Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yemwe bakiri bato, mwoba mwiteguriye kubatizwa?

Yemwe bakiri bato, mwoba mwiteguriye kubatizwa?

“Ni nde muri mwebwe ashaka kwubaka umunara atabanza kwicara agaharura ivyosohoka, ngo arabe ko afise ibikwiye vyo kuwurangiza?”​—LUKA 14:28.

INDIRIMBO: 120, 64

Ibiganiro bibiri bikurikira vyerekeye abakiri bato bipfuza kubatizwa

1, 2. (a) Ni igiki gitera umunezero abasavyi b’Imana muri iki gihe? (b) Abavyeyi bakirisu hamwe n’abakurambere bafasha gute abakiri bato gutahura ico kubatizwa bisobanura?

IGIHE Christopher yari afise imyaka 12, umukurambere umwe yamubwiye ati: “Ndakuzi kuva ukivuka, none ndahimbawe no kwumva ko wipfuza kubatizwa. Nashaka ndakwibarize: ‘Kubera iki wipfuza gutera iyo ntambwe?’” Ico kibazo yamubajije carumvikana. Mu bisanzwe, twese turahimbarwa no kubona abakiri bato ibihumbi hirya no hino kw’isi babatizwa buri mwaka. (Umus. 12:1) Ariko rero, abavyeyi bakirisu be n’abakurambere mw’ishengero baba bashaka kwiyemeza neza ko abo bakiri bato bafashe iyo ngingo bavyishakiye kandi ko bari n’imvo yumvikana yo kubigira.

2 Ijambo ry’Imana ryerekana ko ukwiyegura n’ukubatizwa ari intango y’ubuzima abakirisu baronkeramwo imihezagiro iva kuri Yehova ariko kandi bakarwanywa na Shetani. (Imig. 10:22; 1 Pet. 5:8) Ku bw’ivyo, abavyeyi bakirisu barafata umwanya wo kwigisha abana babo ico kuba umwigishwa wa Kristu bisaba. Abakiri bato bafise abavyeyi batizera, abakurambere bo mw’ishengero ni bo babafasha gutahura ico kintu babigiranye urukundo. (Soma Luka 14:27-30.) Nka kurya nyene bisaba ukwitegura kugira umuntu arangize neza inyubakwa, ni na ko bisaba ukwitegura kugira umuntu akorere Yehova adahemuka “gushika kw’iherezo.” (Mat. 24:13) Ni ibiki none abakiri bato bokora kugira biyemeze gukorera Yehova ubuzima bwabo bwose? Reka tubirabe.

3. (a) Ivyo Yezu na Petero bavuze bidufasha gute kubona ko ibatisimu ihambaye? (Mat. 28:19, 20; 1 Pet. 3:21) (b) Ni ibibazo ibihe tugira turimbure, kandi kubera iki?

3 Woba ukiri muto ukaba wipfuza kubatizwa? Nimba ari uko biri, urakwiye gukezwa. Ni agateka kadasanzwe kubatizwa ukaba Icabona ca Yehova. Vyongeye, ibatisimu ni ikintu abakirisu basabwa kandi ni ntahara kugira bazoronke ubukiriro. (Mat. 28:19, 20; 1 Pet. 3:21) Kubera ko wipfuza cane gushitsa ivyo uzosezeranira Yehova, urakeneye kwitegurira iyo ntambwe ihambaye. Vyoba vyiza rero urimbuye ibi bibazo bitatu bishobora kugufasha kumenya ko woba ugeze kubatizwa. Ivyo bibazo ni ibi: (1) Noba mpumuye bihagije ku buryo nofata iyo ngingo? (2) Kubigira coba ari icipfuzo canje bwite? (3) Noba ntahura ico bisobanura kwiyegurira Yehova? Nimuze turimbure ivyo bibazo.

WOBA UHUMUYE BIHAGIJE?

4, 5. (a) Kubera iki kubatizwa atari ivy’abakuze bonyene? (b) Kuba umukirisu ahumuye bisobanura iki?

4 Bibiliya ntivuga ko umuntu yobatizwa ari uko gusa akuze canke ashikanye imyaka kanaka yo kuronka uburenganzira ahabwa n’amategeko. Mu Migani 20:11 hagira hati: “Mbere biciye ku ngeso ziwe, umwana aramenyekana ko ivyo akora vyoba bityoroye kandi bigororotse.” Uwusa n’uko akiri muto cane arashobora gutahura ico ari co gukora ikibereye maze akiyegurira Umuremyi wiwe. Ibatisimu rero ni intambwe ihambaye kandi ibereye ku wukiri muto agaragaza ko ahumuye ku rugero ruboneka kandi yiyeguriye Yehova.​—Imig. 20:7.

5 None kuba uwuhumuye bisobanura iki? Birimwo n’ibindi uretse gusa gukura ku mubiri. Bibiliya ivuga ko abantu bahumuye ari “abo ububasha bwabo bwo gutegera bumenyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi.” (Heb. 5:14) Abantu bahumuye rero baramenya ico Yehova abona ko kibereye maze bakiyemeza mu mutima wabo kucumirako. Ivyo bica bituma badapfa kwoshwa ngo bakore ibintu bibi; eka kandi si ngombwa ngo bame bibutswa gukora ikibereye. Mu vy’ukuri, birumvikana twiteze ko uwukiri muto abatijwe azokwumira ku ngingo ngenderwako z’Imana mbere n’igihe atoba ari kumwe n’abavyeyi canke abandi bantu bakuze.​—Gereranya n’​Abafilipi 2:12.

6, 7. (a) Ni ingorane izihe Daniyeli yagize igihe yari i Babiloni? (b) Daniyeli yerekanye gute ko ahumuye?

6 Abakiri bato boba vy’ukuri bashobora kugaragaza ko bahumuye muri ubwo buryo? Rimbura akarorero ko muri Bibiliya kerekeye Daniyeli. Ashobora kuba ari ho yari akigera mu buyabaga igihe yatandukanywa n’abavyeyi biwe ku nguvu akajanwa mu bunyagano i Babiloni. Daniyeli yasanze bukwi na bukwi ari mu bantu batabona kumwe na we ikibereye n’ikitabereye. Hariho n’iyindi ngorane Daniyeli yagize: Yafatwa nk’umuntu adasanzwe i Babiloni. Nkako, Daniyeli yari umwe mu misore yacaguwe kugira ihagarare imbere y’umwami! (Dan. 1:3-5, 13) I Babiloni, Daniyeli yasa n’aho afise uturyo atokwigeze aronka muri Isirayeli.

7 None uwo musore Daniyeli yavyifashemwo gute? Yoba yarahenzwe n’ibisayangana be no kuba rurangiranwa i Babiloni? Yoba yararetse ivyo bintu bishasha yarimwo ngo bihindure akaranga kiwe canke vyonone ukwizera kwiwe? Uwokubesha! Bibiliya ivuga yuko igihe Daniyeli yari i Babiloni, “yiyeme[je] mu mutima wiwe kutiyandurisha” ikintu na kimwe kijanye n’ugusenga kw’ikinyoma. (Dan. 1:8) Emwe, Daniyeli yarerekanye ko ahumuye bidasanzwe!

Uwukiri muto ahumuye ntaba umugenzi w’Imana ku Ngoro y’Ubwami mugabo kw’ishure akaba umugenzi w’isi (Raba ingingo ya 8)

8. Akarorero ka Daniyeli kakwigisha iki?

8 Akarorero ka Daniyeli kakwigisha iki? Kimwe coco ni uko uwukiri muto ahumuye adahindagura ivyo yemera. Ntamera nk’uruvu ruza rurahindagura amabara kugira ruse n’ibirukikuje. Ntaba umugenzi w’Imana ku Ngoro y’Ubwami mugabo kw’ishure akaba umugenzi w’isi. Aho kuzungazunga, aguma ashikamye mbere no mu bintu bigerageza ukwizera.​—Soma Abanyefeso 4:14, 15.

9, 10. (a) Uwukiri muto yungukira gute ku kuzirikana ku kuntu yavyifashemwo mu bintu vyoba biheruka kugerageza ukwizera kwiwe? (b) Ibatisimu yerekana iki?

9 Ego ni ko, nta muntu atunganye; abakiri bato cokimwe n’abakuze birashika bagakora amakosa. (Umus. 7:20) Ariko nimba wipfuza kubatizwa, vyoba vyiza usuzumye mu mutima wawe urugero ushikanako mu kwumira ku ngingo ngenderwako za Yehova. None worusuzuma gute? Niwibaze uti: ‘Noba mfise akamenyero ko kwumira ku ngingo ngenderwako z’Imana?’ Nuzirikane ku kuntu wavyifashemwo mu bintu biherutse kugerageza ukwizera kwawe. Woba warerekanye ko ufise ugutahura gukenewe kugira utandukanye ikibi n’iciza? Bite ho nka hamwe umuntu wo mw’isi ya Shetani yogufata nk’uwudasanzwe, nka kumwe babigirira Daniyeli? Woba “[wobandanya] gutahura ukugomba kwa Yehova ukwo ari kwo” mbere n’igihe igomba ryiwe ryoba ritandukanye n’ivyo uriko uroshwa gukora?​—Ef. 5:17.

10 Ni kubera iki tuvyuye ivyo bibazo bidakikiriza? Ni ukugira bigufashe kubona ibatisimu mu buryo bubereye. Nk’uko twamaze kubivuga, ibatisimu yerekana ko hari isezerano wagiraniye na Yehova ubwiwe ata gufyina. Urasezerana ko uzomukunda ukongera ukamukorera ibihe vyose n’umutima wawe wose. (Mrk. 12:30) Uwubatijwe wese akwiye kwiyemeza kubaho yisunga iryo sezerano.​—Soma Umusiguzi 5:4, 5.

COBA ARI ICIPFUZO CAWE BWITE?

11, 12. (a) Ni igiki umuntu yipfuza kubatizwa akwiye kwiyemeza neza? (b) Ni igiki kizogufasha kubona mu buryo bwiza intunganyo y’ibatisimu Yehova yashizeho?

11 Bibiliya ivuga ko abasavyi ba Yehova, harimwo n’abakiri bato, “bazokwitanga babikunze” mu gikorwa ciwe. (Zab. 110:3) Ku bw’ivyo, umuntu yipfuza kubatizwa arakwiye kwiyemeza neza ko ari icipfuzo ciwe bwite. Ivyo bisaba ko wisuzuma ata gufyina, na canecane igihe uba warerewe mu kuri.

12 Uko imyaka irengana, birashoboka ko wabonye benshi babatizwa, ushizemwo abo mu runganwe rwawe, kumbure mbere n’abo muvukana. Nimba koko ivyawe ari uko vyifashe, ni igiki ukwiye kugabako? Uraba maso ntuhave ubona ibatisimu nk’umugenzo abakiri bato bose babwirizwa kwisunga kugira berekane ko bakuze. Wokora iki none kugira wiyemeze neza ko ubona mu buryo bwiza intunganyo Yehova yashizeho y’ibatisimu? Niwame ufata akanya uzirikane imvo zituma kubatizwa biba ibihambaye cane. Muri iki kiganiro no mu gikurikira urahasanga imvo zumvikana zitari nke.

13. Ushobora gute kumenya ko ingingo yo kubatizwa yoba koko iva ku mutima wawe?

13 Hariho ibintu vyogufasha kumenya ko ingingo yo kubatizwa yoba koko iva ku mutima wawe. Nk’akarorero, icipfuzo ufise co gukorera Yehova kiragaragarira mu masengesho utura. Incuro usenga be n’ukuntu usenga udomako vyoshobora kwerekana ukuntu ubucuti ufitaniye na Yehova bumeze. (Zab. 25:4) N’ikindi kandi, akenshi Yehova yishura amasengesho yacu biciye kw’Ijambo ryiwe. Ku bw’ivyo, utwigoro tugira two kwiga Ijambo ryiwe ni ikindi kintu cerekana ko dushaka vy’ukuri kurushiriza kumwiyegereza no kumukorera tubikuye ku mutima. (Yos. 1:8) Niwibaze rero uti: ‘Noba ntura amasengesho adomako? Noba niyigisha Bibiliya ntahorereza?’ Nimba na ho umuryango wanyu ufise Umugoroba uhariwe ugusenga kwo mu muryango, niwibaze uti: ‘Noba ngira uruhara ndabikunze muri iyo ntunganyo y’umuryango?’ Inyishu utanga kuri ivyo bibazo zirashobora kugufasha kubona ko ingingo yo kubatizwa coba koko ari icipfuzo cawe bwite.

ICO KWIYEGURA BISOBANURA

14. Erekana itandukaniro riri hagati y’ukwiyegura n’ukubatizwa.

14 Bamwebamwe vyoshobora kubagora kumenya itandukaniro riri hagati y’ukwiyegura n’ukubatizwa. Nk’akarorero, hari abakiri bato bavuga ko biyeguriye Yehova mugabo ko batiteguriye kubatizwa. Vyoba none vyumvikana? Kwiyegura ni ukubwira Yehova ko uzomukorera ibihe vyose. Igihe umuntu abatijwe, aba yeretse abandi ko yiyeguye. Ibatisimu rero ni ukwerekana ku mugaragaro ukwiyegura wamaze kugira mu mwiherero mw’isengesho watuye Yehova. Imbere y’uko ubatizwa, urakwiye kwiyemeza neza ko utahura ico bisobanura kwiyegura.

15. Kwiyegura bisobanura iki?

15 Igihe weguriye Yehova ubuzima bwawe, uba wiyanse. Usezeranira Yehova yuko gukora igomba ryiwe ari vyo uzoshira imbere y’ibindi vyose mu buzima bwawe. (Soma Matayo 16:24.) Nimba ata sezerano dukwiye gufata minenegwe, hari akantu iryo twagiraniye na Yehova Imana! (Mat. 5:33) Ariko none, ushobora gute kwerekana ko wiyanse vy’ukuri be n’uko ubu uri uwa Yehova?​—Rom. 14:8.

16, 17. (a) Tanga akarorero kerekana ico kwiyanka bisobanura. (b) Igihe umuntu yiyeguye aba vy’ukuri avuze iki?

16 Tubitangire akarorero: Dufate ko hari umugenzi akugabiye imodoka. Araguhaye icete cemeza ko ikwegukiye, maze akubwira ati: “Iyi modoka ni rwawe.” Ariko dufate ko uwo mugenzi wawe aciye yongerako ati: “Impfunguruzo ndazigumya. Ni jewe nzoza ndatwara iyo modoka, wewe ntuzoyikorako.” Wobona gute ico kintu ciswe ngo ni ingabire? Wobona gute nyene kuyitanga?

17 Ubu na ho nuzirikane ivyo Yehova akwiye kwitega ku muntu amwiyeguriye, ni ukuvuga uwumubwiye ati: “Ndaguhaye ubuzima bwanje. Ndi uwawe.” Vyogenda gute nka hamwe uwo muntu yotangura kugira ubuzima burimwo tubiri, kumbure akareshanya mu mpisho n’uwo badasangiye ukwemera? Vyogenda gute nka hamwe yokwemera akazi gatuma atitanga wese mu ndimiro canke atitaba amakoraniro? None ivyo hari aho vyoba bitandukaniye no kugumya impfunguruzo za ya modoka? Umuntu yiyeguriye Yehova ni nk’aho aba avuze ati: “Ubuzima bwanje ni ubwawe, si ubwanje. Nivyashika ivyo ugomba ntibihuze n’ivyo ngomba, ivyo ugomba ni vyo bizokwama bija imbere.” Ivyo biba bihuye n’ingene Yezu yabona ibintu, uwavuze igihe yari kw’isi ati: “Namanutse mva mw’ijuru atari ukugira ngo nkore ukugomba kwanje, mugabo ngo nkore ukugomba kw’uwandungitse.”​—Yoh. 6:38.

18, 19. (a) Ivyo Rose na Christopher bavuze vyerekana gute ko kubatizwa ari agateka gashikana ku vyiza vyinshi? (b) Kubera iki wovuga ko ibatisimu ari agateka gahambaye?

18 Biragaragara ko ibatisimu ari intambwe ihambaye wewe canke uwundi mudakwiye gufata minenegwe. Ariko kandi ni agateka gahambaye kwiyegurira Yehova ukabatizwa. Abakiri bato bakunda Yehova kandi batahura ico bisobanura kwiyegura ntibagonanwa kubatizwa; eka kandi ntibigera bicuza kuri iyo ngingo bafashe. Umuyabaga umwe yitwa Rose yabatijwe, avuga ati: “Ndakunda Yehova, kandi nta kindi cotuma ngira umunezero kuruta kumukorera. Nta kindi kintu ndigera njijukako mu buzima kuruta ingingo nafashe yo kubatizwa.”

19 Umwe Christopher twavuga mu ntango z’iki kiganiro we bite? Yoba yariboneye ko ingingo yafashe afise imyaka 12 yari nziza? Christopher arakenguruka cane iyo yibutse ko yiyeguye akabatizwa. Yatanguye ubutsimvyi busanzwe afise imyaka 17 maze agenwa kuba umukozi w’ishengero afise 18. Ubu akorera kuri Beteli. Avuga ati: “Ingingo yo kubatizwa yabaye iyibereye. Ubu mbayeho mpimbawe no gukorera Yehova n’ishirahamwe ryiwe.” Nimba wipfuza kubatizwa, wovyitegurira gute? Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino ico kibazo.