Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wambara mu buryo buninahaza Imana?

Woba wambara mu buryo buninahaza Imana?

“Mukore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.”​—1 KOR. 10:31.

INDIRIMBO: 34, 61

1, 2. Kubera iki Ivyabona vya Yehova bama bihatira kwambara rupfasoni? (Raba ishusho itangura.)

KU BIJANYE n’ikoraniro rimwe ryagizwe n’indongozi z’amadini, ikinyamakuru kimwe co mu Budagi cavuze giti: “Mwarabonye ko benshi bari bambaye impuzu zitabereye, canecane igihe hari hashushe. Ukwo si ko bigenda mu gikorane c’Ivyabona vya Yehova. . . . Abahungu n’abagabo usanga bashizeko ikoti n’ikaruvati, abakobwa n’abagore na bo bakambara amajipo y’uburebure . . . bubereye, ariko ajanye n’igihe ca none.” Ego cane, Ivyabona vya Yehova barakunze gukezwa kubera “bishariza mu nyambaro itunganije neza, mu rupfasoni no mu kurorana kw’umuzirikanyi . . . mu buryo buberanye [n’abavuga] ko batinya Imana.” (1 Tim. 2:9, 10) Naho intumwa Paulo yariko avuga ivyerekeye abagore, ivyo biraraba n’abagabo bakirisu.

2 Twebwe abasavyi ba Yehova tubona ko kwambara mu buryo bubereye bihambaye, kandi n’Imana dusenga ni ko ibibona. (Ita. 3:21) Bibiliya irerekana neza ko Umuremyi w’ijuru n’isi afise ingingo ngenderwako nziza abasavyi biwe b’ukuri bakwiye kwisunga, mu bijanye no kwambara be no kwitunganya. Ku bw’ivyo, ntidukwiye guhitamwo ingene twambara n’ingene twitunganya dufatiye gusa ku vyo twikundira. Dukwiye kurimbura n’ibihimbara Umukama Segaba Yehova.

3. Itegeko Imana yahaye Abisirayeli ritwigisha iki ku bijanye n’inyambaro?

3 Nk’akarorero, rya Tegeko Imana yaha Abisirayeli ryarimwo amabwirizwa yabakingira ubushirasoni bweruye bwarangwa mu mahanga yari abakikuje. Iryo Tegeko ryarerekana ukuntu Yehova yanka urunuka inyambaro idatandukanya neza umuntu w’igitsina-gabo n’uw’igitsina-gore. (Soma Gusubira mu vyagezwe 22:5.) Dufatiye ku buyobozi Imana yatanze ku bijanye n’inyambaro, turabona neza ko iterekwa impuzu zituma umugabo aboneka nk’umugore, umugore na we akaboneka nk’umugabo, canke zituma bigora kubatandukanya.

4. Ni igiki cofasha abakirisu guhitamwo neza impuzu bambara?

4 Ijambo ry’Imana ririmwo ingingo ngenderwako zifasha abakirisu guhitamwo neza impuzu bambara. Izo ngingo zikora kuri bose, ata kuraba aho baba, imico kama yabo canke ukuntu ikirere cifashe. Ntidukeneye urutonde rwerekana ido n’ido impuzu zemewe n’izitemewe. Ahubwo, tuyoborwa n’ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe zemerera umwe wese kwihitiramwo. Nimuze turimbure zimwe muri izo ngingo zodufasha kumenya “ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo,” igihe duhitamwo impuzu twambara.​—Rom. 12:1, 2.

“TURISHIMAGIZA NK’ABASUKU B’IMANA”

5, 6. Inyambaro yacu ikwiye gutuma abandi bakora iki?

5 Intumwa Paulo yarahumekewe kwandika ingingo ngenderwako ihambaye dusanga mu 2 Abakorinto 6:4. (Soma.) Ukuntu tuboneka birahishura cane ico turi. Abantu benshi barashobora kutwiyumvirako vyinshi, bafatiye ku “biboneka ku maso.” (1 Sam. 16:7) Twebwe abasavyi b’Imana rero, turatahura ko tudapfa kwambara uko twishakiye. Ingingo ngenderwako dusanga mw’Ijambo ry’Imana zirakwiye gutuma twirinda kwambara impuzu zifata cane, zibonerana canke zivyurira abandi inambu y’umubiri. Ivyo bisigura ko dukwiye kwirinda impuzu zishira ahabona ibihimba vyacu vy’ibanga. Ntitwipfuza ko hagira uwuraba ingene twambaye akumva isoni canke agaca araba hirya.

