UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Nyakanga 2016

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 24 Gitugutu gushika ku wa 27 Munyonyo 2016.

“Amaboko yawe ntaregere”

Ni gute Yehova akomeza abasavyi biwe akongera akabaremesha? Weho womwigana gute?

Nugume unyinyana kugira uronke umuhezagiro wa Yehova

Abasavyi b’Imana barahura n’ingorane nyinshi mu rugamba barimwo rwo kurondera kwemerwa na yo. Naho ari ukwo, barashobora kurutsinda!

Ibibazo vy’abasomyi

Mu Baheburayo 4:​12 havuga ko “ijambo ry’Imana ari rizima kandi rigira ububasha.” None ijambo ry’Imana rivugwa ng’aho ni iki?

Nuburanire inkuru nziza imbere y’abategetsi bakomeye

Turashobora gukura icigwa ku kuntu intumwa Paulo yavyifashemwo imbere y’ubutungane bwo mu gihe ciwe.

Woba wambara mu buryo buninahaza Imana?

Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zirashobora kutuyobora.

Niwungukire ku buyobozi Yehova ariko aratanga

Icabona umwe wo muri Polonye be n’uwundi wo muri Fiji barahisemwo neza.

Yemwe rwaruka, nimukomeze ukwizera kwanyu

Woba wumva umengo wokwemera ivyo benshi bemera, nko kwemera ivy’ihindagurika aho kwemera irema? Nimba ari ukwo biri, iki kiganiro kirakwerekeye.

Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukomeza ukwizera

Vyoba bishika ukiyumvira ko utobishobora? Hari ibintu bine vyogufasha.