Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nugume unyinyana kugira uronke umuhezagiro wa Yehova

Nugume unyinyana kugira uronke umuhezagiro wa Yehova

‘Wanyinyanye n’Imana n’abantu amaherezo utahukana intsinzi.’​—ITA. 32:28.

INDIRIMBO: 60, 38

1, 2. Ni ibiki bihanze abasavyi ba Yehova?

KUVA kuri Abeli gushika muri kino gihe, abasavyi b’Imana b’intahemuka bamye barwana urugamba. Intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’Abaheburayo yuko igihe barondera kwemerwa na Yehova no guhezagirwa na we, ‘bihanganiye urugamba rukomeye mu mibabaro.’ (Heb. 10:32-34) Urugamba abakirisu barwana, Paulo yarugereranije n’utwigoro abanonotsi b’Abagiriki bagira mu mahiganwa, nko kwiruka, kunyinyana, no guterana ibipfunsi. (Heb. 12:1, 4) Muri kino gihe, turiko turasiganirwa ubuzima. Ariko kandi turahura n’intambamyi zishobora kudusamaza, kudutega imitego no kudutura hasi, maze zigatuma dutakaza umunezero be n’impembo twiteze.

2 Intambara ya mbere ikomeye turwana, ni iyo kunyinyana na Shetani be n’isi yiwe mbi. (Ef. 6:12) Birahambaye cane ko twirinda kwoshwa n’“ibintu bihamangiye” vy’iyi si. Ivyo birimwo inyigisho zayo, amafilozofiya, ingeso mbi nk’ubushegabo, akaborerwe, ukunywa itabi be n’ibiyayuramutwe. Vyongeye, dutegerezwa kwama turwanya ubugoyagoye bw’umubiri wacu be n’ugucika intege.​—2 Kor. 10:3-6; Kol. 3:5-9.

3. Imana itumenyereza gute kurwanya abansi bacu?

3 None vy’ukuri vyoba bishoboka yuko dutsinda izo ntambamyi zikomeye? Cane nyene. Mugabo ni urugamba. Paulo afatiye ku karorero k’abatera ibipfunsi bo mu gihe ca kera, yavuze ku bimwerekeye ati: “Uko ntera ibipfunsi, ni ku buryo ntakubita ikirere.” (1 Kor. 9:26) Nka kurya nyene uwutera ibipfunsi arwanya uwo bahanganye, ni ko na twebwe dutegerezwa kurwanya abansi bacu. Yehova aratumenyereza kandi akadufasha muri iyo ntambara. Biciye kw’Ijambo ryiwe, aratugira inama zidufasha kwikingira. Vyongeye, aradufasha biciye ku bitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya, ku makoraniro, ku materaniro no ku mahwaniro. Woba uriko urashira mu ngiro ivyo wiga? Nimba utabigira, ni nk’aho uriko ‘ukubita ikirere,’ aho kurwanya umwansi wawe wivuye inyuma.

4. Twokwirinda gute gutsindwa n’ikibi?

4 Kubera ko abansi bacu boshobora kudutera tutiteguye canke dufise intege nke, turakwiye kwama turi maso. Bibiliya itugabisha iti: “Ntureke ngo utsindwe n’ikibi, ahubwo ugume utsinda ikibi ukoresheje iciza.” (Rom. 12:21) Iyo mvugo ngo “ntureke ngo utsindwe n’ikibi” yerekana ko dushobora kugitsinda. Kugira ngo ntidutsindwe n’ikibi, bisaba ko tuguma tukirwanya. Ariko hamwe twokwijajara ntitugume ku rugamba, Shetani n’isi yiwe mbi hamwe n’umubiri wacu munyagasembwa vyoshobora kudutura hasi. Ntukigere rero ureka ngo iterabwoba rya Shetani ritume utana n’akabando.​—1 Pet. 5:9.

5. (a) Ni igiki codufasha kubandanya urugamba turwana turondera guhezagirwa n’Imana? (b) Ni uburorero bwa bande tugiye kurimbura?