6 Igihe twambaye impuzu zimeze neza, zisukuye kandi ziranga urupfasoni tukongera tukitunganya neza, birashobora gutuma abantu batwubaha, bakabona ko duserukira Umukama Segaba Yehova. Vyongeye, vyoshobora gutuma bipfuza kumenya ibijanye n’Imana dusenga. N’ikindi kandi, kwambara mu buryo bubereye biratuma ishirahamwe ryacu rivugwa neza. Ivyo rero birashobora gutuma abandi bipfuza kwumviriza ubutumwa tubashikiriza burokora ubuzima.

7, 8. Ni ryari canecane dukwiye kwambara mu buryo bubereye?

7 Inyambaro yacu iragira ico ikoze ku Mana yacu nyeranda, ku bavukanyi bacu no ku bantu bo mu cibare cacu. Tubwirizwa rero kwambara impuzu zitera iteka ubutumwa twamamaza kandi zituma Yehova aninahazwa. (Rom. 13:8-10) Ivyo turakwiye kuvyitwararika canecane igihe twitaba amakoraniro canke tugiye kwamamaza. Turakwiye kwambara “mu buryo buberanye [n’abantu] bavuga ko batinya Imana.” (1 Tim. 2:10) Ariko ntiwumve, hari impuzu usanga zibereye mu karere kanaka ariko zitabereye mu kandi. Ni co gituma abasavyi ba Yehova hirya no hino kw’isi, bakurikiza imico y’aho baba kugira ntihagire uwo batsitaza.

Uburyo wambara bwoba butuma abandi bubaha Imana userukira? (Raba ingingo ya 7, 8)

8 Soma 1 Abakorinto 10:31. Igihe twitaba amateraniro n’amahwaniro, inyambaro yacu ikwiye kuba ibereye kandi iranga urupfasoni, aho kuba imideri idatomoye iharawe mw’isi. N’igihe nyene twinjiye canke dusohotse ihoteli, be no mu bihe vyo kwiruhura imbere yo kuja kw’ihwaniro canke twavuyeyo, turakwiye kwirinda kwambara impuzu zitabereye canke zitisoneye. Ivyo bituma tudaterwa isoni no kuvuga ko turi Ivyabona vya Yehova. Vyongeye, tuzoshobora gushinga intahe akaryo kizanye, ata mutima usimba.

9, 10. Kubera iki ibivugwa mu Bafilipi 2:4 bigira ico bikoze ku kuntu twambara?

9 Soma Abafilipi 2:4. Kubera iki abakirisu borimbura ingene inyambaro yabo igira ico ikoze ku bo basangiye ukwemera? Ubwa mbere ni uko abasavyi b’Imana bihatira gushira mu ngiro impanuro yo muri Bibiliya igira iti: “Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri.” (Kol. 3:2, 5) Ntitwokwipfuza kubera ingeramizi abo dusangiye ukwemera, mu bijanye no gukurikiza iyo mpanuro. Abavukanyi na bashiki bacu bahevye ingeso z’ubuhumbu, boshobora kuba bakinyinyana n’impengamiro yo gukora igicumuro. (1 Kor. 6:9, 10) Ntitwokwipfuza rero gutuma urwo rugamba rurushiriza kubagora.

10 Igihe turi kumwe n’abavukanyi, ukuntu twambara bikwiye gutuma ishengero riba ahantu harangwa inyifato runtu. Ukwo ni ko bikwiye kumera, twaba turi kumwe na bo ku makoraniro canke mu bihe bisanzwe. Ego ni ko turafise uburenganzira bwo kwihitiramwo impuzu twambara. Ariko rero, twese turafise ibanga ryo kwambara impuzu zituma abandi baguma batanduye imbere y’Imana, mu vyo biyumvira, mu vyo bavuga no mu nyifato yabo. (1 Pet. 1:15, 16) Urukundo nyakuri “ntirwigenza ukutabereye, ntirurondera inyungu zarwo bwite.”​—1 Kor. 13:4, 5.

TWAMBARE NEZA DUHUJE N’UKO IBINTU VYIFASHE

11, 12. Ni ibiki dukwiye kurimbura igihe duhitamwo impuzu twokwambara?

