Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uha agaciro cane Ijambo rya Yehova?

Woba uha agaciro cane Ijambo rya Yehova?

“Igihe mwakira ijambo ry’Imana, . . . mwaryemeye  . . . nk’uko riri koko, nk’ijambo ry’Imana.”​—1 TES. 2:13.

INDIRIMBO: 114, 113

1-3. Ukutumvikana kwabaye hagati ya Evodiya na Sintike gushobora kuba kwadutse gute, kandi twokwirinda gute ingorane mwene izo? (Raba ishusho itangura.)

ABASAVYI ba Yehova baraha agaciro cane Ijambo ryiwe Bibiliya. Kubera ko tudatunganye, birashika twese tugahabwa impanuro zishingiye ku Vyanditswe. None dukwiye kuzakira gute? Rimbura ivyashikiye abakirisu bo mu kinjana ca mbere, ari bo Evodiya na Sintike. Hari ingorane zikomeye zadutse hagati y’abo bagore barobanuwe. Uti ingorane nyabaki? Bibiliya ntivuga izo ari zo. Ariko rero, reka twihe ishusho y’ivyoba vyarabaye.

2 Dufate ko Evodiya yatumiye abavukanyi na bashiki bacu kugira ngo basangire imfungurwa bongere binezereze. Sintike ntiyatumiwe, ariko yarumvise ko bose baryohewe. Yoshobora kuba yaciye avuga ati: ‘Sinumva ukuntu Evodiya yokwanka kuntumira! Nari nzi ko turi abagenzi somambike.’ Kubera ko Sintike yumvise umengo Evodiya yamuhemukiye, yaciye atangura kumwikeka, mbere no kumwinuba aramwinuba. Sintike utanka yaciye atumira abo bavukanyi n’abo bashiki bacu nyene, mugabo Evodiya ntiyamutumira! Ingorane yari hagati ya Evodiya na Sintike ishobora kuba yarahungabanije amahoro y’ishengero ryose. Bibiliya ntitubwira ingene vyahavuye bigenda, ariko abo bashiki bacu bashobora kuba barumviye impanuro iranga urukundo bahawe n’intumwa Paulo.​—Flp. 4:2, 3.

3 Rimwe na rimwe, ibintu bisa n’ivyo birateza ingorane mu mashengero y’abasavyi ba Yehova muri iki gihe. Ariko rero igihe dukurikije impanuro dusanga mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya, turashobora gutorera umuti mwene izo ngorane canke mbere tukazirinda. Vyongeye, igihe tubayeho twisunga ivyo Ijambo ry’Imana rivuga, tuba twerekanye ko turiha agaciro cane.​—Zab. 27:11.

BIBILIYA IDUHANURA KWIGUMYA

4, 5. Ijambo ry’Imana riduhanura iki ku bijanye no kwigumya?

4 Ntivyama vyoroshe kwigumya igihe tubona ko twasuzuguwe canke twarenganijwe. Birashobora kutubabaza cane igihe dufashwe nabi kubera ubwoko, ibara ry’urukoba canke ikindi kintu dutandukaniyeko n’abandi ku mubiri. Ese ukuntu birushiriza kutubabaza igihe bigizwe n’uwo dusangiye ukwemera! None igihe dushikiwe n’ikintu nk’ico, Ijambo ry’Imana ryoba rishobora kuduha impanuro zidufasha?

5 Kuva abantu babayeho, Yehova arazi ibiba hagati yabo. Aramenya ivyo dukora be n’ivyo twiyumvira. Igihe turengewe n’umubabaro canke ishavu, turashobora kuvuga canke gukora ibintu twoshobora kwicuza mu nyuma. Ese ukuntu biranga ubukerebutsi igihe twumviye impanuro yo muri Bibiliya idusaba kwigumya no kutihutira gushavura! (Soma Imigani 16:32; Umusiguzi 7:9.) Twese rero, turakwiye kwirinda kuba inkomwahato kandi tukarushiriza kubabarira abandi. Ukubabarira abandi ni ikintu Yehova na Yezu bashimikako cane. (Mat. 6:14, 15) Woba none ukwiye kurushiriza kuba umuntu ababarira abandi kandi yigumya?

