Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukomeza ukwizera

Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukomeza ukwizera

‘Misore namwe nyene bigeme b’isugi, . . . nimushemeze izina rya Yehova.’​—ZAB. 148:12, 13.

INDIRIMBO: 88, 115

1, 2. (a) Ni ingorane iyihe abavyeyi bagira, kandi boyitorera umuti gute? (b) Ni ibintu bine ibihe tugiye kurimbura?

UMUVUKANYI umwe n’umugore wiwe bo mu Bufaransa bavuze bati: “Turizera Yehova, ariko ivyo ntibisobanura ko n’abana bacu baca bamwizera. Ukwizera si ikintu mvukanwa. Abana bacu bagenda baragira ukwizera intambwe ku yindi.” Uwundi muvukanyi wo muri Ostraliya yanditse ati: “Ikintu gishobora kuzokubiza icuya kuruta ibindi vyose, ni ugufasha umwana wawe kugira ukwizera gukomeye. Urakeneye kwikora ku kintu cose coshobora kugufasha. Woshobora kwibwira ko wishuye neza ikibazo umwana wawe yakubajije, mugabo mu nyuma ukumva asubiye kukubaza nya kibazo nyene. Inyishu zishimisha umwana wawe ubu, zoshobora kutazoba zikimushimisha mu gihe kiri imbere. Hari aho vyokenerwa ko ibibazo bimwebimwe uza urasubira kubimusigurira mu buryo bwimbitse.”

2 Nimba uri umuvyeyi, vyoba bishika ukiyumvira ko utoshobora kwigisha no gufasha abana bawe gucika abagabo n’abagore bafise ukwizera? Tutabeshe, nta n’umwe muri twebwe yovyishoboza. (Yer. 10:23) Ariko rero igihe twisunze ubuyobozi Imana iduha, birashobora kugenda neza. Rimbura ibintu bine wogira kugira ngo ufashe abana bawe gukomeza ukwizera: (1) Nubamenye neza. (2) Nushire umutima ku vyo ubigisha. (3) Nukoreshe uburorero bubereye. (4) Niwihangane kandi usenge cane.

NUMENYE NEZA ABANA BAWE

3. Abavyeyi bokwigana gute Yezu igihe bigisha abana babo?

3 Yezu ntiyatinya kubaza abayoboke biwe ivyo bemera. (Mat. 16:13-15) Numwigane. Nusabe abana bawe baserure iryo bagona igihe ubona ko mwisanzuye. Ivyo birimwo no kuganira ikintu cose boba bafiseko amakenga. Umuvukanyi umwe w’imyaka 15 wo muri Ostraliya yanditse ati: “Akenshi dawe arambaza ibijanye n’ukwizera kwanje, agaca amfasha kuzirikana. Ambaza ati: ‘Bibiliya ibivugako iki?’ ‘Woba wemera ivyo ivuga?’ ‘Kubera iki uvyemera?’ Ashaka ko nishura mu majambo yanje bwite, aho gusubiramwo ivyo we na mawe bambwira. Uko nkura, ni ko ngenda ndatanga inyishu zagutse.”

4. Kubera iki bihambaye ko ufatana uburemere ibibazo vy’abana bawe? Tanga akarorero.

4 Nimba umwana akekeranije ku nyigisho kanaka, niwirinde guca umukarira canke ngo urwanye iciyumviro atanze. Numufashe kuzirikana kuri ico kintu wihanganye. Sebibondo umwe yavuze ati: “Nufatane uburemere ibibazo vy’umwana wawe. Niwirinde kubona ko bidahambaye, kandi ntiwiyamirize ikintu ngo n’uko gusa coshobora kukubabaza.” Mu vy’ukuri, biraba ngirakamaro iyo ibibazo umwana wawe abajije abikuye ku mutima, ubona ko ari ikimenyamenya c’uko afatana ibintu uburemere be n’uko yipfuza gutahura. N’igihe Yezu yari afise imyaka 12 gusa, yarabajije ibibazo bikomeye. (Soma Luka 2:46.) Umusore umwe w’imyaka 15 wo muri Danemarke yigana ati: “Igihe navuga ko ntazi neza nimba turi mw’idini ry’ukuri, abavyeyi banje bagumye batekanye naho nyene ivyanje bishobora kuba vyarabahagaritse umutima. Barishuye ibibazo vyanje vyose bakoresheje Bibiliya.”

