Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Mugume muremeshanya ku musi ku musi

Mugume muremeshanya ku musi ku musi

“Nimba hari ijambo ry’indemesho mufise ryo kubwira abantu, rivuge.”​—IVYAK. 13:15.

INDIRIMBO: 121, 45

1, 2. Ni kubera iki kuremesha abandi bihambaye?

CRISTINA [1]ni umwigeme w’imyaka 18. Avuga ati: “Abavyeyi banje bandemesha gake kabaho, bakanegura kenshi cane. Ivyo bambwira birambabaza rwose. Emama ngo ndayayata, ngo ndi intumva canke ngo ndi ikijuju. Akenshi nca ndira, sinsubire no kubavugisha. Numva umengo nta co maze.” Emwe, kubaho utabwirwa akajambo k’indemesho, biravuna umutima!

2 Ku rundi ruhande, kuremesha abandi birabatera intege zo gukora ivyiza. Uwitwa Rubén avuga ati: “Naramaze imyaka myinshi numva umengo nta co maze. Ariko umusi umwe, umukurambere twari kumwe mu ndimiro yarabonye ko ntari meze neza. Naramwiganiye ingene nari merewe, na we arantega yompi abigiranye ikibabarwe. Yaciye anyibutsa ivyiza nariko ndarangura. Yaranyibukije n’amajambo Yezu yavuze, yuko umwe wese muri twebwe aruta utujuri twinshi. Akenshi ndibuka ico canditswe, kandi n’ubu kiracankora ku mutima. Ivyo uwo mukurambere yambwiye vyarahinduye ubuzima bwanje bimwe bidasanzwe.”​—Mat. 10:31.

3. (a) Intumwa Paulo yavuze iki ku bijanye no kuremeshanya? (b) Ni ibiki turimbura muri iki kiganiro?

3 Ntibitangaje rero kubona Bibiliya ivuga ko dukwiye kwama turemeshanya. Intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’Abaheburayo ati: “Mwiyubare, bene wacu, kugira ngo ntihigere hatsimbatara mu muntu n’umwe muri mwebwe umutima mubi utizera mu kuva kuri ya Mana nzima; mugabo mugume muhimirizanya [canke muremeshanya] ku musi ku musi, . . . kugira ngo ntihagire uwo muri mwebwe akomantazwa n’ububasha buhendana bw’igicumuro.” (Heb. 3:12, 13) Iyo wibutse ingene wakomejwe n’indemesho wahawe igihe wari wacitse intege, uca ubona ukuntu iyo mpanuro idusaba kuremeshanya ihambaye. Nimuze rero turimbure ibibazo bikurikira: Kubera iki bihambaye ko turemesha abandi? Ni ibiki twigira ku kuntu Yehova, Yezu be na Paulo baremesheje abandi? Vyongeye, dushobora gute kuremesha abandi mu buryo kirumara?

TWESE TURAKENEYE KUREMESHWA

4. Ni bande bakeneye kuremeshwa, ariko ni kubera iki kuremesha abandi usanga ari imbonekarimwe?

4 Twese turakeneye kuremeshwa. Ivyo turabikenera canecane igihe tukiri bato. Umurezi umwe yitwa Timothy Evans asigura ati: “Kurya nyene ibiterwa bikenera amazi ni ko abana . . . bakenera indemesho. Iyo umwana aremeshejwe, bituma yumva ko ari n’ico amaze be n’uko akundwa.” Ariko rero tubayeho mu bihe bigoye. Abantu barikunda, bakiyumvamwo ababo buhoro, na yo ivyo kuremesha abandi vyovyo ni imbonekarimwe. (2 Tim. 3:1-5) Hariho abavyeyi badakeza abana babo kubera ko na bo nyene batigeze bakezwa n’abavyeyi babo. Abakozi benshi barakora ntibashimirwe, bigatuma baguma bidoga.

5. Kuremesha abandi bijamwo n’ibiki?

5 Kuremesha umuntu, akenshi birajamwo no kumukeza ku vyo aba yakoze neza. Vyongeye, turashobora kuremesha abandi mu kubabwira ko bafise kamere nziza, canke mu kuyagisha “abadendebukiwe n’ijwi ryirura.” (1 Tes. 5:14) Ijambo ry’ikigiriki rikunze guhindurwa ngo “indemesho” ritekeye iciyumviro co guhamagara umuntu ngo aze iruhande yawe kugira akuremeshe. Uko dukorana n’abavukanyi be na bashiki bacu, usanga turonka uturyo two kubabwira akajambo k’indemesho. (Soma Umusiguzi 4:9, 10.) Twoba none dukoresha utwo turyo kugira tubwire abandi igituma tubakunda be n’igituma tubakengurukira? Imbere yo kwishura ico kibazo, vyoba vyiza tubanje kuzirikana kuri uwu mugani ugira uti: “Ijambo rije ku gihe caryo, ewe kuntu ari ryiza!”​—Imig. 15:23.