6. Kubera iki dukwiye kwirinda gushangashirwa?

6 Abantu batigumya, akenshi usanga bashangashirwa. Ivyo vyoshobora gutuma abandi babaca kure. Umuntu ashangashirwa arashobora kugira akosho kabi mw’ishengero. Yoshobora kugerageza guhisha ishavu canke urwanko afise, mugabo ivyiyumviro bibi biri muri we “[bi]zopfukurwa mw’ishengero.” (Imig. 26:24-26) Abakurambere boshobora gukoresha Bibiliya kugira bafashe abantu nk’abo kubona ko gushangashirwa, urwanko n’ukubika inzika ari ibintu bidafise ikibanza mw’ishirahamwe ry’Imana. Ijambo rya Yehova rirerekana neza ico kintu. (Lew. 19:17, 18; Rom. 3:11-18) Woba wemera ivyo rivuga?

YEHOVA ARATUYOBORA

7, 8. (a) Yehova ayobora gute igice co kw’isi c’ishirahamwe ryiwe? (b) Ni ubuyobozi bumwebumwe ubuhe dusanga mw’Ijambo ry’Imana, kandi ni kubera iki dukwiye kubwisunga?

7 Yehova arayobora akongera akigisha abari mu gice co kw’isi c’ishirahamwe ryiwe. Abicisha ku “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” ayobowe na Kristu, we “mutwe w’ishengero.” (Mat. 24:45-47; Ef. 5:23) Cokimwe n’inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere, uwo mushumba aremera Ijambo ry’Imana ryahumetswe kandi akariha agaciro cane. (Soma 1 Abatesalonika 2:13.) None ni ubuyobozi bumwebumwe ubuhe dusanga muri Bibiliya budufitiye akamaro?

8 Bibiliya iraduhimiriza kwama twitaba amakoraniro. (Heb. 10:24, 25) Iraturemesha twese guhuza mu vyo twemera. (1 Kor. 1:10) Ijambo ry’Imana ridusaba gushira imbere Ubwami mu buzima bwacu. (Mat. 6:33) Ivyanditswe birashimika kandi ku gateka dufise ko kwamamaza inzu ku nzu, mu bibanza bihuriramwo abantu benshi be n’igihe akaryo kizanye. (Mat. 28:19, 20; Ivyak. 5:42; 17:17; 20:20) Ijambo ry’Imana rirasaba abakurambere gutuma ishirahamwe ry’Imana riguma ridahumanye. (1 Kor. 5:1-5, 13; 1 Tim. 5:19-21) Vyongeye, Yehova ategeka abari mw’ishirahamwe ryiwe bose kuba abadahumanye ku mubiri no mu vy’impwemu.​—2 Kor. 7:1.

9. Ni nde Yezu ariko arakoresha kugira ngo adufashe gutahura Ijambo ry’Imana?

9 Hari abiyumvira ko bashobora gusigura Bibiliya nk’uko bishakiye. Ariko rero, wa “mushumba w’umwizigirwa” ni we Yezu yagenye kugira ngo abe ari we wenyene acishako ibifungurwa vy’impwemu. Kuva mu 1919, Yezu Kristu uwaninahajwe, arakoresha uwo mushumba kugira ngo afashe abayoboke biwe gutahura Ijambo ry’Imana no gukurikiza ivyo ridusaba. Igihe tugamburutse ubuyobozi buri muri Bibiliya, tuba dutumye mw’ishengero haba amahoro, ubumwe n’ukudahumana. Vyoba vyiza rero umwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Noba ngamburukira abo Yezu ariko arakoresha muri iki gihe?’

