Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ubona ko kumenyereza abandi bikenewe?

Woba ubona ko kumenyereza abandi bikenewe?

“Inyigisho nziza [ni] yo vy’ukuri ngira ndabahe.”​—IMIG. 4:2.

INDIRIMBO: 93, 96

1, 2. Ni kubera iki dukwiye kumenyereza abandi kugira babe abashoboye kurangura ibikorwa mw’ishirahamwe?

IGIKORWA nyamukuru Yezu yashira imbere, kwari ugutangaza inkuru nziza y’Ubwami. Ariko ntiwumve, yarafata n’umwanya wo kumenyereza abandi ngo babe abungere n’abigisha. (Mat. 10:5-7) Naho Filipo yafatirwa cane n’igikorwa co kwamamaza injili, nta gukeka ko yafashije abakobwa biwe bane kuba abahanga mu kwamamaza. (Ivyak. 21:8, 9) Kubera iki none kumenyereza abandi bikenewe no muri kino gihe?

2 Kw’isi yose, abantu bakira ukuri baguma barushiriza kwiyongēra. Abashasha batarabatizwa barakeneye gutahura igituma bihambaye kwiyigisha Bibiliya. Barakeneye kwigishwa n’ingene bobwira abandi inkuru nziza be n’ingene bobigisha ukuri. Mu mashengero turimwo, abavukanyi barakeneye kuremeshwa kwihata ngo bakwize ibisabwa kugira ngo babe abakozi b’ishengero n’abakurambere. Iyo abakirisu bahumuye batanze “inyigisho nziza,” barashobora gufasha abashasha gutera imbere mu vy’impwemu.​—Imig. 4:2.

NUBAFASHE KWIYIGISHA BIBILIYA

3, 4. (a) Paulo yerekanye gute ko kwiyigisha Ivyanditswe bifitaniye isano no kuba kirumara mu gikorwa? (b) Kugira turemeshe abatohoji ba Bibiliya kwiyigisha, ni igiki dukwiye kubanza gukora?

3 Kwiyigisha Bibiliya bihambaye ku rugero rungana iki? Ico kibazo kirishurwa mu vyo intumwa Paulo yabwiye abakirisu b’i Kolosayi. Yanditse ati: “[Ntidu]hengeshanya kubasengera no gusaba yuko mwokwuzuzwa ubumenyi butagira amakosa bw’ukugomba [kw’Imana] mu bukerebutsi bwose n’ugutegera kwo mu vy’impwemu, kugira ngo mugende nk’uko bibereye Yehova ngo mumushimishe bimwe bishitse, uko mubandanya kwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose no kugwira mu bumenyi butagira amakosa bw’Imana.” (Kol. 1:9, 10) Ubwo bumenyi butagira amakosa bwotumye abakirisu b’i Kolosayi ‘bagenda nk’uko bibereye Yehova ngo bamushimishe bimwe bishitse.’ Ivyo vyotumye babandanya “kwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose,” canecane mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Kugira ngo umusavyi wa Yehova abe kirumara, ategerezwa kwama yiyigisha Bibiliya. Vyoba vyiza dufashije abatohoji ba Bibiliya gutahura ico kintu.

4 Kugira dufashe abandi kubona agaciro ko kwiyigisha Bibiliya, ubwacu dutegerezwa kubanza kujijuka ko ari ngirakamaro. Nkako, ubwacu turakeneye kugira akamenyero keza ko kwiyigisha Bibiliya. Niwibaze rero uti: ‘Igihe ndi mu ndimiro maze uwo tuyaga agatanga iciyumviro giteye kubiri n’Ivyanditswe canke akambaza ibibazo bigoye, noba nshobora kumwishura nkoresheje Bibiliya? Iyo nsomye ukuntu Yezu, Paulo be n’abandi bumiyeko mu ndimiro, noba nzirikana ingene ukwihangana kwabo gukwiye kundemesha mu gikorwa ndangurira Yehova?’ Twese turakeneye ubumenyi n’impanuro biva mw’Ijambo ry’Imana. Hamwe rero twoza turabwira abandi ivyiza twungukira ku kwiyigisha Bibiliya, turashobora gutuma na bo nyene biyigisha babigiranye umwete, maze bakironkera ivyiza nk’ivyo nyene.

