehova? Ijambo rya Yehova ridusaba twese kugamburuka no kuyoboka. (Gus. 30:16; Heb. 13:7, 17) Agatima ko kugarariza canke gutorana amahinyu nta kibanza gafise mw’ishirahamwe ry’Imana, kubera ko gashobora gutoba ubumwe n’amahoro be n’urukundo birangwa mu mashengero. Umukirisu w’intahemuka, birumvikana ko atokwubahuka kugaragaza agatima k’ubuhemu n’ukutubaha, nka kamwe ka Diyotirefe. (Soma 3 Yohani 9, 10.) Umwe wese muri twebwe yokwibaza ati: ‘Noba ngira ico nterereye mu gukomeza ukwizera kw’abandi? Noba nihutira gushira mu ngiro ubuyobozi butangwa n’abavukanyi batuja imbere?’

12. Ni ihinduka irihe ryabaye ku bijanye n’ingene abakurambere n’abakozi b’ishengero bagenwa?

12 Nk’akarorero, rimbura ingingo Inama Nyobozi iheruka gufata. Ikiganiro “Ibibazo vy’abasomyi” co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Munyonyo 2014, caravuze ihinduka rijanye n’ingene abakurambere n’abakozi b’ishengero bagenwa. Ico kiganiro caravuze ko inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere yahaye abacungezi b’ingenzi ububasha bwo kugena abavukanyi muri ayo mabanga. Ku bw’ivyo rero, kuva kw’itariki 1 Nyakanga 2014, abacungezi b’imizunguruko ni bo bagena abakurambere n’abakozi b’ishengero. Umucungezi w’umuzunguruko aragerageza kumenya umuvukanyi aba yaraswe, kandi bishobotse agakorana na we mu ndimiro. Vyongeye, arihweza umuryango w’uwo muvukanyi. (1 Tim. 3:4, 5) Mu nyuma, inama y’abakurambere be n’umucungezi w’umuzunguruko bararimbura bitonze ko uwo muvukanyi yoba akwije ivyo Ivyanditswe bisaba abakurambere canke abakozi b’ishengero.​—1 Tim. 3:1-10, 12, 13; 1 Pet. 5:1-3.

13. Twokwerekana gute ko dushigikira ubuyobozi duhabwa n’abakurambere?

13 Turakwiye gukurikiza ubuyobozi bushingiye kuri Bibiliya duhabwa n’abakurambere. Abo bungere b’intahemuka barisunga ubuyobozi “ngirakamaro,” ni ukuvuga “ntungamagara,” dusanga mw’Ijambo ry’Imana. (1 Tim. 6:3; akajambo k’epfo.) Niwibuke impanuro Paulo yatanze ku bijanye n’abatagendera ku rutonde mw’ishengero. Ico gihe, hari abantu wasanga “badakora na gatoyi, mugabo [bakita] mu bitabaraba.” Biboneka ko abakurambere babahanura, ariko bakaguma bica amatwi. None ishengero ryari gufata gute umuntu nk’uwo? Paulo yavuze ati: “Uwo mugume mumushizeko ikimenyetso, mureke kwifatanya na we.” Yamara rero, yabasavye kwiyubara kugira ngo ntibamufate nk’umwansi. (2 Tes. 3:11-15) Muri kino gihe, abakurambere boshobora gushikiriza ishengero insiguro yo kurigabisha ku bijanye n’ingendo itukisha ishengero umuntu kanaka aguma agaragaza, nko kureshanya n’uwo badasangiye ukwemera. (1 Kor. 7:39) Uvyakira gute none igihe abakurambere bashikirije insiguro nk’iyo? Nimba uzi uwufise ingeso ivuzwe muri iyo nsiguro, ubona gute uciye wirinda kugiranira imigenderanire na we? Hamwe wobigenza gutyo udahemuka, woshobora gutuma aheba iyo ngeso mbi. [1]

NUTUME ISHENGERO RIGUMA RITYOROYE KANDI RIRANGWAMWO UBUMWE N’AMAHORO

14. Dushobora gute kugira ico duterereye mu bijanye no gutuma ishengero riguma rityoroye?

14 Hamwe twokurikiza ubuyobozi buri mw’Ijambo ry’Imana, turashobora kugira ico duterereye mu bijanye no gutuma ishengero riguma rityoroye. Rimbura ikintu cabaye mw’ishengero ry’i Korinto. Paulo yari yaritanze atiziganya mu kwamamaza muri ico gisagara, kandi yarakunda “aberanda” bagenziwe baba muri co. (1 Kor. 1:1, 2) Iyumvire rero ukuntu yamerewe igihe yamenya ko umwe muri bo yariko yisuka mu buhumbu, mugabo ishengero rikaba ryariko rirabirekerana! Paulo yasavye abakurambere guhereza uwo muntu Shetani, ni ukuvuga kumuca mw’ishengero. Kugira ngo batume ishengero riguma rityoroye, abakurambere bari bakwiye kurikuramwo uwo ‘mwambiro.’ (1 Kor. 5:1, 5-7, 12) Igihe dushigikiye ingingo abakurambere bafashe yo guca umucumuzi atigaya, tuba duterereye mu bijanye no gutuma ishengero riguma rityoroye kandi vyoshobora gutuma uwo mucumuzi yigaya, akarondera guharirwa na Yehova.

