Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova arayobora abasavyi biwe mu nzira y’ubuzima

Yehova arayobora abasavyi biwe mu nzira y’ubuzima

“Iyi ni yo nzira. Nimuyigenderemwo.”​—YES. 30:21.

INDIRIMBO: 65, 48

1, 2. (a) Ni amajambo ayahe yo kugabisha yarokoye abantu benshi? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni ubuyobozi ubuhe abasavyi b’Imana bafise bushobora kubarokora?

“HAGARARA, URABE, WUMVIRIZE.” Ayo majambo yararokoye abantu benshi cane. Mu myaka irenga 100 iheze, ivyapa binini vyanditseko ayo majambo vyarigeze kuba bimanitse aho ibarabara ry’indarayi rihurira n’ayandi muri Amerika ya Ruguru. Uti kubera iki? Kwari ukugira ngo imiduga n’ibindi bica mw’ibarabara ntibijabuke ibarabara ry’indarayi mu gihe kitabereye maze bikagongwa n’igariyamoshi yaba iriko iranyaruka cane. Mu vy’ukuri, gukurikiza iyo ngabisho vyararokoye ubuzima.

2 Yehova arakora ikintu ciza kuruta gushiraho ivyapa birinda amasanganya. Ni nk’aho ahagarara imbere y’abasavyi biwe, akaberekeza mu nzira y’ubuzima, kure y’ibintu biteye akaga. Ameze nk’umwungere w’umunyarukundo ayobora umukuku wiwe akongera akawugabisha kugira ntuce mu nzira ziteye akaga.​—Soma Yesaya 30:20, 21.

YEHOVA YAMYE AYOBORA ABASAVYI BIWE

3. Vyagenze gute ngo abantu bakurikire inzira ibashikana ku rupfu?

3 Kuva kera na rindi, Yehova yamye atanga ubuyobozi butomoye. Nk’akarorero muri wa murima wa Edeni, Yehova yaratanze ubuyobozi butomoye bwari gutuma abantu biberaho ibihe bidahera mu gahimbare. (Ita. 2:15-17) Iyo Adamu na Eva bagamburuka ubwo buyobozi, ntibari gushikirwa n’ingaruka zibabaje, nko kugira ubuzima bwuzuye imibabaro amaherezo bagapfa batagira icizigiro. Mugabo aho kugamburuka, Eva yumvirije impanuro yasa n’iyivuye ku gikoko gisuzuguritse. Adamu na we yarumvirije ijwi rya Eva, ijwi ry’umuntu apfa. Bompi barateye akagere ubuyobozi bahawe na Se wabo abakunda. Abantu bose muri rusangi bahavuye bakurikira inzira ibashikana ku rupfu.

4. (a) Kubera iki hari hakenewe ubundi buyobozi inyuma ya wa Mwuzure? (b) Ayo mahinduka yahishuye iki ku bijanye n’ukuntu Imana ibona ibintu?

4 Mu gihe ca Nowa, Imana yaratanze ubuyobozi bwari gutuma abantu barokoka. Inyuma ya wa Mwuzure, Yehova yaratanze ubuyobozi butomoye ku bijanye no kwirinda amaraso. Kubera iki vyari bikenewe? Hari ikintu gishasha cagira kibe. Yehova yagira arekurire abantu kurya ibikoko. Yaratanze rero ubuyobozi bushasha bugira buti: “Gusa, inyama zirimwo ubuzima bwazo, ari bwo maraso yazo, ntimuze muzirye.” (Ita. 9:1-4) Ayo mahinduka yarahishuye neza ukuntu Imana ibona ikintu kiyegukira, ni ukuvuga ubuzima. Kubera ko Imana ari Umuremyi, irafise uburenganzira bwo gushiraho amategeko yerekeye ubuzima. Nk’akarorero, yaratanze itegeko ry’uko ata muntu akwiye kwica uwundi. Imana ibona ko ubuzima n’amaraso ari vyeranda, kandi izogira ico ibaza uwo wese abikoresha nabi.​—Ita. 9:5, 6.

5. Ni ibiki tugira twihweze, kandi kubera iki?

5 Nimuze twihweze uburorero bukeyi bw’ukuntu Imana yagumye itanga ubuyobozi uko ibinjana vyagiye birakurikirana. Ivyo bizotuma turushiriza kwiyemeza gukurikiza ubuyobozi bwa Yehova gushika dushitse mw’isi nshasha.