11 Igihe abasavyi b’Imana bahitamwo impuzu bokwambara, baribuka ko “ikintu cose gifise igihe caco n’igikorwa cose . . . kikagira igihe caco.” (Umus. 3:1, 17) Birumvikana ko ihindagurika ry’ibihe be n’iry’ikirere bigira ico bikoze ku kuntu twambara. Ni na ko bigenda no mu bindi bihe bitandukanye. Ariko rero naho ikirere cohinduka, ingingo ngenderwako za Yehova zozo ntizihinduka.​—Mal. 3:6.

12 Igihe hashushe, ni ho canecane bishobora kutubera urugamba kwambara impuzu zisoneye kandi zerekana ko twabanje kuzirikana. Ariko rero, igihe twirinze kwambara impuzu zifata cane, canke zagutse mugabo zituma duhena, abavukanyi na bashiki bacu barabikenguruka cane. (Yobu 31:1) Vyongeye, igihe turiko turoga ku kiyaga canke kuri za ngomero z’ikizungu (piscines), dukwiye kwambara uduhuzu twisoneye. (Imig. 11:2, 20) Naho nyene usanga uduhuzu abantu benshi bo mw’isi bogana ari udutuma bahena, twebwe abasavyi ba Yehova turitwararika gutera iteka iyo Mana nyeranda twikundira.

13. Kubera iki dukwiye kwisunga impanuro iri mu 1 Abakorinto 10:32, 33 igihe duhitamwo impuzu twambara?

13 Hariho iyindi ngingo ngenderwako ihambaye, idufasha guhitamwo neza impuzu twambara. Ni ukwitwararika ijwi ryo mu mutima ry’abandi, baba abo dusangiye ukwemera canke abandi. (Soma 1 Abakorinto 10:32, 33.) Turakwiye gufatana uburemere ibanga dufise ryo kwirinda kwambara impuzu zoshobora gutsitaza abandi. Paulo yanditse ati: “Umwe wese muri twebwe nashimishe mugenziwe mu vyiza kugira ngo yubakwe.” Yaciye avuga igituma, ati: “Kuko na Kristu atishimishije ubwiwe.” (Rom. 15:2, 3) Cokimwe na Yezu, gukora ivyo Imana igomba no gufasha abandi ni vyo bikwiye kuza imbere y’ivyo twikundira. Ku bw’ivyo, turakwiye kwirinda ibintu be n’impuzu twikundira mugabo vyotuma abantu batumviriza ubutumwa tubabwira.

14. Abavyeyi bomenyereza gute abana babo kwambara mu buryo buninahaza Imana?

14 Abavyeyi bakirisu barafise ibanga ryo kwigisha imiryango yabo gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ivyo birimwo kuraba neza ko bo hamwe n’abana babo bihatira kunezereza umutima w’Imana, mu kwambara no mu kwitunganya mu rupfasoni. (Imig. 22:6; 27:11) Abavyeyi barashobora gutuma abana babo bubaha cane ya Mana nyeranda basenga. Ivyo bobigira mu kubaha akarorero keza n’ubuyobozi ngirakamaro, babigiranye urukundo. Urazi ingene usanga bihimbaye iyo abavyeyi bigishije abana babo ingene boronka impuzu zibereye be n’aho bozironderera! Bakwiye kubasigurira ko batoraba gusa izo bikundira, ariko ko boraba n’uko ziberanye n’agateka bafise ko guserukira Yehova Imana.

NUKORESHE NEZA UBUBASHA BWAWE BWO KWIHITIRAMWO

15. Ni ibiki dukwiye kwisunga igihe duhitamwo impuzu twokwambara?

15 Ijambo ry’Imana riraturonsa impanuro ngirakamaro zodufasha gufata ingingo zituma Imana ininahazwa. Ariko rero, umwe wese ni we yihitiramwo impuzu yambara. Twese ntidukunda bimwe, nk’uko n’uburyo dufise atari bumwe. Naho ari ukwo, impuzu twambara zikwiye kwama zimeze neza, zisukuye, ziranga urupfasoni kandi zihuje n’aho tuba turi be n’imico y’aho tuba.

