Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yemwe rwaruka, nimukomeze ukwizera kwanyu

Yemwe rwaruka, nimukomeze ukwizera kwanyu

“Ukwizera ni . . . iyerekanwa riboneka ry’ibintu biriho koko naho bitabonwa.”​—HEB. 11:1.

INDIRIMBO: 41, 69

1, 2. Muri iki gihe, abakiri bato bashobora kwumva umenga bokora iki, kandi kimwe mu vyobafasha guhangana n’iyo ngorane ni ikihe?

MUSHIKI wacu umwe wo mu Bwongereza, hari umunyeshure bigana yamubwiye ati: “Umuntu w’ubwenge nkawe, ntiyari akwiye kwemera Imana.” Umuvukanyi umwe wo mu Budagi yanditse ati: “Abigisha bacu, inkuru yo muri Bibiliya ivuga ivy’irema bayibona nk’igitito. Barayisuzugura cane ku buryo abanyeshure baca bemera ko ibiriho vyabayeho biciye kw’ihindagurika.” Uwundi mushiki wacu akiri muto wo mu Bufaransa yavuze ati: “Abigisha bo kw’ishure iwacu, baratangara cane kubona hariho abanyeshure bacemera ivyo Bibiliya ivuga.”

2 Nimba uri umusavyi wa Yehova akiri muto canke ukaba uriko uriga ivyerekeye Yehova, woba wumva umenga wokwemera inyigisho benshi bemera, nk’imwe ivuga ko ibintu vyabayeho biciye kw’ihindagurika, aho kwemera ko vyaremwe? Nimba ari ukwo biri, hariho ibintu wokora kugira ngo ukomeze ukwizera kwawe. Kimwe muri vyo, ni ugukoresha ubushobozi bwo kwiyumvira Imana yaguhaye, bukaba “buzoguma bugucungereye.” Buzogukingira amafilozofiya y’iyi si ashobora gusenyura ukwizera kwawe.​—Soma Imigani 2:10-12.

3. Turimbura iki muri iki kiganiro?

3 Ukwizera nyakuri gushingiye ku kumenya Imana ata makosa. (1 Tim. 2:4) Igihe rero wiga Ijambo ry’Imana be n’ibitabu vyacu bishingiye kuri ryo, niwirinde gusoma ucishako. Nukoreshe ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira kugira ngo ‘utegere’ ivyo usoma. (Mat. 13:23) Reka turimbure ingene kubukoresha bishobora gutuma urushiriza kwizera ko Imana ari Umuremyi be n’uko Bibiliya ivuga ukuri. Kandi ibimenyamenya bihari ni umuyoro.​—Heb. 11:1.

INGENE WOKOMEZA UKWIZERA KWAWE

4. Kubera iki uwemera Imana n’uwemera ivy’ihindagurika bompi bakoresha ukwizera kanaka, kandi ni igiki twese dukwiye gukora?

4 Hari uwokubwira yuko yemera ivy’ihindagurika kubera ko abanyasiyansi babisigura, agaca akubaza ati: “Ushobora gute kwemera Imana kandi ata n’umwe arayibona?” Benshi ni ukwo babona ibintu. Ariko rero vyoba vyiza tugumije mu bwenge iki kintu: Yaba uwemera Imana canke ivy’ihindagurika, bompi bakoresha ukwizera kanaka. Uti gute? Nta muntu n’umwe arabona Imana canke ngo abone ikintu kiriko kiraremwa. (Yoh. 1:18) Vyongeye, yaba umuhinga mu vya siyansi canke uwundi muntu, nta n’umwe arabona ikinyabuzima kiriko kirahinduka kikavamwo ic’ubundi bwoko. Nk’akarorero, nta n’umwe arabona aho igikoko gikwega inda hasi kiriko kirahinduka kigacika iconsa. (Yobu 38:1, 4) Ni co gituma twese tubwirizwa gusuzuma ibimenyamenya, tugakoresha ububasha bwacu bwo kwiyumvira kugira ngo tubone aho ukuri kuri. Ku bijanye n’irema, intumwa Paulo yanditse ati: “Kamere [z’Imana] zitaboneka zibonwa neza uhereye kw’iremwa ry’isi, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyaremwe, ni zo bubasha bwayo bw’ibihe bidahera n’Ubumana bwayo, ku buryo ata co bireguza.”​—Rom. 1:20.