6. Kubera iki Shetani yipfuza kuduca intege? Tanga akarorero.

6 Shetani yipfuza kuduca intege kubera azi yuko bica bituma tugoyagoya mu vy’impwemu no mu yindi mice y’ubuzima. Mu Migani 24:10 hagira hati: “Woba wacitse intege ku musi w’amarushwa? Inkomezi zawe zizoba nke.” Shetani yarakoresheje urukurikirane rw’ivyago be n’ibirego kugira ngo ace intege wa mugororotsi Yobu, ariko uwo mugambi ugayitse warasenzwe. (Yobu 2:3; 22:3; 27:5) Turashobora kurwanya ibikorwa vya Shetani mu kuremesha abagize imiryango yacu be n’ishengero turimwo. Ivyo bituma mu ngo zacu be no ku Ngoro y’Ubwami harangwa agahimbare n’ukuruhurirwa.

UBURORERO TWOKWIGANA

7, 8. (a) Ni uburorero ubuhe bwo muri Bibiliya bwerekana ko Yehova abona ko kuremesha abandi bihambaye? (b) Abavyeyi bokwigana gute Yehova? (Raba ishusho itangura.)

7 Yehova. Umwanditsi w’amazaburi yaririmvye ati: “Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza.” (Zab. 34:18) Igihe Yeremiya yatekerwa n’ubwoba kandi agacika intege, Yehova yarateye intege uwo muhanuzi w’umwizigirwa. (Yer. 1:6-10) Vyongeye, iyumvire ukuntu wa muhanuzi w’umutama Daniyeli yumvise aremye igihe Imana yamurungikira umumarayika kugira ngo amukomeze. Nya mumarayika yabwiye Daniyeli ko ari umuntu “ahimbaye cane”! (Dan. 10:8, 11, 18, 19) Woba nawe ushobora kuremesha abamamaji, abatsimvyi be n’abitereye mu myaka usanga batagifise inkomezi nka kera?

8 Igihe Yezu yari kw’isi, Imana ntiyiyumviriye ko uwo Mwana wiwe mukundwa atari agikeneye kuremeshwa no gukezwa, ngo ni uko bari barakoranye imyaka myinshi. Ahubwo nyabuna, Yezu yarumvise incuro zibiri zose ijwi rya Se riva mw’ijuru riti: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye.” (Mat. 3:17; 17:5) Imana rero yarakeje Yezu yongera iramukura amazinda ko ivyo yariko arakora vyari vyiza cane. Yezu ategerezwa kuba yararemeshejwe n’ayo majambo yumvise incuro zibiri, mu ntango y’igikorwa ciwe no mu mwaka wa nyuma yamaze kw’isi. Yehova kandi yararungitse umumarayika kugira ngo akomeze Yezu igihe yari mu maganya, mw’ijoro ry’imbere y’uko apfa. (Luka 22:43) Nimba uri umuvyeyi, niwigane Yehova mu kwama uremesha abana bawe no mu kubakeza igihe baba bakoze neza. Urakwiye kandi kurushiriza kubafata mu mugongo igihe baba bahanganye n’ibigerageza ukwizera kwabo kw’ishure.

9. Ni ibiki dushobora kwigira ku kuntu Yezu yafashe abigishwa biwe?

9 Yezu. Mw’ijoro ry’imbere y’uko Yezu apfa, yarabonye ko mu ntumwa ziwe harangwa agatima k’ubwibone. Yezu yarabogeje ibirenge yicishije bugufi, ariko bagumye bahazuka ku bijanye n’uwari mukuru muri bo. Petero wewe yariyizigiye birenze. (Luka 22:24, 33, 34) Naho ari ukwo, Yezu yarabakeje kubera ko bamwumiyeko mu bigeragezo yaciyemwo. Yaranababwiye ko bokoze ibiruta ivyo yakoze, yongera arabakura amazinda yuko Imana ibakunda. (Luka 22:28; Yoh. 14:12; 16:27) Niwibaze rero uti: ‘Ubwo none sinkwiye kwigana Yezu mu gukeza abana banje be n’abandi ku vyo bakora neza, aho kwibanda ku tunenge bafise?’

10, 11. Intumwa Paulo yerekanye gute ko yaha agaciro ibijanye no kuremesha abandi?