5. Nuvuge ivyo twoshobora gukora kugira dufashe abashasha kwama biyigisha Bibiliya.

5 Hari aho wokwibaza uti: ‘Noremesha gute umutohoji kwama yiyigisha Bibiliya?’ Ico woherako ni ukumwereka ingene yotegura amayagwa muzokwiga. Woshobora kumusaba ko yosoma amayagwa y’inyongera mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? hamwe n’ivyanditswe bitasubiwemwo mu majambo. Numufashe gutegura amakoraniro, abigiranye intumbero yo gutanga inyishu. Numuremeshe gusoma buri nomero y’Umunara w’Inderetsi na Be maso! Nimba mu rurimi rwanyu mufise ca cegeranyo c’amayagwa yo mu bitabu vyacu (Watchtower Library) canke ICEGERANYO C’IBITABU CO KURI INTERNET, woshobora kumwereka ingene abikoresha kugira aronke inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya. Ivyo vyoshobora gutuma uwo mutohoji adateba kugira akayabagu ko kwiyigisha Ijambo ry’Imana.

6. (a) Wofasha gute umutohoji gukunda Bibiliya bivuye ku mutima? (b) Ni gute umutohoji akunda Bibiliya abikuye ku mutima yoshobora kwiyumva?

6 Ariko ntiwumve, nta we dukwiye guhatira gusoma canke kwiga Bibiliya. Ahubwo riho, dukwiye gukoresha ibikoresho turonswa n’ishirahamwe rya Yehova kugira ngo dufashe umutohoji kurushiriza gukunda Bibiliya. Mu nyuma, yoshobora kwiyumva nk’umwanditsi w’amazaburi yaririmvye ati: “Kwegera Imana bimbera vyiza. Nashize ubuhungiro bwanje mu Mukama Segaba Yehova.” (Zab. 73:28) Impwemu ya Yehova ntizobura gufasha umutohoji wa Bibiliya nk’uyo afatana ibintu uburemere kandi akenguruka.

NUBAMENYEREZE KWAMAMAZA NO KWIGISHA

7. Yezu yamenyereje gute abamamaji b’inkuru nziza? (Raba ishusho itangura.)

7 Muri Matayo ikigabane ca 10, turahasanga ubuyobozi Yezu yahaye intumwa ziwe 12. Aho kubabwira ibintu muri rusangi, yarabatomoreye ivyo bokora. [1] Igihe Yezu yariko arabigisha ivyo bokora kugira ngo bamamaze neza, baramuteze yompi. Ivyo biheze, baciye baja ku gikorwa. Kubera ko bagiye bararaba uburyo Yezu yakoresha mu kwigisha, ntibatevye kuba abigisha b’Ijambo ry’Imana babishoboye. (Mat. 11:1) Na twebwe turashobora kumenyereza abatohoji ba Bibiliya kugira ngo babe abamamaji b’inkuru nziza babishoboye. Nimuze turabe ibintu bibiri twobafasha kuryohora.

8, 9. (a) Yezu yaganiriza abantu gute? (b) Twofasha gute abamamaji bashasha kwigana Yezu igihe bayagisha abantu?

8 Kuyagisha abantu. Akenshi Yezu yabwira abantu ivyerekeye Ubwami. Nk’akarorero, yaragiraniye ikiyago gishimishije n’umugore umwe yari kw’isôko rya Yakobo, hafi y’igisagara ca Sikara, kandi ico kiyago caravuyemwo ivyiza. (Yoh. 4:5-30) Yaraganirije kandi umutozakori Matayo Lewi. Naho Injili zitavuga vyinshi ku bijanye n’ico kiyago, Matayo yaremeye akamo Yezu yamuteye ko kumukurikira. Igihe Yezu yari i muhira kwa Matayo bariko barihereza inzimano, Matayo be n’abandi bari bahari baramwumvanye ibitari bike.​—Mat. 9:9; Luka 5:27-39.

9 Ikindi gihe, Yezu abigiranye umutima mwiza yarayagishije Natanayeli, naho yasuzugura Abanyanazareti. Ivyo vyatumye Natanayeli ahindura ivyiyumviro. Yahavuye yipfuza kumenya vyinshi ku bijanye n’inyigisho za Yezu Umunyanazareti. (Yoh. 1:46-51) Ivyo biratwereka ko dukwiye kumenyereza abamamaji bashasha kuganiriza abantu babigiranye umutima mwiza. [2] Nitwabamenyereza kubigenza gutyo, bazohimbarwa no kwibonera ingene kwitwararika abantu no kubayagisha n’umutima mwiza bituma bakira neza ukuri.

10-12. (a) Yezu yakurikiranye gute abashimishwa n’inkuru nziza? (b) Twofasha gute abamamaji bashasha kuryohora ubuhanga bwabo bwo kwigisha Ijambo ry’Imana?

