Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ubona ko ukeneye gutera imbere mu vy’impwemu?

Woba ubona ko ukeneye gutera imbere mu vy’impwemu?

“Ubandanye kwijukira ugusomera imbere y’abantu, uguhimiriza, ukwigisha.”​—1 TIM. 4:13.

INDIRIMBO: 45, 70

1, 2. (a) Ibivugwa muri Yesaya 60:22 biriko biranguka gute muri kino gihe c’iherezo? (b) Muri iki gihe, hakenewe iki mu gice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova?

“UMUTOYI azocika igihumbi, uwo hasi na we acike ihanga rikomeye.” (Yes. 60:22) Ubwo buhanuzi buriko buraranguka muri iyi misi ya nyuma. Nkako, mu mwaka w’umurimo wa 2015, abamamaji 8.220.105 baragize uruhara mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami kw’isi yose. Igice gikurikira c’uwo murongo kirakwiye gutuma umukirisu wese agira ico akoze, kuko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru avuga ati: “Jewe Yehova, nzovyihutisha mu gihe cavyo.” Kurya kw’ingenzi zibona ko imodoka zirimwo iriko iranyaruka, ni ko na twebwe twibonera ko igikorwa co guhindura abantu abigishwa kiri ku muvuduko udasanzwe. None iryo yongerekana turyakira gute? Twoba twihatira kuba abamamaji b’abanyamwete? Abavukanyi na bashiki bacu batari bake bariko barasaba ubutsimvyi busanzwe canke ubwo gufasha. Vyongeye, ntiduhimbarwa no kubona benshi bariko baritaba akamo ko kuja gukorera mu turere turimwo inkenero kuruta, canke bakitanga mu bindi bikorwa vya gitewokarasi?

2 Ariko rero, iryo terambere rituma hakenerwa abakozi benshi. Buri mwaka havuka amashengero nka 2.000. Hamwe buri shengero rishasha ryogira abakurambere 5, buri mwaka vyosaba ko abakozi b’ishengero 10.000 baba abakurambere. Ivyo bisigura ko abavukanyi ibihumbi n’ibihumbi bokenera gukwiza ibisabwa kugira ngo babe abakozi b’ishengero. Ikigeretseko, baba abavukanyi canke bashiki bacu, twese usanga dufise “vyinshi [d]ukora mu gikorwa c’Umukama.”​—1 Kor. 15:58.

GUTERA IMBERE MU VY’IMPWEMU BISABA IKI?

3, 4. Ni imigambi iyihe wokwishingira mu vy’impwemu?

3 Soma 1 Timoteyo 3:1. Irivuga ry’ikigiriki ryahinduwe ngo ‘kurondera gushikira’ risobanura kuramvura ukuboko kugira ngo utore ikintu, kumbure kiri kure y’aho ushobora guhamvya. Intumwa Paulo yakoresheje iryo jambo kugira ngo yerekane ko iterambere ryo mu vy’impwemu risaba akigoro. Dufate ko hari umuvukanyi ariko arazirikana kuri kazoza kiwe mw’ishengero. Naho ashobora kuba ataraba umukozi w’ishengero, arabona ko akeneye kuryohora kamere zo mu vy’impwemu. Abanza kwihatira gukwiza ibisabwa vyo kuba umukozi w’ishengero. Mu nyuma, arizigira ko azokwiza ibisabwa akaba umukurambere. Muri ivyo bihe vyompi, aragira akigoro kugira ngo akwize ibisabwa bizotuma yitwararika amabanga yiyongereye mw’ishengero.

4 Abavukanyi na bashiki bacu bipfuza kuba abatsimvyi, Abanyabeteli, canke bipfuza gukora mu bwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami, na bo nyene barakwiye kwihatira gushikira ihangiro bishingiye. Nimuze twihweze ukuntu Ijambo ry’Imana rituremesha twese gutera imbere ngo dushigikire ugusenga kw’ukuri.

NIWIHATIRE KUGUMA UTERA IMBERE MU VY’IMPWEMU

5. Abakiri bato bokoresha gute inguvu zabo mu gikorwa c’Ubwami?

5 Abakiri bato barashobora gukora vyinshi mu gikorwa ca Yehova, kuko baba bagifise inguvu. (Soma Imigani 20:29.) Abanyabeteli bamwebamwe bakiri bato barakora igikorwa co gucapura no gufatanya amabibiliya be n’ibindi bitabu vyacu. Abavukanyi na bashiki bacu batari bake baragira uruhara mu kwubaka no mu kubungabunga Ingoro z’Ubwami. Igihe hateye ivyago vy’ivyaduka, abakiri bato barafasha Ivyabona bazi utuntu n’utundi mu gutabara abashikiwe n’ivyago. Vyongeye, abatsimvyi benshi bakiri bato barabwira inkuru nziza abo basangiye ururimi hamwe n’abavuga izindi ndimi.

