Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Ijambo ry’Imana ni rizima’

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Mu Baheburayo 4:12 havuga ko “ijambo ry’Imana ari rizima kandi rigira ububasha.” None ijambo ry’Imana rivugwa ng’aho ni iki?

Amakikuro y’ico canditswe yerekana ko intumwa Paulo yariko yerekeza ku butumwa bw’Imana, ni ukuvuga ihishurwa ry’umugambi wayo, nk’uko nyene uvugwa muri Bibiliya.

Ibitabu vyacu birakunda kwerekeza ku bivugwa mu Baheburayo 4:12 mu kwerekana ko Bibiliya ifise ububasha bwo guhindura ubuzima bw’abantu, kandi ivyo ni ko biri koko. Ariko rero, ni vyiza ko dutahura mu buryo bwagutse ibivugwa mu Baheburayo 4:12. Paulo yariko ahimiriza abakirisu b’Abaheburayo gukora bahuza n’imigambi y’Imana. Myinshi muri yo iravugwa mu vyanditswe vyeranda. Paulo yatanze akarorero ku Bisirayeli bari bakuwe mu buja mu Misiri. Bari bizigiye kwinjira mu gihugu “gitemba amata n’ubuki” basezeraniwe, aho bari kuronkera akaruhuko nyakuri.​—Kuv. 3:8; Gus. 12:9, 10.

Uwo wari umugambi Imana yahishuye. Yamara, Abisirayeli bahavuye bakomantaza imitima yabo barabura ukwizera, bituma benshi muri bo batinjira muri ako karuhuko. (Guh. 14:30; Yos. 14:6-10) Ariko rero, Paulo yavuze kandi yuko hari hagisigaye “umuhango wo kwinjira mu karuhuko” k’Imana. (Heb. 3:16-19; 4:1) Biragaragara ko uwo “muhango” uri mu bigize umugambi Imana yahishuye. Nk’uko abakirisu b’Abaheburayo babigize, turashobora kwiga ivyerekeye uwo mugambi maze tugakora duhuza na wo. Kugira Paulo yemeze ko uwo muhango ushingiye ku Vyanditswe, yarasubiyemwo amajambo amwamwe dusanga mw’⁠Itanguriro 2:2 no muri Zaburi 95:11.

Vy’ukuri, turakwiye guhimbarwa n’uko “hagisigaye umuhango wo kwinjira mu karuhuko” k’Imana. Turemera ko icizigiro Bibiliya iduha co kwinjira mu karuhuko k’Imana ari ntakekeranywa, kandi turamaze gutera intambwe zo kukinjiramwo. Ivyo ntitwabishitseko mu gukurikiza rya Tegeko rya Musa canke ngo twemerwe n’Imana biciye ku bindi bikorwa vyiza turangura. Ahubwo riho biciye ku kwizera, turahimbarwa no gukora duhuza n’umugambi Imana yahishuye kandi turabandanya gukora duhuza na wo. Ariko nk’uko twamaze kubibona, “ijambo ry’Imana” rivugwa mu Baheburayo 4:12, ku ruhande rumwe rirashobora no kwerekeza kuri Bibiliya. Abantu ibihumbi bo hirya no hino kw’isi baratanguye kwiga Bibiliya be n’ibijanye n’umugambi Imana yavumereye. Ivyo bituma benshi muri bo bahindura uburyo bari babayeho, bakagaragaza ukwizera maze bakabatizwa. Uravye ukuntu bahinduka, ni ikimenyamenya c’uko vy’ukuri “ijambo ry’Imana ari rizima kandi rigira ububasha.” Umugambi Imana yahishuye, nk’uko uvugwa muri Bibiliya, uramaze guhindura ubuzima bwacu, kandi uzobandanya kugira ububasha mu buzima bwacu.