Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene umubano watanguye be n’intumbero yawo

Ingene umubano watanguye be n’intumbero yawo

“Yehova Imana abandanya kuvuga ati: ‘Si vyiza ko uyu muntu aguma ari wenyene. Ngiye kumukorera umufasha bikwiranye.’”​—ITA. 2:18.

INDIRIMBO: 36, 11

1, 2. (a) Umubano w’ababiranye watanguye gute? (b) Ni igiki umugabo n’umugore ba mbere bategerezwa kuba baratahuye ku bijanye n’umubano? (Raba ishusho itangura.)

KWABIRANA ni ikintu camye kiranga ubuzima bw’abantu. Kwihweza ingene umubano watanguye be n’intumbero yawo birashobora gutuma tuwuha agaciro maze tukawuhimbarirwa bimwe bishitse, nk’uko Imana yabishaka. Imana imaze kurema umugabo wa mbere Adamu, yaramuzaniye ibikoko kugira ngo avyite amazina, ariko “ku muntu, ntihaboneka umufasha bikwiranye.” Imana rero yaciye iteza Adamu itiro rirerire, imukuramwo urubavu hanyuma iruhinguramwo umugore, ica iramumuzanira. (Soma Itanguriro 2:20-24.) Umubano rero watangujwe n’Imana.

2 Yezu yaremeje ko Yehova ari we yavumereye ati: “Umugabo azosiga se na nyina [yifatanye] n’umugore wiwe, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe.” (Mat. 19:4, 5) Kubona Imana yaremye umugore wa mbere ikoresheje urubavu ikuye muri Adamu, bitegerezwa kuba vyaratumye uwo mugabo n’uwo mugore batahura ko ari umubiri umwe. Ivyo kwahukana canke kwubakana n’umuntu arenze umwe nta vyarimwo.

URUHARA RW’UMUBANO MU MUGAMBI W’IMANA

3. Intumbero nyamukuru y’umubano yari iyihe?

3 Adamu abonye uwo mukenyezi wiwe yasa n’irenga, yararyohewe cane, aca amwita Eva. Kubera ko Eva yari umwunganizi wa Adamu, yomubereye “umufasha bikwiranye.” Umwe wese yonezereje mugenziwe buri musi, mu kurangura uruhara rumwega. (Ita. 2:18) Intumbero nyamukuru y’umubano kwari ukurondoka no kwuzuza isi. (Ita. 1:28) Naho abahungu n’abakobwa bokunze abavyeyi babo, mu nyuma botandukanye na bo bakaja kwubaka izabo. Abantu bokwuzuye isi ku rugero rushimishije, bakagenda baragura itongo babamwo gushika isi yose ibaye iparadizo.

4. Ni ibiki vyashikiye umubano wa mbere?

4 Umubano wa mbere warashikiwe n’ivyago kubera ko Adamu na Eva bagambarariye Yehova mu gukoresha nabi uburenganzira bari bafise bwo kwihitiramwo. “Ya nzoka yo mu ntango,” ari yo Shetani wa Mubesheranyi, yarahenze Eva mu kumujijura yuko aramutse ariye ku “giti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi” vyotumye agira ubumenyi budasanzwe, akamenya iciza n’ikibi. Eva ntiyubashe ubukuru bw’umugabo wiwe, kuko atabanje kumubaza ibijanye n’ico kibazo. Adamu na we aho kugamburukira Imana, yarakiriye icamwa Eva yamuhaye.​—Ivyah. 12:9; Ita. 2:9, 16, 17; 3:1-6.

5. Ni igiki twigira ku vyo Adamu na Eva bishuye Yehova?

5 Igihe Imana yababaza ivyari vyabaye, Adamu yaciye abihenurira ku mugore wiwe, ati: “Wa mugore wampa ngo tubane, ni we yampaye icamwa co kuri ca giti ndaheza ndarya.” Eva na we yabisunuriye ku nzoka ngo ni yo yamuhenze. (Ita. 3:12, 13) Ivyo vyari ivyitwazo gusa! Kubera ko uwo mugabo n’umugore bari bagambarariye Yehova, baciye baba abagarariji imbere yiwe. Emwe, iyo ni ingabisho kuri twebwe! Kugira ngo abubakanye baroranirwe, umwe wese muri bo ategerezwa kumenya uruhara rumwega kandi akagamburukira Yehova.