5 Kugira ngo abari muri urwo rugamba batahukane intsinzi, bategerezwa kutibagira igituma bariko baranyinyana. Kugira ngo Imana ibemere kandi ibahezagire, bakwiye kuguma bibuka amajambo aremesha dusanga mu Baheburayo 11:6. Hagira hati: “Uwegera Imana ategerezwa kwemera yuko iriho be n’uko ihemba abayironderana ubwira.” Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “kuronderana ubwira” ritekeye iciyumviro co kugira ishaka canke akigoro gakomeye. (Ivyak. 15:17) Bibiliya irimwo uburorero butari buke bw’abagabo n’abagore bagize akigoro gakomeye kugira ngo bahezagirwe na Yehova. Yakobo, Rasheli, Yozefu na Paulo baraciye mu ngorane zabababaje ku mubiri no ku mutima, mugabo barumirako maze barahezagirwa cane. None twokwigana gute abo bantu bane babaye intwari?

KWUMIRAKO BITUMA DUHEZAGIRWA

6. Ni igiki catumye Yakobo yumirako, kandi yaronse impera iyihe? (Raba ishusho itangura.)

6 Umwe sekuruza w’imiryango Yakobo yaranyinyuranye yongera arumirako kubera yakunda Yehova kandi agaha agaciro ibintu vy’impwemu. Vyongeye, yarizera aherejeko umuhango Yehova yari yaramuhaye w’uko yohezagiye uruvyaro rwiwe. (Ita. 28:3, 4) Ivyo birerekana igituma igihe yari afise hafi imyaka 100, yakoze uko ashoboye kwose kugira ngo aronke umuhezagiro w’Imana. Mbere yaranyinyuranye n’umumarayika yari yiyambitse umubiri w’abantu. (Soma Itanguriro 32:24-28.) None Yakobo yoba yanyinyuranye n’uwo mumarayika w’inkomezi akoresheje inguvu ziwe bwite? Habe namba. Naho ari ukwo, yariyemeje kuguma anyinyurana n’uwo mumarayika, kandi yarerekanye ko ata mugambi wo guhesha yari afise. Igishimishije, ukwo kwumirako kwiwe kwaratumye aronka impera. Yararonse izina ribereye, ari ryo Isirayeli, (rikaba risobanura ngo “uwunyinyana n’Imana, uwumira ku Mana” canke ngo “Imana iranyinyana”). Yakobo yararonse impera ikomeye, ari yo na twebwe turiko turarondera, ni ukuvuga kwemerwa na Yehova no guhezagirwa na we.

7. (a) Ni ikintu kigoye ikihe Rasheli yahanganye na co? (b) Ni gute yabandanije anyinyana, kandi yahezagiwe gute?

7 Umugore Yakobo yakunda cane ari we Rasheli, na we nyene yari ashashaye kubona ukuntu Yehova ashitsa ivyo yasezeraniye uwo mugabo wiwe. Ariko rero, hari ikintu yabona ko ari intambamyi atashobora gutsinda. Nta bana yari afise. Ico gihe, kubura uruvyaro vyabonwa ko ari icago gikomeye. None Rasheli yakuye he inkomezi zo kubandanya anyinyana n’ico kintu gica intege cari kimurengeye? Ntiyigeze yihebura. Yabandanije nyabuna anyinyana mu gusengana ubwira. Yehova yarumvise ukuntu Rasheli yamutakambiye abikuye ku mutima, mu nyuma aramuhezagira mu kumuronsa abana. Ntibitangaje kubona Rasheli yarageze aho yiha akamo k’intsinzi, ati: “Naniganye . . . ukunigana kw’inguvu. Kandi natahukanye intsinzi!”​—Ita. 30:8, 20-24.

8. Ni ingorane ikomeye iyihe Yozefu yamaze igihe kirekire yihanganiye, kandi ni gute yadusigiye akarorero keza?

8 Akarorero Yakobo na Rasheli batanze ko kwumirako karafashije cane umuhungu wabo Yozefu, karatuma yihanganira ibintu vyagerageje ukwizera kwiwe. Igihe Yozefu yari afise imyaka 17, ubuzima bwiwe bwarahindutse cane. Abo bavukana baramugiriye ishari, maze baramugurisha ngo aje kuba umuja. Mu nyuma, yabwirijwe kumara imyaka n’iyindi apfunzwe mu Misiri azira ubusa. (Ita. 37:23-28; 39:7-9, 20-21) Yozefu ntiyigeze yihebura canke ngo abike inzika, ku buryo arondera kwihora. Ahubwo riho, yagumije ubwenge n’umuzirikanyi ku bucuti budasanzwe yari afitaniye na Yehova. (Lew. 19:18; Rom. 12:17-21) Turakwiye kwigana Yozefu. Nk’akarorero, naho twoba twakuriye mu ngorane canke tukaba turiko duca mu bintu bisa n’ibica intege, dukwiye kubandanya tunyinyana kandi tukumirako. Tubigenjeje gutyo, turashobora kwizigira ko Yehova azoduhezagira.​—Soma Itanguriro 39:21-23.

