Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Johannes Rauthe ariko aragira uruhara mu ndimiro, kumbure mu myaka ya 1920

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

“Ndiko ndaronka umwimbu ushemeza Yehova”

“Ndiko ndaronka umwimbu ushemeza Yehova”

“INTAMBARA zose zabaye muri kahise, bisa n’uko ata co zivuze uzigereranije n’indwano iriko irabica bigacika i Buraya.” Ukwo ni ko Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 1915 wadondoye ya ntambara ya mbere y’isi yose, iyahavuye ishika mu bihugu nka 30. Bivuye kuri iyo ntambara, uwo Munara w’Inderetsi wavuze uti: “Igikorwa [c’Ubwami] gisa n’ikigeramiwe, canecane mu Budagi no mu Bufaransa.”

Igihe iyo ntambara yariko iriha inkumbi hirya no hino kw’isi, Abatohoji ba Bibiliya bamwebamwe barinjiye mu gisoda kubera ko batatahura neza ingingo ngenderwako yo kutagira aho bahengamiye. Ariko rero, bari biyemeje gutangaza inkuru nziza. Uwitwa Wilhelm Hildebrandt yaripfuza kugira uruhara muri ico gikorwa, aca atumako udupapuro tw’inkuru nziza two mu gifaransa (L’Étudiant de la Bible) twasohorwa buri kwezi n’Abatohoji ba Bibiliya. Ico gihe yari mu Bufaransa. Ntiyari yagiye gukorerayo ubutsimvyi, ahubwo yari umusoda w’Umudagi yari yarungitswe ku rugamba. Yari yambaye impuzu z’igisoda, kandi yafatwa nk’umwansi aho mu Bufaransa. Ariko rero Abafaransa baca iruhande yiwe, yarabaha ubutumwa bw’amahoro, ivyo bikaba vyarabatangaza cane.

Amakete yasohowe muri uwo Munara w’Inderetsi arerekana yuko hari Abatohiji ba Bibiliya b’Abadagi batari bake bari bafise icipfuzo co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami igihe bari mu gisoda. Nk’akarorero, umuvukanyi Lemke, akaba yari mu basoda barwanira mu mazi, yavuze ko batanu mu basoda bakorana bashimishijwe n’ukuri. Yanditse ati: “No muri ubu bwato, ndiko ndaronka umwimbu ushemeza Yehova.”

Uwitwa Georg Kayser yagiye ku rugamba ari umusoda, agaruka ari umusavyi w’Imana y’ukuri. Uti vyagenze gute? Amaze kuronka igitabu c’Abatohoji ba Bibiliya, yarakiriye ukuri n’umutima wiwe wose, aca ashira hasi ibirwanisho. Yaciye akora ikindi gikorwa kitamusaba kuja mu ntambara. Intambara irangiye, yaramaze imyaka myinshi ari umutsimvyi w’umunyamwete.

Naho Abatohoji ba Bibiliya batari bwatahure neza ibijanye no kutagira aho bahengamiye, uburyo babona ibintu be n’inyifato yabo vyari bitandukanye cane n’ivy’abantu bashigikira intambara. Mu gihe abanyapolitike be n’indongozi z’amadini bariko bashigikira intambara, Abatohoji ba Bibiliya bobo bagumye bashigikira wa “Muganwa w’amahoro.” (Yes. 9:6) Naho hari Abatohoji ba Bibiliya bagize uruhara mu bintu bimwebimwe bijanye n’intambara, bagumye bagendera uku kuri guhambaye Konrad Mörtter yavuze, ati: “Nari nzi neza ko Ijambo ry’Imana ribuza umukirisu kwica.”​—Kuv. 20:13. *

Hans Hölterhoff yarakoresha iyo shareti kugira ashikirize ikinyamakuru Ikiringo c’agakura

Ico gihe, amategeko y’Ubudagi nta co yategekanya ku bijanye n’abanka kuja mu gisoda kubera ijwi ryabo ryo mu mutima. Abatohoji ba Bibiliya barenga 20 baranse baherejeko kugira uruhara mu vya gisirikare. Bamwe muri bo baciye bafatwa nk’abarwaye mu mutwe. Nk’akarorero, uwitwa Gustav Kujath yarashizwe mu kigo c’abarwaye mu mutwe, baca batangura kumuha imiti. Uwitwa Hans Hölterhoff, na we nyene yaranse kuja mu gisoda, aca atabwa mw’ibohero. No ng’aho mw’ibohero, yaranse gukora igikorwa ico ari co cose kijanye n’intambara. Abarinzi baramuboheye mu gakoti gakoreshwa nk’amapingu, gushika n’aho amaguru n’amaboko bitimba. Babonye ko yanse kudohoka, baciye bamukangisha kumwica. Ariko iyo ntambara yarinze ihera Hans agishikamye.

Abandi bavukanyi banditswe ngo baje mu gisoda baranse gufata ibirwanisho, baca basaba ibikorwa bitajanye no kurwana. * Umwe muri bo ni Johannes Rauthe, akaba yaciye arungikwa gukorera kw’ibarabara ry’indarayi. Konrad Mörtter yahawe igikorwa co gufasha abaganga, Reinhold Weber na we agirwa umuforoma. Uwitwa August Krafzig na we nyene yarahimbawe cane kubona yahawe gukora ibitamusaba kuja ku rugamba. Abo Batohoji ba Bibiliya tuvuze be n’abandi, bari biyemeje gukorera Yehova babitumwe n’uko batahura ico ari co gukunda Yehova no kutamuhemukira.

Iyo nyifato y’Abatohoji ba Bibiliya mu gihe c’intambara yatumye abategetsi baguma babashinze ijisho. Mu myaka yakurikiye, vyarabaye ngombwa ko Abatohoji ba Bibiliya bo mu Budagi baburana imanza ibihumbi kubera igikorwa cabo co kwamamaza. Kugira ngo ibiro vy’ishami vyo mu Budagi bibafashe, vyaciye bishiraho urwego rujejwe ivy’amategeko kuri Beteli yari i Magdeburg.

Ivyabona vya Yehova bagiye bararyohora ukuntu babona ikibazo kijanye no kutagira aho bahengamiye. Igihe intambara ya kabiri y’isi yose yaduka, bagumye birinda kugira aho bahengamiye, mu kuguma bitandukanije cane n’ivya gisirikare. Ku bw’ivyo, baciye babonwa nk’abansi ba leta y’Ubudagi, maze barahamwa bimwe bikomeye. Ivyo ni vyo tuzorimbura mu kiganiro kizokurikira muri uru rukurikirane ruvuga ngo “Ivyo mu bushinguro bwacu.”​—Vyakuwe mu bushinguro bwacu buri mu Buraya bwo Hagati.

^ ing. 7 Raba inkuru yerekeye Abatohoji ba Bibiliya bo mu Bwongereza mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose, mu kiganiro “Ivyo mu bushinguro bwacu: Barahagaze bashikamye mu gihe c’‘ukugeragezwa’”, kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 2013.

^ ing. 9 Bakoze bisunze ivyiyumviro vyatanzwe mu gitabu ca 6 co muri rwa rukurikirane rwavuga ngo Aurore du Millénium (1904) no mu nteguro y’ikidagi y’Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni yo muri Myandagaro 1906. Umunara w’Inderetsi wo muri Nyakanga 1915 wararyohoye ibintu, uca uvuga ko Abatohoji ba Bibiliya badakwiye kuja mu gisoda. Ariko ico kiganiro nticasohotse mu nteguro y’ikidagi.