15. Dushobora gute kuzigama amahoro mw’ishengero?

15 Hari ikindi kibazo cari gihanze Abanyakorinto. Abavukanyi bamwebamwe bariko barashengeza muri sentare abo basangiye ukwemera. Paulo yababajije ati: “Kubera iki mutopfuma mureka mukarenganywa?” (1 Kor. 6:1-8) Ibintu nk’ivyo biraba no muri kino gihe. Vyarashitse abavukanyi baracanamwo kubera urudandaza bakorana rwahomvye, canke kubera ko umwe yiyumvira yuko uwundi yamugunze. Naho hari abaciye bitwarira abavukanyi babo muri sentare, Ijambo ry’Imana ritubwira ko twopfuma twemera kugungwa aho gusiga iceyi izina ry’Imana canke guhungabanya amahoro y’ishengero. [2]Nkako, igihe dufitaniye n’abandi ingorane zikomeye, dukwiye kwisunga impanuro Yezu yatanze. (Soma Matayo 5:23, 24; 18:15-17.) Tubigenjeje gutyo, turatuma umuryango wose w’abasenga Yehova urangwamwo amahoro.

16. Kubera iki dukwiye kwitega ko abasavyi b’Imana bunga ubumwe?

16 Ijambo rya Yehova riratanga imvo zikwiye gutuma twitega ko abasavyi biwe bunga ubumwe. Umwanditsi w’amazaburi yaririmvye ati: “Raba! Ese ukuntu ari vyiza kandi bihimbaye ko abavukana babana mu bumwe!” (Zab. 133:1) Igihe cose Abisirayeli bagamburukira Yehova, baguma barangwa n’ubumwe be n’urutonde. Vyongeye, Imana yaravuze ivyoshikiye abasavyi bayo, iti: “Nzobashira hamwe, nk’umukuku mu rugo rw’ibitungwa.” (Mika 2:12) Ikindi gihe, biciye ku muhanuzi Zefaniya, Yehova yamenyesheje ati: “Nzohindura ururimi rw’ibisata vy’abantu rube ururimi rutyoroye [rujanye n’ukuri kwo mu Vyanditswe], kugira ngo bose bambaze izina rya Yehova, kugira ngo bamukorere bahuje inama.” (Zef. 3:9) Ese ukuntu twatewe agateka ko gusenga Yehova twunze ubumwe!

Abakurambere barihatira gufasha uwatirimutse (Raba ingingo ya 17)

17. Igihe hari uwakoze igicumuro gikomeye, abakurambere bakwiye gukora iki kugira ngo ishengero rigume ryunze ubumwe kandi rityoroye?

17 Kugira ngo ishengero rigume rityoroye, abakurambere bategerezwa gutunganya ibijanye n’ibicumuro bikomeye badatebaganye kandi babigiranye urukundo. Paulo yari azi ko urukundo rw’Imana rudatwarwa n’ibishobisho kandi ko rutarenza uruho rw’amazi ku kibi. (Imig. 15:3) Ni co gituma atatinye kwandikira Abakorinto ikete rya mbere, iririmwo amajambo akomeye ariko aranga urukundo. Ikete rya kabiri yabandikiye haciye amezi nk’angahe, rirerekana ko ibintu vyari vyahindutse, kubera ko abakurambere bari bashize mu ngiro ivyo iyo ntumwa yari yabasavye. Igihe rero umukirisu kanaka atirimutse imbere y’uko abimenya, abakurambere bakwiye kumubogora n’umutima w’ubwitonzi.​—Gal. 6:1.

18. (a) Impanuro zo mw’Ijambo ry’Imana zafashije gute amashengero yo mu kinjana ca mbere? (b) Ni ibiki turimbura mu kiganiro gikurikira?

18 Biragaragara ko igihe abakirisu bo kinjana ca mbere baba bisunze impanuro zo mw’Ijambo ry’Imana, vyatuma amashengero yabo aguma atyoroye kandi arangwamwo ubumwe n’amahoro. (1 Kor. 1:10; Ef. 4:11-13; 1 Pet. 3:8) Ivyo vyatumye barangura vyinshi mu gikorwa co mu ndimiro. Nkako, Paulo yavuze ko ico gihe, inkuru nziza “yamamajwe mu vyaremwe vyose biri munsi y’ijuru.” (Kol. 1:23) No muri kino gihe, utwigoro tugirwa n’abagize ishirahamwe rimwe rudende ryunze ubumwe, turiko turatuma abantu bo hirya no hino kw’isi bamenya ibijanye n’imigambi myiza igitangaza y’Imana. Mu kiganiro gikurikira turabona ibindi bimenyamenya vyerekana ko abo basavyi b’Imana bubaha cane Bibiliya, kandi ko biyemeje gutera iteka Umukama Segaba Yehova.​—Zab. 71:15, 16.

^ [1] (ingingo ya 13) Raba igitabu Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba, rup. 134-136.

^ [2] (ingingo ya 15) Ushaka kumenya ivyoshobora gutuma umukirisu ahitamwo kwitwarira umukirisu mugenziwe, raba igitabu “Mwigumize mu rukundo rw’Imana,” rup. 223, akajambo k’epfo.