IHANGA RISHASHA, UBUYOBOZI BUSHASHA

6. Kubera iki vyari bikenewe ko Imana iha Abisirayeli amategeko, kandi ni agatima akahe bari bakwiye kugira?

6 Mu gihe ca Musa, hari hakenewe ubuyobozi butomoye ku bijanye n’inyifato ibereye be n’uburyo bwo gusenga. Uti kubera iki? N’ico gihe nyene, ibintu vyari vyahindutse. Abakomoka kuri Yakobo bari bamaze imyaka irenga 200 batwarwa na Misiri, igihugu cari cuzuyemwo ivyo gusenga abapfuye, ivyo gukoresha ibigirwamana be n’ibindi bintu bemera hamwe n’ivyo bakora bitahesha Imana icubahiro. Igihe abo basavyi b’Imana bakurwa mu gahahazo barimwo mu Misiri, bari bakeneye ubuyobozi bushasha. Ntibobayeho ari umugwi w’imbohe, ahubwo bobaye ihanga ryigenga riyoborwa gusa na rya Tegeko rya Yehova. Ibitabu bimwebimwe bivuga yuko ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “itegeko” rifitaniye isano n’ijambo risobanura ngo “kurongora, kuyobora, gutegeka.” Rya Tegeko Imana yatanga biciye kuri Musa, ryari rimeze nk’igihome kibakingira ngo ntibanduzwe n’inyifato be n’ibikorwa vy’idini vyononekaye vy’ayandi mahanga. Igihe Abisirayeli baba bumvirije Imana, yarabahezagira. Bayiteye akagere na ho, baribonerako.​—Soma Gusubira mu vyagezwe 28:1, 2, 15.

7. (a) Ni iyindi mvo iyihe yatumye Yehova aha ubuyobozi abasavyi biwe? (b) Ni gute Itegeko ryabereye Abisirayeli umurinzi?

7 Ubuyobozi bwari bukenewe kubera iyindi mvo. Iryo Tegeko ryatuma Abisirayeli bitegurira ikintu gihambaye kijanye n’umugambi wa Yehova, ni ukuvuga ukuza kwa Mesiya ari we Yezu Kristu. Iryo Tegeko ryarabereka neza yuko batari batunganye. Ryarabereka kandi ko bakeneye incungu, ni ukuvuga ikimazi kitagira akanenge coshoboye gupfuka neza igicumuro. (Gal. 3:19; Heb. 10:1-10) Vyongeye, Itegeko ryarafasha kuzigama umuryango Mesiya yokomotsemwo no kumumenya amaze kuboneka. Mu vy’ukuri, iryo Tegeko ryaramaze igihe gito rimeze nk’umurezi, canke ico twokwita umurinzi, ashikana kuri Kristu.​—Gal. 3:23, 24.

8. Kubera iki dukwiye kuyoborwa n’ingingo ngenderwako ziri muri rya Tegeko Yehova yatanze biciye kuri Musa?

8 Na twebwe abakirisu turashobora kwungukira ku buyobozi Yehova yatanze muri rya Tegeko. Uti gute? Turashobora guhagarara maze tukaraba ingingo ngenderwako nyamukuru ziri muri ryo. Naho tutakigengwa n’ayo mategeko, turashobora kubona ko menshi muri yo ari ubuyobozi bwo kwizigirwa twokwisunga mu buzima bwacu bwa misi yose no mu gusenga Imana yacu nyeranda Yehova. Yarandikishije ayo mategeko muri Bibiliya kugira ngo tugire ico tuyigiyeko, tuyoborwe n’ingingo ngenderwako ziri muri yo kandi dukenguruke kuba zitwereka ikibereye n’ikitabereye. Umviriza ivyo Yezu yavuze ati: “Mwarumvise ko vyavuzwe ngo: ‘Ntukarenge ibigo.’ Mugabo jewe ndababwiye ko umuntu wese aguma araba umugore bigatuma amugirira inambu, aba amaze kurenga ibigo kuri we mu mutima wiwe.” Ntidukwiye rero kwirinda gusa gusambana mugabo turakwiye no kwirinda ikintu codushikana ku busambanyi.​—Mat. 5:27, 28.

9. Ni amahinduka ayahe yabaye yatumye biba ngombwa ko Imana itanga ubundi buyobozi?

9 Yezu amaze kuza ari Mesiya, vyarabaye ngombwa ko Yehova atanga ubundi buyobozi arahishura n’ayandi makuru ku bijanye n’umugambi wiwe. Ivyo vyatumwe n’uko n’ico gihe nyene hari habaye ayandi mahinduka. Mu 33 inyuma ya Kristu, Yehova yararetse gutonesha Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri, atonesha ishengero rya gikirisu.

