Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Amaboko yawe ntaregere”

“Amaboko yawe ntaregere”

“Amaboko yawe ntaregere.”​—ZEF. 3:16.

INDIRIMBO: 81, 32

1, 2. (a) Ni ingorane izihe abantu benshi bafise muri iki gihe, kandi zituma bamererwa gute? (b) Ibivugwa muri Yesaya 41:10, 13 bigukura amazinda ku biki?

MUSHIKI wacu umwe w’umutsimvyi asanzwe kandi yubakanye n’umukurambere, avuga ati: “Naho mfise urutonde rwiza rwo mu vy’impwemu, ndamaze imyaka myinshi mfise amaganya. Bituma ntatora agatiro, nkagira ingorane z’amagara, ngafata abandi nabi, kandi birashika nkumva umengo notana n’akabando, nkigungira ukwanje.”

2 Woba utahura uwo mushiki wacu? Birababaje kubona ukuntu ubuzima bwo muri iyi si mbi ya Shetani buturemera cane, bigatuma tugira amaganya, tukumva turengewe. Ivyo twobigereranya n’inănga iziritse ku bwato, ibubuza gutera buja imbere. (Imig. 12:25) Ni ibiki none vyoshobora kugutera amaganya? Kumbure uherutse kubura uwawe, ufise indwara ikomeye, ntiworoherwa no gutunga umuryango wawe muri iki gihe ivy’ubutunzi vyifashe nabi, canke na ho uriko urahamwa. Amaganya ivyo bigutera yoshobora gutuma ucika intege, mbere ukabura n’umunezero. Ariko rero nushire amazinda: Imana yiteguriye kugufasha.​—Soma Yesaya 41:10, 13.

3, 4. (a) Ni mu buryo ubuhe Bibiliya ikoresha ijambo “amaboko”? (b) Ni ibiki vyoshobora gutuma amaboko yacu aregera?

3 Akenshi Bibiliya irakoresha ibihimba vy’umubiri w’umuntu mu kwerekeza ku mimerere kanaka canke ku bikorwa bitandukanye. Nk’akarorero, iravuga ukuboko incuro amajana n’amajana. Gukomeza amaboko y’umuntu bishobora gusobanura kumuremesha, kumutera intege, canke kumuha ububasha bwo gukora ikintu kanaka. (1 Sam. 23:16; Ezr. 1:6) Birimwo n’iciyumviro c’uko asigara abona ko ibintu bizogenda neza.

4 Ahandi na ho, Bibiliya irakoresha imvugo ngo kuregera amaboko mu kudondora umuntu yacitse intege, yavunitse umutima, canke atagira icizigiro. (2 Ngo. 15:7; Heb. 12:12) Umuntu amerewe gutyo aca yihebura. None hamwe woshikirwa n’ibintu bitesha umutwe canke bituma wumva udendebukiwe ku mubiri no ku mutima, canke mbere mu vy’impwemu, wokura hehe indemesho? Woronka gute ingoga n’inkomezi vyotuma wihangana, ntutakaze umunezero?

‘UKUBOKO KWA YEHOVA SI KUGUFI KU BURYO KUDASHOBORA GUKIZA’

5. (a) Twoshobora kumererwa gute dushikiwe n’ingorane, ariko dukwiye kwibuka iki? (b) Ni ibiki tugiye kurimbura?

5 Soma Zefaniya 3:16, 17. Yehova wa Muvyeyi atwitwararika, adusaba ‘guterera amaganya yacu yose kuri we,’ aho kugira ubwoba canke kwihebura, ivyo twogereranya no kuregera amaboko. (1 Pet. 5:7) Turakwiye kwama twibuka ivyo Imana yabwiye Abisirayeli, yuko ‘ukuboko kwayo atari kugufi cane ku buryo kudashobora gukiza’ abasavyi bayo. (Yes. 59:1) Tugiye kurimbura uburorero butatu budasanzwe bwo muri Bibiliya, bwerekana ko Yehova afise icipfuzo n’ububasha vyo gukomeza abasavyi biwe kugira ngo bakore ivyo agomba, naho boba bahanzwe n’ingorane zisa n’izibarengeye. Uraraba ingene ubwo burorero bwogukomeza.

6, 7. Ni ivyigwa ibihe bihambaye twigira ku kuntu Abisirayeli batsinze Abamaleki?

