Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nuburanire inkuru nziza imbere y’abategetsi bakomeye

Nuburanire inkuru nziza imbere y’abategetsi bakomeye

“UWO muntu [ni] icombo nitoreye ngo ashingire intahe izina ryanje ku mahanga no ku bami.” (Ivyak. 9:15) Umukama Yezu yavuze ivyo ku bijanye n’Umuyuda yari aherutse gucika umukirisu, akaba yahavuye yitwa intumwa Paulo.

Umwe muri abo “bami” yari Nero, Umwami w’abami w’Umuroma. Wari kwiyumva gute iyo urengutswa imbere y’umutegetsi nk’uwo kugira uburanire ukwizera kwawe? Yamara rero, abakirisu basabwa kwigana Paulo. (1 Kor. 11:1) Uburyo bumwe twobigira ni ukubigenza nk’uko Paulo yabigenjeje imbere y’ubucamanza bwo mu gihe ciwe.

Itegeko Imana yatanze biciye kuri Musa ni ryo ryagenga abo mu gihugu ca Isirayeli, kandi ni ryo Abayuda bisunga aho baba bari hose. Inyuma ya Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu, ntivyari bikiri ngombwa ko abasavyi b’Imana b’ukuri bakurikiza iryo Tegeko. (Ivyak. 15:28, 29; Gal. 4:9-11) Yamara rero, Paulo n’abandi bakirisu ntibakengera iryo Tegeko. Ivyo vyatumye bashobora kubwira inkuru nziza Abayuda benshi, ata kibatangira. (1 Kor. 9:20) Nkako, Paulo yaraja mu masinagogi akatari gake, akabwira inkuru nziza abantu bari bazi Imana ya Aburahamu, kandi akazirikana na bo akoresheje Ivyanditswe vy’igiheburayo.​—Ivyak. 9:19, 20; 13:5, 14-16; 14:1; 17:1, 2.

I Yeruzalemu ni ho intumwa zashimye gutangurira igikorwa co kwamamaza. Zarakunda kwigishiriza ku rusengero. (Ivyak. 1:4; 2:46; 5:20) Igihe kimwe, Paulo yaragiye i Yeruzalemu, hanyuma aratabwa mw’ibohero. Iyo yabaye intango y’urubanza rwahavuye rumushikana i Roma.

PAULO YARISHIMIKIJE ITEGEKO RY’ABAROMA

None abategetsi b’Abaroma babona gute ivyo Paulo yigisha? Kugira turonke inyishu, birabereye ko tubanza kurimbura ingene Abaroma bafata amadini muri rusangi. Ntibahata imigwi itandukanye y’abantu bo mu nganji yabo ngo bahebe amadini yabo, kiretse babonye ko vyobangamira Leta canke bigatuma inyifato runtu itituka.

Abaroma barubahiriza cane uburenganzira bw’Abayuda baba mu nganji yabo. Igitabu kimwe kivuga ivya kahise k’abakirisu bo mu ntango (Backgrounds of Early Christianity), kigira giti: “Idini ry’Abayuda ryarahabwa ikibanza gikomeye mu nganji y’Abaroma. . . . Abayuda barubahirizwa mu kwemera kwabo kandi ntibahatirwa gusenga imana zo mu nganji y’Abaroma. Barashobora gutunganya ikibano cabo bakoresheje amategeko yabo bwite.” Vyongeye, ntivyari ngombwa ko baja mu gisoda. * Paulo afatiye kuri ukwo kuntu itegeko ry’Abaroma ryubahiriza ukwemera kw’Abayuda, yaraburaniye ubukirisu imbere y’abategetsi b’Abaroma.

Abansi ba Paulo barakoresheje uburyo butandukanye kugira ngo boshe abanyagihugu be n’abategetsi kurwanya iyo ntumwa. (Ivyak. 13:50; 14:2, 19; 18:12, 13) Rimbura ikintu kimwe cabaye. Abakurambere b’ishengero ry’i Yeruzalemu barumvise urukurukuru rwariko rurakwiragira mu Bayuda rw’uko Paulo yariko yigisha “ubuhuni ku bijanye na Musa.” Ivyo vyari gushobora gutuma Abayuda bari baherutse gucika abakirisu biyumvira ko Paulo atubaha amategeko y’Imana. N’ikindi kandi, Inama Nkuru yari gushobora guca itangaza ko ubukirisu ari ubuhuni bwadutse mw’idini ry’Abayuda. Iyo ivyo bishika, Abayuda bari bacitse abakirisu bari gushobora guhanwa. Bari guca baharirwa ivomo, maze ntibashobore gushinga intahe mu rusengero canke mu masinagogi. Ku bw’ivyo, abakurambere b’ishengero baciye basaba Paulo kubeshuza urwo rukurukuru, mu kuja ku rusengero agakora ikintu Imana itamutegeka, ariko kandi ata co cari gitwaye.​—Ivyak. 21:18-27.

Paulo yarabigize, bituma aronka akaryo ko “kuburanira inkuru nziza no gutuma yemerwa n’amategeko.” (Flp. 1:7) Abayuda barateye akaguma ku rusengero, bashaka kumwica. Umukomanda w’Umuroma yaciye atwara Paulo mu gasho. Igihe bagira bashishagure Paulo, yaciye avuga ko afise ubwenegihugu bw’Uburoma. Ivyo vyatumye ajanwa i Sezariya, akaba ari ho Abaroma batwara Ubuyuda bakorera. Paulo yaraharonkeye akaryo kadasanzwe ko gushinga intahe abigiranye ubutinyutsi imbere y’abategetsi. Ivyo bishobora kuba vyatumye abantu batari bazi vyinshi ku bukirisu babimenya.