Igihe ufasha abandi kuzirikana, niwikore ku bikoresho biboneka mu rurimi wumva (Raba ingingo ya 5)

5. Ni ibikoresho ibihe bifasha abasavyi b’Imana gukoresha ububasha bwabo bwo gutahura?

5 “Gutahura” bisobanura kumenya ikintu kidashoka cibonekeza. (Heb. 11:3) Abantu batahura rero, barakoresha ubwenge bwabo aho gukoresha amaso n’amatwi gusa. Ishirahamwe rya Yehova riraturonsa ibikoresho vyinshi vyagiriwe ubushakashatsi kugira ngo bidufashe ‘kubona’ Umuremyi wacu dukoresheje amaso y’ukwizera. (Heb. 11:27) Muri vyo harimwo ya videwo ivuga ngo Ibitangaza vy’irema birahishura ubuninahazwa bw’Imana (mu gifaransa), ka gatabu Vyoba vyararemwe? be na kamwe kishura ibibazo bijanye n’inkomoko y’ubuzima (Cinq questions à se poser sur l’origine de la vie), tutibagiye ca gitabu kivuga ko hariho Umuremyi atwitwararika (Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous?). No mu binyamakuru vyacu turaronka ivyiyumviro vyiza bidufasha kuzirikana. Akenshi, Be Maso! yagiye irasohora ibiganiro twagiranye n’abahinga mu vya siyansi be n’abandi, aho basiguye igituma bahavuye bemera Imana. Urukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Vyoba vyararemwe?” ruratanga uburorero bw’ibintu bitangaje dusanga mu bidukikije. Akenshi abahinga baragerageza kwigana ivyo bitangaza vy’irema.

6. Wokora iki kugira ngo wungukire ku bikoresho turonswa, kandi wewe ubwawe vyagufashije gute?

6 Ku bijanye n’utwo dutabu tubiri duhejeje kuvuga, umuvukanyi umwe w’imyaka 19 wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze ati: “Utwo dutabu twarambereye kirumara. Naradusomye nitonze incuro n’izindi.” Mushiki wacu umwe wo mu Bufaransa yanditse ati: “Ibiganiro bivuga ngo ‘Vyoba vyararemwe?’ biranjoreza! Birerekana ko abahinga karuhariwe boshobora kwigana ibintu, mugabo ko batazokwigera bigana ijana kw’ijana ibintu bihanitse biri mu bidukikije.” Abavyeyi b’umukobwa umwe w’imyaka 15 bo muri Afrika y’Epfo, bavuze bati: “Ikiganiro umukobwa wacu aherako gusoma muri Be Maso! ni kimwe kivuga ngo ‘Ikiganiro twagiranye na. . . ’.” Weho bite? Woba wungukira bimwe bishitse kuri ivyo bikoresho? Birashobora gutuma ukwizera kwawe gukomera, ukamera nk’igiti c’imizi igera kure, gutyo ukananira imiyaga y’inyigisho z’ikinyoma.​—Yer. 17:5-8.

INGENE WORUSHIRIZA KWIZIGIRA BIBILIYA

7. Kubera iki Imana yipfuza ko ukoresha ububasha bwawe bwo kwiyumvira?

7 Vyoba ari bibi kwibaza ibibazo ku bijanye na Bibiliya? Eka data! Yehova yipfuza ko ukoresha ‘ububasha bwawe bwo kwiyumvira’ kugira ngo wiyemeze ko uri mu kuri. Ntiyipfuza ko wemera ibintu ngo ni uko gusa abandi bavyemera. Nukoreshe rero ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira kugira ngo uronke ubumenyi butagira amakosa. Ubwo bumenyi buzoheza bukubere umushinge ukomeye wubakirako ukwizera nyakuri. (Soma Abaroma 12:1, 2; 1 Timoteyo 2:4.) Bumwe mu buryo bwo kuronka ubwo bumenyi ni ukwiga ibintu wipfuza kumenya cane.