10 Gukurikirana abashimishijwe. Naho Yezu yari afise umwanya muto wo kurangura igikorwa yashinzwe, yarafata umwanya wo gukurikirana abantu baba bashimishijwe n’inkuru nziza. Nk’akarorero, umusi umwe Yezu yarigishije isinzi ry’abantu ahagaze mu bwato. Ico gihe, yaratumye Petero aroba ifi nyinshi ku gitangaro, maze aca amubwira ati: “Guhera ubu uzohora uroba abantu ari bazima.” None ayo majambo ya Yezu be n’ivyo yari ahejeje gukora vyavuyemwo iki? Bibiliya ivuga ko Petero n’abarovyi bagenziwe baciye “bagarukana bwa bwato i musozi, baheba vyose baramukurikira.”​—Luka 5:1-11.

11 Nikodemu, akaba ari umwe mu bari bagize Inama Nkuru y’Abayuda, yarashimishijwe n’inyigisho za Yezu. Yaripfuza kumenya vyinshi, mugabo agatinya ivyo abandi bovuze bamubonye avugana na Yezu. Kubera ko Yezu yatanga umwanya wiwe kandi agahuza n’uko ibintu vyifashe, yabonanye na Nikodemu mw’ijoro abantu batabona. (Yoh. 3:1, 2) None izo nkuru zitwigisha iki? Umwana w’Imana yararondera umwanya wo gukomeza abantu mu kwizera. None wumva tweho tudakwiye kugira umwete wo gusubira kugendera abashimishijwe no kubayoborera inyigisho ya Bibiliya?

12 Hamwe twoza turakorana n’abamamaji bashasha, barashobora kuba abahanga mu kwigisha Ijambo ry’Imana. Turashobora kubafasha kuguma bazirikana mbere n’ababa bashimishijwe gatoyi. Igihe dusubiye kugendera abashimishijwe canke kuyobora inyigisho za Bibiliya, twoshobora kubasaba ko twojana. Tumenyereje gutyo abamamaji bashasha tukongera tukabaremesha, nta gukeka ko bazorushiriza kwitwararika abashimishwa bongere bayobore n’inyigisho za Bibiliya. Vyongeye, bazokwiga kwihangana no kwumirako mu gikorwa co kwamamaza, aho kwihutira gucika intege.​—Gal. 5:22; raba uruzitiro ruvuga ngo “ Kwumirako birahambaye.”

NUBAMENYEREZE GUKORERA ABO BASANGIYE UKWEMERA

13, 14. (a) Uburorero bwo muri Bibiliya bw’abantu bitanze cane ku bw’ineza y’abandi bukwigisha iki? (b) Ni mu buryo bufadika ubuhe womenyereza abashasha be n’abakiri bato kugaragariza urukundo abo basangiye ukwemera?

13 Bibiliya irimwo inkuru zitwereka ko “kwiyumvamwo abavukanyi” no kubakorera ari agateka. (Soma 1 Petero 1:22; Luka 22:24-27.) Umwana w’Imana nta co yisigarije mu gukorera abandi, habe n’ubuzima bwiwe. (Mat. 20:28) Doruka “yari agwije ibikorwa vyiza, [kandi] agafasha cane aboro.” (Ivyak. 9:36, 39) Mushiki wacu umwe yitwa Mariya wo mw’ishengero ry’i Roma, ‘yarabize akuya cane’ ku bw’ineza y’abo muri iryo shengero. (Rom. 16:6) None twofasha gute abashasha kubona akamaro ko kwitaho abavukanyi na bashiki bacu?

Numenyereze abashasha kugaragariza urukundo abo basangiye ukwemera (Raba ingingo ya 13, 14)

14 Ivyabona bahumuye barashobora gusaba abashasha ngo bajane kugendera abarwaye be n’abageze mu zabukuru. Igihe abavyeyi bagendera abantu nk’abo, boshobora kujana n’abana babo nimba bibereye. Abakurambere barashobora gukorana n’abandi kugira ngo biyemeze neza ko abageze mu zabukuru twikundira bafise ibifungurwa kandi ko inzu babamwo ata ngorane zifise. Gukorana ibikorwa nk’ivyo n’abakiri bato canke abashasha, biratuma biga gukorera abandi ibikorwa biranga ubuntu. Nk’akarorero, igihe umukurambere umwe yaba ari mu ndimiro, yaricisha ku mihana y’abavukanyi yo mu cibare yakoreramwo kugira ngo arabe ingene bamerewe. Ivyo vyatumye umuvukanyi akiri muto bakunda kujana abona ko bikenewe yuko abagize ishengero bose bumva ko bakundwa.​—Rom. 12:10.

15. Kubera iki bihambaye ko abakurambere bafasha abagabo bo mw’ishengero gutera imbere?

15 Kubera ko abagabo ari bo Yehova akoresha mu kwigisha mw’ishengero, birahambaye yuko abavukanyi batsimbataza ubuhanga bwo kwigisha. Nimba uri umukurambere, ubona gute wumvirije umukozi w’ishengero igihe yimenyereza gutanga insiguro? Umufashije, yoshobora kurushiriza kugira ubuhanga bwo kwigisha Ijambo ry’Imana.​—Neh. 8:8. [3]

16, 17. (a) Paulo yitwararitse gute iterambere rya Timoteyo? (b) Abakurambere bomenyereza neza gute abazoba abungere b’ishengero?

16 Kubera ko abungere baguma barushiriza gukenerwa, birakenewe rero ko hagira abaguma bamenyerezwa kugira bazorangure iryo banga muri kazoza. Paulo yaraciye ku mayange ingene ukumenyerezwa kwogirwa, igihe yabwira Timoteyo ati: “Wewe . . . mwananje, guma wironsa ububasha mu buntu ata wari abukwiriye bujanye na Kristu Yezu, kandi ibintu wanyumvanye bishigikiwe n’ivyabona vyinshi, ivyo bintu ubizeze abantu b’abizigirwa, abazoheza bakaba abakwije neza ibisabwa kugira bigishe abandi.” (2 Tim. 2:1, 2) Kuba Timoteyo yakoranye n’iyo ntumwa ihumuye, vyatumye amwigirako ibintu vyinshi. Mu nyuma, Timoteyo yarakoresheje ubuhanga bwa Paulo mu kwamamaza hamwe no mu yindi mice y’umurimo mweranda yarangura.​—2 Tim. 3:10-12.

17 Paulo nta co atakoze kugira ngo amenyereze Timoteyo. Yarajana n’uwo musore. (Ivyak. 16:1-5) Abakurambere barashobora kwigana Paulo mu kujana n’abakozi b’ishengero bakwije ibisabwa, igihe bagendera abantu cungere nimba bibereye. Ivyo biratuma abo bavukanyi bibonera ko umukurambere akwiye kuba ari umuntu azi kwigisha, afise ukwizera, yihangana kandi afise urukundo. Kubigenza gutyo biratuma haguma haboneka abazoba abungere b’“ubusho bw’Imana.”​—1 Pet. 5:2.

KUMENYEREZA ABANDI BIRAHAMBAYE

18. Kubera iki bihambaye ko tumenyereza abandi mu gikorwa ca Yehova?

18 Kumenyereza abandi birahambaye cane kubera ko mw’ishirahamwe rya Yehova haguma hakenerwa aborangura imirimo itandukanye. Yezu na Paulo baradusigiye akarorero twokwigana mu bijanye no kumenyereza abandi. Yehova yipfuza ko abasavyi biwe bo mu gihe ca none bamenyerezwa neza ku bw’ibikorwa bashingwa mw’ishirahamwe ryiwe. Imana iradutera agateka ko gufasha abashasha kugira ngo babe abashoboye kurangura ibikorwa bikenewe mw’ishengero. Uko ivy’iyi si birushiriza kudabuka ni ko haguma hakenerwa gukorwa vyinshi mu gikorwa co kwamamaza. Ku bw’ivyo rero, kumenyereza abandi birahambaye kandi birihutirwa.

19. Kubera iki wokwemera udakeka ko utwigoro ugira mu kumenyereza abandi mu murimo wa Yehova tutazoba impfagusa?

19 Ego ni ko, kumenyereza abandi bisaba umwanya n’akigoro. Ariko rero Yehova n’Umwana wiwe mukundwa, bazodushigikira bongere baduhe ubukerebutsi bwo kubikora. Tuzoryoherwa nitwabona ingene abo twafashije baguma ‘bakora cane kandi bakihata.’ (1 Tim. 4:10) Uko dufasha abandi, ese na twebwe twobandanya gutera imbere mu murimo mweranda turangurira Yehova!

^ [1] (ingingo ya 7) Mu vyo Yezu yababwiye harimwo: (1) Kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami. (2) Kubumbwa n’ibintu vy’umubiri Imana yobaronkeje. (3) Kwirinda kuja impari n’abo boganiriye. (4) Kwizigira Imana igihe hagize ababarwanya. (5) Kutagira ubwoba.

^ [2] (ingingo ya 9) Igitabu Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, rup. 62-64, kiratanga ivyiyumviro vyiza vyerekana ingene twoganiriza abantu mu ndimiro.

^ [3] (ingingo ya 15) Igitabu Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, urupapuro rwa 52-61, kirerekana kamere zofasha umuntu kwigisha neza imbere y’abantu.