UMUKOGOTE WA YEHOVA URIKO UGENDA WIHUTA!

10. Igice co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova kidondorwa gute mu gitabu ca Ezekiyeli?

10 Ijambo rya Yehova ryanditse riradufasha kumenya ibijanye n’igice co mw’ijuru c’ishirahamwe ryiwe. Nk’akarorero, umuhanuzi Ezekiyeli yareretswe umukogote wo mw’ijuru, uwugereranya igice co mw’ijuru c’ishirahamwe ry’Imana. (Ezk. 1:4-28) Yehova aragendera kuri uwo mukogote, kandi aho impwemu yiwe ishatse ko uja hose ni ho uja. Ico gice co mw’ijuru c’ishirahamwe ryiwe na co, gica kiyobora igice co kw’isi. Uwo mukogote uriko ugenda wihuta koko! Zirikana amahinduka menshi amaze kuba mw’ishirahamwe mu myaka cumi irangiye, kandi wibuke ko Yehova ari we atuma ivyo biba. Kubera ko Kristu n’abamarayika beranda bagiye gutikiza iyi si mbi, umukogote wa Yehova uriko ugenda wihuta kugira ngo ubusegaba bwiwe bwemezwe, izina ryiwe na ryo ryezwe!

Turakengurukira cane abitanga babikunze benshi bakora batiziganya mu bikorwa vy’ubwubatsi (Raba ingingo ya 11)

11, 12. Ni ibintu bimwebimwe ibihe ishirahamwe rya Yehova ririko rirarangura?

11 Rimbura ivyo igice co kw’isi c’ishirahamwe ry’Imana kiriko kirarangura muri iyi misi ya nyuma. Ubwubatsi. Abakozi amajana n’amajana barakoze birashimwa mu kwubaka icicaro gikuru gishasha c’Ivyabona vya Yehova i Warwick muri Amerika. Abantu ibihumbi n’ibihumbi bo hirya no hino kw’isi bafasha mu bwubatsi, bariko barakora bakobeje mu kwubaka Ingoro z’Ubwami nshasha, bongera basanura inyubakwa z’ibiro vy’amashami. Babigira bahagarikiwe n’Urwego rujejwe imigero n’ubwubatsi. Ese ukuntu dukengurukira abitanga babikunze benshi bakora batiziganya muri ivyo bikorwa! Yehova kandi arahezagira abamamaji b’Ubwami bo hirya no hino kw’isi, batanga intererano uko bashoye kwose bicishije bugufi kandi badahemuka, kugira bashigikire ivyo bikorwa.​—Luka 21:1-4.

12 Inyigisho. Rimbura amashure atandukanye atanga inyigisho ziva ku Mana. (Yes. 2:2, 3) Turafise Ishure ry’abatsimvyi, Ishure ry’abamamaji b’Ubwami, Ishure rya Gileyadi, Ishure ry’abacungezi b’imizunguruko n’abakenyezi babo, Ishure ry’abakurambere b’ishengero, Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami be n’Ishure ry’abagize Komite y’ishami n’abakenyezi babo. Mbega ukuntu Yehova ahimbarwa no kwigisha abasavyi biwe! Vyongeye, inyigisho zishingiye kuri Bibiliya ziratangwa kuri rwa rubuga rwacu jw.org, aho dusanga ibitabu mu ndimi amajana n’amajana. Urwo rubuga ruriko ibice bidasanzwe bigenewe abana be n’imiryango, hamwe n’ikindi kigenewe amakuru. Woba umaze gukoresha jw.org mu busuku urangura no mu gusenga kwo mu muryango?

