Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yemwe bakiri bato, mwokwitegurira gute kubatizwa?

Yemwe bakiri bato, mwokwitegurira gute kubatizwa?

“Gukora ukugomba kwawe, ewe Mana yanje, ni vyo vyampimbaye.”​—ZAB. 40:8.

INDIRIMBO: 51, 58

1, 2. (a) Sigura igituma kubatizwa ari ingingo udakwiye gufyinako. (b) Ukwiye kubatizwa ryari?

WOBA ukiri muto ukaba wipfuza kubatizwa? Nimba ari ukwo biri, hari agateka gakomeye kuruta utundi twose kakurindiriye. Ariko rero nk’uko ikiganiro giheruka cavyerekanye, kubatizwa ni ingingo udakwiye gufyinako. Vyerekana ko wiyeguriye Yehova, ni ukuvuga ko wamusezeraniye mu mwiherero ko uzomukorera ibihe vyose mu gushira ivyo agomba imbere y’ibindi vyose mu buzima bwawe. Birumvikana rero ko ukwiye kubatizwa igihe gusa uhumuye bihagije kugira ufate iyo ngingo, kikaba ari icipfuzo cawe bwite kandi ukaba utahura ico kwiyegura bisobanura.

2 Vyogenda gute nka hamwe woba wumva umengo nturagera kubatizwa? Bite ho igihe woba wipfuza kubatizwa ariko abavyeyi bawe bakabona ko ukwiye kurindira gushika kumbure urushirije kumenya ingene umukirisu akwiye kubaho? Uko vyogenda kwose, ntucike intege. Nukoreshe nyabuna ako karyo kugira utere imbere maze ushobore kubatizwa udatebaganye. Ufise ivyo mu muzirikanyi, rimbura ukuntu ushobora kwishingira imigambi ku vyerekeye (1) ivyo wemera, (2) ivyo ukora, (3) ugukenguruka.

IVYO WEMERA

3, 4. Ni icigwa ikihe abakiri bato bashobora kwigira kuri Timoteyo?

3 Iyumvire ukuntu wokwishura ibi bibazo: Kubera iki nemera ko Imana iriho? Ni igiki kinjijura ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana ryahumetswe? Kubera iki nisunga ingingo ngenderwako z’Imana zigenga ikibereye n’ikitabereye aho kwisunga agatima k’isi? Ivyo bibazo si ivyo kuvyura amakenga muri wewe. Ahubwo nyabuna, birashobora kugufasha gukurikiza impanuro intumwa Paulo yatanze igira iti: “Mwiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.” (Rom. 12:2) Kubera iki ukwiye kubigira?

4 Rimbura akarorero kavugwa muri Bibiliya. Timoteyo yari azi cane Ivyanditswe. Nyina na inakuru bari baramwigishije “guhera mu buhinja.” Yamara rero, Paulo yahimirije Timoteyo ati: “Ugume mu vyo wize ukumvishwa ukavyemera.” (2 Tim. 3:14, 15) Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, ijambo ryo mu rurimi rwo mu ntango ryahinduwe ngo “kwumvishwa” risobanura “kujijuka ukemera yuko ikintu ari ukuri.” Ukuri Timoteyo yari yarakugize ukwiwe. Ntiyakwemera kubera ko nyina na inakuru bamubwiye kubigira, mugabo kubera ko ubwiwe yari yarakuzirikanyeko maze arajijuka.​—Soma Abaroma 12:1.

5, 6. Kubera iki bihambaye ko wiga gukoresha ‘ubushobozi bwo kwiyumvira’ ukiri muto?

5 Weho bite? Hari aho woba umaze igihe kirekire umenye ukuri kwo muri Bibiliya. Nimba ari ukwo biri, ubona gute wishingiye umugambi wo gusuzuma witonze imvo zituma wemera ivyo wize? Ivyo bizotuma urushiriza kujijuka, bigufashe kandi kudatwarwa n’akosho k’urunganwe, ivyiyumviro vy’isi canke mbere ukuntu ubwawe ubona ibintu.