5. Abavyeyi bashobora gute kwerekana ko badafata minenerwe ukwizera kw’umwana wabo?

5 Numenye abana bawe neza, umenye ivyo biyumvira, ukuntu biyumva be n’ibibaraje ishinga. Ntukigere wibwira ko bafise ukwizera ngo ni uko gusa bitaba amakoraniro bakongera bakajana nawe mu ndimiro. Nimuganire ivy’impwemu igihe muri mu dukorwa twa misi yose. Nusenge uri kumwe n’abana bawe kandi ubasabire. Niwihatire kumenya ikintu cose coba kiriko kiragerageza ukwizera kwabo maze ubibafashemwo.

NUSHIRE UMUTIMA KU VYO UBIGISHA

6. Igihe abavyeyi binjije ukuri mu mitima yabo bwite, bibafasha gute kwigisha abana babo?

6 Igihe Yezu yaba ariko arigisha, yarakora ku mutima abamwumviriza kubera ko yakunda Yehova, Ijambo ry’Imana be n’abantu. (Luka 24:32; Yoh. 7:46) Ivyo nyene ni vyo bizofasha abavyeyi gukora ku mutima abana babo. (Soma Gusubira mu vyagezwe 6:5-8; Luka 6:45.) Bavyeyi, nimwige rero mwitonze Bibiliya be n’ibikoresho bidufasha kwiga. Nimwihweze mwitonze ivyaremwe be n’ibiganiro vyo mu bitabu vyacu bivuga ibijanye n’ivyaremwe. (Mat. 6:26, 28) Mubigenjeje gutyo, muzorushiriza kugira ubumenyi, gukunda Yehova no kwironsa ivyo mukeneye kugira ngo mwigishe ibibondo vyanyu.​—Luka 6:40.

7, 8. Igihe umuvyeyi yujuje ukuri mu mutima wiwe, bivamwo iki? Tanga uburorero.

7 Niwuzuza ukuri mu mutima wawe, uzoca wipfuza kukuyagira umuryango wawe. Nubigire igihe cose, aho kubigira gusa igihe mutegura amakoraniro canke mu gusenga kwo mu muryango. Vyongeye, mwene ivyo biyago bikwiye kuba ibintu vyizana. Mwobigira igihe cose akaryo kabonetse, bikaba mu biyago vyo mu buzima bwa misi yose. Umuvukanyi umwe n’umukenyezi wiwe bo muri Amerika, barazirikana ivyerekeye Yehova igihe umuryango wabo uba uriko uraratira ijisho ivyaremwe kanaka, canke bariko barihereza imfungurwa kanaka. Bavuga bati: “Tuributsa abana bacu ko ibintu vyose Yehova yaduhaye yabiteguranye urukundo kandi abanje kutuzirikana cane.” Abavyeyi babiri bo muri Afrika y’Epfo na bo, bayagira abakobwa babo babiri ibijanye n’irema iyo bariko barakorana na bo mu busitani. Nk’akarorero, barabasigurira ibintu bitangaje, nk’ingene batera urubuto mu nyuma rukavamwo igiterwa. Bavuga bati: “Turagerageza gutuma abo bakobwa bacu baha agaciro cane ubuzima be n’ukuntu buhanitse.”