8, 9. (a) Ni ibiki bamwebamwe bohitamwo kwiga? (b) Ni gute bamwebamwe bungukiye ku kuzirikana ku vyo biga?

8 Hari abahisemwo kwiga ubuhanuzi bwo muri Bibiliya canke ukuntu Bibiliya ihuza n’ivyubuwe n’abahinga mu vya kahise, mu vy’ubucukuzi no mu vya siyansi. Bumwe mu buhanuzi bushimishije worimbura ni ubuvugwa mw’​Itanguriro 3:15. Uwo murongo urerekana iciyumviro nyamukuru Bibiliya ishingiyeko, na co kikaba ari uko Imana izokoresha Ubwami bwayo kugira yemeze ubusegaba bwayo no kugira yeze izina ryayo. Uwo murongo umwe gusa, ukoresheje imvugo ngereranyo, urerekana ingene Yehova azokuraho imibabaro yose abantu baciyemwo kuva muri Edeni. None wokwiga gute ibivugwa mw’⁠Itanguriro 3:15? Woshobora gutondeka ivyanditswe nyamukuru vyerekana ingene Imana yahishuye intambwe ku yindi abavugwa muri ubwo buhanuzi be n’ico bwerekezako, bikongera bigatanga ibimenyamenya vy’uko ubwo buhanuzi buzoranguka. Niwabona ingene ivyo vyanditswe bihuza, ntuzobura guca utahura ko abahanuzi be n’abanditsi ba Bibiliya bategerezwa kuba bari “barongowe n’impwemu nyeranda.”​—2 Pet. 1:21.

9 Umuvukanyi umwe wo mu Budagi yarazirikanye ingene ibitabu vyose vyo muri Bibiliya usanga birimwo iciyumviro c’Ubwami, aca avuga ati: “Ivyo ni ukwo biri naho Bibiliya yanditswe n’abantu nka 40. Ikigeretseko, benshi muri bo babayeho mu bihe bitandukanye kandi ntibari bazinanyi.” Mushiki wacu umwe wo muri Ostraliya yarakozwe ku mutima n’ikiganiro kimwe c’ukwiga co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Kigarama 2013, cavuga ibijanye n’insobanuro ya Pasika. Iryo himbaza ridasanzwe rirafitaniye isano rinini n’ibivugwa mw’​Itanguriro 3:15 be n’ukuza kwa Mesiya. Yanditse ati: “Ico kiganiro catumye mbona ukuntu Yehova adasanzwe. Narakozwe ku mutima cane n’ingene yashiriyeho iyo ntunganyo Abisirayeli, agatunganya n’uko irangukira kuri Yezu. Narafashe umwanya ndazirikana, ndabona ingene izo mfungurwa za Pasika zagereranya ikintu kidasanzwe!” Ni igiki catumye uwo mushiki wacu atahura ibintu gutyo? Yarazirikanye cane ku vyo yasomye maze ‘arategera ico bisobanura.’ Ivyo vyatumye akomeza ukwizera kwiwe, ararushiriza kwiyegereza Yehova.​—Mat. 13:23.

10. Kuba abanditse Bibiliya bacisha aho ukuri kuri, ni kubera iki bituma turushiriza kwizigira Bibiliya?

10 Ikindi kintu gikomeza ukwizera umuntu yorimbura, ni ukuntu abanditse Bibiliya bari bafise umutima rugabo bakaba n’imvugakuri. Abanditsi ba kera benshi wasanga batera amashurwe indongozi zabo n’ubwami bwabo. Abahanuzi Yehova yakoresheje bobo, bacisha aho ukuri kuri. Ntibatinya kuvuga amakosa y’igisata cabo, mbere n’ay’abami babo. (2 Ngo. 16:9, 10; 24:18-22) Vyongeye, ntibapfukapfuka amakosa yabo bwite be n’ay’abandi basavyi b’Imana. (2 Sam. 12:1-14; Mrk. 14:50) Umuvukanyi umwe akiri muto wo mu Bwongereza yavuze ati: “Ukuvugisha ukuri nk’ukwo ni imbonekarimwe. Ivyo bituma turushiriza kwizigira yuko Bibiliya iva kuri Yehova koko.”

11. Ni ibiki vyotuma abakiri bato barushiriza kujijuka ko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ari ngirakamaro?

11 Abantu benshi barajijutse yuko Bibiliya yahumetswe n’Imana, kubera yuko irimwo ingingo zituyobora mu buzima. (Soma Zaburi 19:7-11.) Mushiki wacu akiri muto wo mu Buyapani yanditse ati: “Igihe mu muryango iwacu twashira mu ngiro inyigisho zo mu Bibiliya, twararonse agahimbare nyakuri. Twararonse amahoro, turunga ubumwe kandi turakundana.” Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ziratuma duca kure ugusenga kw’ikinyoma be n’ibintazi abantu benshi bagenderamwo. (Zab. 115:3-8) None inyigisho zivuga ko ata Mana iriho, hoba hari ico zimariye abantu? Izo nyigisho, nk’imwe ivuga ivy’ihindagurika, zisa n’izerekana ko ibidukikije ari vyo mana, kuko ububasha bwegukira Yehova wenyene zibwitirira ibidukikije. Abemeza ko ata Mana iriho bavuga ko kazoza kari mu minwe yacu. Ariko rero, icizigiro batanga si nyakuri.​—Zab. 146:3, 4.

INGENE WOFASHA ABANDI KUZIRIKANA

12, 13. Wobigenza gute kugira ngo ufashe abo mwigana, abigisha bawe canke abandi bantu, kwemera ivyerekeye irema be na Bibiliya?

12 Ushobora gute gufasha abandi gutahura ko ibiriho vyaremwe be n’uko Bibiliya ivuga ukuri? Ubwa mbere, ntushoke wibwira ko ivyo abandi bemera ubizi. Uti kuki? Hari abavuga ko bemera ivy’ihindagurika, mugabo bakemera n’uko Imana ibaho. Biyumvira ko Imana yaremye ibinyabuzima bitandukanye biciye kw’ihindagurika. Abandi bavuga ko bemera ivy’ihindagurika kubera biyumvira ko bitokwigishwa kw’ishure kandi bitabaho. Abandi na bo usanga batacemera Imana kubera ko amadini yabavunye umutima. Igihe rero uyaga n’umuntu ibijanye n’inkomoko y’ubuzima, vyoba vyiza ubanje kumubaza utubazo kugira ngo umenye ivyo yemera. Ugenjeje buhoro kandi ukamutega yompi, vyoshobora gutuma na we akwumviriza.​—Tito 3:2.

13 Hagize uwugusuzugura ngo ni uko wemera ko ibiriho vyaremwe, woshobora kumusaba n’ubwitonzi akagusigurira ingene we yiyumvira ko vyabayeho ata wabiremye. Kugira ngo akanyabuzima katanguye kubaho ntikazimangane, kotegerejwe kurondoka, kakagwira. Kugira ivyo bishoboke, umuhinga umwe mu vya shimi yavuze ko kokeneye (1) agashishwa kagakingira, (2) ubushobozi bwo guhingura inguvu no kuzikoresha, (3) amakuru atekeye mu tugingo ngengakamere (ADN), (4) ubushobozi bwo kugwiza ayo makuru. Uwo muhinga yongeyeko ati: “Umuntu aravye ukuntu mbere n’akanyabuzima gasanzwe cane usanga gahanitse, arumirwa.”