16. Kubera iki bibereye ko tugira akigoro ko kwambara mu buryo buranga urupfasoni?

16 Tuvugishije ukuri, ntivyama vyoroshe ko duhitamwo impuzu mu buryo buranga ubukerebutsi n’ukwigengesera. Amaduka menshi usanga adandaza imideri iharawe, ivyo bikaba bishobora kudusaba umwanya n’akigoro vyiyongereye kugira ngo turonke amajipo, amakanzu n’amaburuzi, amakoti be n’amapantalo bidafata cane. Yamara nitwagira akigoro kaboneka kugira ngo turonke impuzu nziza kandi ziranga urupfasoni, abo dusangiye ukwemera bazobibona kandi babishime. Vyongeye, umunezero turonka igihe dutumye Umuvyeyi wacu munyarukundo wo mw’ijuru aninahazwa, uraruta kure n’iyo utwigoro twose twogira turondera kwambara mu buryo bumutera iteka.

17. Ni ibiki vyofasha umuvukanyi kumenya nimba yotereka ubwanwa canke atobutereka?

17 Tuvuge iki ku bijanye no gutereka canke kudatereka ubwanwa? Rya Tegeko Imana yatanga biciye kuri Musa ryarasaba abagabo gutereka ubwanwa. Ariko rero, abakirisu ntibakigengwa n’iryo Tegeko, kandi ntibasabwa kurikurikiza. (Lew. 19:27; 21:5; Gal. 3:24, 25) Mu mihingo imwimwe, umuntu afise ubwanwa buringanije neza yoshobora kubonwa ko yiyubashe, akaba rero ata we yobera intambamyi yo kwumviriza ubutumwa bw’Ubwami. Nkako, mu bavukanyi bagenywe, hariho abafise ubwanwa. Ariko rero, hari n’abavukanyi bahitamwo kubumwa. (1 Kor. 8:9, 13; 10:32) Mu yindi mihingo na ho, usanga abantu badatereka ubwanwa, bikaba rero bitoba bibereye ko umukirisu abutereka. Uca wumva ko hamwe yobutereka vyotuma Imana itaninahazwa, kandi bigatuma agira ico anegurwa.​—Rom. 15:1-3; 1 Tim. 3:2, 7.

18, 19. Muri Mika 6:8 hadufasha gute mu rugamba turimwo rwo kwambara mu buryo buhimbara Imana?

18 Ese ukuntu dukenguruka kubona Yehova ataturemereza urutonde rw’amategeko y’ingene twokwambara be n’ingene twokwitunganya! Aho kubigenza gutyo, yaraduhaye uburenganzira bwo kwifatira ingingo, mugabo tukaba dukwiye kuzifata twisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Turashobora rero kwerekana ko twipfuza ‘kugendana n’Imana yacu twifashe ruto,’ mbere no mu kuntu twambara canke twitunganya.​—Mika 6:8.

19 Iyo twemeye twicishije bugufi ko Yehova atyoroye kandi ko ari mweranda, tuba twerekanye ko twifata ruto. Kanatsinda, ni we duhanga amaso kugira ngo aturonse ubuyobozi bwizigirwa kuruta ubundi bwose. Vyongeye, umuntu yifata ruto arubahiriza ivyiyumviro vy’abandi be n’ukuntu babona ibintu. Igihe rero tubayeho twisunga ingingo ngenderwako z’Imana kandi tukirinda ivyotsitaza abandi, tuba twerekanye ko ‘tugendana n’Imana twifashe ruto.’

20. Ukuntu twambara n’ukuntu twitunganya bikwiye kugira ico bikoze gute ku bandi?

20 Impuzu twambara zikwiye gutuma abantu babona neza ko turi abasavyi ba Yehova, aho kutwiyumvirako ibindi. Abavukanyi na bashiki bacu hamwe n’abandi bantu muri rusangi, barakwiye kubona ko duserukira mu buryo bubereye Imana yacu igororotse. Irafise ingingo ngenderwako ziri hejuru, kandi turahimbarwa no kwihatira kuzisunga. Turakeje cane abavukanyi na bashiki bacu bambara kandi bigenza mu buryo butuma abantu b’umutima nziraburyarya bakira ukuri kurokora ubuzima, gutyo bagatuma Yehova aninahazwa kandi akanezerwa. Nitwahitamwo mu buryo buranga ubukerebutsi impuzu twambara, nta nkeka ko bizotuma Umwe yiyambika “iteka n’ubwiza bwakaka” aguma aninahazwa.​—Zab. 104:1, 2.