10 Intumwa Paulo. Mu makete Paulo yanditse, yaravuze neza abakirisu bagenziwe. Yaramaze imyaka myinshi agirana ingendo na bamwebamwe muri bo, kandi nta gukeka ko yababonyeko amakosa. Naho ari ukwo, yabavuzeko ibintu vyiza. Nk’akarorero, Paulo yavuze ko Timoteyo yari “umwana [wiwe] w’umukundwa kandi w’umwizigirwa mu Mukama,” uwokwitwararitse vy’ukuri abakirisu bagenziwe. (1 Kor. 4:17; Flp. 2:19, 20) Vyongeye, iyo ntumwa yarashemagije Tito ku bagize ishengero ry’i Korinto. Yavuze ko ‘yafatanije na we kandi akaba n’umukozi mugenziwe ku bw’inyungu zabo.’ (2 Kor. 8:23) Ese ukuntu Timoteyo na Tito bategerezwa kuba bararemeshejwe no kumenya ingene Paulo yababona!

11 Paulo na Barunaba baremeye gushira ubuzima bwabo mu kaga, barasubira mu turere bagiriyemwo ingorane zikomeye. Nk’akarorero, naho bari barahuye n’uruhamo rukaze i Lusitira, barasubiyeyo kugira baremeshe abigishwa bashasha kuguma mu kwizera. (Ivyak. 14:19-22) Igihe Paulo yari i Efeso, yaratewe n’isinzi ryari ryashangashiwe. Mu Vyakozwe 20:1, 2 hagira hati: “Nya ntureka imaze guhwama, Paulo atumako abigishwa, hanyuma amaze kubaremesha no kubaha agasaga, ava ng’aho aja i Makedoniya. Aho amariye guca muri iyo mihingo akaremesha abahari akoresheje amajambo atari make, aza mu Bugiriki.” Biragaragara ko Paulo yaha agaciro ibijanye no kuremesha abandi.

KUREMESHANYA BIRACAKENEWE

12. Amakoraniro tugira adufasha gute kuremeshanya?

12 Kimwe mu vyatumye Yehova atunganya ivy’uko twokwama dukoranira hamwe ni ukugira ngo turemeshanye. (Soma Abaheburayo 10:24, 25.) Nk’uko nyene abayoboke ba Yezu bo mu ntango babigira, duhurira hamwe kugira twige twongere turemeshanye. (1 Kor. 14:31) Umwe Cristina twavuga mu ntango, avuga ati: “Ico nkundira cane amakoraniro ni indemesho ndaharonkera be n’urukundo ngaragarizwa. Hari igihe nshika ku Ngoro y’Ubwami nadendebukiwe, ariko abavukanyikazi bakanyegera, bakangumbira maze bakambwira ko mberewe. Barambwira ko bankunda be n’uko bahimbarwa no kubona ndiko ndatera imbere mu vy’impwemu. Emwe, indemesho bampa zituma nsubirana!” Ese ukuntu biruhura igihe twese twitwararitse “guhanahana indemesho”!​—Rom. 1:11, 12.

13. Ni kubera iki abasavyi b’Imana bazi utuntu n’utundi na bo nyene bakenera kuremeshwa?

13 Mbere n’abasavyi ba Yehova bazi utuntu n’utundi barakenera kuremeshwa. Rimbura akarorero ka Yosuwa. Naho yari amaze imyaka myinshi akorera Imana adahemuka, Yehova yabwiye Musa ngo amuremeshe. Yavuze ati: “Shinga igikorwa Yosuwa, umuremeshe wongere umukomeze, kuko ari we azojabuka imbere y’aba bantu, kandi ni we azotuma batorana igihugu uza kubona.” (Gus. 3:27, 28) Yosuwa yari agiye gushingwa ibanga rihambaye ryo kuja imbere Abisirayeli mu rugamba rwo kwigarurira Igihugu c’isezerano. Bohuye n’intambamyi nyinshi kandi botsinzwe ku rugamba n’imiburiburi incuro imwe. (Yos. 7:1-9) Uca wumva rero ko Yosuwa yari akeneye kuremeshwa no gukomezwa! Nimuze rero natwe twame turemesha abakurambere, ushizemwo n’abacungezi b’imizunguruko, abakora batiziganya kugira ngo bitwararike ubusho bw’Imana. (Soma 1 Abatesalonika 5:12, 13.) Umucungezi umwe w’umuzunguruko yavuze ati: “Hari igihe abavukanyi batwandikira udukete two gukenguruka ingene bungukiye cane ku rugendo rwacu. Ayo makete turayabika, tukaza turayasoma iyo bishitse tukumva ko ducitse intege. Ntiworaba ingene atubera isoko ry’indemesho.”