6. Wosigura gute ibivugwa mw’⁠Itanguriro 3:15?

6 Shetani amaze gukora ibara muri Edeni, Yehova yarahaye abantu icizigiro, mu buhanuzi bwa mbere buvugwa muri Bibiliya. (Soma Itanguriro 3:15.) “Uruvyaro” rwa “wa mugore” rwofyonyoye ico kiremwa c’impwemu catanguje ubugarariji. Yehova rero yari aciriye agace abantu ku bijanye n’ubucuti budasanzwe afitaniye n’amasinzi y’ibiremwa vy’impwemu bigororotse bimukorera mw’ijuru. Mu nyuma, Ivyanditswe vyarahishuye yuko Imana yorungitse umuntu avuye muri iryo shirahamwe ryayo rigereranywa n’umugore wayo. Uwo ni we ‘yokomerekeje’ Shetani maze agatuma abantu bagamburuka basubira kugira icizigiro umugabo n’umugore ba mbere batakaje, na co kikaba ari ukuba kw’isi ibihe bidahera nk’uko Yehova yari yarabiteguye mu ntango.​—Yoh. 3:16.

7. (a) Ni ibiki vyashikiye umubano inyuma y’ubugarariji bwa Adamu na Eva? (b) Bibiliya isaba iki abagabo n’abagore?

7 Ubugarariji bwa Adamu na Eva bwaragize ingaruka mbi ku mubano wabo no ku mibano yose yakurikiye. Nk’akarorero, Eva n’abagore bomukomotseko bogize umubabaro mwinshi mu gihe co kwibungenga no kwibaruka. Abagore bogiriye inyota abagabo babo. Ariko abagabo boganje abagore babo, mbere bakabahahaza, nk’uko biri mu ngo nyinshi muri iki gihe. (Ita. 3:16) Bibiliya isaba abagabo gukoresha ubukuru bwabo babigiranye urukundo. Abagore na bo, basabwa kuyobokera ubukuru bw’abagabo babo. (Ef. 5:33) Igihe abubakanye batinya Imana basenyeye ku mugozi umwe, ivyotuma imitsi iranda biragabanuka canke mbere bigahera burundu.

UMUBANO KUVA MU GIHE CA ADAMU GUSHIKA KURI RYA SEGENYA

8. Ivy’umubano vyari vyifashe gute kuva mu gihe ca Adamu gushika kuri rya Segenya?

8 Imbere y’uko Adamu na Eva bapfa bivuye ku gicumuro n’agasembwa, baribarutse abahungu n’abakobwa. (Ita. 5:4) Imfura yabo Kayini, yarubakanye n’umwe mu ncuti ziwe. Lameki mwene Kayini ni we muntu wa mbere avugwa ko yari afise abagore babiri. (Ita. 4:17, 19) Kuva mu gihe ca Adamu gushika kuri rya Segenya ryo mu misi ya Nowa, abantu bakeya gusa ni bo bivugwa ko basenga Yehova. Aho twovuga nka Abeli, Henoki, Nowa be n’umuryango wiwe. Ku bijanye n’igihe ca Nowa, Bibiliya ivuga iti: “Abana b’Imana y’ukuri batangura rero kwitegereza abakobwa b’abantu, babona ko ari beza; maze biyabirira abagore, ni ukuvuga abo batoranije bose.” Igihe abo bamarayika biyambika imibiri y’abantu bakaryamana n’abagore, bavyaye abana b’inkozi z’ikibi bitwa Abanefilimu. Vyongeye, “ububi bw’umuntu bwari bugwiriye mw’isi” kandi “impengamiro yose y’ivyiyumviro vy’umutima wiwe yari mbi gusa igihe cose.”​—Ita. 6:1-5.