NUBE INTAHEMUKA KURI YEHOVA, USHIGIKIRE N’ISHIRAHAMWE RYIWE

13. Twebwe abasavyi ba Yehova b’intahemuka dutegerezwa gukora iki?

13 Ese ukuntu ari agateka kuba turi mw’ishirahamwe rya Yehova! Kubera ko tuzi ivyo Imana isaba be n’ingingo ngenderwako zayo, dutegerezwa gukora ibibereye kandi tugashigikira ubusegaba bwayo. Uko iyi si irushiriza kwisuka cane mu buhumbu, dutegerezwa ‘kwanka ikibi,’ nk’uko Yehova acanka. (Zab. 97:10) Ntidushaka kwifatanya n’abatibanga Imana, abavuga ko “iciza ari kibi, n’ikibi ko ari ciza.” (Yes. 5:20) Kubera ko twipfuza guhimbara Imana, turihatira kuguma tudahumanye ku mubiri, mu nyifato runtu no mu vy’impwemu. (1 Kor. 6:9-11) Turakunda Yehova kandi tukamwizigira. Dushaka kumwereka ko turi intahemuka kuri we, mu kubaho twisunga ingingo ngenderwako ziwe ziri muri Bibiliya. N’ikindi kandi, turagira uko dushoboye kwose kugira ngo dukurikize izo ngingo ngenderwako i muhira, mw’ishengero, ku kazi, kw’ishure, eka n’ahandi hose. (Imig. 15:3) Rimbura iyindi mice dushobora kugaragazamwo ko turi intahemuka ku Mana.

14. Abavyeyi bakirisu bagaragaza gute ko ari intahemuka ku Mana?

14 Kurera abana. Abavyeyi bakirisu baragaragaza ko ari intahemuka kuri Yehova, mu kurera abana babo bisunze Ijambo ryiwe. Abavyeyi bubaha Imana ntibarera abana babo bisunze ivyiyumviro vyo muri iyi si. Impwemu y’isi nta kibanza ifise mu rugo rw’abakirisu. (Ef. 2:2) Sebibondo yabatijwe ntakwiye kwibwira ngo ‘mu gihugu iwacu, kurera abana ni ivy’abagore.’ Ku bijanye no kurera abana, Bibiliya ivuga idakikiriza iti: “Ba se, . . . mubandanye kubarera mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Ef. 6:4) Ba sebibondo na ba inabibondo batinya Imana baripfuza ko abana babo bamera nka Samweli, kubera ko Yehova yabanye na we igihe yariko arakura.​—1 Sam. 3:19.

15. Igihe dufata ingingo zihambaye, twerekana gute ko turi intahemuka kuri Yehova?

15 Gufata ingingo. Uburyo bumwe bwo kugaragaza ko turi intahemuka ku Mana igihe dufata ingingo zihambaye mu buzima, ni ukurondera imfashanyo mw’Ijambo ryayo ryanditse be no mw’ishirahamwe ryayo. Kugira tubone igituma bihambaye, rimbura ikintu c’inkoramutima gishikira abavyeyi benshi. Biramenyerewe ko abimukira bamwebamwe barungikira incuti inzoya zabo ngo bazirere, kugira ngo abo bavyeyi babandanye guca amafaranga mu gihugu baba barimukiyemwo. Naho iyo ari ingingo umuntu yifatira, turakwiye kwama twibuka yuko Imana iri n’ico izotubaza ku ngingo zose dufata. (Soma Abaroma 14:12.) Vyoba none biranga ubukerebutsi dufashe ingingo zihambaye zerekeye abacu n’ivyacu, tutabanje gusuzuma ico Bibiliya ivuga? Eka data! Turakeneye gufashwa n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, kuko tudashobora kuyobora intambuko zacu.​—Yer. 10:23.

16. Ni ingingo iyihe umugore umwe yafashe igihe yavyara umwana w’umuhungu, kandi ni igiki camufashije gufata ingingo ibereye?