6 Niwiga gukoresha “ububasha bwa[we] bwo kwiyumvira” ukiri muto bizotuma witegurira kwishura abo mu runganwe mu buryo bwumvikana igihe bakubajije ibibazo nk’ibi: ‘Ni igiki kikwemeza ko Imana iriho? Kubera iki Imana y’urukundo ireka ibibi bikabandanya? Ni igiki cemeza ko Imana yamyeho?’ Igihe uzoba witeguye, ibibazo nk’ivyo ntibizotuma ukwizera kwawe kugoyagoya, ariko bizotuma urushiriza kwiyigisha.

7-9. Urukurikirane “Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?” rwo kuri jw.org rushobora gute gutuma urushiriza kujijuka ku vyo wemera?

7 Kwiyigisha n’umwete birashobora kugufasha kwishura ibibazo, bigatuma uhera amakenga woba ufise kandi ukarushiriza kujijuka ku vyo wemera. (Ivyak. 17:11) Turafise ibikoresho bitari bike bishobora kugufasha. Benshi basanze ari ngirakamaro kurimbura ibisohokayandikiro vyacu bivuga ibijanye n’Umuremyi wacu Ahambaye be n’ivyo yaremye. Vyongeye, abakiri bato benshi barahimbarwa n’ibiganiro biri ku rubuga rwacu jw.org bivuga ngo “Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?” Urwo rukurikirane rw’ivyogufasha kwiga urarusanga ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA. Buri cigwa co muri urwo rukurikirane kigenewe gutuma urushiriza kujijuka ku ciyumviro kanaka co muri Bibiliya.

8 Kubera ko usanzwe umenyereye gukoresha Bibiliya, hari aho woca wishura ibibazo bimwebimwe vyo muri urwo rukurikirane. Ariko none wemezwa n’iki ko inyishu utanga ari iz’ukuri? Ayo mayagwa aragusaba kuzirikana ku vyanditswe bitari bike no guca wandika ico ubwawe uvyiyumvirako. Arashobora kugufasha gutegekanya ukuntu wosigurira abandi ivyo wemera bishingiye kuri Bibiliya. Urwo rukurikirane “Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?” ruriko ruratuma abakiri bato benshi barushiriza kujijuka ku vyo bemera. Nimba ushobora kururonka, ubona gute urushize kuri porogarama y’ivyo wiyigisha?

9 Niwarushiriza kujijuka ku vyo wemera, uzoba uteye intambwe ikomeye ishikana kw’ibatisimu. Mushiki wacu umwe w’umuyabaga yavuze ati: “Imbere y’uko mfata ingingo yo kubatizwa, narize Bibiliya ndabona ko nubuye idini y’ukuri. Uko bukeye uko bwije, ndarushiriza kujijuka kuri ico kintu.”

IVYO UKORA

10. Kubera iki vyitegwa ko umukirisu yabatijwe agaragaza ibikorwa bijanye n’ukwizera?

10 Bibiliya ivuga iti: “N’ukwizera nyene, iyo kudafise ibikorwa, ubwakwo kuba gupfuye.” (Yak. 2:17) Igihe umaze kujijuka ku vyo wemera, bica vyitegwa ko ubigaragaza mu bikorwa. Uti ibikorwa nyabaki? Bibiliya iravuga ibijanye n’“ibikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana.”​—Soma 2 Petero 3:11.

11. Sigura imvugo ngo “ibikorwa vy’ingeso nyeranda.”

11 Kugira ugaragaze “ibikorwa vy’ingeso nyeranda,” utegerezwa kuba udahumanye mu nyifato runtu. None wewe uriko uvyifatamwo gute? Nk’akarorero, rimbura ivyabaye muri aya mezi atandatu aheze. Wagaragaje gute ko ‘ububasha bwawe bwo gutegera’ bwamenyerejwe gutandukanya iciza n’ikibi? (Heb. 5:14) Woba wibuka ibihe kanaka wananiye ikigeragezo canke akosho k’urunganwe? Ukuntu wifata kw’ishure vyoba bituma bavuga neza ukwizera kwawe? Woba uburanira ukwizera kwawe aho kwivanga mu vyo abo mwigana bakora kugira gusa wirinde gutyekezwa? (1 Pet. 4:3, 4) Ni ivy’ukuri ko twese tudatunganye. N’abamaze igihe kirekire bakorera Yehova vyoshobora gushika bagatinya kuburanira icese ukwizera kwabo. Ariko rero uwiyeguriye Yehova arishimira kwitirirwa izina ry’Imana, akabigaragaza mu kuntu yigenza.

