Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wofasha gute gukomeza ubumwe bwacu?

Wofasha gute gukomeza ubumwe bwacu?

“Bivuye kuri we umubiri wose [urafatanirizwa] hamwe ukanywana kandi ugakorera hamwe.”​—EF. 4:16.

INDIRIMBO: 53, 107

1. Ni igiki camye kiranga ibikorwa vy’Imana kuva mu ntango?

KUVA mu ntango y’irema, ubumwe bwamye ari ikintu cibonekeza. Uwo Imana yatanguriyeko kurema, uwagereranijwe n’ubukerebutsi bufashwe nk’umuntu, yavuze ati: “Nabaye iruhande [ya Yehova] ndi umukozi w’umuhanga, mba uwo yakunda bidasanzwe ku musi ku musi.” (Imig. 8:30) Uwo mwana na Se barasenyeye ku mugozi umwe maze bararema ibiremwa bitandukanye tubona muri iki gihe. Ugusenyera ku mugozi umwe kwarabandanije kwibonekeza mu bikorwa vy’Imana. Ivyo turabibonera mu kuntu bwa bwato bwubatswe mu gihe ca Nowa; mu kuntu abasavyi b’Imana bubaka, bagasambura bakongera bakimura ya taberenakulo igihe bari ku rugendo mu gahinga, eka no mu kuntu bacuraranga maze bagahuriza hamwe amajwi bariko barashemeza Yehova mu rusengero rwiwe. Ivyo vyose vyashoboka kubera ugusenyera ku mugozi umwe.​— Ita. 6:14-16, 22; Guh. 4:4-32; 1 Ngo. 25:1-8.

2. (a) Ni igiki caranga ishengero rya gikirisu ryo mu ntango? (b) Ni ibibazo ibihe tugira turimbure?

2 Ukwo gusenyera ku mugozi umwe ni kwo nyene kwaranga ishengero rya gikirisu ryo mu ntango, iryari rirongowe na Yezu Kristu. Intumwa Paulo yasiguye ko abakirisu barobanuwe bose bari bagize “umubiri umwe,” naho bari bafise “ingabirano zitandukanye” bakagira “ubusuku butandukanye” be n’“uburyo bw’ugukora butandukanye.” (Soma 1 Abakorinto 12:4-6, 12.) Bite ho muri iki gihe? Dushobora gute gufatanirizwa hamwe tukanywana mu kwamamaza inkuru nziza? Dushobora gute gusenyera ku mugozi umwe mw’ishengero no mu muryango?

DUSENYERE KU MUGOZI UMWE MU KWAMAMAZA

3. Ni ibiki intumwa Yohani yeretswe?

3 Mu mpera y’ikinjana ca mbere inyuma ya Kristu, intumwa Yohani yareretswe abamarayika indwi, umwe wese akaba yaravugije urumbete. Igihe uwa gatanu yavuza urumbete rwiwe, Yohani yaciye abona “inyenyeri” ikorokeye kw’isi ivuye mw’ijuru. Iyo “nyenyeri” yari ifise urupfunguruzo mu minwe yakoresheje mu kwugurura icobo c’inyenga. Haciye havamwo umwotsi mwinshi cane, muri wo haca havamwo icago c’inzige. Aho kurya ivyatsi, izo nzige z’ikigereranyo zaciye zishwara mu “bantu badafise ikidodo c’Imana mu ruhanga rwabo.” (Ivyah. 9:1-4) Yohani yari azi neza ukuntu igitero c’inzige gishobora gutema kigatongora. Ivyo vyari vyarabaye mu Misiri mu gihe ca Musa. (Kuv. 10:12-15) Izo nzige Yohani yabonye ziragereranya neza na neza abakirisu barobanuwe igihe batangaza ubutumwa bukomeye bwerekeye urubanza rwa Yehova. Muri iki gihe abandi bantu amamiliyoni bafise icizigiro co kuba kw’isi barifatanya na bo. Kubera ko twamamaza twunze ubumwe, biratuma abantu benshi biganzura Shetani bakava mw’idini ry’ikinyoma.

4. Ni igikorwa ikihe abasavyi b’Imana bategerezwa kurangura, kandi bobishobora mu buryo bumwe rudende ubuhe?

4 Abasavyi ba Yehova barafise igikorwa amahero co kwamamaza “inkuru nziza” kw’isi yose imbere y’uko iherezo riza. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Ivyo birimwo gutumira “uwo wese anyotewe” ngo anywe “amazi y’ubuzima ku buntu.” (Ivyah. 22:17) None twebwe abagize ishengero rya gikirisu dushobora gute kurangura neza ico gikorwa? Twobishobora gusa mu ‘gufatanirizwa hamwe tukanywana kandi tugakorera hamwe.’​—Ef. 4:16.