8 Sebibondo umwe wo muri Ostraliya, yarajanye umuhungu wiwe w’imyaka nka cumi gutembera ku nyubakwa y’iratiro ry’ivya kera, aca aboneraho kumufasha kurushiriza kwemera Imana be n’uko ibiriho vyaremwe. Avuga ati: “Twarabonye amashusho y’ibinyabuzima vyo mu mazi vya kera cane vyitwa ammonites n’ivyitwa trilobites. Twaratangaye tubonye ukuntu ivyo binyabuzima bitakibaho vyari vyiza cane, bihanitse kandi ata co bihajije, cokimwe n’ivyo muri kino gihe. Nimba none ibinyabuzima vyabanje kuba ibisanzwe mu nyuma bigahinduka ibihanitse, ni kubera iki ivyo binyabuzima vya kera vyari bisanzwe bihanitse ukuraho? Ico kintu carankoze cane ku mutima, nca ndakiganira n’umuhungu wanje.”

NUKORESHE UBURORERO BUBEREYE

9. Ni kubera iki uburorero ari ngirakamaro mu kwigisha, kandi inabibondo umwe yavyerekanye gute?

9 Yezu yarakunda gukoresha uburorero bwatuma abantu bazirikana, bukabakora ku mutima kandi bukaborohera kwibuka. (Mat. 13:34, 35) Abana barakunda ibintu bituma biyumvira. Bavyeyi, ntimwitinye rero gukoresha uburorero igihe mubigisha. Inabibondo umwe wo mu Buyapani ni ko yabigenjeje. Igihe umuhungu wiwe umwe yari afise imyaka umunani uwundi cumi, yarabigishije ingene Yehova yaremye ikirere kirimwo umuyaga duhumeka avyitondeye. Yabanje kubaha amata, isukari n’ikawa. Yaciye asaba umwe wese ngo amutegurire igikombe c’agakawa. Asigura ati: “Bagateguye bavyitondeye. Ndababajije igituma, bambwiye yuko bashaka ko kamera nk’uko nyene ndavyipfuza. Naciye ndabasigurira yuko Imana na yo nyene yavanze imyuka iri mu kirere ivyitondeye, ku rugero nyene tuyikeneyeko.” Ako karorero kari gahuje n’imyaka yabo, kandi karatumye babitahura kuruta kubibabwira ku munwa gusa. Nta gukeka ko bamaze igihe kinini bibuka ico cigwa!

Urashobora gukoresha ibintu bisanzwe kugira ufashe umwana kwemera Imana be n’uko ibiriho vyaremwe (Raba ingingo ya 10)

10, 11. (a) Ni akarorero akahe wokoresha kugira ngo utume umwana wawe arushiriza kwizera Imana? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni uburorero ubuhe wasanze ari ngirakamaro?

10 Kugira ngo utume umwana wawe arushiriza kwizera Imana, woshobora no gufatira ku rutonde rwanditse abakora imikate bisunga. Uti gute? Uhejeje kumuha umukate, numusigurire yuko bawukoze bisunze urutonde rw’ibintu bavanga. Nuce umuha icamwa, nk’akarorero ipome, maze umubaze uti: “Wari uzi ko iyi pome yabonetse hisunzwe urutonde rw’ibintu kanaka?” Nuce usatura iyo pome, umuhe akabuto. Womusigurira ko ico camwa cabonetse bivuye ku rutonde rw’ibintu twovuga ko vyari vyanditse muri ako kabuto, mugabo rukaba ruhanitse cane kuruta urwo abantu bisunga mu gukora imikate. Woca rero umubaza uti: “Nimba urwo rutonde bisunga mu gukora imikate rufise uwurwandika, ni nde none yanditse urutonde ruhanitse rw’ibintu bivamwo ipome?” Nimba akuze, womusigurira yuko urwo rutonde, ari na rwo igiti cose c’ipome cavuyemwo, rwari mu gahimba ntekeramakuru kitwa ADN ko muri ako kabuto. Mwoshobora no kurabira hamwe ubundi burorero muri ka gatabu kavuga ibijanye n’inkomoko y’ubuzima (Cinq questions à se poser sur l’origine de la vie), kuva ku rupapuro rwa 10 gushika ku rwa 20.