9. Yehova yakoreye iki ababisha mu gihe ca Nowa, kandi ivyashitse ico gihe bitwigisha iki?

9 Yehova yarateje Isegenya mu misi ya Nowa kugira atikize ababisha. Abantu b’ico gihe, bari baratwawe n’ibintu vyo mu buzima bwa misi yose, ushizemwo no kurongora, ku buryo batitaho ivyo “Nowa umwamamaji w’ubugororotsi” yavuga ku bijanye n’agatikizo kari kimirije. (2 Pet. 2:5) Ivyabaye ico gihe, Yezu yabigereranije n’ivyobaye muri iki gihe cacu. (Soma Matayo 24:37-39.) Muri iki gihe, abantu benshi baranka kwumviriza inkuru nziza y’Ubwami iriko iravugwa kw’isi yose kugira ngo bibere intahe amahanga yose, imbere y’uko iyi si mbi ikurwaho. Ivyashitse mu gihe ca Nowa, biratwigisha ko tudakwiye kureka ngo hagire ikintu na kimwe kitubuza kubona ko umusi wa Yehova uri hafi, naho kwoba ari ukwubaka urwacu canke kwibaruka ibibondo.

UMUBANO KUVA KURI RYA SEGENYA GUSHIKA MU GIHE CA YEZU

10. (a) Ni ingeso izihe zahavuye zibonwa nk’izisanzwe mu mihingo imwimwe? (b) Aburahamu na Sara batanze gute akarorero keza mu mubano wabo?

10 Nowa n’abahungu biwe batatu bari bafise umugore umwumwe. Ariko inyuma ya rya Segenya, hari abagabo bari bafise ingeso yo guharika. Mu mihingo myinshi, ubuhumbu bwahavuye bucika ibisanzwe, buranashirwa mu migirwa ijanye no gusenga. Igihe Aburahamu n’umugore wiwe Sara bumvira Imana bakimukira i Kanani, basanze muri ico gihugu huzuye ingeso zitukisha umubano. Yehova rero yaciye ategeka ko ibisagara vya Sodomu na Gomora bitikizwa, kubera ko abantu baho bisuka mu buhumbu bw’agahomerabunwa canke bakabushigikira. Aburahamu yarahagarikiye neza umuryango wiwe, Sara na we araba intangakarorero mu kuyobokera ubukuru bw’umugabo wiwe. (Soma 1 Petero 3:3-6.) Aburahamu yaritwararitse ko umuhungu wiwe Izahaki yubakana n’uwusenga Yehova. Na Yakobo umuhungu wa Izahaki, ari na we imiryango 12 ya Isirayeli yakomotseko, yarerekanye ko ico kintu camuraza ishinga cane.

11. Itegeko rya Musa ryakingira gute Abisirayeli?

11 Mu nyuma, Yehova yaragiraniye isezerano n’abakomotse kuri Yakobo, ari we Isirayeli. Inyuma y’Isegenya, rya Tegeko rya Musa ryarashizeho ingingo zigenga ibintu nyamukuru bijanye n’umubano, ushizemwo no guharika. Iryo Tegeko ryarakingira Abisirayeli mu vy’impwemu, mu kubabuza kwabirana n’abadasenga Yehova. (Soma Gusubira mu vyagezwe 7:3, 4.) Igihe mu mubano havyutse ingorane zikomeye, akenshi abagabo b’inararibonye barahaseruka. Ibijanye n’ubuhemu, ishari, umwikeko, vyatunganywa mu buryo bubereye. Naho kwahukana vyari vyemewe, na vyo nyene vyari bifise amategeko abigenga. Umugabo abonye “ikintu kitabereye” ku mugore wiwe, yarashobora kumwirukana. (Gus. 24:1) Ico “kintu kitabereye” naho kidatomorwa, birumvikana ko tutari utuntu tudafashe.​—Lew. 19:18.

NTUKIGERE UHEMUKIRA UWO MWUBANYE

12, 13. (a) Mu gihe ca Malaki, abagabo bamwebamwe bafata gute abagore babo? (b) Muri iki gihe, bishitse umukirisu akarenga ibigo n’umugore canke umugabo w’abandi, ingaruka zoba izihe?

