UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ruheshi 2016

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 1 gushika ku wa 28 Myandagaro 2016.

Yehova ‘arakubabaye’

Wemezwa n’iki yuko Imana ikubabaye? Rimbura ibimenyamenya.

Dukenguruke kuba Yehova ari Umubumvyi wacu

Imana ihitamwo gute abo ibumbabumba? Kubera iki ibabumbabumba? Ibigenza gute?

Woba ureka wa Mubumvyi Ahambaye akakubumbabumba?

Ni kamere izihe zizotuma worohera Imana kubumbabumba?

Ibibazo vy’abasomyi

Umugabo Ezekiyeli yeretswe afise agahembe k’irangi k’umunyamabanga be n’abagabo batandatu bafise ibirwanisho vyo kumenagura, bagereranya bande?

“Yehova Imana yacu ni Yehova umwe”

Ni mu buryo ki Yehova Imana ari “umwe,” kandi twokwerekana gute ko tumusenga wenyene?

Ntureke ngo amakosa y’abandi agutsitaze

Mu bihe vya kera, hari abasavyi b’Imana b’abizigirwa bavuze canke bakoze ibintu bibabaza abandi. None ubwo burorero bwo muri Bibiliya butwigisha iki?

Kamere irusha agaciro diyama

Uwuyifise aba afise ikintu c’agaciro ntangere.

Woba uvyibuka?

Woba warasomye inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba ivyo woba wibuka.