6 Gatoyi inyuma y’aho Abisirayeli bakuriwe mu buja bwo mu Misiri ku gitangaro, Abamaleki barabateye. Yosuwa abigiranye umutima rugabo, yarisunze ubuyobozi Musa yamuhaye, ajana Abisirayeli ku rugamba. Musa na we yaciye ahitana Aroni na Huru baduga ku gasozi kari hafi yabo, aho bashobora kubona urwo rugamba. None abo bagabo batatu boba bari bahunze urugamba kubera ubwoba? Habe namba!

7 Musa yarakoresheje umukenyuro watumye Abisirayeli batsinda umwansi. Yafashe inkoni y’Imana y’ukuri mu maboko, aca ayaduza hejuru. Igihe cose amaboko yiwe yari hejuru, Yehova yarahaye ububasha Abisirayeli baranesha Abamaleki. Ariko rero amaboko ya Musa aremerewe agatangura kumanuka, Abamaleki baca batangura gutsinda. Aroni na Huru baciye “bafata ibuye barishira munsi [ya Musa], na we aryicarako; Aroni na Huru bashigikira amaboko yiwe, umwe hino uwundi hirya, ku buryo amaboko yiwe aguma gushika izuba rirenze.” Egome, ukuboko kwa Yehova kw’inkomezi kwaratumye Abisirayeli batsinda urwo rugamba.​—Kuv. 17:8-13.

8. (a) Asa yavyifashemwo gute igihe Abanyetiyopiya baza gutera Yuda? (b) Twokwigana gute Asa?

8 No mu gihe c’Umwami Asa, Yehova yarerekanye ko ukuboko kwiwe atari kugufi. Bibiliya iravuga ibijanye n’ingabo zitandukanye, mugabo Zera Umunyetiyopiya ni we yakoranije ingabo nyinshi kuruta abandi bose. Yari afise abasoda 1.000.000 ba karuhariwe mu ntambara. Ingabo z’Abanyetiyopiya zaruta iza Asa hafi incuro zibiri. Uca wumva ko vyari vyoroshe ko Asa ahagarika umutima kandi akagira ubwoba, agaca yemera ko atsinzwe. Aho kubigenza gutyo, Asa yaciye atakambira Yehova ngo amufashe. Ufatiye ku bitigiri vy’izo ngabo, gutsinda Abanyetiyopiya vyasa n’ibidashoboka. Ariko rero “ku Mana vyose birashoboka.” (Mat. 19:26) Yehova yarerekanye ububasha bwiwe bukomeye, “atsindira Abanyetiyopiya imbere ya Asa,” uwari afise ‘umutima ukwiye kuri Yehova mu misi yiwe yose.’​—2 Ngo. 14:8-13; 1 Abm. 15:14.

9. (a) Ni ibiki bitabujije Nehemiya kwubaka impome za Yeruzalemu? (b) Imana yishuye gute isengesho rya Nehemiya?

9 Iyumvire ingene Nehemiya yumvise amerewe igihe yaja i Yeruzalemu. Ico gisagara casa n’ikitagira gitabara, kandi Abayuda bagenziwe bari mu mwiheburo ukomeye. Abansi babo barabarwanije kugira ngo bacike intege, maze bace bahagarika kwubaka impome za Yeruzalemu. None ivyo vyoba vyaratumye Nehemiya na we nyene acika intege? Habe namba! Cokimwe na Musa, Asa be n’abandi basavyi ba Yehova b’abizigirwa, Nehemiya yari asanganywe akamenyero ko kwitura Yehova mw’isengesho. N’ico gihe ni ko yabigenjeje. Muri izo ngorane Abayuda babona ko batova imbere, Yehova yarishuye isengesho rya Nehemiya. Imana yarakoresheje ‘ububasha bwayo buhambaye’ be ‘n’ikiganza cayo gikomeye’ kugira ngo ikomeze amaboko y’Abayuda yari yaregeye. (Soma Nehemiya 1:10; 2:17-20; 6:9.) Woba none wemera yuko Yehova akoresha ‘ububasha bwiwe buhambaye be n’‘ikiganza ciwe gikomeye’ kugira ngo akomeze abasavyi biwe bo muri iki gihe?

YEHOVA AZOKOMEZA ABABOKO YAWE

10, 11. (a) Shetani agerageza gute gutuma amaboko yacu aregera? (b) Yehova akoresha iki mu kuduha inkomezi? (c) Wungukiye gute ku nyigisho zitangwa n’ishirahamwe rya Yehova?