11 Abavyeyi benshi barashima kuyaga n’abana babo ku biganiro vyo muri Be Maso! bivuga ngo “Vyoba vyararemwe?” Nimba abo bana bakiri bato, baca babasigurira mu buryo bworoshe ibivugwamwo. Nk’akarorero, umugabo umwe n’umugore wiwe bo muri Danemarke baragereranije indege n’inyoni. Bavuze bati: “Naho indege imeze nk’inyoni, yoba ishobora guta amagi maze ikaberagura utudege dutoduto? Inyoni zoba zikenera ibibuga bidasanzwe zigwako? Mbega hoho, wohitamwo iki hagati y’urwamo rw’indege n’uturirimbo tw’inyoni? None hagati y’uwakoze indege n’Uwaremye inyoni, wumva ari nde afise ubwenge bwinshi?” Ubwo burorero, buri kumwe n’utubazo dutomoye, burashobora gufasha umwana wawe gukoresha “ubushobozi bwo kwiyumvira,” gutyo akarushiriza kwizera Imana.​—Imig. 2:10-12.

12. Wokoresha gute uburorero kugira wigishe abana bawe yuko ivyo Bibiliya ivuga vyose ari ukuri?

12 Urashobora kandi gukoresha uburorero kugira wigishe abana bawe yuko ivyo Bibiliya ivuga vyose ari ukuri. Raba nk’ibivugwa muri Yobu 26:7. (Soma.) Wosigurira gute umwana wawe ko ivyo Yobu yavuze muri uwo murongo vyavuye ku Mana? Aho guca umuha ibimenyamenya, ubona gute umuretse agakoresha ubwenge? Numubwire ko Yobu yabayeho kera cane, batarahingura ibigendajuru canke ivyuma biraba ibiri kure mu kirere. Nuce umusaba agusigurire igituma hari abo bigora kwemera ko ikintu amahero nk’isi, cenenetse ku busa. Mu gusigura, uwo mwana yoshobora gukoresha ibuye canke umupira kugira ngo yerekane ko ikintu cose gifise uburemere gitegerezwa kuba giteretse ku kindi kintu. Ico cigwa cotuma umwana atahura ko imbere y’uko abantu bubura ibintu kanaka, Yehova yari yaravyandikishije muri Bibiliya kuva kera.​—Neh. 9:6.

NUBEREKE AGACIRO K’IJAMBO RY’IMANA

13, 14. Abavyeyi boshobora gute kwereka abana babo agaciro k’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya?

13 Birahambaye canecane ko wereka abana bawe akamaro k’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. (Soma Zaburi 1:1-3.) Hari uburyo bwinshi bwo kubigira. Nk’akarorero, woshobora gusaba abana bawe ngo bihe ishusho bagiye kuba mw’izinga rya kure, bakaba babwirizwa guhitamwo abo bipfuza ko bobanayo. Nuce ubabaza uti: “Kugira ngo mubane mu mahoro n’umwumvikano, umwe wese muri mwebwe akwiye kuba ameze gute?” Mwoshobora guca murabira hamwe impanuro nziza dusanga mu Bagalatiya 5:19-23.

14 Ico kintu coshobora kubigisha ivyigwa bibiri bihambaye. Ica mbere, ingingo ngenderwako z’Imana zituma haba amahoro n’umwumvikano nyakuri. Ica kabiri, inyigisho Yehova aduha zituma twitegurira ubuzima bwo mw’isi nshasha. (Yes. 54:13; Yoh. 17:3) Woshobora kwunganira ivyo vyigwa mu gukoresha icabonywe kivugwa mu bitabu vyacu, kumbure mu Munara w’Inderetsi, muri rwa rukurikirane rw’ibiganiro ruvuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu.” Nimba na ho mw’ishengero iwanyu hari uwagize amahinduka akomeye kugira ngo ahimbare Yehova, woshobora kumutumira iwanyu kugira ngo abayagire ingene vyagenze. Ubwo burorero buratuma abana babona ko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ari ngirakamaro.​—Heb. 4:12.