6-8. (a) Umusore umwe yahinduye gute ingene yabona ivyo gukorera Imana, kandi havuyemwo iki? (b) Dushobora gute ‘guhonja tukabona ko Yehova aryoshe’?

6 Nta nkeka yuko utahura ko gukorera Imana n’umutima wawe wose bihambaye cane. None vyogenda gute nka hamwe woba ufise ingorane nk’iyo umuvukanyi yitwa Aaron yigeze kugira? Naho yakuriye mu muryango wizera, yavuze ati: “Kwitaba amakoraniro no kuja mu ndimiro nabona ko birambira.” Yaripfuza gukorera Imana anezerewe, ariko akibaza igituma atabishikako. None yaciye akora iki?

7 Aaron yarihatiye kwama asoma Bibiliya, ategura amakoraniro kandi akayagiramwo uruhara. N’igihambaye kuruta, yaratanguye kuza arasenga kenshi. Urwo akunda Yehova rumaze kwongerekana, yaratanguye kugira iterambere riboneka. Ivyo vyatumye agira umunezero. Yarakoze ubutsimvyi, arakorana n’abandi mu gutabara abashikiwe n’ivyago, yongera araja kwamamaza mu kindi gihugu. Ubu Aaron ni Umunyabeteli akaba n’umukurambere. None abona gute ihitamwo yagize? Avuga ati: “‘Narahonjeje ndabona ko Yehova aryoshe.’ Ivyiza yankoreye bituma numva ko ndamufitiye ideni, ngaca ndushiriza gukora vyinshi maze nkironkera imihezagiro myinshi.”

8 Umwanditsi w’amazaburi yaririmvye ati: “Abarondera Yehova bobo, nta kintu ciza bazobura.” (Soma Zaburi 34:8-10.) Ego cane, Yehova ntiyigera ahemukira abamukorera n’umwete. Igihe dukoze ivyo dushoboye vyose mu murimo wiwe, na twebwe ‘turahonja, tukabona ko Yehova aryoshe.’ Vyongeye, igihe dukoreye Imana n’umutima wacu wose, turironkera agahimbare ntangere.

NIWUMIREKO

9, 10. Ni kubera iki bihambaye ko uba umuntu ‘arindira’?

9 Magingo uzoba utarashika ku migambi wishingiye, bizogusaba kuba umuntu ‘arindira.’ (Mika 7:7) Yehova aguma ashigikira abasavyi biwe b’intahemuka, n’igihe nyene boba bakirindiriye guterwa uduteka canke barindiriye ko ibintu bihinduka bikamera neza. Naho yasezeraniye Aburahamu kuronka akana, vyasavye ko uwo sekuruza w’imiryango agaragaza ukwizera be n’ukwihangana. (Heb. 6:12-15) Aburahamu yaramaze imyaka itari mike arindiriye ko Izahaki avuka, mugabo ntiyihebuye kandi Yehova ntiyamuhemukiye.​—Ita. 15:3, 4; 21:5.

10 Kurindira si ikintu coroshe. (Imig. 13:12) Hamwe twogumiza ubwenge ku bitagenda neza, twoshobora gucika intege cane. Ahubwo riho, vyoba vyiza dukoresheje umwanya wacu mu kugira ivyo turyohoye mu vy’impwemu kugira dutere imbere. Raba uburyo butatu twobigira.

11. Ni kamere izihe twokwihatira gutsimbataza, kandi ni kubera iki zihambaye?

11 Nutsimbataze kamere zo mu vy’impwemu. Igihe dusomye Ijambo ry’Imana kandi tukarizirikanako, turarushiriza kugira ubukerebutsi, ugutahura, ukwigengesera, ubumenyi, ububasha bwo kwiyumvira be n’ukurorana kw’umuzirikanyi. Izo kamere zirahambaye cane ku baja imbere abandi. (Imig. 1:1-4; Tito 1:7-9) Igihe na ho dusomye ibitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya, turatahura ivyiyumviro vy’Imana ku bijanye n’ibintu bitari bike. Buri musi, turahura n’ibibazo bijanye n’ukwisamaza, inyambaro be n’ukwitunganya, ugukoresha neza amahera be n’uguhuza n’abandi. Iyo twisunze ivyo twiga muri Bibiliya, turafata ingingo zihimbara Yehova.