10 Turazi neza yuko Shetani atazokwigera ahesha mu kuburabuza igikorwa c’abakirisu. Arakoresha intwaro, indongozi z’amadini be n’abahuni kugira ngo batuvuge uko tutari kandi badutere ubwoba. None intumbero yiwe ni iyihe? Ashaka kuduca intege kugira ntitubandanye twamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Ariko rero, Yehova aradukomeza biciye ku mpwemu yiwe nyeranda, kandi ariteguriye kubigira. (1 Ngo. 29:12) Iyo mpwemu nyeranda ni ntahara kugira ngo dutsinde ikintu cose Shetani be n’isi yiwe boduteza. (Zab. 18:39; 1 Kor. 10:13) Vyongeye, turakenguruka kubona dufise Ijambo ry’Imana, iryabonetse biciye ku mpwemu nyeranda. Rimbura kandi imfungurwa zo mu vy’impwemu twironkera buri kwezi. Naho amajambo yo muri Zekariya 8:9, 13 (soma) yavuzwe igihe urusengero rw’i Yeruzalemu rwariko rurasanurwa, arahuye cane n’uko ivyacu vyifashe.

11 Turakomezwa kandi n’inyigisho turonkera ku makoraniro, ku materaniro, ku mahwaniro no mu mashure ya gitewokarasi. Izo nyigisho ziratuma dukorera Imana tubitumwe n’imvo nziza, tukishingira imigambi yo mu vy’impwemu, zikanadufasha kurangura amabanga atandukanye tujejwe. (Zab. 119:32) Woba uronderana ubwira inkomezi ziva kuri izo nyigisho?

12. Twokora iki kugira ngo tugume dukomeye mu vy’impwemu?

12 Yehova yarafashije Abisirayeli gutsinda Abamaleki n’Abanyetiyopiya yongera araha inkomezi Nehemiya na bagenziwe kugira baheraheze igikorwa co kwubaka. Na twebwe nyene Imana iraduha inkomezi kugira ngo twamamaze dushikamye mu gihe c’uruhamo, mu gihe abantu batanegwa ivyo tubabwira canke igihe turi mu maganya. (1 Pet. 5:10) Aho kwitega ko Yehova adukorera ibitangaro, turakwiye kurangura uruhara rutwega. Ivyo birimwo gusoma Ijambo ry’Imana buri musi, gutegura amakoraniro no kuyitaba buri ndwi, kwiyigisha no kugira ugusenga kwo mu muryango, be no kwama twiheka kuri Yehova mw’isengesho. Ntitukigere tureka ngo hagire iyindi migambi canke ibikorwa bihungabanya izo ntunganyo Yehova akoresha mu kudukomeza no mu kuturemesha. Nimba ubonye yuko amaboko yawe aregeye mu muce n’umwe muri iyo, nusabe Imana igufashe. Uzoheza wibonere ingene impwemu yayo ‘ikorera muri wewe, kugira ngo ugire ugushaka wongere ukore.’ (Flp. 2:13) None weho wokora iki kugira ngo ukomeze amaboko y’abandi?

NUKOMEZE AMABOKO AREGAREGA

13, 14. (a) Umuvukanyi umwe yaremeshejwe gute inyuma y’aho aburiye umukenyezi wiwe? (b) Ni mu buryo butandukanye ubuhe twokomeza abandi?

13 Yehova yaraduhaye umuryango ukwiye kw’isi yose ugizwe n’abavukanyi bitwararikana, bashobora kuturemesha. Niwibuke yuko intumwa Paulo yavuze ati: “Mugorore amaboko aregarega n’amavi agoyagoya, kandi mubandanye gutunganiriza ibirenge vyanyu inzira zigororotse.” (Heb. 12:12, 13) Mu kinjana ca mbere, benshi barakomejwe muri ubwo buryo. Ni ko biri no muri kino gihe. Igihe umuvukanyi umwe yabura umukenyezi wiwe kandi agashikirwa n’izindi ngorane zikomeye cane, yavuze ati: “Narabonye ko tudashobora kwihitiramwo ingorane zodushikira, igihe zodushikira be n’incuro zodushikira. Isengesho be n’ukwiyigisha vyarambereye nka ka gakoti gakingira umuntu gusoma nturi. Vyongeye, kuba abavukanyi na bashiki bacu baranshigikiye, vyarandemesheje cane. Nahavuye ntahura ko bihambaye yuko tugiranira ubucuti bwiza na Yehova, imbere y’uko ingorane zaduka.”