12. Bimwebimwe mu “bikorwa vy’ukwihebera Imana” ni ibihe kandi ukwiye kubibona gute?

12 None “ibikorwa vy’ukwihebera Imana” vyo ni ibihe? Ni ibikorwa urangura mw’ishengero, nko kwitaba amakoraniro no kugira uruhara mu ndimiro. Harimwo kandi ibikorwa vyo mu buryo bw’impwemu abandi batabona, nk’amasengesho utura wiherereye hamwe n’ukwiyigisha. Umuntu yiyeguriye Yehova ntabona ivyo bikorwa nk’umuzigo. Ahubwo nyabuna agaragaza agatima nk’ak’Umwami Dawidi, uwavuze ati: “Gukora ukugomba kwawe, ewe Mana yanje, ni vyo vyampimbaye, kandi itegeko ryawe riri imbere muri jewe.”​—Zab. 40:8.

13, 14. Ni igikoresho ikihe gishobora kugufasha kurangura “ibikorwa vy’ukwihebera Imana,” kandi ni gute abakiri bato bamwebamwe bacungukiyeko?

13 Mu gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2 ku rupapuro rwa 308 na 309, turafise uruzitiro rurimwo ivyiyumviro wokwifashisha kugira wishingire imigambi. Urwo ruzitiro ruragusaba kwandika inyishu wotanga ku bibazo nk’ibi: “Amasengesho yawe yoba adomako, kandi ahishura iki ku bijanye n’urwo ukunda Yehova?” “Mu rutonde rwawe rwo kwiyigisha harimwo ibiki?” “Woba uja kwamamaza n’igihe abavyeyi bawe batagiye?” Urwo ruzitiro kandi rurafise ahantu ushobora kwandika imigambi iyo ari yo yose woshima kwishingira ku vyerekeye amasengesho utura, ukwiyigisha kwawe be n’indimiro.

14 Abakiri bato benshi bipfuza kubatizwa basanze urwo ruzitiro ari igikoresho ngirakamaro. Mushiki wacu akiri muto yitwa Tilda yavuze ati: “Narakoresheje urwo ruzitiro kugira nishingire imigambi. Narashitse kuri iyo migambi intambwe ku yindi, kandi inyuma y’umwaka nari nkwije ibisabwa kugira mbatizwe.” Umuvukanyi akiri muto yitwa Patrick na we nyene yarungukiye kuri urwo ruzitiro. Yavuze ati: “Imigambi yanje nari nsanzwe ndayizi ariko kuyandika ahantu vyatumye nihatira kuyishitsa.”

Woba wobandanya gukorera Yehova naho abavyeyi bawe boba batabigira? (Raba ingingo ya 15)

15. Kubera iki umuntu ari we akwiye kwifatira ingingo yo kwiyegurira Yehova?

15 Kimwe mu bibazo bituma umuntu azirikana cane dusanga muri urwo ruzitiro ni iki: “Woba wobandanya gukorera Yehova naho abavyeyi bawe n’abagenzi bawe bohagarika kubigira?” Uribuka yuko niwiyegura ukabatizwa, ari wewe ubwawe uzogiranira ubucuti na Yehova. Ntukwiye rero kumukorera ubitumwe n’abandi, mbere naho boba ari abavyeyi bawe. Ibikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana urangura birerekana ko ukuri wakugize ukwawe be n’uko uriko uratera imbere ugana ku kubatizwa.

UGUKENGURUKA

16, 17. (a) Ni igiki gikwiye gutuma umuntu aba umukirisu? (b) Gukenguruka incungu twobigereranya n’iki?