16 Hari umugore umwe yibarutse umwana w’umuhungu igihe yaba mu mahanga, akaba yagomba kumurungika mu gihugu iwabo kugira ngo arerwe na inakuru be na sekuru. Igihe yavyara, yari yatanguye kwiga Bibiliya n’Icabona ca Yehova. Yarateye imbere maze aratahura ko ari we Imana yahaye ibanga ryo kwigisha umwana wiwe gusenga Yehova. (Zab. 127:3; Imig. 22:6) Uwo mugore akiri muto yarasukiye Yehova ibiri ku mutima, nk’uko nyene Ivyanditswe bidusaba kubigira. (Zab. 62:7, 8) Vyongeye, yaravyiganiye uwamwigisha Bibiliya be n’abandi bo mw’ishengero. Naho incuti n’abagenzi biwe baguma bamuhata ngo arungike uwo mwana kwa sekuru, yabonye ko bitari bibereye ko abigira. Umunega wiwe yarakozwe cane ku mutima n’ukuntu ishengero ryabereye ubuhungiro umugore wiwe n’umwana wiwe, aca aremera kwiga Bibiliya yongera aratangura kuza arajana na bo ku makoraniro. Ibaze nawe ukuntu uwo mugore yaryohewe abonye ko Yehova yishuye isengesho yari yamutuye rivuye ku mutima!

17. Ni ubuyobozi ubuhe twahawe ku bijanye n’abo twigisha Bibiliya?

17 Gukurikiza ubuyobozi. Kugira tugaragaze ko turi intahemuka ku Mana, birahambaye ko dukurikiza ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe ryayo. Nk’akarorero, rimbura inama twagiriwe ku bijanye n’abo twigisha Bibiliya. Twasabwe ko tumaze igihe gito dutanguje inyigisho mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, twoza turafata iminota mikeya igihe cose duhejeje kwiga, kugira dusigurire umutohoji ivyerekeye ishirahamwe. Ivyo twobigira dukoresheje ka kavidewo kavuga ngo Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga be na ka gatabu kavuga ngo Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe? Vyongeye, twaragiriwe inama yuko turangije kwigisha umutohoji ateye imbere igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, twoca tumwigisha igitabu Mwigumize mu rukundo rw’Imana,” mbere n’igihe yoba amaze kubatizwa. Ishirahamwe ryatanze ubwo buyobozi kugira ngo abigishwa bashasha babe “[aba]tanyiganyiga mu kwizera.” (Kol. 2:7) Woba none uriko urakurikiza izo nama tugirwa n’ishirahamwe rya Yehova?

18, 19. Ni imvo zimwezimwe izihe zikwiye gutuma dukengurukira Yehova?

18 Hariho imvo nyinshi zotuma dukengurukira Imana! Ubwa mbere hoho, ni uko “muri yo ari ho dufise ubuzima, tukagendagenda kandi tukaba turiho.” (Ivyak. 17:27, 28) Vyongeye, yaraduhaye ingabire y’agaciro, ni ukuvuga Ijambo ryayo Bibiliya. Turemera rwose ko ari ubutumwa buva ku Mana, nka kumwe nyene abakirisu b’i Tesalonika baryemera bakongera bakaryakira.​—1 Tes. 2:13.

19 Kuba dufise Ijambo ry’Imana vyaratumye twiyegereza Yehova, na we aratwiyegereza. (Yak. 4:8) Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru yaraduteye agateka gahambaye ko kuba mu bagize ishirahamwe ryiwe. Ese ingene dukenguruka uwo muhezagiro dufise! Umwanditsi w’amazaburi yarashimitse cane kuri ico kintu, igihe yaririmba ati: “Nimukengurukire Yehova, kuko ari mwiza: kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero.” (Zab. 136:1) Muri iyo Zaburi ya 136, ayo majambo ngo “kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero” agaruka incuro 26. Nitwaba intahemuka kuri Yehova no kw’ishirahamwe ryiwe, tuzokwibonera ko ayo majambo ari ay’ukuri, kubera ko tuzobaho ibihe bidahera!