UBUYOBOZI BWAHAWE ISIRAYELI YO MU BURYO BW’IMPWEMU

10. Kubera iki ishengero rya gikirisu ryahawe amategeko mashasha, kandi yari atandukaniye he n’ayo Abisirayeli bahawe?

10 Mu kinjana ca mbere, abasavyi b’Imana bacitse abakirisu bararonse ubuyobozi bushasha ku bijanye n’ukuntu bakwiye gusenga no kwigenza. Abo basavyi b’Imana bayihebeye bari basigaye bagengwa n’isezerano rishasha. Itegeko Imana yatanze biciye kuri Musa ryari ryahawe ihanga rimwe ari ryo Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri. Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu yoyo yari igizwe n’abantu bo mu mahanga menshi kandi baciye mu bintu bitandukanye. Mu vy’ukuri, “Imana [nti]gira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.” (Ivyak. 10:34, 35) Itegeko Imana yatanze biciye kuri Musa hamwe na ya mategeko yari akorogoshoye ku mabuye yarayoboye Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri muri ca Gihugu c’isezerano. Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu yoyo yayoborwa na “rya tegeko rya Kristu,” ahanini rikaba ryari rishingiye ku ngingo ngenderwako zanditse mu mitima yabo. Iryo “tegeko rya Kristu” ryari ryerekeye abakirisu kandi bararyungukiyeko aho baba hose.​—Gal. 6:2.

11. “Rya tegeko rya Kristu” rijanye n’imice ibiri iyihe y’ubuzima bwa gikirisu?

11 Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu yarungukiye cane ku buyobozi Imana yatanze biciye ku Mwana wayo. Gatoyi imbere y’uko Yezu ashiraho isezerano rishasha, yaratanze amategeko abiri ahambaye. Rimwe ryari rijanye n’igikorwa co kwamamaza. Irindi ryashimika ku kuntu abayoboke ba Yezu bakwiye kwigenza be n’ukuntu bakwiye gufata abo basangiye ukwemera. Ubwo buyobozi bwari bwerekeye abakirisu bose; bukaba rero bwerekeye abasavyi b’Imana b’ukuri bose muri iki gihe, baba abafise icizigiro co kuba mw’ijuru canke kw’isi.

12. Ni igiki cari gishasha ku bijanye n’igikorwa co kwamamaza?

12 Rimbura ibijanye n’igikorwa co kwamamaza inkuru nziza Yezu yasavye abayoboke biwe kurangura. Uburyo bwo kwamamaza be n’aho boshikanye vyari bishasha. Mu myaka amajana imbere y’aho, abantu bo mu mahanga barahabwa ikaze igihe baba baje muri Isirayeli kugira bakorere Yehova. (1 Abm. 8:41-43) Aho hari imbere y’uko Yezu atanga rya tegeko dusanga muri Matayo 28:19, 20. (Soma.) Yezu yategetse abigishwa biwe ‘kugenda’ ku bantu bose. Ku musi wa Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu, harabaye ikintu ca mbere cerekanye ko Yehova ahinduye: yashaka ko inkuru nziza yamamazwa kw’isi yose. Impwemu nyeranda yaratumye abantu nka 120 bo muri iryo shengero rishasha bavuga mu ndimi nyinshi ku gitangaro, Abayuda be n’abari bahindukiriye idini ryabo baratahura. (Ivyak. 2:4-11) Ubukurikira, baramamaje barashika no ku Basamariya. Mu nyuma mu mwaka wa 36 inyuma ya Kristu, akarere karongerekanye cane harajamwo n’Abanyamahanga batagenyerewe. Ivyo vyasobanura ko abakirisu bategerezwa kuja kubwira inkuru nziza umuntu wese kw’isi yose.

13, 14. (a) “Itegeko rishasha” Yezu yatanze risaba iki? (b) Akarorero Yezu yatanze katwigisha iki?

13 Nimuze ubu naho twihweze ibijanye n’ukuntu dufata abo dusangiye ukwemera. Yezu yaratanze “ibwirizwa rishasha.” (Soma Yohani 13:34, 35.) Iryo bwirizwa ntirisaba ko dukundana gusa mu mice isanzwe y’ubuzima bwa misi yose ariko risaba ko tugira n’umutima ukunze wo gutanga ubuzima bwacu ku bw’umuvukanyi wacu. Ico ni ikintu rya Tegeko Imana yatanga biciye kuri Musa ritasaba.​—Mat. 22:39; 1 Yoh. 3:16.

14 Yezu yaratanze akarorero ntangere. Yarakunda abigishwa biwe mu buryo bwo kwitanga. Yarabakunze cane ku buryo yemera kubapfira. Yari yiteze ko abigishwa biwe babigenza gutyo nyene, na twebwe turimwo. Turakwiye rero kugira umutima ukunze wo kwemera tugashikirwa n’imibabaro, kumbure mbere n’urupfu, ku bw’ineza y’abakirisu bagenzi bacu.​—1 Tes. 2:8.