Umwe wese mu bagize ishengero arashobora kubera abandi isoko ry’indemesho (Raba ingingo ya 14)

14 Aroni na Huru baraseguye amaboko ya Musa mu gihe c’intambara. Na twebwe turashobora kurondera uturyo two gushigikira abandi mu buryo ngirakamaro. Uti nka bande? Twoshigikira abageze mu zabukuru, abafise amagara make, abarwanywa n’imiryango yabo, abafise irungu, canke ababuze ababo. Turashobora no gukomeza abakiri bato bariko baroshwa gukora ibitabereye canke kuronderera muri iyi si mbi ivyitwa ngo ni ukuroranirwa, haba mu bijanye n’amashure, ubutunzi canke akazi. (1 Tes. 3:1-3; 5:11, 14) Nurondere uturyo two kwitwararika abandi igihe muri ku Ngoro y’Ubwami, mu ndimiro, igihe musangira udufungurwa canke igihe muganira kuri terefone.

15. Amajambo aremesha ashobora gute kugira ico akoze ku bo dusangiye ukwemera?

15 Umwami Asa amaze gutahukana intsinzi ikomeye, umuhanuzi Azariya yaramuremesheje hamwe n’abatwarwa biwe, ati: “Ariko mweho, mugire umutima rugabo kandi amaboko yanyu ntaregere, kuko igikorwa canyu kiri n’impera.” (2 Ngo. 15:7) Ivyo vyatumye Asa ahindura ibintu vyinshi kugira ngo asubizeho ugusenga gutyoroye. Muri ubwo buryo nyene, amajambo aremesha uvuga arashobora kugira akosho gakomeye ku bandi, gutyo ugatuma bakorera Yehova bimwe bishitse. (Imig. 15:23) No mu makoraniro nyene, ntukigere wibagira ko kumanika ukuboko ugatanga inyishu ziremesha, bishobora gukomeza abandi.

16. Abakurambere bashobora gute kwigana Nehemiya? Tanga uburorero bwerekana ingene abo musangiye ukwemera bagufashije.

16 Yehova yarashigikiye Nehemiya na bagenziwe, bituma bakomeza amaboko yabo ku bw’igikorwa. Mu misi 52 gusa, bari barangije kwubaka impome za Yeruzalemu. (Neh. 2:18; 6:15, 16) Nehemiya ntiyacungera ico gikorwa ngo ace yiraramira. Na we nyene yarajamwo akubaka. (Neh. 5:16) Abakurambere benshi na bo nyene, barigana Nehemiya mu gufasha mu bikorwa vy’ubwubatsi canke mu gusukura no mu kubungabunga Ingoro z’Ubwami zabo. Vyongeye, barakomeza abo basangiye ukwemera bafise amaganya mu mutima, mu gukorana na bo mu ndimiro canke mu kubagendera cungere.​—Soma Yesaya 35:3, 4.

“AMABOKO YAWE NTAREGERE”

17, 18. Igihe dufise amaganya canke ingorane, ni igiki twokwizigira tudakeka?

17 Gusenyera ku mugozi umwe n’abavukanyi na bashiki bacu biratuma twunga ubumwe. Biratuma kandi tugiranira na bo ubugenzi buramba, bikanatuma twese turushiriza kwizigira imihezagiro izozanwa n’Ubwami bw’Imana. Iyo dukomeje amaboko y’abandi tuba tubafashije kwihanganira ibibaca intege no kuguma bafise icizigiro ku bijanye na kazoza. N’ikindi kandi, biratuma tugumiza umutima ku vy’impwemu maze tukaguma tubona ko ivyo Imana yadusezeraniye atari umugani. Ego cane, amaboko yacu na yo nyene birayakomeza.

18 Kwibuka ingene Yehova yagiye arashigikira abasavyi biwe b’intahemuka akongera akabakingira, birakwiye gutuma no muri kino gihe tumwizera kandi tukamwizigira. Igihe rero ufise amaganya canke uri mu ngorane, “amaboko yawe ntaregere.” Ahubwo niwiture Yehova mw’isengesho. Gutyo, urashobora kwizigira udakeka yuko ukuboko kwiwe kw’ububasha kuzogukomeza, bitume wironkera imihezagiro y’Ubwami.​—Zab. 73:23, 24.