5, 6. Ni ibikorwa ibihe turangura twunze ubumwe?

5 Kugira tubwire inkuru nziza y’Ubwami abantu benshi bashoboka, turakeneye kurangura ico gikorwa mu buryo butunganijwe neza. Ku bw’ivyo, ubuyobozi duhabwa biciye ku mashengero turimwo buradufasha kubishikako. Igihe duhejeje ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro, duca tuja kubwira abantu ubutumwa bw’Ubwami. Biciye ku vyo tuvuga no ku bisohokayandikiro amamiliyoni bishingiye kuri Bibiliya, turakwiragiza ubwo butumwa. Woba wihatira gukurikiza ubuyobozi igihe ugira uruhara mu masekeza adasanzwe yo kwamamaza? Igihe ubigize, uba uriko wifatanya n’abandi amamiliyoni mu gutangaza mwunze ubumwe ubutumwa bwa wa “mumarayika aguruka hagati mu kirere” avugwa mu Vyahishuwe 14:6.

6 Ese ukuntu bitera akamwemwe iyo dusomye mu Gitabu c’umwaka ivyiza biva mu gikorwa turangura hirya no hino kw’isi! Nuzirikane kandi ukuntu dusenyera ku mugozi umwe mu gutanga ubutumire bw’amahwaniro y’akarere, ayadasanzwe be n’amahwaniro mpuzamakungu. Kuri ayo mahwaniro, turumviriza insiguro zishingiye ku Vyanditswe ziremesha, tukarorera ibikino be n’imyerekano. Ivyo akenshi birashimika ku kamo karanga urukundo Imana idutera ngo tuyikorere n’umutima wacu wose. Kwibuka urupfu rwa Yezu buri mwaka na vyo nyene biratuma twunga ubumwe. Twese turakorana kuri urwo rubanza ku wa 14 Nisani izuba rirenze kugira twerekane ko dukenguruka ubuntu ata wari abukwiriye Imana yatugiriye be n’uko tugamburuka itegeko Yezu yadusigiye. (1 Kor. 11:23-26) Abitaba urwo rubanza si Ivyabona babatijwe bonyene. Hagisigaye amayinga makeyi ngo Icibutso kibe, turihatira guhetura icibare c’ishengero ryacu, tugatumira abantu ngo baze bifatanye natwe kuri urwo rubanza ruhambaye.

7. Igihe dukoreye hamwe, ni igiki dushobora gushikako?

7 Uruzige rumwe nta kintu kinini rwoshikako. Muri ubwo buryo nyene, utwigoro tw’umuntu umwe twoshobora gusa n’aho ata co tuvuze. Mugabo igihe dukoreye hamwe, turashobora gutuma abantu amamiliyoni bizigira Yehova, we abereye ugushemezwa kwose n’iteka ryose. Ariko ntiwumve, ivyo si vyo gusa bituma abasavyi b’Imana bunga ubumwe.

DUSENYERE KU MUGOZI UMWE MW’ISHENGERO

8, 9. (a) Ni akarorero akahe Paulo yakoresheje kugira yigishe abakirisu kuguma bunze ubumwe? (b) Dushobora gute gusenyera ku mugozi umwe mw’ishengero?

8 Mw’ikete Paulo yandikiye Abanyefeso, yarerekanye ukuntu ishengero ritunganijwe be n’uko rikeneye “[gukura] mu bintu vyose.” (Soma Abanyefeso 4:15, 16.) None ni igiki codufasha kubishikako? Paulo akoresheje akarorero k’umubiri w’umuntu, yarashimitse ku vy’uko ishengero rikeneye kwunga ubumwe rirongowe na Yezu Kristu we mutwe waryo. Iyo ntumwa yaravuze ibijanye no gukorera hamwe “biciye kw’ifatanirizo ryose ritanga ibikenewe.” None umwe wese muri twebwe, yaba umuto canke uwukuze, uwukomeye canke uwugoyagoya, ashobora gute kugira ico aterereye kugira ishengero ryunge ubumwe kandi rikomere mu vy’impwemu?

