Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imvugo yakora cane ku mutima!

Imvugo yakora cane ku mutima!

“MUGORE.” Iyo mvugo Yezu yarayikoresha rimwe na rimwe, igihe yaba ariko avugana n’abantu b’igitsina-gore. Nk’akarorero, igihe yakiza umukenyezi yari amaze amezi 18 ahetamye nk’uwavunitsemwo kubiri, yamubwiye ati: “Mugore, urabohowe ubugoyagoye bwawe.” (Luka 13:10-13) Yezu yaranakoresheje iyo mvugo igihe yariko avugana na nyina wiwe. Muri ivyo bihe, abantu bari bamenyereye iyo mvugo kandi babona ko iranga urupfasoni. (Yoh. 19:26; 20:13) Ariko rero, hariho iyindi mvugo yaranga urupfasoni kuruta iyo.

“Mukobwa wanje.” Igihe Bibiliya ivuga ivyerekeye abagore bamwebamwe, usanga ikoresha iyo mvugo iranga ubuntu n’ikibabarwe bidasanzwe. Yezu yarayikoresheje igihe yavugana n’umugore yari amaze imyaka 12 ava amaraso. Uwo mugore ntiyari yemerewe namba kwegera Yezu, kuko Itegeko ry’Imana ryavuga ko umuntu nk’uyo yaba ahumanye. Vyoshobora kuvugwa rero ko atari akwiye kuja mu bandi afise iyo ngorane. (Lew. 15:19-27) Ariko rero, yari yihebuye. Nkako, “yari yararuhijwe cane n’abaganga benshi, yarakoresheje n’utwiwe twose ntihagira ico bimumarira, ahubwo riho bikarushiriza kwunyuka.”​—Mrk. 5:25, 26.

Nya mugore yarombotse mw’isinzi ry’abantu, aca inyuma Yezu hanyuma akora ku buyonga bw’impuzu yiwe. Ako kanya nyene, wa mugende w’amaraso ntiyamenye n’iyo waciye! Yari azi ko ata wubica n’ikanda, mugabo aca yumva Yezu abajije ati: “Ni nde yankozeko?” (Luka 8:45-47) N’ubwoba n’akantu, nya mugore yaciye yikubita imbere ya Yezu ajugumira, maze “amubwira ukuri kwose.”​—Mrk. 5:33.

Kugira ngo Yezu ahumurize uwo mugore, yamubwiye n’umutima mwiza ati: “Rema, mukobwa wanje” (Mat. 9:22) Nk’uko bivugwa n’abahinga mu vya Bibiliya, ijambo ry’igiheburayo be n’iry’ikigiriki ahindurwa ngo “mukobwa wanje,” arashobora gukoreshwa mu mvugo ngereranyo iserura “ubuntu n’ikibabarwe.” Yezu yarabandanije kumusubiriza umutima mu nda, ati: “Ukwizera kwawe kuragukijije. Genda amahoro, ukire indwara yawe isesereza.”​—Mrk. 5:34.

Wa Mwisirayeli w’umutunzi Bowazi, na we nyene yarakoresheje iyo mvugo mu guhamagara Rusi, wa Munyamowabukazi. Cokimwe na wa mugore, Rusi yari n’imvo yo guhagarika umutima, kubera ko yariko atorora sayiri mu murima w’umuntu atazi. Bowazi yavuze ati: “Urumva ga mukobwa wanje?” Yaciye rero amubwira yuko yobandanya gutorora mu mirima yiwe. Rusi yaciye akubita inkoro hasi imbere ya Bowazi, maze amubaza igituma amugaragarije umutima mwiza nk’uwo, kandi ari umunyamahangakazi. Mu kumwishura, Bowazi yararushirije kumusubiriza umutima mu nda ati: “Banyiganiye neza ivyo wakoreye nyokobukwe [Nawomi] vyose . . . Yehova aguhembere ivyo ukora.”​—Rusi 2:8-12.

Ese ukuntu Yezu na Bowazi babera akarorero keza abakurambere! Birashika abakurambere babiri bakabonana na mushiki wacu akeneye gufashwa no kuremeshwa mu vy’impwemu. Igihe abo bakurambere bituye Yehova mw’isengesho kandi bakumviriza uwo mushiki wacu bitonze, barashobora kumuhumuriza no kumuha uruhoza ruva mw’Ijambo ry’Imana.​—Rom. 15:4.