16 Umugabo umwe w’umuhanga mu bijanye na rya Tegeko Imana yatanga biciye kuri Musa, yabajije Yezu ati: “Ibwirizwa risumba ayandi mw’Itegeko ni irihe?” Yezu yishuye ati: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.” (Mat. 22:35-37) Ng’aho Yezu yarerekanye imvo ikwiye gutuma turangura ibikorwa vya gikirisu harimwo n’ukubatizwa, na yo akaba ari ugukunda Yehova n’umutima wacu wose. Bumwe mu buryo bwiza kuruta ubundi bwose bwotuma urushiriza gukunda Yehova ni ukuzirikana ku ngabire iruta izindi zose yatanze, ni ukuvuga inkuka y’incungu y’Umwana wiwe. (Soma 2 Abakorinto 5:14, 15; 1 Yohani 4:9, 19.) Kuzirikana ku ncungu no ku co ikumariye birashobora gutuma ugira ico ukoze mu kugaragaza ko ukenguruka.

17 Ukuntu ukenguruka incungu twobigereranya n’iki kintu: Dufate ko hari umuntu akurokoye uriko urasoma nturi. Ubwo wokwubahuka guca witahira i muhira, ukihanagura maze ukibagira ico yagukoreye? Oya nawe nu! Nta gukeka ko wokwumva ko ufitiye umwenda uwo muntu yakurokoye. Ikizwi co ni uko ubuzima bwawe woba ubukesha uwo muntu! Yehova na Yezu bobo badukoreye ibiruta ivyo. Iyo hataba incungu, ni nk’aho twese tuba twarasomye nturi mu gicumuro n’urupfu. Ariko kubera ico kintu gikomeye kiranga urukundo, ubu turafise icizigiro ntangere co kwiberaho ibihe bidahera mw’isi y’iparadizo.

18, 19. (a) Kubera iki udakwiye gutinya kuba uwa Yehova? (b) Ni gute gukorera Yehova bituma urushiriza kubaho neza?

18 Woba ukenguruka ivyo Yehova yagukoreye? Nimba ari ukwo biri, birabereye ko umwiyegurira ukabatizwa. Wibuke yuko ukwiyegura ari ugusezeranira Yehova ko uzokora ivyo agomba ibihe vyose, naho hoza iki. Woba none ukwiye gutinya kugira iyo ndagano? Eka data! Uramiza ku muzirikanyi ko Yehova akwipfuriza ineza be n’uko ‘ahemba abamuronderana ubwira.’ (Heb. 11:6) Kwiyegurira Yehova ukabatizwa ntibituma ubaho nabi. Ahubwo riho gukorera Yehova bizotuma urushiriza kubaho neza. Umuvukanyi umwe w’imyaka 24 yabatijwe imbere y’uko aba umuyabaga, avuga ati: “Iyo mbatizwa nkuze hari aho nari kuba ntahura ibintu vyinshi kuruta, ariko kuba narafashe ingingo yo kwiyegurira Yehova vyarandinze gukurikirana imigambi yo mw’isi.”

19 Ese ukuntu Yehova atandukanye na Shetani, uno akaba ata kindi akuronderako atari inyungu ziwe bwite! Nta mpera iramba Shetani aha abiwe. Mbega nyene yoyitanga gute? Ubwiwe nta nkuru nziza afise, kandi nta cizigiro namba afise. Wumva none yotanga gute ivyo atagira? Emwe nta kindi Shetani ashobora gutanga atari kazoza kabi nka kamwe nyene kamurindiriye!​—Ivyah. 20:10.

20. Uwukiri muto yokora iki kugira atere imbere maze ashike ku kwiyegura no kubatizwa? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Ivyogufasha gukura mu vy’impwemu.”)

20 Biragaragara ko kwiyegurira Yehova ari co kintu kibereye wokora. Woba witeguriye gutera iyo ntambwe? Nimba witeguye, ntugonanwe. Ariko rero nimba ukeneye uwundi mwanya, nukoreshe ivyiyumviro biri muri iki kiganiro kugira ubandanye gutera imbere. Paulo yandikiye Abafilipi ati: “Ku rugero tugezeko mu gutera imbere, tubandanye kugendera ku rutonde muri iyo nzira nyene.” (Flp. 3:16) Niwakurikiza iyo mpanuro, ntuzoteba kugira icipfuzo co kwiyegurira Yehova maze ukabatizwa.