UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Myandagaro 2016

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 26 Nyakanga gushika ku wa 23 Gitugutu 2016.

INKURU Y’UBUZIMA

Ingene gutanga vyatumye ngira agahimbare

Umusore umwe w’Umwongereza yaratanguye ubuzima bwatumye agira agahimbare, araba umumisiyonari i Porto Riko.

Ingene umubano watanguye be n’intumbero yawo

Vyoba bibereye ko tuvuga yuko umubano ari ingabire iva ku Mana?

Nurondere ikintu kirusha agaciro inzahabu

Raba uburyo butatu abatohoji ba Bibiliya b’abanyamwete boshobora kugereranywa n’abarondera inzahabu.

Woba ubona ko ukeneye gutera imbere mu vy’impwemu?

Raba ivyo wokora kugira ngo ubishikeko.

Woba ubona ko kumenyereza abandi bikenewe?

Ni imigambi nyamukuru iyihe ushobora kubafasha kwishingira?

Ibibazo vy’abasomyi

Ni kubera iki abansi ba Yezu barazwa ishinga n’ibijanye no gukaraba?

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

“Ndiko ndaronka umwimbu ushemeza Yehova”

Naho Abatohoji ba Bibiliya batatahura neza ibijanye no kutagira aho bahengamiye mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose, ukuntu bigenjeje vyaravuyemwo ivyiza.