12. Abagize ishengero bashobora gute kuba abizigirwa?

12 Nube umwizigirwa. Twese turakwiye gukora uko dushoboye kwose kugira twitwararike igikorwa cose duhabwa. Igihe Nehemiya yari buramatari, vyarabaye ngombwa ko azeza amabanga bamwebamwe mu basavyi b’Imana. None ni bande yagenye? Yakoresheje abantu batinya Imana kandi b’abizigirwa. (Neh. 7:2; 13:12, 13) No muri iki gihe nyene, “ikironderwa mu babwiriza ni uko umuntu asangwa ari umwizigirwa.” (1 Kor. 4:2) Ibikorwa vyiza dukora ntibibura kwibonekeza.​—Soma 1 Timoteyo 5:25.

13. Wokwigana gute Yozefu igihe abandi bakurenganije?

13 Nureke Yehova agutyorore. Wokora iki bishitse abandi bakakurenganya? Hari aho woca wihutira kwiburanira. Ariko rimwe na rimwe, kwirwanira cane birashobora gutuma ibintu vyunyuka. Bene wabo na Yozefu baramufashe nabi, mugabo ntiyabitse inzika. Mu nyuma, Yozefu yaragirijwe ibinyoma maze arapfungwa ku karenganyo. Ariko rero, yararetse Yehova aramuyobora muri ivyo bihe bigoye. None havuyemwo iki? Bibiliya ivuga ko “Ijambo rya Yehova ubwaryo [ryamutyoroye].” (Zab. 105:19) Izo ngorane zimaze kurangira, Yozefu yari akwije ibisabwa ngo arangure igikorwa kidasanzwe. (Ita. 41:37-44; 45:4-8) Igihe uhanganye n’ingorane zikomeye, nusenge usaba ubukerebutsi, wicishe bugufi mu vyo uvuga no mu vyo ukora, wongere wiheke ku Mana kugira iguhe inkomezi. Yehova ntazobura kugufasha.​—Soma 1 Petero 5:10.

NUTERE IMBERE MU GIKORWA CO MU NDIMIRO

14, 15. (a) Kubera iki dutegerezwa ‘kwama twiyubara’ ku kuntu twigisha? (b) Twohuza gute n’uko ibintu biba vyifashe? (Raba ishusho itangura be n’uruzitiro ruvuga ngo “ Woba wogerageza ubundi buryo?”)

14 Paulo yahimirije Timoteyo ati: “Ubandanye kwijukira ugusomera imbere y’abantu, uguhimiriza, ukwigisha. Wame wiyubara ubwawe no ku nyigisho yawe.” (1 Tim. 4:13, 16) Timoteyo yari asanzwe ari umwamamaji w’Ubwami azi utuntu n’utundi. Ariko rero, igikorwa ciwe cari kuba kirumara ari uko gusa agumye ‘yiyubara’ ku nyigisho yiwe. Yari azi ko abantu bahinduka bivanye n’uko ibintu vyifashe. Kugira rero agume abakora ku mutima, yategerezwa kubigisha ahuza n’ivyo bakeneye. Na twebwe abamamaji b’Ubwami, turakwiye kubigenza gutyo nyene.

15 Igihe twamamaza inzu ku nzu, birakunda gushika tugasanga ata bantu bahari. Mu turere tumwetumwe, hariho inyubakwa usanga bigoye ko twinjiramwo. Nimba ari uko vyifashe mu cibare iwanyu, ubona gute wiyumviriye ubundi buryo bwo kwamamaza inkuru nziza?

16. Twokora iki kugira ngo ugushinga intahe ku mugaragaro bivemwo ivyiza?

16 Gushinga intahe ku mugaragaro ni uburyo bwiza igitangaza bwo kwamamaza inkuru nziza. Ivyabona benshi bariko baragira uruhara muri ico gikorwa kandi bakaroranirwa cane. Bararondera akanya ko kuyaga n’abantu ku bituro vy’amagariyamoshi canke vy’amabisi, mu tuguriro no mu bibanza vyo gusamiramwo akayaga be no mu bindi bibanza bihuriramwo abantu benshi. Igihe umwamamaji abona ko bibereye, yoshobora guca atangura kuyaga n’umuntu mu gufatira ku vyavuzwe mu makuru, mu kumushimira abana biwe canke mu kumubaza ikibazo cerekeye akazi akora. Uko babandanya kuyaga, uwo mwamamaji yokwinjizamwo iciyumviro gishingiye ku Vyanditswe, agaca amusaba guserura iryo agona. Ivyo uwo muntu avuga akenshi bituma haba n’ibindi biyago bishingiye kuri Bibiliya.