9 Ikintu nyamukuru codufasha ni ukuyobokera no kwubaha abo Yezu agena ngo batange ubuyobozi mw’ishengero, ni ukuvuga abakurambere. (Heb. 13:7, 17) Vyoshobora kutama bitworohera. Ariko rero, turashobora gusaba Imana ubuyobozi tuyizigiye. Inguvu yayo ikora irashobora kudufasha gushigikira n’umutima wacu wose intunganyo zo mw’ishengero. Nimba bishitse tukumva umengo ntitwokurikiza ubuyobozi bwatanzwe, turakwiye kuzirikana ukuntu gusenyera ku mugozi umwe twicishije bugufi bizotuma mw’ishengero harangwa ubumwe. Vyongeye, gusenyera ku mugozi umwe muri uwo muce vyoshobora kudufasha twese gukura mu rukundo.

10. Abakozi b’ishengero barifasha gute kwunga ubumwe? (Raba ishusho itangura.)

10 Abakozi b’ishengero barafasha cane kugira mw’ishengero habe ubumwe. Abo bavukanyi naho boba bafise imyaka ingana gute, bararangura ibikorwa ata bwikunzi ku neza ya bose. Nk’akarorero, barafasha abakurambere mu kuraba neza ko dufise ibisohokayandikiro bihagije vyo gukoresha mu ndimiro. Vyongeye, akenshi baritwararika ko Ingoro y’Ubwami yama isukuye kandi ibungabunzwe, bakongera bagaha ikaze abitavye amakoraniro. Igihe dusenyeye ku mugozi umwe n’abo bavukanyi, turatuma ibikorwa vyo mw’ishengero bigenda neza.​—Gereranya n’​Ivyakozwe 6:3-6.

11. Abakiri bato boshobora gute gufasha ishengero kwunga ubumwe?

11 Abavukanyi benshi bahumuye usanga bamaze imyaka n’iyindi barangura amabanga yo mw’ishengero. Ariko kubera ko ubu bitereye mu myaka, boshobora kutaba bakirangura vyinshi, bikaba ngombwa ko hagira ibihinduka. Abavukanyi bakiri bato barashobora gufasha cane. Naho boba bataraca uruma, barashobora kumenyerezwa maze bakarangura amabanga yiyongereye. Ese ingene bihimbaye igihe abakozi b’ishengero bihatiye gukwiza ibisabwa bakaba abakurambere! (1 Tim. 3:1, 10) Abakurambere bamwebamwe bakiri bato barateye imbere gushika aho baba abacungezi b’imizunguruko, maze barasukurira bene wacu na bashiki bacu mu mashengero menshi. Ntidukenguruka none kubona ukuntu abo bakiri bato badufasha babikunze?​—Soma Zaburi 110:3; Umusiguzi 12:1.

DUSENYERE KU MUGOZI UMWE MU MURYANGO

12, 13. Ni ibiki vyofasha abagize umuryango bose gusenyera ku mugozi umwe?

12 Tukivuga ibijanye no gusenyera ku mugozi umwe, reka turabe ukuntu twobigira mu muryango wacu. Benshi basanze Ugusenga kwo mu muryango bagira buri ndwi gukomeza cane ubumwe hagati y’abato n’abakuze. Muri ivyo biringo bihimbaye, abagize umuryango baribanda ku bintu vy’impwemu, bigatuma bunga ubumwe. Igihe bagira udukino tw’ingene bogira uruhara mu ndimiro birashobora kubafasha kwitegurira neza kwamamaza mu buryo ngirakamaro. Igihe baganira kw’Ijambo ry’Imana, bararushiriza kwiyegerezanya kuko bose baba bakunda Imana imwe kandi bagahimbarwa no gukora ivyo igomba.

Ugusenga kwo mu muryango kurakomeza ubumwe hagati y’abato n’abakuze (Raba ingingo ya 12, 15)

13 Abubakanye bokora iki kugira basenyere ku mugozi umwe mu gushemeza Yehova? Igihe bompi ari abasavyi ba Yehova b’abizigirwa, barahimbarwa n’ubumwe bibazanira. Aburahamu na Sara, Izahaki na Rebeka, Elukana na Hana, abo bose baragaragaje ko bakunda uwo bubakanye. Turakwiye kwishingira umugambi wo kubigenza gutyo nyene. (Ita. 26:8; 1 Sam. 1:5, 8; 1 Pet. 3:5, 6) Ivyo bizotuma twunga ubumwe n’uwo twubakanye maze turushirize kwiyegereza Dawe wa twese wo mw’ijuru.​—Soma Umusiguzi 4:12.