14. Wokora iki nimba ubona ko bitokworohera gusigurira umuntu ibijanye n’ihindagurika canke irema?

14 Nimba ubona ko bitokworohera gusigurira umuntu ivyerekeye ihindagurika canke irema, woshobora gukoresha iciyumviro coroshe Paulo yakoresheje. Yanditse ati: “Inzu yose yubakwa n’umuntu, mugabo uwubatse ibintu vyose ni Imana.” (Heb. 3:4) Ico ciyumviro kirumvikana kandi cofasha. Nkako, ibintu bihanitse usanga vyahinguwe n’incabwenge. Woshobora no gukoresha igitabu kibereye. Hari mushiki wacu yakoresheje twa dutabu tubiri twavuga, mu kuyaga n’umusore umwe yavuga ko atemera yuko Imana ibaho mugabo ko yemera ivy’ihindagurika. Haciye nk’indwi imwe, uwo musore yavuze ati: “Ubu, ndemeye ko Imana ibaho.” Ivyo vyatumye uwo musore atangura kwiga Bibiliya, kandi ubu ni umuvukanyi.

15, 16. Wogira iki imbere yuko usigurira umuntu ibijanye na Bibiliya, kandi ukwiye kuba ufise intumbero iyihe?

15 Woshobora kubigenza ukwo nyene n’igihe uyaga n’umuntu akekeranya ku bijanye na Bibiliya. Nubanze umenye ivyo yemera be n’ivyo yoshima ko muyagako. (Imig. 18:13) Nimba akunda ivya siyansi, hari aho yoshimishwa umweretse imirongo yo muri Bibiliya ihuza n’ivyo abanyasiyansi bubuye. Nimba akunda ivya kahise, womwereka imirongo yerekana ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwarangutse be n’inkuru za kahise zo kwizigirwa. Canke na ho woshobora kumwereka ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, nka zimwe dusanga muri ya Nsiguro yo ku Musozi.

16 Uribuka ko intumbero yawe atari ugutsinda ibihari, mugabo ko ari ugukora abantu ku mutima. Nube rero umuntu azi kwumviriza. Nubaze utubazo dutomoye, uvugane ukwiyorosha n’icubahiro, canecane igihe uyaga n’abakuruta. Ivyo vyoshobora gutuma baha agaciro ivyo uvuga. Bazobona kandi yuko wajijutse ku vyo wemera, ico kikaba ari ikintu c’imbonekarimwe ku bakiri bato benshi. Ariko ntiwumve, vyoba vyiza ugumye wibuka ko utabwirizwa kwishura abashaka kuguhaririza gusa canke gutyoza ivyo wemera.​—Imig. 26:4.

NUNYURWE N’UKURI

17, 18. (a) Ni ibiki wokora kugira ngo unyurwe n’ukuri? (b) Ni ikibazo ikihe tuzorimbura mu kiganiro gikurikira?

17 Ubumenyi bw’ishimikiro bwo muri Bibiliya bwonyene ntibuhagije kugira ngo uronke ukwizera gukomeye. Ku bw’ivyo, niwimbe cane mw’Ijambo ry’Imana nk’aho woba uriko urondera amatunga yanyegejwe. (Imig. 2:3-6) Niwikore no ku bindi bikoresho vyoba biboneka mu rurimi wumva, nka twa tudisiki tw’amayagwa yo mu bitabu vya Watchtower, ca CEGERANYO C’IBITABU CO KURI INTERNET, hamwe na ca gitabu c’ironderero (Index des publications Watch Tower) canke ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova. Vyongeye, niwishingire umugambi wo gusoma Bibiliya yose. Woshobora kugerageza ico kintu mu mezi 12. Nta coza gikomeza ukwizera kwacu kuruta gusoma Bibiliya. Umucungezi umwe w’umuzunguruko, yibutse ivyo yaciyemwo akiri muto, yavuze ati: “Ikintu kimwe camfashije kubona ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana ni ukuyisoma yose. Inkuru zo muri Bibiliya nize nkiri muto cane, nahavuye ndazitahura. Ivyo vyarambereye isemo yo gutera imbere mu vy’impwemu.”

18 Bavyeyi, murafise uruhara runini mu gutuma abana banyu batera imbere mu vy’impwemu. None mwobafasha gute kugira ukwizera gukomeye? Ivyo ni vyo tuzorimbura mu kiganiro gikurikira.