Abana bacu baramererwa neza igihe tubaremesheje tubigiranye igishika (Raba ingingo ya 14)

14. Ni igiki cerekana ko gukeza no kuremesha abandi bituma bakira neza impanuro?

14 Abakurambere be n’abavyeyi barazi yuko kuremesha abandi no kubakeza bituma bakira neza impanuro zishingiye kuri Bibiliya. Igihe Paulo yakeza Abanyakorinto kubera bashize mu ngiro impanuro yabahaye, bitegerezwa kuba vyarabateye intege zo kubandanya bakora ivyiza. (2 Kor. 7:8-11) Sebibondo umwe w’abana babiri yitwa Andreas, avuga ati: “Kuremesha abana biratuma bakura mu kwizera no mu bwenge. Iyo ubanje kubaremesha, impanuro ubaha bararushiriza kuyiha agaciro. Naho abana bacu bazi iciza ico ari co, kwama tubaremesha bituma babaho bipfuza gukora iciza.”

INGENE TWOREMESHA ABANDI MU BURYO KIRUMARA

15. Uburyo bumwe bwo kuremesha abandi ni ubuhe?

15 Nubwire abo musangiye ukwemera ko ukenguruka utwigoro bagira be na kamere nziza bafise. (2 Ngo. 16:9; Yobu 1:8) Yehova na Yezu baraha agaciro cane ivyo twese dukora kugira ngo dushigikire ivyungura Ubwami. Ivyo ni ko biri n’igihe nyene dukora bike canke tugatanga intererano ntoya, bivanye n’uko ivyacu vyifashe. (Soma Luka 21:1-4; 2 Abakorinto 8:12.) Nk’akarorero, hari abageze mu zabukuru twikundira bagira akigoro gakomeye kugira bame bitaba amakoraniro kandi baje mu ndimiro badahorereza. Wumva none tudakwiye kubakeza no kubaremesha?

16. Ni ryari tworemesha abandi?

16 Ntugishe akaryo ko kuremesha abandi igihe cose kabonetse. Igihe cose tubonye imvo yotuma dukeza abandi, ntidukwiye kwitinya kubigira. Rimbura ivyabaye igihe Paulo na Barunaba bari i Antiyokiya h’i Pisidiya. Abakuru b’isinagogi bababwiye bati: “Bagabo, bene wacu, nimba hari ijambo ry’indemesho mufise ryo kubwira abantu, rivuge.” Paulo yaciye atanga insiguro ikomeza. (Ivyak. 13:13-16, 42-44) Nimba dufise akajambo k’indemesho, nitukabwire abandi. Hamwe kuremesha abandi twobigira akamenyero, na bo nyene ntibazobura kuturemesha.​—Luka 6:38.

17. Ni igiki gituma gukeza abandi birushiriza kugira uburemere?

17 Nubakeze ata buryarya kandi udomako. Naho ari vyiza kuremesha abandi canke kubakeza muri rusangi, ivyo Yezu yabwiye abakirisu b’i Tiyatira birerekana ko kudomako ari vyiza kuruta. (Soma Ivyahishuwe 2:18, 19.) Nk’akarorero nimba uri umuvyeyi, wobwira abana bawe ivyo ushima ku bijanye n’iterambere bariko bagira. Ku rundi ruhande, twoshobora kubwira inabibondo yireranye abana ico dushima ku bijanye n’ingene ariko arabafasha, naho afise ingorane. Gukeza abandi no kubaremesha muri ubwo buryo birashobora kuvamwo ivyiza vyinshi cane.

18, 19. Dushobora gute gukomeza abakeneye kuremeshwa?

18 Ni ivy’ukuri ko Yehova ubwiwe atazotubwira ngo turemeshe umuntu kanaka, nk’uko yabwiye Musa ngo aremeshe yongere akomeze Yosuwa. Naho ari ukwo, Imana irahimbarwa igihe turemesheje abo dusangiye ukwemera be n’abandi. (Imig. 19:17; Heb. 12:12) Nk’akarorero, twobwira umushikirizansiguro ukuntu insiguro yiwe yaturonkeje impanuro twari dukeneye, canke ukuntu yadufashije gutahura icanditswe kanaka. Mushiki wacu umwe yandikiye umushikirizansiguro w’umushitsi ati: “Naho twavuganye umwanya mutoyi, warabonye ko nari ndemerewe mu mutima, kandi warandemesheje ndasubira kugira agatege. Nashaka kukumenyesha ko imvugo iranga ubuntu wakoresheje, haba ku mukiruruko be n’igihe twariko turayaga, yambereye nk’induhuro ivuye kuri Yehova.”

19 Turashobora kuronka uturyo twinshi two gukomeza abandi mu vy’impwemu, hamwe twoshira mu ngiro impanuro Paulo yatanze igira iti: “Mugume rero muhozanya mwongera mwubaka bagenzi banyu, nk’uko mbere muriko murabigira.” (1 Tes. 5:11) Nitwaguma turemeshanya ku musi ku musi, nta nkeka ko tuzohimbara Yehova.

^ [1] (ingingo ya 1) Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.