12 Mu gihe c’umuhanuzi Malaki, abagabo benshi b’Abayuda ntibabura ivyo bitwaza kugira ngo bahukane n’abagore babo. Barikurako abagore bo mu buto bwabo, kumbure kugira birongorere udukumi canke mbere abapaganikazi. Igihe Yezu yari kw’isi, Abayuda bari bagihemukira abagore babo mu kubirukana “ku mvo iyo ari yo yose.” (Mat. 19:3) Yehova Imana aranka ukwahukana mwene ukwo.​—Soma Malaki 2:13-16.

13 Muri iki gihe, guhemukira uwo mwubakanye ntivyihanganirwa mu basavyi ba Yehova. Ariko dufate ko umukirisu yubatse arenze ibigo n’umugore canke umugabo w’abandi, agaca arondera kwahukana kugira ngo yubakane n’uwo wundi. Hamwe uwo mucumuzi atokwigaya, yoca acibwa kugira ngo ishengero rigume rityoroye mu vy’impwemu. (1 Kor. 5:11-13) Imbere yo kugarukanwa mw’ishengero, ategerezwa kubanza kugaragaza “ivyamwa bikwiranye n’ukwigaya”. (Luka 3:8; 2 Kor. 2:5-10) Naho ata gihe ntabanduka kibwirizwa kuhaca kugira ngo umuntu agarukanwe, mwene ubwo buhemu ntibukwiye kwirengagizwa. Igishimishije ni uko ivyo bishika gake mu basavyi b’Imana. Kugira ngo uwo mucumuzi yerekane ko yigaya vy’ukuri, hoshobora guca igihe, nk’umwaka canke urenga. Naho mbere yogarukanwa, ategerezwa kuzohagarara “imbere y’intebe y’imanza y’Imana” kugira birabwe nimba yarigaye vy’ukuri.​—Rom. 14:10-12; raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku 15 Ruhuhuma 1980, rup. 31-32.

INGENE ABAKIRISU BABONA UMUBANO

14. Ni uruhara uruhe rya Tegeko ryaranguye?

14 Rya Tegeko rya Musa ryarayoboye Abisirayeli mu myaka irenga 1.500. Ryarafashije abasavyi b’Imana kwama bisunga ingingo ngenderwako zigororotse mu gutunganya ingorane z’imiryango be n’ibindi bibazo, rirababera n’umurezi abashikana kuri Mesiya. (Gal. 3:23, 24) Igihe Yezu yapfa, ryaciye rikurwaho, Imana ica itanguza intunganyo nshasha. (Heb. 8:6) Ico gihe, ibintu bimwebimwe rya Tegeko ryarekurira abantu, ntivyari bicemewe.

15. (a) Ni ingingo iyihe ishengero rya gikirisu ryokwisunze mu bijanye n’umubano? (b) Ni ibiki umukirisu akwiye kurimbura imbere y’uko yahukana?

15 Igihe kimwe, hari Abafarizayo babajije Yezu ibijanye no kwahukana. Yababwiye ko naho Musa yabemereye kwirukana abagore babo, “[atari] ko vyari kuva mu ntango.” (Mat. 19:6-8) Yezu rero yari yerekanye ko ishengero rya gikirisu ryobandanije kwisunga ya ngingo Imana yashingira umubano muri Edeni. (1 Tim. 3:2, 12) Kubera ko abubakanye bagize “umubiri umwe,” bobwirijwe kugumana, bigatuma urwo bakunda Imana be n’urwo bakundana rukomeza ubucuti bwabo. Uwahukanye mu buryo bwemewe n’amategeko mugabo bitavuye ku kurenga ibigo, nta burenganzira aba afise bwo kwubakana n’uwundi. (Mat. 19:9) Ariko ntiwumve, umuntu yoshobora guhitamwo kubabarira uwo bubakanye yarenze ibigo akigaya, nka kumwe nyene umuhanuzi Hoseya yababarira umugore wiwe w’umuhemu Gomeri. Yehova na we nyene yarababariye ihanga rya Isirayeli, igihe ryarenga ibigo mu buryo bw’impwemu hanyuma rikigaya. (Hos. 3:1-5) Ariko rero, igihe umuntu azi ko uwo bubakanye yarenze ibigo, mugabo akemera ko barangurana amabanga y’abubatse, aba yerekanye ko yamubabariye. Nta mvo aba agifise zishingiye ku Vyanditswe zotuma yahukana.

16. Yezu yavuze iki ku bijanye no kutubaka?

16 Yezu amaze kuvuga ko kurenga ibigo ari co kintu conyene cotuma abakirisu bahukana, yaciye avuga ivyerekeye ‘abafise ingabirano’ y’ukutubaka izabo. Yongeyeko ati: “Uwushoboye kuvyemera navyemere.” (Mat. 19:10-12) Hariho abantu benshi bahisemwo kutubaka izabo kugira ngo bakorere Yehova ata kibasamaza. Ni abo gukezwa kuri iyo ngingo bafashe.

17. Ni igiki cofasha umukirisu kumenya nimba yokwubaka urwiwe?

17 Ni igiki cofasha umuntu kumenya nimba yokwubaka canke atokwubaka urwiwe? Arakwiye kubanza kujijuka mu mutima wiwe nimba afise ingabirano y’ukutubaka. Intumwa Paulo yarashimagije abahitamwo kutubaka. Ariko kandi yavuze ati: “Kubera ugukwiragira kw’ubusambanyi, umugabo wese nagire umugore wiwe bwite, n’umugore wese agire umugabo wiwe bwite.” Yongeyeko ati: “Nimba bibananiye kwigumya, nibubake, kuko ari vyiza kwubaka kuruta kururumba.” Kwubaka birashobora gutuma umuntu yirinda ingeso mbi, nko kwimara inambu y’umubiri ari wenyene canke ubuhumbu. Ikigeretseko, umuntu arakwiye kuraba n’imyaka afise imbere yo kwubaka, kuko Paulo yavuze ati: “Nimba umuntu yiyumvira ko ariko yigenza ukutabereye ku bijanye n’ubusugi bwiwe, nimba amaze kurengana ishurika ry’ubuto kandi akaba ari ko bibwirizwa kugenda, nakore ico ashaka; ntaba acumuye. Nibubake.” (1 Kor. 7:2, 9, 36; 1 Tim. 4:1-3) Yamara rero, umuntu ntakwiye kwubaka urwiwe abitumwe n’ukururumba kwo mu buyabaga. Umuntu nk’uyo yoshobora kuba ataragera kwitwararika amabanga ajanye n’urugo.

18, 19. (a) Umukirisu akwiye kwubakana n’umuntu ameze gute? (b) Ni ibiki tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira?

18 Umukirisu yipfuza kurushinga akwiye kwubakana n’umuntu yiyeguriye Yehova kandi amukunda n’umutima wiwe wose. Abo babiri bakwiye kuba bakundana cane ku buryo biyumvamwo ko bazobana koko. Yehova arabahezagira kuko baba bakurikije impanuro yo kwubaka “mu Mukama gusa.” (1 Kor. 7:39) Bamaze kubana, ntibabura kwibonera yuko impanuro Bibiliya itanga ari ruheta mu gutuma umubano wabo uroranirwa.

19 Mu kiganiro gikurikira, tuzorimbura ivyiyumviro bishingiye kuri Bibiliya bishobora gufasha abakirisu bubatse kwihanganira ingorane zo muri iyi “misi ya nyuma,” aho usanga abantu benshi bafise ingeso zigeramira umubano. (2 Tim. 3:1-5) Biciye kw’Ijambo ryiwe, Yehova araturonsa ivyo dukeneye kugira ngo imibano yacu iroranirwe, bigatuma tubandanya kugendera mu nzira ishikana mu buzima budahera turi kumwe n’abasavyi biwe.​—Mat. 7:13, 14.