14. Nimba uwo mwubakanye adakorera Yehova, wokora iki kugira umubano wanyu ugume ukomeye?

14 Abakirisu bategerezwa kwirinda kuboherwa ku ngǒgo hamwe n’abatemera kandi bitajana. (2 Kor. 6:14) Tuvuge iki none ku bavukanyi na bashiki bacu bubakanye n’abo badasangiye idini? Bamwebamwe usanga bamenye ukuri baramaze kwubaka izabo, abo bubakanye bakaba atari Ivyabona. Ariko rero, gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya birashobora gutuma mu muryango haba ubumwe. Ico gihe, abo bakirisu barakora ibishoboka vyose kugira bakomeze umubano wabo mu kugamburuka impanuro zo muri Bibiliya. Naho ivyo vyoshobora kuba urugamba, nuzirikane ivyiza bishobora kuvamwo. Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya birashobora kandi kuba urugamba igihe uwo mwubakanye ahevye ishengero. Ivyo vyarashikiye mushiki wacu umwe yitwa Mary. We n’umunega wiwe David barakoreye Yehova bunze ubumwe, ariko uwo mugabo yaramaze imyaka nka 25 yarahevye amakoraniro y’ishengero. Mary yarabandanije kwitaba amakoraniro n’amahwaniro adasiba yongera arihatira gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu rugo, harimwo no kwigisha abana biwe batandatu. Abo bana bamaze kugera mu bigero maze bakava i muhira, Mary yasigaye ari nk’agati kari mu ruzi. David yahavuye atangura gusoma ibinyamakuru Mary yaba yamusigiye ahabona. Mu nyuma David yaragarutse ku Ngoro y’Ubwami, akuzukuru kiwe k’imyaka itandatu kakaza karamufatira ikibanza. Bishitse ntaze, nya gahungu kaca kamubwira gati: “Sogo, nakubuze uno musi ku makoraniro.” Ubu David arakorera Yehova ahimbawe, Mary na we akaba anezerejwe cane no kubona bafatanye mu nda mu gukorera Yehova.

15. Abamaze igihe kirekire bubatse izabo bashobora gute gufasha abamaze igihe gito barushinze?

15 Turavye ukuntu Shetani ageramiye imiryango muri iki gihe, birahambaye cane ko abasavyi b’Imana bose baguma basenyera ku mugozi umwe mu mubano wabo. Naho woba umaze igihe kingana gute wubatse, niwiyumvire ivyo wovuga canke wokora kugira ukomeze umubano wanyu. Abamaze igihe kirekire bubatse izabo barashobora mbere gufasha muri uwo muce abo mw’ishengero bamaze igihe gito bubatse izabo. Mwoshobora rimwe na rimwe gutumira i muhira abamaze igihe gito bubakanye kugira mwifatanye na bo mu gusenga kwanyu kwo mu muryango. Igihe bari kumwe namwe, barashobora kubona ko ukwiyumvanamwo be n’uguhuza bihambaye naho abubakanye boba bamaze igihe kingana gute barushinze.​—Tito 2:3-7.

“NIMUZE TUDUGE KU MUSOZI WA YEHOVA”

16, 17. Ni igiki abasavyi b’Imana bunze ubumwe bashashaye kwibonera?

16 Niwihe ishusho Abisirayeli bagiye gushemeza Yehova ku musi mukuru mu rusengero rwiwe i Yeruzalemu. Barategura ibintu vyose bokeneye kuri urwo rugendo, umwe wese akaronsa mugenzi we utwo akeneye ku nzira, mu nyuma na ho bakifatanya mu gusenga Yehova muri urwo rusengero. Ivyo vyose vyasaba ko basenyera ku mugozi umwe. (Luka 2:41-44) Uko tubandanya urugendo rwacu twerekeza mw’isi nshasha, na twebwe turakeneye gufatanirizwa hamwe tukanywana kandi tugakorera hamwe. Ivyo bisaba ko twama tugira akigoro kavuye ku mutima. Ubona worushiriza kwitwararika ico kintu?

17 Zirikana imihezagiro tuzokwironkera! Twaramaze guheba ibintu vyo muri iyi si bituma haba ukwicamwo ibice be n’umuvurungano. Ubu turibonera ukuntu ivyo Yesaya na Mika bari baravuze biranguka. Abasavyi b’Imana bariko baraduga ku “musozi wa Yehova” bunze ubumwe. (Yes. 2:2-4; soma Mika 4:2-4.) Mu vy’ukuri, ntiworaba ukuntu ugusenga kwacu kuri hejuru mu “kiringo ca nyuma c’imisi.” Ese ukuntu tuzorushiriza kugira agahimbare n’umunezero igihe abantu bose bazobaho bafatanirijwe hamwe bakanywana kandi bagakorera hamwe!