Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ni kubera iki abansi ba Yezu barazwa ishinga n’ibijanye no gukaraba?

Ico ni kimwe gusa mu bintu vyinshi abansi ba Yezu bamutoyemwo amahinyu hamwe n’abigishwa biwe. Rya Tegeko rya Musa ryaravuga ibintu vyashobora guhumanya umuntu, nk’igihe hagize ivyisuka biva mu mubiri wiwe, igihe arwaye imibembe be n’igihe akoze ku kiziga c’umuntu canke c’igikoko. Vyongeye, ryarerekana ingene umuntu yashobora guhumanuka. Ivyo vyagirwa biciye ku mashikanwa, ukwiyuhagira canke ukumijagira amazi.​—Lew., ikig. 11-15; Guh., ikig. 19.

Abigisha b’Abayuda, ari bo barabi, barongera kuri ayo mategeko utuntu tw’ido n’ido. Igitabu kimwe kivuga ko ikintu cose cashobora guhumanya umuntu “bategerezwa kugiharirako, bagashinga imvo zotuma umuntu yandura ubwo buhumane, ingene yobwanduza abandi be n’urugero vyoshikako, ivyombo n’ibikoresho vyoshobora canke bitoshobora guhumana, hamwe rero n’imigirwa nya muntu yategerezwa kwisunga kugira ahumanurwe.”

Abansi ba Yezu bamubajije bati: “Kubera iki abigishwa bawe batigenza nk’uko umugenzo w’aba kera uri, mugabo bagafungura n’iminwe ihumanye?” (Mrk. 7:5) Abo bansi b’ugusenga gutyoroye ntibashaka kuvuga ivyo kugira isuku imbere yo gufungura. Abarabi bari bafise umugirwa wo gusukīra umuntu amazi ku maboko imbere yo gufungura. Ico gitabu duhejeje kuvuga congerako giti: “Baraharira kandi ku bijanye n’ivyombo vyategerezwa gukoreshwa mu gusukīra ayo mazi, ubwoko bw’amazi yari abereye, uwari akwiye kuyasukīra be n’aho bari bakwiye gushikana amazi ku maboko.”

Ku bijanye n’ayo mategeko abantu bishiriyeho, Yezu ntiyiriwe araja kure. Yabwiye izo ndongozi z’idini ry’Abayuda zo mu kinjana ca mbere ati: “Yesaya ntiyihenze igihe yavuga mu buhanuzi ibiberekeye, mwa biyorobetsi, nk’uko vyanditswe ngo: ‘Aba bantu bantera iteka n’iminwa yabo, mugabo imitima yabo yigijwe kure yanje cane [jewe Yehova]. Bansengera ubusa, kuko inyigisho bigisha ari amabwirizwa y’abantu.’ Mureka ibwirizwa ry’Imana, mukagumya umugenzo w’abantu.”​—Mrk. 7:6-8.