17, 18. (a) Ushobora gute guhera ubwoba igihe ushinga intahe ku mugaragaro? (b) Ni kubera iki ubona ko icipfuzo Dawidi yari afise co gushemeza Yehova gihambaye mu gikorwa co mu ndimiro?

17 Nimba gushinga intahe ku mugaragaro bikubera urugamba, ntutane n’akabando. Uwitwa Eddie, akaba ari umutsimvyi mu gisagara ca New York, yaratinya kuyaga n’abantu ku mugaragaro. Ariko harageze igihe arahera ubwoba. None ni igiki camufashije? Avuga ati: “Mu gusenga kwo mu muryango, twe n’umukenyezi wanje turagira ubushakashatsi kugira tumenye ico twovuga igihe hari abashatse guhagarika ibiyago canke abashikirije ivyiyumviro kanaka. Vyongeye, turasaba ibindi Vyabona bakaduterera ivyiyumviro.” Ubu Eddie si we abona harageze ko aja gushinga intahe ku mugaragaro.

18 Uko uronka ubuhanga kandi ugahera ubwoba mu kwamamaza inkuru nziza, ni ko iterambere ryawe ryo mu vy’impwemu ryibonekeza. (Soma 1 Timoteyo 4:15.) Vyongeye, nta gukeka ko uzoshemeza Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru nka kumwe kwa Dawidi, uwaririmvye ati: “Nzohezagira Yehova ibihe vyose; ishemezo ryiwe rizokwama mu kanwa kanje. Umutima wanje uzokwirata muri Yehova; abatekereza bazokwumva banezerewe.” (Zab. 34:1, 2) Egome, igikorwa urangura kirashobora gutuma abatekereza bahimbarwa no gucika abasavyi ba Yehova, cokimwe nawe.

NUNINAHAZE IMANA MU GUTERA IMBERE MU VY’IMPWEMU

19. Ni kubera iki umusavyi w’intahemuka wa Yehova akwiye kunezerwa n’igihe yoba atorohewe?

19 Dawidi yaririmvye kandi ati: “Ibikorwa vyawe vyose bizoguhaya, ewe Yehova, kandi intahemuka zawe bazoguhezagira. Bazoyaga ubuninahazwa bw’ingoma yawe, bongere bavuge ubushobozi bwawe, kugira abana b’abantu bamenyeshwe ibikorwa vyiwe vy’inkomezi, be n’ubuninahazwa bw’ubwiza bwakaka bw’ingoma yiwe.” (Zab. 145:10-12) Nta gukeka ko Ivyabona vya Yehova bose b’intahemuka biyumva nk’ukwo nyene. Ariko none, tuvuge iki nimba indwara canke ubusaza bituma udakora nk’uko uvyipfuza? Niwame wibuka ko igihe ubwira inkuru nziza abakuvura be n’abandi, igikorwa ceranda urangura kininahaza Imana yacu ihambaye. Nimba upfunzwe uhorwa ukwizera kwawe, urashobora kubwira abandi ukuri igihe cose bishoboka, kandi ivyo biranezereza umutima wa Yehova. (Imig. 27:11) N’igihe mudasangiye ukwizera mu muryango wanyu mugabo ukaguma wumiye ku gusenga kw’ukuri, biramunezereza. (1 Pet. 3:1-4) Egome, urashobora gushemeza Yehova no mu bihe bigoye kandi ugatera imbere mu vy’impwemu.

20, 21. Nimba ufise vyinshi ukora mw’ishirahamwe rya Yehova, ushobora gute kubera abandi umuhezagiro?

20 Niwabandanya gutera imbere mu vy’impwemu, nta nkeka ko Yehova azoguhezagira. Hamwe wogira ivyo uhinduye ku rutonde rwawe canke mu kuntu ubayeho, urashobora kuronka utundi turyo two gufasha abantu kumenya ibintu vyiza Imana yadusezeraniye. Vyongeye, iterambere ryawe be n’ukwitanga kwawe birashobora kugirira akamaro kanini abo musangiye ukwemera. N’ikindi kandi, utwigoro ugira wicishije bugufi mw’ishengero, tuzotuma abandi basavyi ba Yehova bagukunda, baguhe agaciro kandi bagushigikire.

21 Twaba rero tumaze imyaka myinshi canke amezi makeyi gusa dukorera Yehova, twese turashobora gutera imbere mu vy’impwemu. Ariko none abakirisu bahumuye bofasha gute abashasha gutera imbere mu vy’impwemu? Ivyo ni vyo tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira.