Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nurondere gutahura ingorane abo musangiye ukwemera bafise mu vy’umubiri, mu mutima no mu vy’impwemu

Woba ushobora gufasha mw’ishengero urimwo?

Woba ushobora gufasha mw’ishengero urimwo?

IMBERE y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yabwiye abigishwa biwe ati: “Muzombera ivyabona . . . gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyak. 1:8) None abakirisu bo mu ntango bari gushobora gute kurangura ico gikorwa kitoroshe?

Umwigisha umwe wo kuri kaminuza y’i Oxford yitwa Martin Goodman avuga ko “kuba abakirisu baritwararika igikorwa bashinzwe vyatuma baba abatandukanye n’ayandi madini yo mu nganji ya kera y’Uburoma, ushizemwo n’Abayuda.” Yezu yarava hamwe aja ahandi agiye kwamamaza. Mu kumwigana, abakirisu b’ukuri baratahuye ko gukwiragiza “inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana” vyasaba ko barondera abantu bipfuza kumenya ukuri kwo muri Bibiliya. (Luka 4:43) Iyo ni imwe mu mvo zatumye ishengero rya gikirisu ryo mu ntango ribamwo “intumwa,” iyo mvugo ikaba isobanura ijambo ku rindi ngo abarungitswe canke abatumwe. (Mrk. 3:14) Yezu yategetse abayoboke biwe ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa.”​—Mat. 28:18-20.

Naho ata n’umwe muri za ntumwa 12 za Yezu akiri kw’isi, abasavyi ba Yehova benshi baragaragaza agatima k’ubumisiyonari. Igihe batewe akamo ko kuja kwamamaza aho bikenewe kuruta, bishura bati: “Ndi hano! Ntuma” (Yes. 6:8) Hari abimukiye mu bihugu vya kure, nk’akarorero abashika ibihumbi basohotse Ishure rya Gileyadi. Abandi barimukiye mu tundi turere two mu bihugu vyabo vy’amavukiro. Benshi barize urundi rurimi kugira bifatanye n’amashengero canke imigwi bifasha abavuga urwo rurimi. Abo bavukanyi na bashiki bacu bimukiye aho bikenewe cane canke bize urundi rurimi birashoboka ko ivyabo bitari vyifashe neza cane be n’uko batari borohewe. Babwirijwe gutsimbataza agatima ko kwitanga kugira berekane ko bakunda Yehova be n’abantu nka bo. Bamaze guharura ico vyobasaba, baritanze kugira bafashe. (Luka 14:28-30) Ivyo abo bene wacu na bashiki bacu bariko barakora ni ivy’agaciro kanini.

Ariko ntiwumve, ivyacu biratandukanye. Si Ivyabona bose bashobora kwimukira aho bikenewe kuruta canke kwiga urundi rurimi. Twoba none twogaragaza agatima k’ubumisiyonari no mw’ishengero turimwo?

NUBE UMUMISIYONARI MW’ISHENGERO URIMWO

Nurabe ukuntu ivyawe vyifashe maze ufashe abandi

Biragaragara ko abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bafise agatima k’ubumisiyonari, ariko birashoboka ko benshi muri bo bagumye mu bisagara vyabo. Yamara rero, impanuro Timoteyo yahawe yari ihambaye kuri bo cokimwe no ku basavyi b’Imana bose. Igira iti: “Ukore igikorwa c’umwamamaji w’injili, urangure ubusuku bwawe bimwe bishitse.” (2 Tim. 4:5) Itegeko ryo kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami no guhindura abantu abigishwa rirerekeye abakirisu bose aho bari hose. Vyongeye, imice myinshi y’igikorwa c’ubumisiyonari irashobora kurangurirwa mw’ishengero turimwo.

Nk’akarorero, umumisiyonari akorera mu kindi gihugu abwirizwa guhuza n’uko ibintu vyifashe. Ibintu vyinshi biba bitandukanye n’ivyo asanzwe amenyereye. Tweho bite nimba tudashobora kwimukira aho bikenewe kuruta? Twoba dukwiye kubona ko tuzi ibintu vyose vyerekeye icibare c’ishengero turimwo? Twoba twogerageza gukoresha uburyo bushasha bwo kubwira abantu inkuru nziza? Nk’akarorero mu 1940, abavukanyi bararemeshejwe gutegekanya umusi buri ndwi wo gushinga intahe ku mabarabara. Woba nawe ushobora kubigiramwo uruhara? Ubona gute wibwirije gukoresha ka kantu k’amapine bashirako ibitabu? Muri make, woba ubwawe waragerageje gukoresha ubwo buryo bwo kwamamaza, ubushobora kuba ari bushasha kuri wewe?

Nubaremeshe ‘gukora igikorwa c’umwamamaji w’injili’

Kubona ibintu mu buryo bwiza birashobora kudufasha kugira umwete n’igishika mu ndimiro. Akenshi, abitanga bakimukira aho bikenewe kuruta canke bagasahiriza mw’ishengero rikoresha urundi rurimi usanga ari abamamaji babishoboye. Barashobora rero gufasha benshi, nk’igihe baja imbere mu ndimiro. Vyongeye, akenshi usanga abamisiyonari ari bo bahagarikira amashengero gushika habonetse abavukanyi b’imvukira babishoboye. Nimba uri umuvukanyi yabatijwe, woba “[u]rondera gushikira ibanga”? Mu yandi majambo, woba wipfuza gusukurira abo musangiye ukwemera mw’ishengero urimwo?​—1 Tim. 3:1.

NUBE “IMFASHANYO IKOMEZA”

Nubafashe mu buryo buboneka

Uretse ko tugira uruhara n’umwete mu ndimiro kandi tukitanga kugira turangure amabanga mw’ishengero, turashobora gufasha ishengero turimwo no mu yindi mice. Uwo ari we wese, umuto canke uwukuze, uw’igitsina gabo canke igitsina-gore, arashobora kubera “imfashanyo ikomeza” abo dusangiye ukwemera bari n’ivyo bakeneye.​—Kol. 4:11.

Kugira dufashe abo dusangiye ukwemera, turakeneye kubamenya neza. Bibiliya iduhimiriza ngo “twiyumvirane” igihe dukoraniye hamwe. (Heb. 10:24) Iyo mvugo irerekana ko naho tutisuka mu vy’abandi, dukwiye kurondera kumenya no gutahura abavukanyi bacu be n’ivyo bakeneye. Boshobora kuba bakeneye gufashwa mu buryo buboneka, mu vy’inyiyumvo canke mu vy’impwemu. Gufasha abo dusangiye ukwemera ntibiraba gusa abakurambere n’abakozi b’ishengero. Ego ni ko, hoshobora kuba ibihe biba bibereye ko ari bo canecane bafasha. (Gal. 6:1) Ariko rero twese twoshobora gufasha abavukanyi na bashiki bacu bageze mu zabukuru canke imiryango iri mu ngorane.

Nuremeshe abafise amaganya

Nk’akarorero, igihe uwitwa Salvatore yagira ingorane z’amahera bikaba ngombwa ko agurisha urudandaza rwiwe, inzu yiwe hamwe n’ivyo umuryango wiwe utunze nka vyose, yaribaza ingene umuryango wiwe ugiye kubaho. Hari uwundi muryango wo mw’ishengero wabonye ingorane barimwo. Warabaronkeje amahera, urafasha Salvatore n’umukenyezi wiwe kuronka akazi, urateramana kenshi n’uwo muryango wose, urabatega yompi wongera urabaremesha. Baciye batangura ubugenzi bumaze imyaka myinshi. Naho iyo miryango yompi yabanje guca mu ngorane, ubu baribuka n’akamwemwe kenshi umwanya bagiye baramarana muri ico gihe kitoroshe.

Abakirisu b’ukuri ntibigumizamwo ivyo bemera. Nka kumwe kwa Yezu, tubwirizwa kumenyesha bose imihango myiza igitangaza iri muri Bibiliya. Twaba dushoboye kwimuka canke tutabishoboye, twokora ivyo dushoboye vyose kugira dukorere iciza bose. Mu vy’ukuri, ivyo turashobora kubikorera mw’ishengero dusanzwe turimwo. (Gal. 6:10) Nitwabigira, tuzokwironkera umunezero uva ku gutanga kandi bizotuma “[t]ubandanya kwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose.”​—Kol. 1:10; Ivyak. 20:35.