Mu Vyakozwe ikigabane ca 24 haravuga ingene vyagenze igihe Paulo yarenguka imbere ya Felisi buramatari w’umuroma yatwara Yudaya, uwari amaze kwumva inyigisho z’abakirisu. Abayuda bagirije Paulo ko yarenze itegeko ry’Abaroma n’imiburiburi mu buryo butatu. Bavuze ko yagumuye Abayuda bose bo muri iyo nganji, ko yari mu kadumbi k’idini gateye akaga be n’uko yagerageje guhumanya urusengero, urwari rukingiwe n’Uburoma. (Ivyak. 24:5, 6) Ivyo birego vyari gutuma acirwa urwo gupfa.

Birabereye ko abakirisu bo muri iki gihe barimbura ukuntu Paulo yavyifashemwo muri urwo rubanza. Yagumye atekanye kandi arangwa n’icubahiro. Paulo yarishimikije Itegeko n’Abahanuzi, arerekana ko yari afise uburenganzira bwo gusenga ‘Imana ya ba sekuruza biwe.’ Ubwo bwari uburenganzira n’abandi Bayuda bari bafise muri ico gihe. (Ivyak. 24:14) Mu nyuma, Paulo yaraburaniye ukwizera kwiwe imbere ya buramatari yasubiriye Felisi, ari we Porukiyo Fesito, be n’imbere y’Umwami Herodi Agiripa.

Kugira ngo Paulo atunganirizwe, amaherezo yavuze ati: “Nungururije kwa Sezari!” Ico gihe, uwo ni we yari umutegetsi kizigenza.​—Ivyak. 25:11.

PAULO MURI SENTARE Y’I SEZARIYA

Mu nyuma, umumarayika yabwiye Paulo ati: “Utegerezwa guhagarara imbere ya Sezari.” (Ivyak. 27:24) Umwami w’Abami Nero akija ku ngoma, yaramenyesheje ko atociye imanza zose wenyene. Mu myaka umunani ya mbere y’ingoma yiwe, ahanini iryo banga yarijeje abandi. Igitabu kimwe (The Life and Epistles of Saint Paul) kivuga ko igihe Nero yaba yemeye guca urubanza, yarwumviririza ku kirimba iwe, ari kumwe n’umugwi w’abahanuzwajambo karuhariwe kandi bubahwa cane.

Bibiliya ntivuga yuko Nero ubwiwe yumvirije Paulo, canke ko yagenye uwundi ngo amwumvirize, mu nyuma agaha Nero icegeranyo. Uko vyoba vyaragenze kwose, birashoboka ko Paulo yasiguye yuko yasenga Imana y’Abayuda be n’uko yahimiriza abantu bose guha leta icubahiro kibereye. (Rom. 13:1-7; Tito 3:1, 2) Biboneka ko Paulo yaroraniwe mu kuburanira inkuru nziza imbere y’abategetsi bahambaye, kuko sentare y’i Sezariya yaciye imurekura.​—Flp. 2:24; Flm. 22.

TURI N’IBANGA RYO KUBURANIRA INKURU NZIZA

Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Bazobakwega babatware imbere ya ba buramatari n’abami babampora, kugira bibe intahe kuri bo no ku mahanga.” (Mat. 10:18) Guserukira Yezu muri ubwo buryo ni agateka gakomeye. Akigoro tugira mu kuburanira inkuru nziza karashobora gutuma dutsinda imanza. Ariko rero, ingingo zifatwa n’abanyagasembwa ntizituma inkuru nziza “yemerwa n’amategeko” mu buryo bushitse. Ubwami bw’Imana ni bwo bwonyene buzodukurako burundu agahahazo n’akarenganyo.​—Umus. 8:9; Yer. 10:23.

Yamara no muri kino gihe, izina rya Yehova rirashobora kuninahazwa igihe abakirisu baburaniye ukwizera kwabo. Nka kumwe kwa Paulo, turakwiye gutekana, kutarya umunwa no gukoresha imvugo ijijura. Yezu yabwiye abayoboke biwe ko bitari ngombwa yuko ‘bimenyereza imbere y’igihe ingene bokwiburaniye, kuko yobahaye akanwa n’ubukerebutsi ababarwanya bose hamwe batoshoboye kurwanya canke guhaririza.’​—Luka 21:14, 15; 2 Tim. 3:12; 1 Pet. 3:15.

Igihe abakirisu baburanira ukwizera kwabo imbere y’abami, ba buramatari canke abandi bategetsi, barashobora gushinga intahe ku bantu bitokworoshe ko bumva inkuru nziza y’Ubwami. Hari ingingo zafashwe n’amasentare zatumye amategeko ahinyanyurwa, bica birushiriza gukingira uburenganzira bwo gusenga no gushikiriza ivyiyumviro. Ariko rero, umutima rugabo abasavyi b’Imana bagaragaza muri izo manza uranezereza Imana, bazitsinda canke batazitsinda.

Izina rya Yehova riraninahazwa igihe tuburanira ukwizera kwacu

^ ing. 8 Umwanditsi yitwa James Parkes, avuga ati: “Abayuda . . . bari bafise uburenganzira bwo kwisunga imigenzo yabo. Ntibitangaje kubona Abaroma barahaye Abayuda ubwo burenganzira, kuko Abaroma bari basanzwe barangwa n’ingendo yo kureka ibisata bitandukanye vyo mu nganji yabo bikigenga uko bishoboka vyose.”