9. Twokwigana gute Yakobo, Rasheli na Yozefu kugira turonke umuhezagiro wa Yehova?

9 Nuzirikane ingorane uriko uracamwo, ikaba ishobora kukubera ikigeragezo. Kumbure ni akarenganyo, umwikeko canke ugutyekezwa. Canke na ho, yoshobora kuba ari uwakwagirije ibinyoma, kumbure abitumwe n’ishari. Aho guca utana n’akabando, niwibuke icafashije Yakobo, Rasheli na Yozefu kubandanya bakorera Yehova banezerewe. Imana yarabakomeje yongera irabahezagira kubera ko bagumye baha agaciro cane ibintu vy’impwemu. Bagumye banyinyana bongera bakora bahuza n’amasengesho baturana ubwira. Turegereje cane iherezo ry’ivy’iyi si mbi. Ku bw’ivyo, turi n’imvo zikomeye zo kwumira ku cizigiro twashizwe imbere! Woba none witeguriye kunyinyana, ni ukuvuga, gukora uko ushoboye kwose kugira ngo uronke umuhezagiro wa Yehova?

NUNYINYANIRE UMUHEZAGIRO

10, 11. (a) Ni kubera iki bisaba ko tunyinyana kugira turonke umuhezagiro w’Imana? (b) Ni ibiki vyodufasha kugira amahitamwo meza kugira ngo dutsinde ibiduca intege be n’ibidusamaza?

10 Ni ibintu bimwebimwe ibihe twonyinyana kugira turonke umuhezagiro w’Imana? Abatari bake barahanzwe n’urugamba rwo gutsinda ubugoyagoye bw’umubiri. Abandi na bo bategerezwa kugira akigoro gakomeye kugira ngo bagume babona mu buryo bwiza igikorwa barangurira Imana. Canke na ho, woshobora kuba ukeneye kwihangana, kubera amagara make canke irungu ufise. Vyongeye, ntitwokwirengagiza ukuntu bamwebamwe bibagora guharira uwabababaje canke yabacumuyeko. Naho twoba tumaze igihe kingana gute dukorera Yehova, twese dutegerezwa kurwanya ibintu vyoshobora kutubera intambamyi mu murimo turangurira Imana, ino ikaba iha impera abizigirwa.

Woba uriko uranyinyanira umuhezagiro w’Imana? (Raba ingingo ya 10, 11)

11 Tuvugishije ukuri, kugira amahitamwo meza no kubaho rukirisu birashobora kuba urugamba rukomeye, na canecane igihe umutima wacu w’umuhemu uba uriko uratwosha nabi. (Yer. 17:9) Nimba wisuzumye ugasanga ari ukwo vyifashe, nusabe Yehova impwemu nyeranda. Isengesho be n’impwemu nyeranda birashobora gutuma uronka inkomezi zigufasha gukora ico uzi ko kibereye kandi Yehova ashobora guhezagira. Nukore uhuza n’amasengesho utura. Nusome igice ca Bibiliya buri musi wongere urondere umwanya wo kwiyigisha no kwama ugira ugusenga kwo mu muryango.​—Soma Zaburi 119:32.

12, 13. Abakirisu babiri bafashijwe gute gucungera ivyipfuzo bibi?

12 Hariho uturorero twinshi twerekana ingene Ijambo ry’Imana, impwemu yayo be n’ibitabu vyacu, vyafashije abakirisu gutsinda ivyipfuzo bibi. Hari umusore yasomye ikiganiro kivuga ngo “Wonanira gute ivyipfuzo bibi?” casohotse muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Kigarama 2003. None yavyakiriye gute? Avuga ati: “Ndiko ndarwana urugamba rwo gucungera ivyiyumviro bibi. Ariko igihe nasoma muri ico kiganiro ko ‘benshi babona ko kurwanya ivyipfuzo bibi ari urugamba rutoroshe,’ naciye numva ko ndi mu bandi. Narabonye ko ntari jenyene.” Uwo musore yarungukiye no ku kiganiro kivuga ngo “Imana yoba yemera ko twigenza uko twishakiye?” casohotse muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Gitugutu 2003. Yarabonye ko bamwebamwe bamana iyo ntambara nka kurya kw’“ihwa mu mubiri.” (2 Kor. 12:7) Naho babandanya kunyinyana kugira bagumane inyifato ibereye, baragumana icizigiro ca kazoza. Yaciye avuga ati: “Ku bw’ivyo, nibaza ko nshobora kuguma ndi umwizigirwa buri musi. Ndakengurukira Yehova kubona akoresha ishirahamwe ryiwe kugira adufashe gusimba akaga buri musi muri iyi si mbi.”