UBUYOBOZI BWO MURI IKI GIHE NO MURI KAZOZA

15, 16. Ubu ibintu vyifashe gute, kandi Imana ituyobora gute?

15 Kuva Yezu agenye wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” araha abayoboke biwe ibifungurwa vy’impwemu ku gihe kibereye. (Mat. 24:45-47) Muri ivyo bifungurwa harimwo ubuyobozi buhambaye bw’ukuntu twovyifatamwo igihe hagize ibihinduka.

16 Tubayeho mu kiringo Bibiliya yita “imisi ya nyuma,” kandi hagiye gushika amakuba akomeye atigeze abaho. (2 Tim. 3:1; Mrk. 13:19) Vyongeye, Shetani n’amadayimoni yiwe barirukanywe mw’ijuru maze bagumizwa mu micungararo y’isi, bica bituma ababa kw’isi bagira amakuba menshi. (Ivyah. 12:9, 12) N’ikindi kandi, twarashinzwe igikorwa co kubwira inkuru nziza abantu benshi no mu ndimi nyinshi kuruta uko vyigeze kugirwa!

17, 18. Dukwiye kwakira gute ubuyobozi duhabwa?

17 Ishirahamwe ry’Imana riraduha ibikoresho vyinshi bidufasha kwamamaza. Woba none ubikoresha? Woba wisunga ubuyobozi butangwa ku makoraniro ku bijanye n’ukuntu dushobora kubikoresha mu buryo bwiza kuruta? Woba ubona ko ubwo buyobozi buva ku Mana?

18 Kugira tubandanye kwironkera umuhezagiro uva ku Mana, turakwiye kwitwararika ubuyobozi bwose turonka biciye kw’ishengero rya gikirisu. Nitwagamburuka muri iki gihe, bizodufasha gukurikiza ubuyobozi mu gihe ca ya “makuba akomeye,” ayazokuraho isi mbi ya Shetani yose. (Mat. 24:21) Mu nyuma, tuzokenera ubuyobozi bushasha buzotwereka ukuntu twoba kw’isi nshasha izoba yakuweko burundu akosho kose ka Shetani.

Mw’Iparadizo yo kw’isi, imizingo izozingururwa kugira turonke ubuyobozi bw’ingene twoba mw’isi nshasha (Raba ingingo ya 19, 20)

19, 20. Ni imizingo iyihe izozingururwa, kandi izodufasha iki?

19 Ihanga rya Isirayeli ryari rirongowe na Musa ryari rikeneye ubuyobozi bushasha, Imana ica ibaha rya Tegeko. Mu nyuma, ishengero rya gikirisu ryabwirijwe gukurikiza “itegeko rya Kristu.” Muri ubwo buryo nyene, Bibiliya itubwira ko imizingo izozingururwa kugira turonke ubuyobozi bw’ingene twoba mw’isi nshasha. (Soma Ivyahishuwe 20:12.) Birashoboka rwose ko iyo mizingo izokwerekana ivyo Yehova azoba asaba abantu ico gihe. Biciye ku kwiga iyo mizingo, abantu bose harimwo n’abazutse, bazoshobora kumenya ivyo Imana igomba ko bakora. Nta gukeka ko iyo mizingo izotuma turushiriza kumenya umuzirikanyi wa Yehova. Abazoba baba mw’Iparadizo kw’isi bazokunda bagenzi babo, babubahe bongere babatere iteka kuko bazoba batahura neza kuruta Ijambo ry’Imana ryahumetswe be n’ibizoba vyahishuwe muri iyo mizingo mishasha. (Yes. 26:9) Iyumvire ukuntu hazoba hari vyinshi vyo kwiga no kwigisha abandi igihe tuzoba tuyobowe n’Umwami Yezu Kristu!

20 Abazokurikiza “ibintu vyanditswe muri nya mizingo” bazokwiberaho ibihe bidahera. Abazoguma ku gutungana kwabo muri ca kigeragezo ca nyuma, Yehova azokwandika ubutagihanagurwa amazina yabo mu “muzingo w’ubuzima.” Emwe, turashobora kwironkera ubuzima budahera! Ku bw’ivyo, NITWAHAGARARA kugira turimbure Ijambo ry’Imana, TUKARABA kugira dutahure ico risobanura kuri twebwe kandi TUKUMVIRIZA mu kugamburuka ubuyobozi ubu, turashobora kwitega kurokoka ya makuba akomeye, hanyuma twibereho ibihe bidahera twiga ivyerekeye Imana yacu Yehova, nyene urukundo n’ubukerebutsi bwose.​—Umus. 3:11; Rom. 11:33.