15. Ikintu nyamukuru ukwiye kwitwararika igihe wigisha abana bawe ni ikihe?

15 Iciyumviro ni iki: Igihe wigisha abana bawe, niwirinde kuguma kuri vya bindi nyene. Nugerageze kwiyumvira. Nubafashe kuzirikana, ufatiye ku myaka yabo. Nubigishe ibibaryohera kandi bibakomeza ukwizera. Sebibondo umwe yavuze ati: “Ntiwigere urambirwa no kurondera uburyo bushasha bwo gusigura ivyo wigeze kubasigurira.”

NUBE UMWIZIGIRWA, WIHANGANE, KANDI USENGE CANE

16. Kubera iki kwihangana ari nkenerwa igihe wigisha abana? Tanga uburorero.

16 Nta wogira ukwizera gukomeye adafashijwe n’impwemu y’Imana. (Gal. 5:22, 23) Kurya kw’icamwa, ukwizera gusaba umwanya kugira ngo gukomere. Ni co gituma ukwiye kwihangana no kwumirako igihe wigisha abana bawe. Sebibondo umwe w’abana babiri wo mu Buyapani yavuze ati: “Twe n’umugore wanje twaritwararika cane abana bacu. Kuva bakiri bato cane, buri musi narafata iminota 15 yo kubigisha, kiretse ku misi y’amakoraniro. Iminota cumi n’itanu ntiyari umuzigo, haba kuri twebwe canke kuri bo.” Umucungezi umwe w’umuzunguruko yanditse ati: “Igihe nari umuyabaga, ibibazo nari mfise vyari vyinshi kuruta ivyo nabaza. Buhoroburo, vyinshi muri vyo narabironkeye inyishu mu makoraniro, mu gusenga kwo muryango no mu kwiyigisha. Ni co gituma abavyeyi bakwiye kwamizako mu kwigisha abana babo.”

Nimba wipfuza kuba umwigisha mwiza, utegerezwa kubanza gushira Ijambo ry’Imana mu mutima wawe (Raba ingingo ya 17)

17. Ni kubera iki akarorero abavyeyi batanga gahambaye, kandi ni gute umugabo n’umugore umwe bahaye akarorero keza abana babo?

17 Ariko igihambaye kuruta, ni akarorero utanga mu bijanye n’ukwizera. Abana bawe bazokwihweza ivyo ukora, kandi ntibizobura kugira ico bibafashije. Bavyeyi, nimugume rero mwikomeza mu kwizera. Nimureke abana banyu bibonere ko mwizigira Yehova koko. Umugabo n’umugore umwe bo muri Bermuda, iyo bari mu bihe bitoroshe, barasenga Yehova bari kumwe n’abana babo kugira ngo abayobore, kandi bakaremesha n’abo bana gusenga ku giti cabo. Bavuga bati: “Turabwira umukobwa wacu mukuru duti: ‘Niwizigire Yehova uherejeko, ugume ufise vyinshi ukora mu murimo w’Ubwami, kandi ntiwiganyire birenze.’ Iyo abonye ivyiza bivamwo, aca atahura ko Yehova ariko aradufasha. Ivyo vyatumye yizigira Imana na Bibiliya bimwe bidasanzwe.”

18. Ni ikintu gihambaye ikihe abavyeyi bakwiye kwibuka?

18 Ariko ntiwumve, abana ni bo ahanini bategerezwa gukomeza ukwizera kwabo. Umuvyeyi aratera kandi akavomera, ariko Yehova ni we akuza. (1 Kor. 3:6) Numusabe rero impwemu yiwe, kandi wihatire kwigisha abana bawe. Ubigenjeje gutyo, uba uhaye Yehova akaryo ko kuguhezagira cane.​—Ef. 6:4.