13 Rimbura kandi akarorero ka mushiki wacu wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Yanditse ati: “Nshaka kubakengurukira ukuntu mwama mutugaburira ivyo nyene dukeneye, kandi ku gihe kibereye. Akenshi mbona ko ivyo biganiro ari jewe nyene bigenewe. Ndamaze imyaka n’iyindi nyinyana n’icipfuzo gikomeye co gukora ivyo Yehova yanka. Birashika nkumva notana n’akabando. Ndazi ko Yehova ari umunyembabazi be n’uko aharira. Ariko kubera yuko mfise ico cipfuzo kibi kandi muri jewe nkaba ntarakizinukwa, numva umengo simbereye gufashwa na we. Iyo ntambara idahera yarangiriye nabi mu mice yose y’ubuzima. . . . Igihe nasoma ikiganiro kivuga ngo ‘Woba ufise “umutima wo kumenya” Yehova?’ mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ntwarante 2013, naciye mbona ko vy’ukuri Yehova yipfuza kumfasha.”

14. (a) Paulo yabona gute urugamba yarimwo? (b) Dushobora gute gutsinda urugamba rwo kurwanya ubugoyagoye dufise bw’umubiri?

14 Soma Abaroma 7:21-25. Paulo yariboneye ingene kunyinyana n’ivyipfuzo be n’ubugoyagoye vy’umubiri udatunganye, bishobora kutubera urugamba. Ariko rero, yarizigira aherejeko yuko yoshoboye gutsinda urwo rugamba rwabera imbere muri we, mu kwiheka kuri Yehova mw’isengesho no mu kwizera inkuka y’incungu ya Yezu. Tweho bite? Twoba dushobora gutsinda ubugoyagoye bwacu? Ego cane! Birashoboka hamwe twokwigana Paulo, tukizigira Yehova duherejeko aho kwizigira inkomezi zacu bwite, tukongera tukizera incungu.

15. Isengesho rishobora gute kudufasha kuguma turi abizigirwa no kwihanganira ibigeragezo?

15 Rimwe na rimwe, Imana yoshobora kutureka ngo tugaragaze ko vy’ukuri turajwe ishinga n’ikintu kanaka. Nk’akarorero, twokora iki nimba turembejwe n’indwara ikomeye canke tukarenganywa mu buryo kanaka? Bite ho nimba bishikiye incuti yacu? Twokwerekana ko twizigiye Yehova duherejeko mu kumutakambira ngo aduhe inkomezi kugira tugume turi abizigirwa, tugumane umunezero kandi tugume dufitaniye na we ubucuti bwiza. (Flp. 4:13) Ivyo benshi biboneye, haba mu gihe ca Paulo canke mu gihe cacu, birerekana yuko isengesho rishobora kudufasha kugarura agatege maze ivyo bigatuma turushiriza kwihangana.

NUBANDANYE KUNYINYANIRA UMUHEZAGIRO WA YEHOVA

16, 17. Wiyemeje gukora iki?

16 Shetani yipfuza ko wocika intege ugaheba urwo rugamba. Niwiyemeze ‘kugumya ivyiza.’ (1 Tes. 5:21) Numenye neza ko ushobora gutsinda urugamba urwana na Shetani, isi yiwe mbi be n’impengamiro zose zo gukora igicumuro. Urashobora gutsinda nimba wizigira uherejeko ububasha Imana ifise bwo kugukomeza.​—2 Kor. 4:7-9; Gal. 6:9.

17 Uko bishoboka kwose rero, nugume urwana. Nugume wihata. Nugume unyinyana. Nugume wumiyeko. Niwizigire uherejeko yuko Yehova “[azogu]cuncuburirako vy’ukuri umuhezagiro gushika aho hadasubira kubaho umukeno.”​—Mal. 3:10.